{"id":8915,"date":"2025-10-30T07:32:11","date_gmt":"2025-10-30T06:32:11","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8915"},"modified":"2025-11-07T07:54:02","modified_gmt":"2025-11-07T06:54:02","slug":"brb-ingurane-burundi-amabanki","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/brb-ingurane-burundi-amabanki\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Ja murasoma neza ivyanditse mu masezerano yo gusaba ingurane mu ma banki\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Iyi ni ingabisho yatanzwe na bamwe mu bakorera mu bushikiranganji bw\u2019ubutungane n\u2019ubw\u2019ubudandaji bwari bwaserukiye Reta y&rsquo;Uburundi mu nama Ibanki Nkuru y\u2019igihugu BRB<\/strong> yari yatunganirije kuri uyu wa 29 Gitugutu 2025 mu nyubakwa za Eden Garden Hotel mu gisagara ca Bujumbura, aho yari yakoranije amabanki y&rsquo;ubudandaji, amasentare n\u2019abandi basanzwe bakorera muri ico gisata, bigira hamwe ibibazo bihanze ico gisata n\u2019ingene bobitorera umuti.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/11\/Normand-Bigendako-arongoye-BRB-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8921\" style=\"width:545px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/11\/Normand-Bigendako-arongoye-BRB-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/11\/Normand-Bigendako-arongoye-BRB-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/11\/Normand-Bigendako-arongoye-BRB-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/11\/Normand-Bigendako-arongoye-BRB.jpg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><strong><sup><em>Edouard Normand Bigendako, arongoye Banki Nkuru y&rsquo;Uburundi<\/em><\/sup><\/strong><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Umwe muri bo yagize ati: <em>\u00ab\u00a0Hari aho umunywanyi yaka ingurane y\u2019imiriyoni 10 z&rsquo;amarundi nk\u2019akarorero, akaba yizera ko azoriha inyungu ya 10%, gutyo akagenda azi ko azoriha imiriyoni 11. Ariko hagera ko ariha akisanga arishe nk\u2019imiriyoni 17 bivanye n\u2019ibiri indani mu masezerano. Hageze kuriha bigaca bivyura amatati kuko abuze aho akura amafaranga ariha, ingwati yiwe igafatwa, imanza ziba zivyutse.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Bahamagarira abaka ingurane kuja barabanza gusoma bitonze ivyanditswe mu masezerano, batabitahuye neza bagatahana izo mpapuro kugira ngo bazihe abo bizigira babatahuze ibirimwo, kugira ngo baje barasinyira ivyo bazi neza kandi bashobora kwemanga.<\/p>\n\n\n\n<p>Babibutsa bati: <em>\u00ab\u00a0Aho usinya haba handitse ngo \u2018Lu et approuv\u00e9\u2019, bisigura ko wabisomye neza kandi wavyemeye. Rero n&rsquo;aho uja kwitwara, ako kantu gashobora kugutsindisha. Rero nimureke kwihutira kuronka ayo mafaranga y\u2019ingurane, ahubwo nimwitonde mushire imbere gukora ibitegereka.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi bahamagarira amabanki na yo kutaja iranyegeza ibintu nyamukuru biri mu masezerano mu kuvyandika mu ndome zitaboneka neza canke ahantu hanyegeje. Ahubwo, bayasaba gushiraho igisata kijejwe gusigurira abanywanyi buri kantu kose kari mu masezerano y\u2019ingurane imbere y\u2019uko abanywanyi bayasinyako.<\/p>\n\n\n\n<p>Abitabiriye iyo nama bavuga ko hari abakiriya baja guhenda amabanki bakagwatiriza amatongo incuro zibiri canke zirenga bifashishije impapuro za magendo, canke iz\u2019ukuri ariko bakaja kubesha mu gisata ntunganyamatongo ko izo mpapuro bashaka kuzisubiriza kubera izindi zabatakaranye, kumbe bashaka kuzikoresha mu gusaba irindi deni. Aho ngo hari n\u2019aho usanga umunywanyi atunze karangamuntu zirenga imwe akaja arazikoresha mu gusaba ingurane ahatandukanye bigaca bigorana gusuzuma ivyiwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kugwanya ivyo gukoresha amakarangamuntu mu buryo butari bwo, basavye Reta kwihutisha umugambi wo gushira ico gisata mu buhinga bwa none no kuzana amakarangamuntu yo mu buhinga bwa none, ku buryo bizokworoha gusuzuma nimba karanga muntu ari iy\u2019ukuri canke ari iy\u2019amanyanga, kandi ngo vyofasha abatanga uburangamuntu kutongera karangamuntu uwuyisanganywe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Iyi ni ingabisho yatanzwe na bamwe mu bakorera mu bushikiranganji bw\u2019ubutungane n\u2019ubw\u2019ubudandaji bwari bwaserukiye Reta y&rsquo;Uburundi mu nama Ibanki Nkuru y\u2019igihugu BRB yari yatunganirije kuri uyu wa 29 Gitugutu 2025 mu nyubakwa za Eden Garden Hotel mu gisagara ca Bujumbura, aho yari yakoranije amabanki y&rsquo;ubudandaji, amasentare n\u2019abandi basanzwe bakorera muri ico gisata, bigira hamwe ibibazo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":53,"featured_media":8921,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[429],"coauthors":[671],"class_list":["post-8915","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-brb"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8915","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/53"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8915"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8915\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8922,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8915\/revisions\/8922"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8921"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8915"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8915"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8915"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8915"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}