{"id":9011,"date":"2026-08-17T15:04:00","date_gmt":"2026-08-17T13:04:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=9011"},"modified":"2026-08-17T21:12:36","modified_gmt":"2026-08-17T19:12:36","slug":"ivyamwa-abakenyezi-bujumbura-cafob-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ivyamwa-abakenyezi-bujumbura-cafob-burundi\/","title":{"rendered":"Kuva ku bihumbi 10 000 gushika ku modoka kubera ivyamwa"},"content":{"rendered":"<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"720\" height=\"960\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2026\/08\/Ivyamwa.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-9012\" style=\"width:387px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2026\/08\/Ivyamwa.jpeg 720w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2026\/08\/Ivyamwa-225x300.jpeg 225w\" sizes=\"auto, (max-width: 720px) 100vw, 720px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p><em><strong>Mu ma barabara no mu masoko atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, abakenyezi benshi bariko barondera ubuzima biciye mu gucuruza ivyamwa. Kuri bamwe, ni akazi gatangurwa n\u2019amafaranga make, ariko kakagenda kaguka gushika naho bashobora kurihira abana amashure, kwubaka amazu no kwigurira imiduga ibafasha kwunguruza ibidandazwa vyoroshe<\/strong><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Odeta N., acururiza muri zone Kamenge, amaze imyaka indwi muri uwo mwuga. Yatanguye afise umutahe w\u2019ibihumbi bitarenga 30.000 vy\u2019amafaranga y\u2019Uburundi. Ico gihe ngo yatembereza imicungwe mw\u2019ibarabara. Uko imyaka yagiye irahera, ubudandaji bwiwe bwaragutse, gushika naho ubu afise ikibanza akoreramwo kirimwo umutahe urenza imiriyoni 6 kuko yaciye ashiramwo n\u2019ibindi bidandazwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Odeta avuga ko iminsi yose bazinduka mu gaturuturu mu masoko ya COTEBU na Ngagara, kurondera ivyamwa vyo kudandaza. Ku munsi, avuga ko ashobora gucuruza amafaranga ari hagati ya 120 000 na 200 000 BIF mu vyamwa gusa bivanye n\u2019ingene abaguzi baba babonetse. Inyungu nayo ishobora kuba hagati ya 30 000 na 50 000 BIF.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Urucuruzwa rurimwo intambamyi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Odeta avuga ko iyo ivyamwa bitaguzwe n\u2019ingoga, biheza bikabora, bikabatera uruhombo. Hari kandi izuba ryinshi birirwako , eka ngo n\u2019imvura iyo ari mu gihe cayo iragwa ikabasanga ku kazi. Odeta avuga kandi ko rimwe na rimwe abajejwe umutekano babafata, bakabaca amande menshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Naho biri uko, avuga ko bagerageza gukurikiza amategeko y\u2019isuku, bagasukura aho bakorera mu gitondo no ku mugoroba imbere yo gutaha kuko benshi baba bakorera ku nkengera z\u2019ibarabara hegereye imifurege.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Yirukanwe ku kazi ka Reta aja kudandaza ivyamwa , ubu afise imodoka yiwe\u2026.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inkuru ya Solange, akorera muri zone Gihosha, yerekana iyindi ntambwe ikomeye y\u2019iterambere. Avuga ko yari asanzwe afise akazi ka Reta, ariko yahavuye yirukanwa. Yaciye abona ko adashobora kwama atemberana impapuro zo gusaba akandi kazi, aca afata ingingo yo kukironderera.<\/p>\n\n\n\n<p>Yatanguje umutahe w\u2019ibihumbi utarenga 200 000 BIF, amafaranga yakuye mu kugurisha ibitungwa yari yaraguze.<\/p>\n\n\n\n<p>Yamaze imyaka ine akora ubudandaji bw\u2019ivyamwa, ariko uko yagenda arabumenyera ni ko ibikorwa vyiwe vyagenda birushiriza kwaguka. Ubu aja kurangura ivyamwa muri komine ya Cibitoke na Rumonge, hanyuma akabizana kubiranguza mu masoko ya COTEBU n\u2019ahandi. Avuga ko ubucuruzi bwamufashije gushika naho yigura imodoka yiwe, ayikoresha mu kurangura no gutwara ivyamwa. Afise kandi ibibanza bitatu vyo kudandarizamwo mu masoko atandukanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati <em><strong>: <\/strong><\/em><em>\u00ab Iyo umuntu abuze akazi, singombwa ko ubuzima buhagarara, kwihangira akazi no kugira umwete bishobora gutuma umuntu asubira kwiyubaka<\/em><em>\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umupfakazi yavuye ku<\/strong><strong>mutahe w\u2019ibihumbi 10 000 <\/strong><strong>BIF <\/strong><strong>gushika ku nzu yiwe bwite!<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari n\u2019uwundi mukenyezi twaganiriye, wewe ni umupfakazi. Umugabo wiwe yitavye Imana amaze kugura ikibanza co kwubakamwo (parcelle) , avuga ko inyuma y\u2019urupfu rw\u2019umugabo, ubuzima bwamugoye cane, mu kurera abana no kuronka ivyo umuryango ukeneye.<\/p>\n\n\n\n<p>Yigana ko yatanguriye ku mafaranga atarenga ibihumbi 10.000 BIF yagabiwe n\u2019umubanyi wiwe , aca amufata ukuboko amwereka ingene ayo mafaranga yoyavyaza umusaruro akaronka utwo agaburira abana. Yaranamwigishije ingene yokora ubudandaji bw\u2019ivyamwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Yarakoranye umwete, aradandaza, arunguka, maze ubudandaji bw\u2019ivyamwa bwaramufashije gutuma abana biwe baronka ivyo bakeneye. Ariko ntivyagarukiye aho, ya parasera umugabo wiwe yari yaraguze yaciye ayubakamwo inzu. Ubu aba muri iyo nzu yiwe, kandi afise n\u2019abandi bantu ayipangishijemwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bwiwe, ivyo vyose vyashobotse kubera umwete, ukwihangana no kudasamara. Agatanga ubutumwa ku bakenyezi canecane abapfakazi ko: <em>\u00ab Bokura amaboko mu mpuzu, ba<\/em><em>ga<\/em><em>kor<\/em><em>a<\/em><em> bi<\/em><em>kit<\/em><em>ez<\/em><em>a<\/em><em> imbere. Nimba narabishoboye, n\u2019abandi<\/em><em>boshobora kubikora. Vyose bisaba umwete, ukwitanga, kuzinduka no kudasamara \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubucuruzi bubafasha no kwibako atawe bateze amaboko\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Benshi muri abo bakenyezi twaganiriye, bemeza ko gucuruza ivyamwa bitabafasha gusa kuronka amafaranga yo gufungura no kugura impuzu gusa ahubwo bavuga ko ari n\u2019uburyo bwo kubeshaho imiryango yabo, kurihira abana amashure, kuriha inzu no kwivuza n\u2019ibindi vya nkenerwa batarinze gutega amashi canke ngo bibakwegere mu nzira z\u2019ubuhumbu nk\u2019uko bishikira benshi.<\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab Umukenyezi afise ico akora ashobora gufashanya n\u2019umugabo mu bikorwa vy\u2019iterambere, aho kwama arindiriye ko ibintu vyose bikorwa n\u2019umugabo. Ku bakenyezi badafise abagabo, ubudandaji bubaha kandi uburyo bwo kwibeshaho no kurera abana, aho kurondera ubundi buryo bwo kubaho bushobora kubashikana mu buzima bugoye no kuba iciro ry\u2019imigani \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Naho ubudandaji bushobora gutuma abakenyezi batera imbere, baravuga ko kuronka ingurane mu mabanki bita<\/strong><strong>b<\/strong><strong>oroh<\/strong><strong>era<\/strong><strong>\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko babivuga, benshi basabwa ingwati kandi nti baba bafise ivyo boshobora gutanga nk\u2019ingwati. Ivyo rero ngo bituma bamwe basanga bari mu madeni menshi canke bakabura uburyo bwo kwongereza imitahe yabo. Basaba ko abakenyezi bakora urudandazwa rutoruto boroherezwa kuronka ingurane zijanye n\u2019ubushobozi bwabo kugira babashe kwagura ibikorwa no gutera imbere.<\/p>\n\n\n\n<p>Bagira bati: <em>\u00ab Iyo umukenyezi aronse akaryo ko gukora, akagira umwete n\u2019uburyo bwo kuronka umutahe, ubudandaji buto bushobora guhinduka inkingi ikomeye y\u2019iterambere ry\u2019umuryango \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-small-font-size\" style=\"background-color:#f3ecd1\"><strong>Iyi nkuru yakozwe mu rukwirikirane rw\u2019amakuru yakozwe n\u2019ikinyamakuru Jimbere biciye mu mugambi wo kugwanya amabi afatiye ku gitsina <em>\u00ab<\/em>TWIRINDE IKUMIRANA<em>\u00bb<\/em>. Ufashwe mu mugongo n\u2019ishirahamwe ry\u2019ibihugu vya Buraya ugashirwa mu ngiro n\u2019urunani rw\u2019amashirahamwe aharanira agateka k\u2019abakenyezi CAFOB.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu ma barabara no mu masoko atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, abakenyezi benshi bariko barondera ubuzima biciye mu gucuruza ivyamwa. Kuri bamwe, ni akazi gatangurwa n\u2019amafaranga make, ariko kakagenda kaguka gushika naho bashobora kurihira abana amashure, kwubaka amazu no kwigurira imiduga ibafasha kwunguruza ibidandazwa vyoroshe Odeta N., acururiza muri zone Kamenge, amaze imyaka indwi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":9012,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"footnotes":""},"categories":[278,268],"tags":[23,699,238],"coauthors":[34],"class_list":["post-9011","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imboneza-zabakenyezi","category-kwiyunguruza","tag-bujumbura","tag-cafob","tag-inkurunkuru"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/9011","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=9011"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/9011\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":9016,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/9011\/revisions\/9016"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/9012"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=9011"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=9011"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=9011"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=9011"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}