Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Abigeme bahejeje Kaminuza basigaye bapanga mu gisagara, hagusubira iwabo ruguru

Uguhangana n’ingorane z’uburyo bwo kubaho, bituma abigeme bamwe bamwe baheza kwiga Kaminuza bagaca bahitamwo kwishira hamwe ari batatu canke bane bakipangira inzu mu gisagara. Ivyo rero babikora mu ntumbero yo kugira bashobore kuhakorera bimwe mu bikorwa batinya gukorera iwabo ku gatumba.

Umupoil ntarenga igisagara ca Bujumbura, kiretse abigeme baca baja ‘i Bwake’ gufasha abavyeyi udukorwa two muhira”. Umuntu wese yize muri kaminuza y’Uburundi yokubwira ko ayo majambo atayazi, yoba ariko aranguha. Abahungu akenshi iyo bahejeje kwiga biyumvira gutaratariza ubuzima kure y’iwabo mu gihe abigeme bo bahitamwo kuduga ku gatumba mu muryango wa se na nyina. Ariko ubu siko bikimeze. Ibintu vyarahindutse. Mu minsi iheze, nta bigeme bokwibanye batari kw’ishure. Baramutse babikoze naho bokwiketsweko uburara.

Ndayisaba Chantal, ni umwigeme yahejeje Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubutunzi. Asanzwe avuka i Mwaro. Agiheza ntiyihutiye kuduga, ahubwo yagiye inama n’abandi bakobwa yo kwigumira mu gisagara maze biga kubaho bihigishiriza ubuzima mu ntara batavukiyemwo. Ari batatu, Chantal, Esperance na Claudette bose bava mu ntara zitandukanye, bahisemwo kwiyunga bipangira inzu ya bonyene ku Musaga mu gisagara ca Bujumbura.

Ntakabura imvo…

Nimba abahungu bashobora kwitunga, abakobwa bo ntibobigerageza? Chantal, avuga ko ivyo abantu bahora biyumvira ku bigeme, bariko barabihindura: « Kare ntawari kwiyumvira ko umwigeme yarezwe akarereka yobaye kure y’umuryango. Abikoze naho, yobaye acitse ikirara shamba”. Ariko ngo siko bikiri.
Arabisigura
: »Ubu nta kazi kakiboneka, yaba umuhungu canke umukobwa bose barya ikiremve bacirasheko. Biragoye rero kuja gucumukurira iwanyu. Nk’ubu umuryango n’ababanyi bose bazi ko ndi umuntu akomeye cane kubera naminuje. Nshitseyo rero hari ibikorwa bimwebimwe ntoba nkikora wagomba atari uko ari bibi, ariko ndi aho batambona, ndabikora ata ngorane. Vyiza wotohera kure y’iwanyu kuko ico ukoze cose ntawukuraba”.
Chantal rero ivyigwa yize ntivyamupfuyeko ubusa kuko ubu yidandariza inyanya n’ivyamwa, kandi ngo ntabura na 3.000 Fbu yunguka ku munsi. Asozera agira ati:
“Iyo mba ndi i muhira, ndazi nta nyanya noteramiyeko umunsi wose”.

Eka yemwe na Claudette ntari kure ya mugenziwe. We ayica umurya mu kuvuga ko hagize uw’iwabo yorinda amenya ivyamugumije mu gisagara, bohava bavuga ko atagikwije ubwenge kuko bitamenyerewe cane kubona canke kwumva umukobwa ararira amazu y’abatunzi canke y’amashirahamwe. Agira ati: “Bazi ko akazi k’umunyezamu (igicity) ari ak’abahungu gusa; ariko nanje ubu ndagakora atabwoba kuko ntawumbona w’iwacu. Kira noneho karantunze kandi har’aho nyuzamwo nkabarungikira n’utuvuta kuko n’ubwo batazi akazi nkora ak’ari ko, barazi ko nkora”.

Abandi bo babibona gute?

Ntakarutimana Pantaléon, yarahejeje Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’indimi n’amayagwa nyafirika. Ati:” Ni koko! Ntamwigeme yokwubahutse kuba kure y’abavyeyi kuko kwegera abavyeyi biri mu vyerekana ko yarezwe. Ariko kubera uguhangana n’ingorane z’uburyo bwo kubaho mu buzima bwa minsi yose, bituma yaba umuhungu canke umukobwa bamera nk’abigenza kumwe kuko bose bashaka kubaho”.

Minani Pierre ni umushingantahe yavyaye hungu na kobwa. Abona ko nimba abakobwa n’abahungu biga hamwe, bakigishwa n’abigisha bamwe kandi bakigshwa kumwe, atan’icobabuza gukora bimwe, kuko atanyagupfa canke nyagukira ahari.

N’abigeme nyene barashobora kwishirahamwe bakabana kubera baba bafise ihangiro bihaye bashaka gushikako. Ariko yaba abahungu canke abakobwa mu gihe ata kintu kibagumije mugisagara, barakwiye gutaratariza no ku gatumba kuko ntaho ubuzima butarondererwa.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top