Ingaruka z’inzoga ku bagabo no ku bagore si zimwe. Ivyo ntivyemezwa n’ikinyamakuru Jimbere kuko nta bubasha kibifitiye ariko ni abahinga babinonosoye batugira ku muriri…
Ku vyirwa 24 vyakozwe ku migabane yose y’isi, umwe mu bahinga babikoze yitwa Wang avuga yuko ukoranirije hamwe ingaruka zose zishobora kugirira nabi uwanyoye inzoga, uguhakwa kwicwa n’inzoga vyirwiza incuro zirenga 1,5 ku mugore anywa ku munsi igarama 75 (Ni ukuvuga ibirahuri indwi vy’inzoga) ugereranije n’umugabo anywa inzoga zingana nk’uko nyene. Ivyo biharuro birashobora kuduga ugasanga nk’iyo umugore anyoye inzoga zikaze, ko zishobora kumuhitana ugasanga bigeze ku bice 2,5 mu gihe umukenyezi ashikanye igarama 100 z’inzoga ku munsi.
Abo banditsi b’abahinga babandanya bemeza yuko imibiri y’abakenyezi ibangamirwa cane n’inzoga gusumba iy’abagabo (nk’akarorero uca usanga abakenyezi ari bo benshi barwaye indwara z’igitigu). Iciyongerako ni uko abakenyezi ari bo usanga inzoga zaraciye agatete gusumba abagabo bazihereza.
Umukenyezi yibungenze akwiye guheba inzoga
Nkuko vyemezwa na muganga Ngabirano Erike, iyo umukenyezi yibungenze akaguma yihereza inzoga bituma umwana adaheza ngo akure neza, ubwonko bwiwe burashobora kugira ibibazo ndetse bikanamugirira ingaruka mbi mu mibereho yiwe iyo amaze kuvuka. Ivyo bishoboka kubera ko inzoga ziva muri nyina zigaca mu maraso yiwe zigatera zirangurura mu ngovyi y’umwana ari mu nda na yo ikaba iba iriko iragaburira ico kibondo.
Naho biri uko, muganga Ngabirano avuga yuko abahinga batarashobora kwerekana urugero rw’inzoga umuntu yibungenze atorenza kwihereza. Arongerako ati ni co gituma uwibungenze yoca yirinda inzoga kuko n’aho yoba yibarutse zica mu maberebere umwana yonka na we akaba azinyoye. Muganga Ngabirano aributsa yuko n’abiyumvira yuko imivinyu ata co yonona ko na yo nyene imeze nk’inzoga kuko irimwo ubumara bwitwa Ethanor bubangamira amagara y’abana mu gihe bakiri kw’ibere.
Iyo umukenyezi adohotse kw’ibanga ryiwe ryo kwitaho ivyo mu rugo, urugo rurashobora gusambuka
Umuhinga mu vy’imibano Manirakiza Dezire, iyo umukenyezi anywa inzoga akarenza, ingaruka mbi za mbere zibonekera mu rugo kuko hari ibikorwa nyamukuru ataba agishobora kurangura nko kwitaho ubuzima bwa minsi yose bw’urugo, gusukura inzu, kurera abana, kubwiriza abakozi n’ibindi vyinshi.
Iyindi ngaruka ishobora gushika ku mukenyezi akunda cane urukanywa ni iyuko mu gihe anywa akarenza ashobora guhohoterwa ndetse hakanandurukiramwo n’ivyo gufatwa ku nguvu. Arongera ati, inzoga umuntu azinyoye ari nyinshi ziragira ingaruka mbi haba ku bagore canke ku bagabo, ariko ingorane nyinshi zigira abagore. Iyindi ngorane igira gatatu uyo muhinga Dezire yatwiganiye ni iyijanye n’ingene abarundi bitwararika urugo na canecane ko mu migenzo yacu umugabo ari we mutwe w’urugo.
Manirakiza abandanya yerekana yuko aha mu Burundi dufatiye ku mico n’imigenzo yacu ko umugabo ari we aresha. Ivyo bigaca bijana n’ukuntu kugira ngo umukobwa abe uwusonerwa mu kibano Ni uko ategerezwa gushobora kuronka umugabo , akubaka urugo akaronka n’abana: “ Ariko abagabo barinuba umugore yatwawe n’inzoga kuko baca bashoka bibaza ko atazoshobora kwitwararika ibikorwa vyo mu rugo nk’uko bitegekanijwe. Iciyongerako ni uko boca babona yuko uwo mugore yoba ari umugore yoroshe guhendwahendwa n’abandi bagabo baba bashaka kumusambuza. Ku bagabo b’abarundi rero kuzana umugore yihebeye akarwa bisa n’ukwitega umutego kuko baba bazi yuko urwo rugo ruzohera amazimayongo ata co rushitseko. Umukenyezi anywa inzoga ni we akwiye gusuzuma ingendo yiwe kuko ni yo izomuha ikibanza mu kibano”.





