{"id":8722,"date":"2025-03-25T17:08:38","date_gmt":"2025-03-25T16:08:38","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8722"},"modified":"2025-03-25T17:08:40","modified_gmt":"2025-03-25T16:08:40","slug":"kinindo-isoko-reta-niyisigaye-kwizina-gusa-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kinindo-isoko-reta-niyisigaye-kwizina-gusa-burundi\/","title":{"rendered":"Kinindo: isoko ya Reta isa n\u2019iyisigaye kw\u2019izina gusa\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Bamwe mu badandariza mw\u2019isoko ya Kinindo iri muri komine Muha mu bumanuko bw\u2019igisagara ca Bujumbura bavuga ko naho bahakorera ari ukubura iyo baja kuko ata bakiriya baronka baza kuhasumira. <\/strong><strong>Ivyo ngo biterwa n\u2019ingene abaguzi canke abadandaza bohazana imitahe bagorwa n\u2019uburyo bwo kwiyunguruza bagana iyo soko narinya ata tukutuk, amamoto canke amakinga ashikayo, mbere akaba ata n\u2019ibituro vy\u2019imiduga iva mu ntara zitandukanye zo hagati mu gihugu bihari ngo bihashikane ibidandazwa. Basaba ko hofatwa ingingo zotuma iyo soko ivuma.<\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ushitse mw&rsquo;isoko ya Kinindo ubona abadandaza bicaye mu bibanza vyabo hari agacerere kenshi utonamenya ko ari mw&rsquo;isoko. Abadandaza bafise ibibanza muri iyo soko hagati bakidoga ko iyo soko ata bakiriya ifise bigatuma bakora bahomba. Mbere hari n&rsquo;abavuga ko bamaze imyaka ishika cumi muri iyo soko ariko gushika ubu ata nyungu babona kiretse abadandaza impuzu zimwe bita ibishweka nabo nyene ari kubera haza abavuye mu yandi masoko baje kuzirangura.<\/p>\n\n\n\n<p>Abadandaza ibifungurwa muri iyo soko baraganya. Umwe mu bakenyezi bakuze adandaza itomati n&rsquo;ibindi ku ruhande yemeza ko amaze imyaka irenga cumi muri iyo soko ariko ubu atabagihurumbira kuja kuhasumira. Yagize ati:<em>\u00a0\u00bb Abahora baba aha hepfo y&rsquo;iyi soko, nibo baza kuhasumira, none uruzi rwateye rurabomora. Ubu turicara, tukarindira tukanduruka twanura tugataha tutadandaje. Aha tuhari kubera kubura iyo tuja<\/em>. \u00a0\u00bb Yongeye ati:<em>\u00a0\u00bb Iyumvire namwe. Hari aho tudandaza amafaranga ari hagati y&rsquo;ibihumbi 20 canke 15 ku munsi tugataha, ariko kare twaradandanza n&rsquo;ibihumbi 100 canke 200.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Q.M adandaza umuceri n&rsquo;ibihage nawe yamenyesheje ko iyo soko idahurumbirwa cane kuko benshi bahitamwo kuja gusumira hagati mu gisagara ca Bujumbura canke kuri Cotebu horoshe kwiyunguruza. Agira ati:<em> \u201cTwebwe dushikana ibidandazwa ngaha mw&rsquo;isoko vyazimvye kuko hategereye ama parikingi y\u2019imodoka ziva hagati mu gihugu bigaca bizimba, rero benshi bahitamwo kuja gusumira hagati mu gisagara canke kuri cotebu kuko ibintu biba bizimbutse kandi horoshe kwiyunguruza.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu ntwaro bati:\u00a0\u00bbNibazane ivyotuma iyi soko ivuma\u2026\u00a0\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>David Nshimirimana arongoye iyo soko yashimangiye ko&nbsp; ubuzima bw&rsquo;isoko butifashe neza ku mvo zitandukanye&nbsp; harimwo ibura ry&rsquo;igitoro&nbsp; kuko ngo abadandaza baridoga cane.<em>\u00ab\u00a0Ni hamwe nyene ubuzima bwo mu gisagara musi y&rsquo;urugo ari mw&rsquo;isoko.\u00a0\u00bb<\/em> Yabandanije amenyesha ko hamwe bozana nk&rsquo;indagara mbisi vyotuma isoko ivuma kuko bafise icumba gikanyisha ariko gushika ubu cugaye kubera ata badandaza b&rsquo;imboga mbisi bahari. Yongeye ati: <em>\u00ab\u00a0Ibindi vyotuma isoko ivuma nuko bozana nk&rsquo;ibitenge bagakura muri arya masoko yigenga bakabizana canke bagategeka abafise impuzu za baro bakaza mw\u2019isoko ya Kinindo.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Yabandanije amenyesha ko ibindi bituma iyo soko idahurumbirwa ari uko bigoye kwiyunguruza uja gusumirayo na rirya ubuho hari ubukene bw&rsquo;ibitoro, benshi bahitamwo kuja gusumira aho vyoroshe kwiyunguruza. David abona ko hamwe bogarukana uburyo bwo kwiyunguruza hakoreshejwe za ngendeshwa z\u2019amapine atatu canke iz\u2019amapine abiri vyofasha cane mu gusubira gutuma iyo soko ironka abakiriya. Agira ati: <em>\u00ab\u00a0Hamwe borekura ama tuktuk, amamoto n&rsquo;amakinga biva mu Kanyosha n\u2019ahandi iyo soko yokwunguka kuko naho hari igituro c\u2019imodoka zija canke ziva mu Rumonge na Makamba &nbsp;isoko iracari inyuma.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku cerekeye amakori atangwa muri iyo soko, yamenyesheje ko <em>ibiharuro bafise vy\u2019imfatakibanza biri hagati y&rsquo;amafaranga imiriyoni zitatu n&rsquo;inusu na zine ku kwezi.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo arongoye iyo soko avuga ko iyo soko igira icenda mu masoko ya Reta yubatswe mu gisagara ca Bujumbura kandi ko bashikirije ico kibazo muri Meri ya Bujumbura bakanatanga ivyokorwa kugira ngo iyo soko isubire guhurumbirwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko iyo soko yuguruwe muri Mukakaro mu mwaka wa 2018, inyuma y&rsquo;imyaka ibiri iriko irasubirwamwo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Bamwe mu badandariza mw\u2019isoko ya Kinindo iri muri komine Muha mu bumanuko bw\u2019igisagara ca Bujumbura bavuga ko naho bahakorera ari ukubura iyo baja kuko ata bakiriya baronka baza kuhasumira. Ivyo ngo biterwa n\u2019ingene abaguzi canke abadandaza bohazana imitahe bagorwa n\u2019uburyo bwo kwiyunguruza bagana iyo soko narinya ata tukutuk, amamoto canke amakinga ashikayo, mbere akaba ata [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":52,"featured_media":8724,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[396,23,476],"coauthors":[669],"class_list":["post-8722","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-abadandaza","tag-bujumbura","tag-isoko"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8722","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/52"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8722"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8722\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8725,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8722\/revisions\/8725"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8724"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8722"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8722"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8722"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8722"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}