{"id":8805,"date":"2025-07-25T17:50:17","date_gmt":"2025-07-25T15:50:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8805"},"modified":"2025-07-25T17:52:51","modified_gmt":"2025-07-25T15:52:51","slug":"curijambo-amayagwa-burundi-umugani","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/curijambo-amayagwa-burundi-umugani\/","title":{"rendered":"Bavuga ngo \u00ab\u00a0mbarira umugani\u00a0\u00bb canke, \u00ab\u00a0ncira umugani\u00a0\u00bb ?"},"content":{"rendered":"\n
\u00ab\u00a0Muribuka twiga mu mashure mato mato ‘Umutama semibira’, ‘Ikiyago ca Nkengurutse na nyina’, ‘Umwidogo wa Muringanira’, n\u2019ibindi? Birya vyose bija mu mugwi w\u2019ivyese\u00a0\u00bb.<\/em> Vyashikirijwe na Mwigisha Joseph Mukubano, umuhinga mu vyerekeye indimi akaba n\u2019umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi kur’uyu wa 24 Mukakaro 2025 aho indamurabitabu yari yakiriye ikindi kiyago gihariwe amatagwa.
Uwundi musomyi ati: \u00ab\u00a0Mbega ko twahora twumva ngo \u201cCa umugani\u201d canke gacamugani, burya umuntu arabara umugani canke aca umugani ? Bavuga ngo mbarira umugani canke ncira umugani ?\u00a0\u00bb<\/em>
Uno musomyi akaba yari yashikirije amakenga ko ijambo twacuze \u201cumubaramugani\u201d ryoba ririmwo agahaze.<\/p>\n\n\n\n
Uyu na we Mwigisha Ferdinand Mberamihigo amwishura ati: \u00ab\u00a0Umuntu bamutazira gacamugani kuko bisa nk\u2019ivyabaye akamenyero kuri we kuko bamuzi kenshi aca umugani. Nka kurya uwutagira ikigongwe bagira ngo ni ruburakigongwe mu mvugo igagamisha canke bakavuga \u201ckaryamyenda\u201d bashaka kuvuga uwagize umugenzo guherana. \u201cUmubaramugani\u201d rero ni ryo jambo risigura neza mu mvugo itomoye uwo twita mu gifaransa \u201cle conteur\u201d\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n
Amwunganira, umwanditsi Jeanne d\u2019Arc Nduwayo yatanze icitiranwa \u201cumubarankuru\u201d mu gihe ariko abara iyindi nkuru itari umugani, mugabo akabivuga mu ncamake. Umutondankuru nawe akaba umwe akwicarika akagutondera buri kimwe uko cagenze ata co asimvye<\/p>\n\n\n\n
Hagati aho, ng’aya amajambo yacuzwe ku kirengazuba co kuri uyu wa 24 Mukakaro 2025, mu gisata c’amayagwa:<\/p>\n\n\n\n
\u27a1\ufe0f R\u00e9cit<\/em>: Umutondanuro<\/strong>
\u27a1\ufe0f Conteur<\/em> : Umucamugani<\/strong>\/gacamugani<\/strong>
\u27a1\ufe0f Art de la narration<\/em> : Ibarankuru<\/strong>
\u27a1\ufe0f Digression<\/em> : Agaciyemwo<\/strong>
\u27a1\ufe0f Edition<\/em> : Iramurabitabu<\/strong>
\u27a1\ufe0f Maison d\u2019\u00e9dition<\/em> : Indamurabitabu<\/strong>
\u27a1\ufe0f R\u00e9daction<\/em> : Indondoro<\/strong>
\u27a1\ufe0f Manuscrit<\/em> : Inganagitabu<\/strong>
\u27a1\ufe0f Relecture<\/em> : Isuzumagitabu<\/strong>
\u27a1\ufe0f Critique litt\u00e9raire<\/em>: Ikenguzamayagwa<\/strong>
\u27a1\ufe0f Critique<\/em>: Ikenguzagitabu<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"
\u00ab\u00a0Muribuka twiga mu mashure mato mato ‘Umutama semibira’, ‘Ikiyago ca Nkengurutse na nyina’, ‘Umwidogo wa Muringanira’, n\u2019ibindi? Birya vyose bija mu mugwi w\u2019ivyese\u00a0\u00bb. Vyashikirijwe na Mwigisha Joseph Mukubano, umuhinga mu vyerekeye indimi akaba n\u2019umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi kur’uyu wa 24 Mukakaro 2025 aho indamurabitabu yari yakiriye ikindi kiyago gihariwe amatagwa. Kubwa Mukubano, icese ni ikintu […]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8807,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[661],"tags":[690,665,662],"coauthors":[34],"class_list":["post-8805","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ikirundi","tag-amayagwa","tag-curijambo","tag-gusoma"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8805","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8805"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8805\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8810,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8805\/revisions\/8810"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8807"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8805"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8805"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8805"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8805"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}