Kw’igenekerezo rya 11 Ruheshi, haratanguye isekeza ryo kumenyekanisha igitabo citwa: «Abakenyezi b’intwari bibagiwe». I Bururi hatanguriye ico gikorwa, barakenguruka cane ibiri muri ico gikorwa ciyumviriwe n’umupfasoni Christine Ntahe.
Abanyabururi bagwiriyemwo abakenyezi bakora mu mirimo itandukanye harimwo abirimizi, co kimwe n’abagabo n’urwaruka bari bitavye akamo ko kuza kwirabira bamwe mu ntwari z’abakenyezi. Abarengana ntibabiyoberwa. Kw’ibarabara rikuru hepfo y’isoko, baca babona ivyandiko biri ku gitambara kinini bibatumira kwirabira ku buntu bamwe mu bitangiye amahoro. Uretse ivyanditseko, hariko kandi n’amashusho y’ico gitabo n’isanamu ya Christine Ntahe yacanditse. Mu gatondo, bamwe barabazanya, mugabo nta nyishu itomoye baronka, benshi baca bashima kwishikira kuraba. Hari n’abemeza ko bari bavyiyumviye ku nsamirizi.
Umugabo umwe atazi gusoma yirabiye amashusho ati: « Eee ! Uyu mupfasoni ni Deniza Nkurunziza? » Abari ngaho baca baramutwenga. Na we yivugira ko ari Umutwa, kandi igihe yakura Abatwa bataja mu mashure, ari na co gituma atazi gusoma n’ukwandika.
Aca arishikira mu nyubakwa y’amanama yabereyemwo ico gikorwa. Yahavuye yibonera wa mupfasoni yabona kw’isanamu, ari we Christine Ntahe. Yari akikjwe na babiri muri nya ntwari zivugwa mu gitabo. Na bo ni Jorojeta Mahwera wo mu Kinama, kumwe na Rejina Nduwimana w’i Marangara muri Ngozi. Umwe wese muri bo yarashikirije ivyo yaciyemwo.
Umuhutukazi Jorojeta wo mu Kinama, yarabaciriye ku mayange ivyanditse kuri we, be n’abo bafadikanije kugarukana amahoro mu mazone ya Kinama na Cibitoke. Uko be na Rejina bavuga, nta n’isazi yakoma, kubera ivyo bashikiriza vyari inkoramutima.
Rejina na we, yavuze ukuntu yarugomye inda ari Umututsikazi, akabonana n’Abahutukazi basigaye mu mihana, maze bihava birakunda basubira kunywana muri Marangara yose.

Umupfasoni Christine Ntahe akikijwe na Jorojeta Mahwera (ibubamfu), na Rejina Ndwuwimana
Ikiganiro kije hageze
Juvent Ndayikeza, umuhanuzi wa Buramatari wa Bururi ajejwe imico kama n’imibano yarakengurutse cane ico kiganiro, maze aboneraho gutumirira abakenyezi bo muri iyo ntara yo mu Bututsi gufatira akarorero kuri abo bitanze badatinya kugira ikibano kirangwe n’ituze nka mbere.
“Abanyabururi twese, tubane neza ntitubane nk’Abahutu n’Abatutsi. Tubirengere. Buca tuja mu matora, ariko ntaze aducanishamwo.” Ivyo vyashikirijwe n’umukenyezi Ndayisenga Marie-Immaculée aba ku murwa mukuru wa Bururi. Ivyo yavuze vyarunganiwe n’uwitwa Nikiza Cédric. Yasavye urwaruka rwari ngaho kwanka no kurengera ubwicanyi.
Umwanditsi w’ico gitabo yaciye yogerako, avunira akagohe urwaruka ati: “Mwa rwaruka mwe! Muranka intambara. Muyanse ntizoba.”
Abenshi mu bari ngaho bashaka gufata ijambo. Erega uwuvuze wese yashaka gushikiriza ivyamubayeko.
Wamengo ni akaryo baronse ko gushikiriza ingene umwe canke uwundi yafashijwe n’uwo badasangiye ubwoko. Hari aho vyashitse umuntu akanyegeza uwo badasangiye ubwoko, maze na we akamukiza abandi baje kumwica. Barashaka gusuka ibiri ku mutima, ugasanga hari n’uwumaze umwanya munini afise ijambo. Kugira ikiganiro ntigihindure intumbero, bahavuye nyabuna basabwa ko umwe wese yoza arashikiriza ico yungutse kuri ico gitabo. Ikindi kwari ukuvuga inama yigiriye.
Abari bafashe amajambo bose bararonse udushimwe. Abakenyezi baronka ibitenge, amakaye n’igitabo. Abagabo na bo baronka ibitenge, amakaye n’imipira yo kwambara iranga ico gitabo canditswe na Christine Ntahe kikaryohorwa na Roland Rugero, arongoye ikinyamakuru Jimbere.




