{"id":8683,"date":"2024-12-11T15:40:35","date_gmt":"2024-12-11T14:40:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8683"},"modified":"2024-12-11T15:46:41","modified_gmt":"2024-12-11T14:46:41","slug":"amakuru-eac-kuva-2-gushika-8-kigarama-2024","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-eac-kuva-2-gushika-8-kigarama-2024\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka EAC kuva ku wa 2 gushika ku wa 8 Kigarama 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ikiza c\u2019ingwara itaramenyekana imaze guhitana abantu 30 muri RDC, muri Kenya abaganga bashika 5 barapfuye biyahuye mu mezi abiri aheze. Mu gihugu ca Uganda abaganga bavuga ko abantu batokwizera agakingirizo mu kwikingira akarya ka nkende, ubona ko abarenga 800 bamaze gufatwa n&rsquo;iyo ngwara, 4 muri bo bamaze gupfa. Abashingamateka 16 b&rsquo;igihugu ca Tanzaniya barakomerekeye mw&rsquo;isanganya ryabaye bariko baja muri Kenya.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji Samuel Roger Kamba ajejwe amagara y&rsquo;abantu mu gihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) ashikiriza ko ico kiza gishasha gisusa n&rsquo;umugera ukomeye w&rsquo;igicurane. Avuga ko ibimenyetso vy&rsquo;ico kiza ari ubushuhe, inkorora, kuva amaraso mu mazuru, guta ubwenge bikabije, kumeneka umutwe, umugwayi ahema nabi canke ahema bigoranye. Abana batarakwiza imyaka 5 barakarirwa n&rsquo;ico kiza.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk&rsquo;uko ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/actualite.cd\/2024\/12\/06\/rdc-la-mysterieuse-maladie-panzi-fait-30-morts-confirmes-et-44-deces-en-enquete-voici\">Actualit\u00e9 CD<\/a> kivyandika, abantu 30 barapfuye bahitanywe n\u2019iyo ngwara itaramenyekana, ibindi biziga 44 biriko birasuzumwa kugira harabwe ko bahitanywe n&rsquo;ico kiza. Ibipimo vy&rsquo;amaraso biriko bibera i Kinshasa ku mugwa mukuru wa RDC, aho bivugwa ko mu minsi mikeyi ivyavuye mu bipimo bishobora kuboneka.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Kenya abaganga bashika 5 barapfuye biyahuye mu mezi abiri aheze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo n&rsquo;ibishikirizwa n&rsquo;ishirahamwe KMPDU ry&rsquo;abaganga muri Kenya bakorera mu bisata bitandukanye vyo kuvura. Nk&rsquo;uko bisigurwa na Davji Atellah, umunyamabanga mukuru w&rsquo;iryo Huriro, ngo abaganga bamwebamwe barababajwe cane n&rsquo;uguteba kuronka agashahara kabo aho gashobora kumara amezi 5 kataraboneka. Abandi bababajwe n&rsquo;ugukora amasaha menshi ugasanga ayo barengejeko ntibayahemberwa. Abandi nabo batuntuzwa n&rsquo;ihonyangwa ry&rsquo;amatego abagenga. Agira ati: \u201cTwaratakaje abaganga bashika 5 biyahuye mu mezi abiri aheze kubera uburuhe bw&rsquo;akazi n&rsquo;ukutitaho ubuzima bwabo.\u00a0\u00bb Ivyo bikaba vyanditswe ku <a href=\"https:\/\/www.standardmedia.co.ke\/health\/health-science\/article\/2001507587\/young-doctors-die-as-once-coveted-career-turns-sour\">kinyamakuru the Standard<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko ico kinyamakuru kibandanya kivyandika, abarongoye amahuriro(syndicat) y&rsquo;abaganga muri Kenya bidogera bikomeye Reta ku mpfu z&rsquo;abo baganga. Basigura ko mu gihe ukubaho neza kw&rsquo;abaganga kutitaweho, intunganyo mpuzamakungu y&rsquo;uko abaganga bakora iba ihonyanzwe. Bagira bati: \u00ab\u00a0Nk&rsquo;amahuriro y&rsquo;abaganga, ni akamaramaza ukuntu Reta ifata bukoko abaganga bayikorera.\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda: agakingirizo ntiwokizera mu gukinga akaryama ka nkende<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihugu ca Uganda abantu barenga 800 baramaze gufatwa n&rsquo;ingwara ya Mpox nayo 4 muri bo baramaze gushengera. Umushikiranganji w&rsquo;amagara y&rsquo;abantu muri Uganda muganga Jane Ruth Aceng avuga ko ata kugira ubwoba kuko ngo inguvu zashizwe mu kurwanya ingwara ya Mpox zagwijwe na kabiri mu ntumbero yo kuyituza.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo mutegetsi kandi yaragabishije abanyagihugu bakoresha udukingirizo mu kwingira akaryama ka nkende; abamenyesha ko ako gakoresho kadakingira vyuzuye kwandura umugera w&rsquo;akaryama ka nkende. Agira ati: \u201cNtimwihende, udukingirizo ntidukinga umugera w&rsquo;akaryama ka nkende. Nivyo, abaganga bapfupfahaza umugera wa SIDA na jewe ndimwo, tubatumirira kwambara agakingirizo, ariko mu gihe ari ingwara y&rsquo;akaryama ka nkende, ntimuhube muyijane mu mihana iwanyu.\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Ibigo vya Amerika bijejwe gusuzuma n&rsquo;ugukinga ingwara bishikiriza ko udukingirizo dufise urugero tugezako mu gukinga ingwara y&rsquo;akaryama ka nkende:\u00a0\u00bbUdukingirizo ntitubuza umuntu kwandura uyo mugera kubera ko umubiri urahemera no mu bindi bihimba vyawo, nk&rsquo;uko ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.monitor.co.ug\/uganda\/news\/national\/mpox-cases-in-uganda-hit-800-who-4848658\">Monitor<\/a> kivyandika. Mwomenya ko mu Buganda, muri Mukakaro 2024 ariho hamenyekanye ubwa mbere ko hari ikiza c&rsquo;akaryama ka nkende.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abashingamateka 16 b&rsquo;igihugu ca Tanzaniya barakomerekeye mw&rsquo;isanganya ryabaye bariko baja muri Kenya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abashingamateka bashika 16 n\u2019abandi 3 bari mu bakozi baRetab&rsquo;igihugu ca Tanzaniya barakomeretse bivuye kw&rsquo;isanganya ry&rsquo;imodoka ryabaye bariko bagana mu gihugu ca Kenya. Kuri uno wa 6 Kigarama 2024, igihe c&rsquo;isaha 2 zo mu gitondo, mw&rsquo;ibarabara rikuru riva mu ntara ya Dodoma rija mu ntara ya Morogoro, niho ibisi y&rsquo;ishirahamwe Shabiby yari ireruye abashingamateka n&rsquo;abandi bakozi ba Reta yagomba kurengana ibeni yaritwaye amabuye. Iyo bisi yahavuye yiseka kuri nya beni kubera kugomba kuyirengana itubahirije imirongo yo mw&rsquo;ibarabara, nk&rsquo;uko tubisoma ku kinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.mwananchi.co.tz\/mw\/habari\/kitaifa\/wabunge-16-wajeruhiwa-ajali-iliyohusisha-basi-lori-4848094\">Mwananchi<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Abo bashingamateka bari mu rugendo bitabiriye inkino zihuza abashingamateka bo mu muryango w&rsquo;ibihugu vya Afurika y&rsquo;ubuseruko. Ikinyamakuru Mwananchi candika ko abashika 19 aribo bakomerekeye muri iryo sanganya kandi umudereva w&rsquo;imodoka yaciye afatwa n&rsquo;igiporisi kubera ariwe yatumye haba isanganya mu kutubahiriza amategeko agenga ibarabara.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-text-align-center has-pale-cyan-blue-background-color has-background\"><strong>Iki gisomwa canditswe na Muhozi Carmel, mu gikorwa co kwimenyereza mu mwuga wo kumenyesha amakuru mu kinyamakuru Magazine Jimbere.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ikiza c\u2019ingwara itaramenyekana imaze guhitana abantu 30 muri RDC, muri Kenya abaganga bashika 5 barapfuye biyahuye mu mezi abiri aheze. Mu gihugu ca Uganda abaganga bavuga ko abantu batokwizera agakingirizo mu kwikingira akarya ka nkende, ubona ko abarenga 800 bamaze gufatwa n&rsquo;iyo ngwara, 4 muri bo bamaze gupfa. Abashingamateka 16 b&rsquo;igihugu ca Tanzaniya barakomerekeye mw&rsquo;isanganya [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8687,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-8683","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8683","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8683"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8683\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8686,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8683\/revisions\/8686"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8687"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8683"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8683"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8683"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8683"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}