{"id":8846,"date":"2025-08-02T22:45:08","date_gmt":"2025-08-02T20:45:08","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8846"},"modified":"2025-08-02T22:45:57","modified_gmt":"2025-08-02T20:45:57","slug":"enoti-bancobu-thunes-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/enoti-bancobu-thunes-burundi\/","title":{"rendered":"Agaterabwenge \u00ab\u00a0eNoti\u00a0\u00bb ubu karashikana akanoti kawe mu mahanga"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ibanki <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/BANCOBU.SM\">Bancobu<\/a>, ifadikanije na <a href=\"https:\/\/www.thunes.com\/\">Thunes<\/a>, ishirahamwe rifasha mu guhanahana amafaranga ku bantu bari mu bihugu bitandukanye, yaraye itanguje kuri uyu wa 1 Myandagaro 2025 ivyo guhanahana akanoti n&rsquo;abawe kuri ngendanwa biciye muri <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/groups\/1236169087126636\/?__cft__[0]=AZVXbiQbQTK5kDnh4zbYni0I7nQd6wFlbY62-1AZP_CIocmm5DVFTOInJmIS7yqwqjuBIzgH8eqIS45NsCyfuA-pwQwSVfH7_ZtnTZMZxuWHpRkQ8dADEMu_lfaV4EVFy7rYJYDskQmHNELC551l15i5nuUMGDWnJylShxcMJhJv1KdNlqu0mhT7Q9lXA2uqBAk&amp;__tn__=-UK-R\">Bancobu @noti<\/a>.<\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"682\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/08\/eNoti-Thunes-1024x682.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8847\" style=\"width:655px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/08\/eNoti-Thunes-1024x682.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/08\/eNoti-Thunes-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/08\/eNoti-Thunes-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2025\/08\/eNoti-Thunes.jpg 1280w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><strong><sup><em>Isinywa ry&rsquo;amasezerano hagati ya Bancobu na Thunes.<\/em><\/sup><\/strong><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Kugira ngo ubikore, bisaba kuba umunywanyi wa Bancobu eNoti mu kwugurura ikonti ukoresheje terefone ngendanwa yawe na karangamuntu yawe, ukavyikorera canke ukegera umukozi wa Bancobu akwegereye akabigufashamwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku mpamvu yatumye Bancobu ishiraho iki gisata, Eric Nizigiyimana, arongoye igisata ca Bancobu eNoti agira ati: <em>\u00ab\u00a0Hari abarundi bari ngaha n&rsquo;abari hanze bashaka guhanahana amafaranga, kandi uburyo bahora bayahanahanamwo ntibworohereza abenegihugu batari hafi y&rsquo;amashami yacu. Rero ubu bagiye kuyahanaha batiriwe bariyunguruza. Ubuhinga twashizeho burizewe cane, nta mafaranga y&rsquo;umwenegihugu azozimira.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mu kumwunganira, Trinitas Girukwishaka, umuyobozi mukuru w&rsquo;ibanki Bancobu yagize ati: <em>\u00ab\u00a0Iki gisata tugishizeho mu ntumbero yo gutanga serivisi yihuta, izimbutse kandi ikingiye mu ntumbero yo guherekeza abakiriya bacu mw&rsquo;iterambere rijana n&rsquo;ubuhinga bugezweho.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Iryo shirahamwe Thunes rigiye gufashanya na Bancobu muri ubwo buhinga bwo guhanahana amafaranga, risanzwe ribikorera mu bihugu 130 biri mu mihingo itandukanye y&rsquo;isi, rigakora biciye mu bwoko 80 bw&rsquo;amafaranga. Rifise uburyo 320 bwo kuriha n&rsquo;amakonti imiriyaridi 7 yuguruye nk&rsquo;uko vyashikirijwe na Obey Tai Domingo yariserukiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo Yvan Patience Itangiteka, ajejwe igisata co gutunganya ibikorwa (Chef des Op\u00e9rations), avuga ko ayo mafaranga azoshikira umwanywanyi yamaze kwihindura mu mafaranga y&rsquo;amarundi, ariko ko vuba azohora amushikira mu mafaranga yarungitswemwo hanyuma akiyuvunjishiriza<\/p>\n\n\n\n<p>Mu birori vyo gutanguza ico gisata, abantu babiri, umwe wo mu gihugu ca Uganda ku mugabane wa Afrika, uwundi wo mu Bufaransa ku mugabane wa Buraya bapimiweko ico gisata, maze amafaranga yavuye i Bujumbura abashikira ubwo nyene kandi neza. Bashobora kuyabikura mu ma Euro canke mu ma Dollars, canke mu mafaranga igihugu barimwo gisanzwe gikoresha.<\/p>\n\n\n\n<p>Libert Nduwimana, yaserukiye Ibanki nkuru y&rsquo;igihugu yashimiye Bancobu kuri uwo mugambi wo gukoresha ubuhinga bugezweho, akavuga ko bushigikira umugambi wa BRB wo guhanahana amafaranga biciye mu buhinga bwa none biciye kuri terefone ngendanwa, maze hakagabanywa uguhanahana amafaranga mu minwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko ibanki Bancobu iriko ikorera mu Burundi kuva mu mwaka wa 1960, nayo Thunes yavuye ku gukorera mu bihugu 4 vyo muri Afrika mu mwaka wa 2019, ikaba igeze mu bihugu 35 muri uyu mwaka wa 2025.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ibanki Bancobu, ifadikanije na Thunes, ishirahamwe rifasha mu guhanahana amafaranga ku bantu bari mu bihugu bitandukanye, yaraye itanguje kuri uyu wa 1 Myandagaro 2025 ivyo guhanahana akanoti n&rsquo;abawe kuri ngendanwa biciye muri Bancobu @noti. Kugira ngo ubikore, bisaba kuba umunywanyi wa Bancobu eNoti mu kwugurura ikonti ukoresheje terefone ngendanwa yawe na karangamuntu yawe, ukavyikorera canke [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8847,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[],"coauthors":[34],"class_list":["post-8846","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8846","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8846"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8846\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8851,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8846\/revisions\/8851"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8847"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8846"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8846"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8846"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8846"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}