{"id":8628,"date":"2024-11-25T16:38:40","date_gmt":"2024-11-25T15:38:40","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8628"},"modified":"2024-11-26T08:41:41","modified_gmt":"2024-11-26T07:41:41","slug":"amashuha-yinjiza-akanoti-ntiyitaweho-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amashuha-yinjiza-akanoti-ntiyitaweho-burundi\/","title":{"rendered":"Amashuha\u00a0: ibibanza vyinjiza akanoti ariko bititaweho mu Burundi\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amashuha yo ku Mugara muri komine n\u2019intara ya Rumonge yarinjije amafaranga y\u2019amarundi ashika imiriyoni 154 kuva mu 2019 gushika mu 2023. Amafaranga aboneka kuri ico kibanza ashobora gushika ku miriyoni 112 mu 2024-2025. Ariko mu Burundi hari ibibanza vy\u2019amashuha birenga 20 bititaweho, kandi ari kirumara mu kuduza ubutunzi bw\u2019igihugu biciye mu gisata c\u2019ingenzi. Ido n\u2019ido.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku wa 20 n&rsquo;uwa 21 Munyonyo 2024, ishirahamwe rikorera mu bijanye n&rsquo;ingendo Visa Travel And Tours rifadikanije n\u2019ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo igisata c\u2019ingenzi baherekejwe n\u2019abamenyeshamakuru baratunganije urugendo rwo kwirabira ibibanza vy&rsquo;iratiro biri mu buraruko no mu bumanuko bw\u2019Uburundi vyohurumbirwa n&rsquo;ingenzi mu gihe vyotegurwa neza.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri urwo rugendo, abafashe inzira ija mu bumanuko, bari bashashaye cane kwirabira no kwota amashuha ubona ko asanzwe afatwa nk\u2019umuti uvura ingwara zitari nke canecane izifatira ku rukoba, mu ngingo z\u2019amagufa no mu mitsi.<\/p>\n\n\n\n<p>Akavura kari kenshi mu ntara ya Bururi, umuduga wari utwaye abagiye ku mashuha wagenda nabi nabi kubera ibarabara ribi ryerekeza ku mashuha yo ku Muhweza muri komine Rutovu. Inyuma y\u2019urugendo rutari ruto niho twashika ku ruzi Nyakibingo. Nta muntu n\u2019umwe yari ahari. Hakurya y\u2019inkengera y\u2019urwo ruzi, hari amariba y\u2019amashuha. Amwe agenewe ab\u2019igitsina gore ayandi ab\u2019igitsina gabo. Kubera imvura yari ihejeje kugwa nta n\u2019umwe yashoboye kujabuka urwo ruzi ngo aze kwota ayo mashuha, kuko amazi yari yabaye menshi ata n\u2019ikiraro kiriho. Kuri ico kibanza cabwirizwa kuba ic\u2019iratiro, nta nyubakwa n\u2019imwe ihari, nta kiranganzira cerekana iyo ugiye nta n\u2019uwakira ingenzi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amashuha yo ku Muyange no ku Mugara\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ntivyoroshe gushika ahari ivyo bibanza. Gushika ku mashuha yo ku Muyange muri komine Rutovu yo mu ntara ya Bururi, urarengana ibiraro bitari bike vyubakishijwe ibiti ibindi imbaho. Ni ibarabara rinyerera mu gihe imvura iba yaguye. N\u2019ubwo amashuha yo ku Muyange atunganijwe neza bukebuke, arafise n&rsquo;aho abantu bihindurira impuzu. Ariko abagabo, abagore n&rsquo;abana botera hamwe ayo mashuha. Nta hoteri, nta buriro, nta muyagankuba, \u2026<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019amashuha yo ku Mugara muri komine n\u2019intara ya Rumonge ni meza aratunganijwe neza. Hari uburiro n&rsquo;uburaro, ariko ntibikwiye kandi na ho nyene hagoye gushika kuko ibarabara atari ryiza. Ikindi kandi ni uko abagore, abana n&rsquo;abagabo bose botera hamwe amashuha.<\/p>\n\n\n\n<p>Ndikuriyo Emmanuel, arongoye ikibanza c&rsquo;iratiro c&rsquo;amashuha n&rsquo;agasumo vyo ku Muyange muri komine Bururi amenyesha ko amashuha asanzwe afise akamaro kanini cane kuko avura ingwara zitandukanye, nk&rsquo;ingwara z&rsquo;imitsi, amakonyera, igisukari (diab\u00e8te), abana vyanse ko batambuka, hari n&rsquo;abavuga ko ayo mashuha atera imigisha n&rsquo;ibindi vyinshi. Akavuga ko hamwe hotunganywa neza hokwijiza akanoti gafadika.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Icizere co kwubakirwa amabarabara&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Felix Niyongabo musitanteri wa komine Bururi ati: \u00ab&nbsp;<em>Hariho umugambi PRODER watwemereye kudufasha kwubaka iri barabara rishika ku mashuha yo ku Muyange. Mu kiringo c\u2019imyaka indwi uwo mugambi uzokorera muri iyi komine, twizera ko iryo barabara rizoba ryaheze kwubakwa neza.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Amenyesha kandi ko muri ico kibanza hahora hari uburiro ariko kubera ubukene bw\u2019ibitoro butaborohereza kuhashikana ibifungurwa, bahavuye babihagarika. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Nitwaronka ibarabara, n\u2019amahoteri n\u2019uburiro bizoca biboneka kandi twizera ko Bururi izoba intara ihurumbirwa kuko ifise ibibanza vyinshi vy&rsquo;iratiro.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ndugi R\u00e9v\u00e9rien arongoye igisata c&rsquo;ukwunguruza ibintu n&rsquo;abantu mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo igisata c&rsquo;ingenzi amenyesha ko igihugu c&rsquo;Uburundi gitunze ibintu vyinshi vy&rsquo;akamaro. Agira ati : <em>\u00ab&nbsp;Igisata c&rsquo;ingenzi gishobora kugira akarusho mu vy&rsquo;ubutunzi mu Burundi mu gihe tugikoresheje neza. Hari ingenzi ziza, zabona amabarabara ajayo ingene ari mabi zigasubira inyuma. Mu kurindira ko abadufasha kwubaka amabarabara baboneka, dusaba abenegihugu kuba baritanga mu bikorwa rusangi mu gusibura amabarabara gutyo abahagendera boroherwe. \u00bb <\/em><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Akamaro k\u2019amashuha mw\u2019iterambere ry\u2019igihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"682\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/20241124_093233-1024x682.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8629\" style=\"width:742px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/20241124_093233-1024x682.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/20241124_093233-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/20241124_093233-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/20241124_093233-1536x1023.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/20241124_093233.jpg 1600w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\">Uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku vyokorwa mu ntumbero yo guteza imbere amashuha rwabaye ku wa 22 Munyonyo 2024, mu nyubakwa za Source du Nil i Bujumbura<\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019urugendo rwo kwirabira ivyiza kama bitatse Uburundi, ishirahamwe Visa Travel And Tours ryaciye ritunganya, kuri uyu wa 22 Munyonyo 2024, uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku vyokorwa mu ntumbero yo guteza imbere amashuha no kuyakamisha akavamwo akanoti gafasha mw\u2019iterambere ry\u2019igihugu nk\u2019uko biri mu bindi bihugu vyo mu kare Uburundi buhereyemwo. Ivyo bikaba vyateguwe mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe igisata c&rsquo;ingenzi uba buri wa 27 Nyakanga uko umwaka utashe, mu Burundi wahimbajwe kuri uyu wa 22 Munyonyo 2024, mu gisagara ca Bujumbua, ku civugo \u00ab&nbsp;Igisata c&rsquo;ingenzi n&rsquo;amahoro&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Ageregeza kugereranya akarusho ibindi bihugu bikura mu gisata c\u2019ingezi, Jacqueline Nkeshimana, umuhinga yigenga mu bijanye n\u2019ubutunzi mu gisata c\u2019ibidukikije n\u2019ingenzi, yisunze ibiharuro vyo mu mwaka wa 2020, agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Uburundi bwinjije amadori y\u2019abanyamerika&nbsp; imiriyoni 6, mu gihe Urwanda rwarose amadorari y\u2019abanyamerika imiriyoni 300, Ubuganda bronka amadorari y\u2019abanyamerika imiriyoni 800, Kenya yinjiza amadorari y\u2019abanyamerika angana n\u2019umuriyaridi umwe mu gihe Tanzaniya yo yaronse amadorari y\u2019abanyamerika angana n\u2019umuriyaridi n\u2019imiriyoni amajana umunani.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muhinga yigenga afatiye ku mashuha yo ku Mugara gusa, avuga ko uburyo bwabonetse atari buke cane. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Mu myaka 4 gusa, kuva mu 2019 gushika mu 2023, amashuha yo ku Mugara yarinjije hafi amafaranga y\u2019amarundi imiriyoni 154, yabonetse uku&nbsp;: mu mwaka wa <\/em><em>2019-2020, habonetse imiriyoni z\u2019amarundi 24, mu mwaka wa 2020-2021, habonetse imiriyoni z\u2019amarundi 38, kuva mu 2021 gushika mu 2022 habonetse ayababa imiriyoni z\u2019amaruni 50 mu gihe mu mwaka wa 2022-2023, habonetse imiriyoni z\u2019amarundi 42.<\/em><em> Ayo mashuha akaba ashobora kwinjiza amafaranga y\u2019amarundi ashika imiriyoni 112 mu mwaka wa 2024-2025.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bwiwe rero, ngo hamwe Uburundi bwoshobora kwitwararika no guteza imbere ibibanza vy\u2019amashuha birenga 20 bufise n\u2019ibindi bibanza vy\u2019ihurumbiro, canecane ibitaratangura gutezwa imbere, bwoshobora kwisununura mu vy\u2019ubutunzi kandi n\u2019abenegihugu canecane abegereye ivyo bibanza bakahatorera akoyoko mu kuharonkera akazi, hakubakwa amavuriro, amashure, amahoteri, uburiro n\u2019ibindi vyinshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri urwo ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro rero hakaba hasabwe ko mu ntumbero yo guteza imbere amashuha n\u2019ibindi bibanza vy\u2019iratiro hokarihirizwa ubwenge abakorera muri ivyo bisata, abakira ingenzi kuri ivyo bibanza bakigishwa uburyo bikorwa, hakubakwa inyubakwa zijanye n\u2019ivyo bibanza no kwubaka amabaraba meza ashikayo. Hasabwe kandi ko hobaho urwego rwigenga rushiraho amategeko agenga igisata c\u2019ingenzi hamwe n\u2019ikoreshwa ry\u2019ubuhinga bwa none mu bijanye no kwegeranya uburyo buva mu bibanza vy\u2019iratiro mu ntumbero yo kugwanya amafaranga yoza aranyererera mu mifuko y\u2019abamwebamwe<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Akamo ku banyamitahe \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/WhatsApp-Image-2024-11-25-at-4.34.03-PM-1024x683.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8631\" style=\"width:597px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/WhatsApp-Image-2024-11-25-at-4.34.03-PM-1024x683.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/WhatsApp-Image-2024-11-25-at-4.34.03-PM-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/WhatsApp-Image-2024-11-25-at-4.34.03-PM-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/WhatsApp-Image-2024-11-25-at-4.34.03-PM.jpeg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\">Silas Nzeyimana, Umuyobozi mukuru w&rsquo;ishirahamwe rikorera mu bijanye n&rsquo;ingendo Visa Travel And Tours<\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Nzeyimana Silas umuyobozi mukuru w\u2019ishirahamwe Visa Travel And Tours akaba yerekanye impamvu abanyamitahe bohurumbira gukorera mu gisata c\u2019ingenzi mu Burundi kuko ari igisata kitarakorerwamwo na benshi kandi kirumara mu gusahiriza kuduza ubutunzi bw\u2019igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Igisata c\u2019ingezi, canecane amashuha yitaweho yoshobora guteza imbere igihugu, agatanga akazi ku bantu benshi maze ubutunzi bw\u2019abegihugu bukisununura. \u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nzeyimana avuga ko Uburundi buryamye ku gahiye, ko ibibanza kama biteye igomwe vyokamishwa akanoti bigasahiriza mw\u2019iterambere ry\u2019igihugu. Atera akamo abanyamitahe, abayobozi n\u2019abafata ingingo ko bose hamwe bokwijukira gukorera mu gisata c\u2019ingenzi kuko ari kirumara mw\u2019iterambere ry\u2019igihugu n\u2019abakibamwo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amashuha yo ku Mugara muri komine n\u2019intara ya Rumonge yarinjije amafaranga y\u2019amarundi ashika imiriyoni 154 kuva mu 2019 gushika mu 2023. Amafaranga aboneka kuri ico kibanza ashobora gushika ku miriyoni 112 mu 2024-2025. Ariko mu Burundi hari ibibanza vy\u2019amashuha birenga 20 bititaweho, kandi ari kirumara mu kuduza ubutunzi bw\u2019igihugu biciye mu gisata c\u2019ingenzi. Ido n\u2019ido. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":8636,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[283,619],"coauthors":[189],"class_list":["post-8628","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-inkuru-nyamukuru","tag-iratiro"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8628","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8628"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8628\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8635,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8628\/revisions\/8635"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8636"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8628"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8628"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8628"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8628"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}