Mu gihe kuri uwu wa 22 Ruheshi Abarundi isinzi n’abanyamahanga bari barindiranye igishika urukino rw’umupira w’amaguru ruhuza umugwi nserukiragihugu w’Uburundi n’uwa Nigeria muri za nkino z’igikombe ca Afurika (CAN2019), bamwe mu rwaruka bakunda inkino bazindukiye mu bibanza batigiriramwo za nkino z’igihamana ngo biyegeranirize amafaranga atabavunye
Kuva satatu z’igitondo, mu kigo ca Kaminuza co ku Mutanga aho bita kuri Bata akamashini gasohora amatike kari kamaze kuhashikanwa. Abatigira na bo bari batanguye kuhatumbera baza bayaga ivy’urukino rw’uwo munsi. Bamwe waza wumva ngo: «Turiyambika umutamana uwu munsi», abandi na bo ngo: «Sije mbona amasaha arageze ndabe ingene Uburundi bukubita Nigeria». Ariko na ho biri ukwo, abashigikiye Nigeria na bo nti batangwa no gukengera Uburundi. Ngizo induru z’uguharira rero ziba ziraduze, gutigira biba biratanguye. Bamwe, « Uburundi 1_0 Nigeria», abandi « Uburundi 0_1 Nigeria». Abamenyereye gutigira usanga ari abakurikirana cane inkino bazi n’abakinyi, ukumva bagira bati: «Iwobi arabamara»; agaca asaba itike itsindisha Uburundi.
Uwatigiye ko Nigeria itsinda, yatanze amahera 1.000 Fbu, yabwirizwa gutahukana 1.300 Fbu mu gihe ico gihugu gitsinze. Uwatigiye ko ari Uburundi butsinda nawe, ku 1.000 Fbu yiwe, Intamba zitsinze yari yiteguriye gutahukana 8.800 Fbu. Benshi rero babona gutigira intsinzi y’Uburundi, kuko ariyo yari ku manota menshi, na none niyo bari bafise ku mutima…
Emmanuel ni umwe mu banyeshure batigiye ko Uburundi butsindwa. We agira ati: « Si ukuvuga ko ntakunda Uburundi, oya. Ahubwo nashatse nze ‘gufana’ neza. Uburundi ni bwatsinda ndanezerwa cane kuko sinza kuba mpomvye, ndatarika mu bandi nigina intsinzi. Nigeria niyatsinda naho ndaba ndiye amafaranga atamvunye ». Ni ko kwongerako ati : « Ukunda umugwi wawe, mu gutigira urawukubitisha kugira ibishika vyose uvyungukiremwo. Muri ico gihe iyo uhomvye amafaranga, unezerererwa umugwi wawe uba utsinze ».
Eka no mu kibanza co kuri Lotto kiri mu Nyakabiga ku ry’10, gushika sakumi abantu bari bakubise harazima batabuza udutike, bagaca bicara baba bararorera ivyo basanze ku kiyo c’imboneshakure mu kurindira isango nyezina rya 19h00.
Urukino rwatanguye bose bagabirije
Urwamo, uguharira ni vyo vyarangwa muri Salle Polyvalente iri mu kigo co ku Mutanga ca Kaminuza y’Uburundi, imbere gato ko urukino rutangura. Abatigiye bari bamaze gufata ivy’icaro vy’imbere abandi bahagaze irya n’ino, kuko babanje kuraba urukino rwahuje Ubugande na RDC.
Sibo babonye abakinyi bari bitezwe barasesesetse mu kibuga c’i Alexandrie mu Misiri, amashi n’induru vyahatswe kugurura amabati nkuko umenga barikumwe. Urukino rwatanguye baba abatigiye canke abatatigiye bose baroreye ingene ruza guhera. Burya ngo ivyica amahirwe nti bibura, haheze iminota icumi gusa urukino rutanguye, umugwi w’abanyeshure bake baserukira abandi baje umupira wamaze gutangura bashaka guhagurutsa bamwe mu bamaze gufata itongo (ikibanza : imvugo y’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi), nabo baranana ngo umunyeshure angana n’uwundi. Nikwo guca bugara imboneshakure igice ca mbere cose c’urukino kirinda gihera batarorereye.
Bamwe mu bariko barawurorera harimwo n’abatigiye baca bungururiza kuwukurikiranira mu bubare buri mu Nyakabiga nko Kuri Pamoja Hotel, Niwakal…, Nayo ku ry’10, ahakorera Lotto, nta muntu yarakironka ayo yicara. Urwamo rwo kuzomera ku mpande zose rwamena amatwi abahita, ntawari gutandukanya uwatigiye n’uwutatigiye.
Ku munota wa 77 abari ku ruhande rw’Uburundi bwaciye bufuka umunwa kuko bari bahejeje kurya igitego c’umukinyi Ighalo, bamwe batangura kwikorera amaboko, abandi batangura kubara iminota isigaye ngo urukino rurangire, mu gihe abandi bo baguma bakora ku rumenyetso ngo amafaranga bahava bayacikana.
Inyuma y’urukino …
Inzira yose abarorerezi bagenda mu tugwi, bamwe bagenda barasiba Mutombola umumenyereza w’abakinyi ngo niwe abakubitishije, abandi na bo ngo: « Iyo menya, sinari guha Uburundi ». Prosper yari mu mugwi w’abari batigiye, agira ati: « Nabishimye kare, nta kuntu umumenyereza yari kurwana no kuzibira ngo tugende tudakubiswe », yongerako ati : « Ikizorikora, agafata umukinyi nka Ahmad Amissi yokina hakiri umwanya, akamukinisha urukino ruheze ! »
Mu gihe bamwe bari bameze nk’abaguye mu mazi, abandi bo baguma bavuga ko Nigeria atari igihugu co kwigirako umupira. Abandi baba bariko bariyumvira ayo bazoja kwegeranya bakuye mu gutigira.
Abatatigiye bo bemeza ko Uburundi bwagerageje, eka mbere bufise n’abakinyi beza cane, ngo kuba bwarushijwe vyavuye ku kwihenda gato kw’abakinyi b’inyuma, bakizera ko imikino izokurikira bazoyitsinda yose. Nawe ni ko ubibona ?




