Mu gihe udashobora gutahura vyoroshe imvugo zikoreshwa na bamwe mu rwaruka rwatwawe na za nkino z’igihamana, twashimye kwerekana insiguro y’amwe mu majambo akunzwe gukoreshwa.
Mu vy’ukuri iyo abakina za nkino z’igihamana bahuriye nko muri Sports4Africa canke Lotto (zimwe mu nzu bakiniramwo) baganira ibijanye no gutigira, usanzwe utabikora canke ngo ube wamana na bo, wokwibaza ko bariko barakuvuga kubera ko udashoka usobanukirwa imvugo bariko barakoresha kuko ibivugwa bitahugwa na banyene kubikora gusa.
Bicaye ku gatebe barindiriye ko bugurura ngo batangure gutigira, Ndibanje Sylvestre, Bugabonimari François hamwe na Ndikumana David bari mu Nyakabiga ya gatatu kw’ibarabara ry’icenda ahari lotto bavugana ingene boshobora kugira urunani ngo babashe gutangiriza kugira umwe ahomvye uwundi yunguke gutyo baze barasabikanya inyungu n’uruhombo. Mu kiyago cabo, akenshi amajambo adasobanutse bakoresha yerekeza ku nyungu canke ku ruhombo.
Amajambo y’abatigiye bagahomba
Wibereye ku ruhande ubateze amatwi, ubona ko mu kuvuga batanarinda kwinyegeza, hari amwe mu majambo aguma agaruka udashoka utahura vyoroshe nka: umuzungu ntatoreka, yananiranye, ntaribwa, umuzungu agiye kutumara twese. Mu vyukuri ntivyoroshe gutahura mwen’izo mvugo udasiguje. Izo mvugo bazikoresha mu gihe bamaze iminsi batigira bagataha zirayoye. Iryo jambo umuzungu bakoresha bafatira ku kuntu iryo shirahamwe ryo gutigira ryazanywe n’umuzungu, Akaba ariwe baca bafatirako mu kivunga mu kuvuga ko yabananiye.
Iyo bakorera mu nyungu naho…
Hari amajambo amwamwe iyo bariko barayavuga bashimika mu vyukuri, bikerekana ko hari ikintu kibahimbaye. Kukaba nkako, nibahimbarwe baba batsinze umuzungu. Wumva bagira ngo: “Wa muzungu ejo naramufashe”. Aho rero utabizi wokwibaza ko bamufatishije intoke, uza gutahura insiguro y’ivyo avuze arengejeko igitigiri c’amafaranga yariye ku rukino yari yatigiriye. N’akanyamuneza kenshi, Sylvestre yigamvye ko yatigiye atanze amafaranga y’amarundi 500 aca atahukana 7500, gutyo aba arafashe umuzungu.
“Kamenyekanye ak’umuzungu”. Bugabonimari François avuga ko imvugo « twarakamenye » canke « karamenyekanye » baba bariko bavuga ko umuti canke ubuhinga n’amayeri umuzungu akoresha mu kugoresha urukino kugira yiyegeranirize amafaranga yabatigira bawumenye, kugeza naho kumurya ari nko kwitorera ku buntu. Sylvestre akaba yaciye yunganira mugenziwe mu kumenyesha ko umuzungu yakubitiwe mu Nyakabiga mu kibanza ca lotto gushika aho imashini itigirirwako ibijanye n’inkino z’umupira w’amaguru yayugaye akayijana, bakavuga ko yoba yaramuseseye umuti, akaribwa inoti nyinshi.
Nahimana Emery ni umunyeshure yiga muri Kaminuza y’Uburundi. Hejuru y’izo mvugo urwaruka rwo mu makaritiye rukoresha mu bijanye no gutigira, yongeyeko ak’umwihariko ngo umuzungu aracometse. Aho rero baba bavuze ko nyene uruganda rukinirwamwo inkino z’igihamana atakigira ayo acira n’ayo amira k’ubwuko basigaye bamurya cane.
« Nubwo bishika gake cane bamwe mu batigiye bakaronka amahera muri izo nkino z’igihamana, si ibintu vyo kwitega buri munsi kuko abahomba ari benshi cane. Ahubwo bakwiye kubiheba burundu », Ndikumana David, umwe mubariko baratigira.
Uwo mukinyi aremeza kandi ko uretse ivy’uguhomba, gutigira bisamaza cane kugeza aho uwuvyishinze ataco aba agihereza iminwe, kuko avyukira muri ivyo bibanza kandi iyo abuze ico asheta handurukiramwo ingeso yo kwiba.




