{"id":8727,"date":"2025-03-28T16:19:59","date_gmt":"2025-03-28T15:19:59","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8727"},"modified":"2025-03-28T16:20:00","modified_gmt":"2025-03-28T15:20:00","slug":"bujumbura-amatati-ukuduza-ibiciro-amazu-apanzwe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-amatati-ukuduza-ibiciro-amazu-apanzwe-burundi\/","title":{"rendered":"Bujumbura\u00a0: amatati y\u2019abapfa ukuduza ibiciro vy\u2019amazu apanzwe yotaturwa gute ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Bamwe mu bahuza bo mu makaritiye yo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko, nko ku manza zitanu bakira ku munsi, zitatu usanga ari amatati ahuza abapanze n\u2019abapangishije amazu, aho mwene inzu ashaka kwirukana umupangayi ku nguvu kubera aronse uwumuha amafaranga menshi, umupangayi nawe akamurahira gusohoka kuko aba atabona iyo ari bwimukire. None ayo matati yotaturwa gute&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu baserukira abahuza muri zone Kanyosha yo muri komine Muha yagize ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Mu manza twakira ku munsi nimba ari 5 haba harimwo 3 z\u2019abapfa inzu ipanzwe. Abapangishije baratwitura bakatubwira ko abo bapangishije banse kubavira mu mazu yabo. Tubumvirije dugasanga mwene inzu ashaka kwirukana umupangayi ku nguvu kubera aronse uwumuha amafaranga menshi. Aho rero imanza zica zisekera, kuko umupangayi umusohoye ku nguvu ntivyama vyoroshe ko aca aronka aho yimukira hahuye n\u2019ayo yahora ariha aho yaba.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Amera nk\u2019uwufatira ku karorero, yongeye ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Aha mu Kanyosha, hari nyene inzu yituye abahuza yagiriza uwari amaze imyaka 3 amupangiye ko yanse kumuvira mu nzu. Babumvirije, basanze nyene inzu yararonse uwumupangira iyo nzu ifise ivyumba 3 na salon ku 600.000Fbu, mbere yamaze kwakira n\u2019urugusho, mu gihe uwo yayihoramwo yahora ariha 350.000Fbu. Ikibazo cavyutse inyuma yaho uwo yahora aba muri iyo nzu arondeye iyindi ihahuye n\u2019uburyo bwiwe ariko akaba atarashobora kuharonka. Kandi ntaribuje mw\u2019ibarabara n\u2019abana&nbsp;!&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amasezerano niyubahirizwe\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu bapangishije inzu mu Kamenge yashoboye kugira ico abivuzeko, ntahakana ko bariko baraduza amazu, ariko ku bwiwe yemeza ko nabo nyene atari bo bivako. Abisigura muri aya majambo&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Bamwe bamwe twubatse amazu tukiri mu buzi bwa Reta. Hari ho abamaze gukukuruka. Nta handi basoroma. Izo nzu zabo nizo zibatunze. Uko ubuzima buzimba, ibintu vyose bikaduga ibiciro niko nabo baca baduza kugira ngo bashobore kubaho.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku Kijanye n\u2019uko amazu yabo bariko bayaha abakongomani ku bwinshi, wewe abona ko atari vyo, kuko yemeza ko bobo ico bakeneye ari amafaranga. Ayo rero ngo ntaraba umwe wese igihugu avamwo uwuyazanye wese barayakira.<\/p>\n\n\n\n<p>Umupangayi wo muri karitiye Nyabagere zone Gihosha yo muri komine Ntahangwa, we avuga ko arambiwe n\u2019ivyo ba nyene amazu baguma bigira mu kuduza amazu agasakisaki. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Erega umupangayi nta twuma dufyatura amafaranga afise yo kwama ariko arariha amahera ba nyene amazu baduza buri kwezi. Iyo ubuzima buzimvye buzimba kuri bose. Nta nyagupfa nta na nyagukira.&nbsp;Igikwiye ni ukuraba ko amasezerano muba mwaragiriraniye yubahirizwa&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amategeko agenga ivy\u2019ugupanga&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019abo bahuza, ngo bahura n\u2019intambamyi nyinshi kuko ata tegeko ritomoye rigenga uwupanze n\u2019uwupangishije ryanditswe mu mategeko y\u2019igihugu. Gutyo rero mu guca bene izo manza ngo nta ngingo bashobora gufata kuko batofata umuryango wose ngo bawusohore hanze. Ico baca bashira imbere ni ukubumvikanisha bisunze amasezerano uwupanze n\u2019uwupangishije baba bagiraniye bagihana inzu.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretsemu kiganiro n&rsquo;abamenyeshamakuru co ku wa 17 Ruhuhuma 2025, kuri co kibazo co gupanga amazu yamenyesheje ati: <em>\u00ab&nbsp;Inyishu ni uko hokwubakwa inzu nyinshi kuko abazikeneye ari benshi kuko iyo ari nke birumvikana ko zica zizimba&nbsp;\u00bb<\/em>, Nayo kubavuga ko ari abakongomani babituma, uwo mushikiranfanji yamenyesheje ko atari vyo, ko zari zisanzwe zaraduze kuva kera n\u2019i ntambara yo muri Kongo itaraba.<\/p>\n\n\n\n<p>J\u00e9r\u00f4me Niyonzima, umuvugizi wa Reta y&rsquo;Uburundi kuri uyu wa 28 Ntwarante 2025 mu kiganiro hagati y&rsquo;abavugizi b&rsquo;inzego za Reta n&rsquo;abarundi kiriko kibera ku mugwa mukuru w&rsquo;intara ya Rumonge avuga ko gusohora mu nzu umupangayi kugira ngo uyishiremwo uwukuriha amafaranga menshi ari ukumuhohotera. Kubw&rsquo;ivyo, Reta ngo iheruka gushiraho ikigo ARCTI kizotunganya ivyo gupanga amazu, harimwo n&rsquo;ibiciro.<\/p>\n\n\n\n<p>J\u00e9r\u00f4me Niyonzima ati: \u00ab\u00a0Haracariho agahaze mu masezerano yo gupanga inzu kuko umupangayi na nyene inzu bandikiranira mu kinyegero, bigatuma nyene inzu ashiramwo udutego two kwikingira no kunaniza umupangayi. Abaranzi (commissionnaires) nabo nyene bararata inzu batanazi, bakazitera amashurwe, kugira ngo baziduze ibiciro\u00a0\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero yo gutorera umuti iyo ngorane, J\u00e9r\u00f4me Niyonzima agira ati: \u00ab\u00a0Reta, ibicishije mu Nama Nshikiranganji, iheruka gushiraho ikigo ARCTI (Agence de Regulation des Transactions Immobilieres) kizohora ciga kw&rsquo;itunganywa n&rsquo;ishingwa ry&rsquo;ibiciro vyo gupanga amazu nk&rsquo;uko biheruka gushingwa no ku biciro vy&rsquo;ibifungurwa. Igiciro c&rsquo;inzu kizovana n&rsquo;aho iri, ingene ingana, ubukomezi ifise n&rsquo;ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko mu gisagara ca Bujumbura muri kino gihe inzu y\u2019icumba kimwe (Chambrette) aho ibonetse izimbutse itaja musi y\u2019amafaranga ari hagati y\u2019ibihumbi 100 na 150 Fbu bivanye n\u2019aho iri n\u2019uko isa. Ivyumba 2 na saro biri hagati y\u2019ibihumbi 300 na 400Fbu, ivyumba 3 na saro ni guhera ku bihumbi 500Fbu kuduga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Bamwe mu bahuza bo mu makaritiye yo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko, nko ku manza zitanu bakira ku munsi, zitatu usanga ari amatati ahuza abapanze n\u2019abapangishije amazu, aho mwene inzu ashaka kwirukana umupangayi ku nguvu kubera aronse uwumuha amafaranga menshi, umupangayi nawe akamurahira gusohoka kuko aba atabona iyo ari bwimukire. None ayo matati yotaturwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":50,"featured_media":8728,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[568],"tags":[23,653],"coauthors":[654],"class_list":["post-8727","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ayagezweho","tag-bujumbura","tag-laune"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8727","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/50"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8727"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8727\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8730,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8727\/revisions\/8730"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8728"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8727"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8727"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8727"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8727"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}