{"id":9026,"date":"2026-08-22T14:49:05","date_gmt":"2026-08-22T12:49:05","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=9026"},"modified":"2026-08-22T14:52:06","modified_gmt":"2026-08-22T12:52:06","slug":"burundi-imiriro-ndayizamba-le-parisien-bujumbura","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-imiriro-ndayizamba-le-parisien-bujumbura\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Ko atari irya mbere aya maduka ahiye, habura iki ngo akingirwe imiriro?\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Intuntu n&rsquo;amarira vyari vyinshi mu begereye hafi y&rsquo;amaduka \u00ab\u00a0Ndayizamba na \u00ab\u00a0Le Parisien\u00a0\u00bb, mu gihe yadutsemwo umuriro mu gatondo ko kuri uyu wa 21\/08\/2026, ivyarimwo nk&rsquo;ibidandazwa bigasha bigatokombera.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Imiduga izimya umuriro \u00ab\u00a0kizimyamoto\u00a0\u00bb yaragerageje gukinga ngo ayandi mazu yegereye ivyo bibanza ntashikirwe, mu gihe umuriro wari mwinshi cane. Benshi mu bahadandariza bakaba ataco bashoboye kurokora muri ayo maduka uko ari abiri. <br><br>Aho rero ni mu gihe iduka \u00ab\u00a0Ndayizamba\u00a0\u00bb yigeze kwadukamwo umuriro kw&rsquo;igenekerezo rya 10\/06\/2017, amazu y&rsquo;idandarizo (\u00e9choppes) arenga 40 n&rsquo;ivyarimwo nk&rsquo;imashini zo gushona n&rsquo;impuzu birasha biratokombera. Nayo iduka \u00ab\u00a0Le Parisien\u00a0\u00bb ikaba yaheruka kwadukamwo umuriro itariki 25\/07\/2022, mu gice co musi y&rsquo;inyubakwa (cave), ibidandazwa nk&rsquo;impuzu bikaba vyarahiye. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\"><strong>Kwibangikanya ubwishingizi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Mu gihe yagendera ahabereye iryo sanganya, Icegera c&rsquo;Umukuru w&rsquo;igihugu Prosper Bazombanza yahojeje ababuze ivyabo, agirako yibutsa abadandaza bose ko bogirisha ubwishingizi \u00ab Assurance \u00bb ku bidandazwa vyabo kugira bazoshobore gushumbushwa igihe bigize ikibazo.<br>Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yagize ati : <em>\u00abTwizere ko uwu muriro utatewe n\u2019ubugizi bwa nabi ahubwo ari isanganya ryabaye.\u00bb<\/em><br>Yongeye kandi asaba ababuze ivyabo ko batocika ivutu kuko ivyashitse vyamaze gushika ahubwo intwaro igiye kwihweza ingene ibintu bishobora gusubira ku murongo mu maguru masha: <em>\u00abTugiye kwigira hamwe ibidandarizwa muri ivyo bibanza kuko ushobora gusanga abantu bakoresha amapasi yo kugorora, ibisigara bigateza ingorane.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Umwe mu bakenyezi bahaburiye ibidandazwa, yikoreye amaboko ku mutwe, amarira menshi atemba ku matama, aguma adida amaguru hasi kubw&rsquo;agahinda, yagize ati: <em>\u00abIyo abaporisi bandeka mba nashoboye gukiza ibintu na bike. None ndabira bifashwe ndabiraba. Ese amahera ya banki nari naratse&#8230; Iyo bapfuma bandeka basi nkapfuma mpfira mu bintu vyanje.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"wp-block-paragraph\">Umukuru w&rsquo;igihugu Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwa X, yahojeje arihanganisha ababuriye ivyabo mu bibanza vy&rsquo;idandarizo vya \u00ab\u00a0Gelerie Ndayizamba\u00a0\u00bb hamwe na \u00ab\u00a0Le Parisien\u00a0\u00bb, yongerako ko <em>\u00abAmatohoza yimbitse, yatanguye kugira hamenyekane icateye umuriro\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-video is-provider-youtube wp-block-embed-youtube wp-embed-aspect-16-9 wp-has-aspect-ratio\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<iframe loading=\"lazy\" title=\"Mu gihe muri Gallerie Ndayizamba no muri #Le_Parisien hariko harasha,  Prosper Bazombanza yahashitse\" width=\"1000\" height=\"563\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/sHOsQdKR8qw?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Intuntu n&rsquo;amarira vyari vyinshi mu begereye hafi y&rsquo;amaduka \u00ab\u00a0Ndayizamba na \u00ab\u00a0Le Parisien\u00a0\u00bb, mu gihe yadutsemwo umuriro mu gatondo ko kuri uyu wa 21\/08\/2026, ivyarimwo nk&rsquo;ibidandazwa bigasha bigatokombera. Imiduga izimya umuriro \u00ab\u00a0kizimyamoto\u00a0\u00bb yaragerageje gukinga ngo ayandi mazu yegereye ivyo bibanza ntashikirwe, mu gihe umuriro wari mwinshi cane. Benshi mu bahadandariza bakaba ataco bashoboye kurokora muri ayo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":9027,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"footnotes":""},"categories":[511],"tags":[23,700,238],"coauthors":[34],"class_list":["post-9026","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inyubako","tag-bujumbura","tag-imiriro","tag-inkurunkuru"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/9026","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=9026"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/9026\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":9028,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/9026\/revisions\/9028"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/9027"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=9026"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=9026"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=9026"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=9026"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}