Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

« Ireresi ni umwuga mushasha urwaruka rukwiye kwijukira »

« Urwaruka rurakwiye kwijukira umwuga mushasha wo guhingura amareresi rukitandukanya n’ibintu vyose vyotuma bishira ubuzima bwarwo mu kaga, maze rukabikora rufise amagara meza kugira rwubake Uburundi bwiza ». Vyashikirijwe kuri uyu wa 31 rusama 2019 mu kigo c’igishirizwamwo imyuga mu Kigobe mu gihe hariko haruguruzwa icese isabukuru igira 11 y’amareresi mu Burundi (FESTICAB).

Mu gihe muri iki gihe urwaruka ruhanzwe n’ingorane nyinshi nko kubura akazi, ukunywa ibiyayura mutwe, inzoga zirenze urugero hamwe n’ubushakanyi, hatangunjwe kuri uyu wa 31 rusama indwi yahariwe isabukuru y’amareresi mu Burundi FESTICAB igira 11 ku civugo «Urwaruka n’amagara meza», mu ntumbero yo guhimiriza urwaruka kurinda ubuzima bwarwo maze rukijukira umwuga mushasha wo gukora amareresi usigaye ukenewe hose mu makungu kugira rwiteze imbere.

Munyana Francine arongoye Festicab ati « Ibishasha ni uko abantu b’i Mugina, i Tangara, i Gatara, i Kigamba n’Isare bazoshobora kurabira amareresi ariko arahiganwa baciye mu bigo vyagenewe ugusoma n’imicokama CLAC »

Muri iyi minsi urwaruka rwijukiye kuraba imboneshakure, rurumva ningoga amakuru, inyigisho n’ibindi bibera mu makungu biciye mu masanamu asigaye aronderwa cane. Ku bw’ivyo, ico urwaruka rukeneye si ibiyayura mutwe, akaborerwe canke ubushakanyi ahubwo rukeneye gushira iguvu mu kurondera ubumenyi mu bijanye n’ugukora amareresi meza ashobora kuruteza imbere rukamenyekana mu gihugu eka no mu makungu.

Urwaruka rwokwijukira amareresi ameze gute?

Léonce Ngabo arongoye FESTICAB agira ati: « Twebwe muri Festicab, tujejwe kwerekana amareresi yerekana ibintu vyiza kandi birimwo inyigisho nziza; ari ibintu vy’amahoro, ibintu vy’umubano, amagara, imico n’akaranga vy’igihugu kugira urwaruka rumenye ibikenewe birufasha kwiteza imbere mu buzima bwarwo». Yongerako ati: « Naho hoba harabaye ibintu bibi, ntituvyerekana kuko kwoba ari ukwigisha urwaruka gukora nabi, nyabuna turabiyungurura ibibi tukabita tukerekana ivyiza birimwo inyigisho n’impanuro urwaruka rukeneye». Léonce Ngabo abona ko urwaruka rwohitamwo umwuga wo gukora amareresi canecane rukitwararika gukora ayigisha kandi adatuma rushira ubuzima bwarwo mu kaga.

Excellent Nimubona umuhagarikizi wa Festicab 2019, avuga ko amareresi meza yerekana akaranga k’igihugu kandi agafasha mw’iterambere no mu guhindura inyifato za bamwe n’abandi. Agira ati: « Ireresi iratwigisha, idushira hamwe ikatwereka ikibanza dufise mu kibano».

Amareresi yoba yarijukiwe?

Francis Muhire umunyamabanga mukuru wa Festicab, avuga ko hari igihe amareresi y’abarundi akomera ukabona ko abayakora bayijukiye n’igihe basubira hasi. Léonce Ngabo na we yemeza ko mu myaka yahera bashobora kuronka nk’amareresi 20 ariko uyu mwaka w’2019 habonetse amareresi 10 gusa, maze ngo ivyo bikaba vyavuye k’ukuntu urwaruka rutahaye agaciro uwo mwuga mushasha hamwe n’ibihe bigoye Uburundi bwaciyemwo. kubw’iryogabanuka ry’amareresi Ngabo agira ati:« Festicab, turiko turakorana n’abasanzwe badufasha nka Reta n’ikigo c’imico kama kugira twongereze inyubakwa zo kurabiramwo amareresi twongere turonse uburyo urwaruka rwinshi rushobora gukora amarerensi menshi kandi meza, maze rushobore kuronka ico rukora kiruteza imbere ».

Mu gutsimbataza no guha ikibanza kibereye amareresi yaba ay’abarundi canke ay’abanyamahanga, Festicab yarihaye ihangiro ryo kwerekana amareresi uhereye mu mazoni y’igisagara ca Bujumbura gushika no mu makomine yo hagati mu gihugu kugira n’urwaruka rusanzwe rwo mitumba rwigishwe biciye mu mareresi. Inyigisho n’ibiganiro bishingiye kuri ayo mareresi azerekanwa bikaba bitegekanijwe kugira berekane akamaro n’uruhara rw’amareresi mu kibano.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top