{"id":8663,"date":"2024-12-03T16:16:42","date_gmt":"2024-12-03T15:16:42","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8663"},"modified":"2024-12-03T16:26:12","modified_gmt":"2024-12-03T15:26:12","slug":"ikirundi-burundi-ururimi-culture-urwego","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikirundi-burundi-ururimi-culture-urwego\/","title":{"rendered":"Urwego nshingwakirundi coba kigira kizane impinduka mu rurimi kavukire?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mw&rsquo;itangazo ry&rsquo;inama nshikiranganji ryo Ku wa 27 Munyonyo 2024, umuvugizi wa Reta y&rsquo;<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/hashtag\/uburundi?__eep__=6&amp;__cft__[0]=AZWchFZzbNbESAVpiNmyttiNI2n0pQBp2PNzA5EqN-1xrC1q3Gzew_bJlCOdmC_E-uhNYJer4DCvo9XC75_AO6se6h-PTRKqLssNon4SPA1AsgoQ1ez4ZWyL6R04A5cIgvb_M8dfjzkVHRlWJLhCISbz-UPI3VfPrsW3nLoT0z3Ev9-_n_i-0E1911ot8EITFGM&amp;__tn__=*NK-R\">#Uburundi<\/a> yashize ahabona, harimwo agace kavuga integuro y\u2019itegeko nshikiranganji rishinga agahembo k\u2019abakozi bo mu bunyamabanga nshingwabikorwa hamwe n\u2019urugero rw\u2019agashirukabute k\u2019abagize urwego nshingwanyigisho, n\u2019abahinga b\u2019abakutsakivi, mu Rwego Nshingwakirundi<\/strong> <strong>(Acad\u00e9mie Rundi)<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji ajejwe indero n\u2019ubushakashatsi yamenyesheje ko urwego nshingwakirundi rwatunganijwe mu mwaka wa 2021. Ariko ico gisata ntikiratangura gukora bimwe biboneka, kubera abakozi badakwiye. Iyi nteguro ije guca inzira kugira ngo hashobore kugenwa abagize urwego nshingwanyigisho muri ico gisata no kugira ngo haboneke abakozi bo mu bunyamabanga nshingwabikorwa n\u2019abandi bahinga bokenerwa rimwerimwe kugira bafashe gukutsa ikivi<\/p>\n\n\n\n<p>Igenwa ry\u2019abagize urwego nshingwanyigisho naryo rizofasha kugira ngo hace hashirwaho amategeko agenga abakozi kugira ngo ico gisata gitangure gukora koko. Inama nshikiranganji ikaba yaremeje iyo nteguro.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-wp-embed is-provider-jimbere wp-block-embed-jimbere\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"wp-embedded-content\" data-secret=\"CzHg2O6KZM\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/curijambo-burundi-umuriyaridi-ikirundi\/\">#Curijambo, mu kurindira umuriyaridi wo gushiraho kazinduzi y&rsquo;ikirundi<\/a><\/blockquote><iframe loading=\"lazy\" class=\"wp-embedded-content\" sandbox=\"allow-scripts\" security=\"restricted\" style=\"position: absolute; visibility: hidden;\" title=\"\u00ab\u00a0#Curijambo, mu kurindira umuriyaridi wo gushiraho kazinduzi y&rsquo;ikirundi\u00a0\u00bb &#8212; Jimbere\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/curijambo-burundi-umuriyaridi-ikirundi\/embed\/#?secret=aJiZI2lodv#?secret=CzHg2O6KZM\" data-secret=\"CzHg2O6KZM\" width=\"600\" height=\"338\" frameborder=\"0\" marginwidth=\"0\" marginheight=\"0\" scrolling=\"no\"><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Ku bwa Dr Cl\u00e9ment Bigirimana arongoye Ikigo Nshingwakirundi, ngo urwo rwego ni rwajaho bizofasha cane mw&rsquo;itunganywa ry&rsquo;ibikorwa vy&rsquo;ico kigo. Yamenyesheje kandi ko <em>\u00ab\u00a0hari ibikorwa ico kigo cari kimaze kurangura, nk&rsquo;inganda zihora zitegurwa ku mwaka ku mwaka ku bigisha 30 mu gihugu cose bigisha indimi, mu ntumbero yo guha agaciro abigisha b&rsquo;ikirundi mu mashure.\u00a0\u00bb<\/em> <br><br>Ico kigo kandi caratumye umusi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire uhimbazwa ku rwego rw&rsquo;igihugu, mu gihe wahora uhimbazwa mu bigo vya kaminuza y&rsquo;Uburundi gusa. Ico kigo kandi ngo caratumye ihiganwa \u00ab\u00a0Prix litt\u00e9raire rumuri\u00a0\u00bb rishirwamwo ururimi rw&rsquo;ikirundi, ubu abahiganwa muri iryo higanwa barakoresha n&rsquo;inyandiko z&rsquo;ikirundi<\/p>\n\n\n\n<p>Naho bir&rsquo;uko, ngo bimwe mu vyatumye ibikorwa vy&rsquo;ico kigo bitagenda neza, harimwo ukubura abakozi n&rsquo;uburyo bikwiye ndetse n&rsquo;amategeko agenga ico kigo. Yabandanije amenyesha ko bimwe mu bituma urwaruka rw&rsquo;ubu ruyoberwa cane mw&rsquo;ishure harimwo ukudatahura ivyirwa kuko biri mu gifaransa. Yagize ati: \u00ab\u00a0Ivyo vyirwa nka histoire, g\u00e9ographie, math\u00e9matiques n&rsquo;ibindi hamwe vyoshirwa mu kirundi, kumbure vyogira ico biterereye mu kuronka umwimbu mwiza mu mashure\u00a0\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kurangiza yamenyesheje ko urwaruka rwubu atarurimi na rumwe bazi kuko iyo ruriko ruravuga, indimi zose rurazicanga. Nico gituma urwo rwego ruje hageze kugira ngo ururimi rw&rsquo;ikirundi ruhagurukirwe bimwe bishemeye<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mw&rsquo;itangazo ry&rsquo;inama nshikiranganji ryo Ku wa 27 Munyonyo 2024, umuvugizi wa Reta y&rsquo;#Uburundi yashize ahabona, harimwo agace kavuga integuro y\u2019itegeko nshikiranganji rishinga agahembo k\u2019abakozi bo mu bunyamabanga nshingwabikorwa hamwe n\u2019urugero rw\u2019agashirukabute k\u2019abagize urwego nshingwanyigisho, n\u2019abahinga b\u2019abakutsakivi, mu Rwego Nshingwakirundi (Acad\u00e9mie Rundi) Umushikiranganji ajejwe indero n\u2019ubushakashatsi yamenyesheje ko urwego nshingwakirundi rwatunganijwe mu mwaka wa 2021. Ariko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":8664,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[661],"tags":[499],"coauthors":[189],"class_list":["post-8663","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ikirundi","tag-urwego-nshingwakirundi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8663","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8663"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8663\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8667,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8663\/revisions\/8667"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8664"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8663"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8663"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8663"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8663"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}