{"id":8706,"date":"2025-02-05T11:13:38","date_gmt":"2025-02-05T10:13:38","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8706"},"modified":"2025-06-02T14:15:13","modified_gmt":"2025-06-02T12:15:13","slug":"lionel-iteriteka-logiciel-ibangutsa-gutoza-ikori-agataka-uburundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/lionel-iteriteka-logiciel-ibangutsa-gutoza-ikori-agataka-uburundi\/","title":{"rendered":"Lionel Iteriteka, umusore ashize ahabona \u00a0\u2018logiciel\u2019 ibangutsa igikorwa co gutoza ikori ry\u2019agataka"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Iyo Logiciel yayitunganije yisunze itegeko ryo ku wa 03 Ntwarante 2016 rigenga itozwa ry&rsquo;ikori ry\u2019Agataka ryinjira mu kigega c&rsquo;amakomine mu Burundi. Ipfunyapfunya ivyapfundikiwe muri iryo tegeko, ikarasa ku ntumbero y\u2019ivyipfujwe gushikirizwa, igafasha ndetse kwerekana&nbsp; ata zinguzingu, indishi ku warengeje igihe co kuriha, yisunze ibice vyashinzwe kw\u2019ijana\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwumusore w\u2019imyaka 24 y&rsquo;amavuka, ahejeje&nbsp; amashure mu gisata c&rsquo;intwaro n&rsquo;ugutunganya amatongo muri uyu mwaka wa 2024 (Institut d&rsquo;administration et Cartographie fonci\u00e8re), mu kigo&nbsp; ca kaminuza y&rsquo;Uburundi,&nbsp; i Buhumuza). Yavukiye ku mutumba Nyakarambo wa komine Ryansoro, mu ntara ya Gitega.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri iyo logiciel Lionel yatunganije, ibiharuro bikorwa buravyo. Kwaba uguharura amakori abwirizwa gutangwa hinsunzwe uburinganire bw\u2019itongo canke parasera kanaka,&nbsp; guharura indishi canke igihano ku warengeje&nbsp; ikiringo kinaka co kurihirako nk&rsquo;uko bitegekanijwe muri iryo tegeko, vyose bipoperanirijemwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ntibihagije, ino logiciel ishobora no kwifashishwa &nbsp;mu kurungikira abenegihugu ubutumwa bugufi bubibutsa &nbsp;ko igice co kuja kuriha ikori ry\u2019umwaka ku gataka cegereje canke ko ishirwa mu ngiro ry\u2019ibihano ritanguye, ubutumwa bumwe kuri bose, mu ngunga imwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Iyo iciyumviro cavuye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iteriteka amenyesha ko ahanini yatewe impungenge n\u2019Uburyo ico gikorwa co gutoza ikori ku gataka kimaze igihe &nbsp;kirangurwamwo, aho bigoye kumenya ko icegeranyo c\u2019amafaranga atozwa mu benegihugu coba gihuye mu vy\u2019ukuri&nbsp; n\u2019ayashikanwa mu kigega. Ngo yabakiwe kandi n\u2019uko kitisunga bihagije ubuhinga bwa none nk\u2019uko vyategerezwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Vyongeye, mu bubiko bw\u2019amakomine, nta bitigiri nyezina vy\u2019amatongo yose na beneyo bihari (base de donn\u00e9es). Nico gituma vyoroshe ko umuntu arihira ikori amatongo make ugereranije n\u2019ayo yarafise.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo musore amenyesha &nbsp;ko icohimbara umutima wiwe aruko iyo logiciel yofatirwako&nbsp; kuko ari yo ntererano yabonye nawe yotanga muri ico gisata&nbsp; mu ntumbero&nbsp; yo gushigikira ya mbonakazoza y\u2019Uburundi bwifashe mu 2040.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uko Reta ihahombera\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Yisunze umwihwezo yagize, Lionel avuga ko Reta ihahombera cane kuko nk&rsquo;uwiguriye amatongo mu ntara kanaka we n&rsquo;umuryango wiwe batabamwo, ngo ni gake ayarihira ikori ry\u2019agataka. \u00ab<em>Mu makomine atari make, umwenegihugu bamutegera ku rupapuro aza gusaba muri komine gutyo bakabona kumwishuza iryo kori igihe basanze atitunganije. Bisigura ko uwutarukeneye we aca ashira agati mu ryinyo<\/em>\u2026&nbsp;\u00bb<br>&nbsp;Yamara hamwe n\u2019iyo Logiciel, ngo ivyo ntivyoba bigishoboka kuko igihe cose umuntu yomara atariha impera n\u2019imperuka yogihanirwa kuko baba bamubona mu mashini.<\/p>\n\n\n\n<p>Naho biri uko rero, \u00a0mu makomine Lionel yasiguyemwo\u00a0 ivy\u2019iyi logiciel nka Cankuzo, i Gitega n\u2019ahandi, ngo barabonye koko ko yofasha cane ariko bati\u00a0<em>: \u00ab\u00a0Ni ngombwa ko mu bushikiranganji bw\u2019intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n\u2019umutekano, babanza kuyemeza gutyo tubone kuyikoresha\u2026\u00a0\u00bb<\/em> Nikwo kuja muri ubwo bushikiranganji muri Nzero 2024, baramukeza kubw\u2019ico gikorwa ciwe, bamubwira ivyo yotosora ubu akaba yabirangije, bamwemerera ko bagiye gutanga icegeranyo ubu akaba akirindiriye icovamwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Iteriteka avunira akagohe \u00a0Reta ko yoshiramwo agatege hakaboneka icegeranyo kidonda amatongo na beneyo muri buri komine, ku buryo no mu nteguro y\u2019amafaranga \u00a0izokoresha mu mwaka imenya neza ikori rizotozwa ku gataka uko ringana, hanyuma\u00a0 hagakoreshwa n\u2019iyo Logiciel gutyo ngo nta manyanga yoba agikorwa na bamwe n\u2019abandi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Iyo Logiciel yayitunganije yisunze itegeko ryo ku wa 03 Ntwarante 2016 rigenga itozwa ry&rsquo;ikori ry\u2019Agataka ryinjira mu kigega c&rsquo;amakomine mu Burundi. Ipfunyapfunya ivyapfundikiwe muri iryo tegeko, ikarasa ku ntumbero y\u2019ivyipfujwe gushikirizwa, igafasha ndetse kwerekana&nbsp; ata zinguzingu, indishi ku warengeje igihe co kuriha, yisunze ibice vyashinzwe kw\u2019ijana\u2026 Uwumusore w\u2019imyaka 24 y&rsquo;amavuka, ahejeje&nbsp; amashure mu gisata c&rsquo;intwaro [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":8707,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[407],"tags":[604,552,222],"coauthors":[231],"class_list":["post-8706","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubuhinga","tag-amakori","tag-ubuhinga","tag-ubutunzi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8706","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8706"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8706\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8709,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8706\/revisions\/8709"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8707"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8706"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8706"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8706"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8706"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}