{"id":8610,"date":"2024-11-18T20:10:18","date_gmt":"2024-11-18T19:10:18","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8610"},"modified":"2024-11-27T10:28:41","modified_gmt":"2024-11-27T09:28:41","slug":"curijambo-kirundi-akaranga-culture-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/curijambo-kirundi-akaranga-culture-burundi\/","title":{"rendered":"Mw\u2019isekeza Curijambo, hacuzwe amajambo arenga 60 atari afise uko avugwa mu Kirundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong><a href=\"https:\/\/www.thegusoma.net\/\">Indamurabitabu Gusoma<\/a> ifadikanije n\u2019<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/JimbereMagazine\">ikinyamakuru Jimbere<\/a> n\u2019<a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/KazozaFM\">insamirizi Kazoza FM<\/a> yashikirije kuri uyu wa 31 Gitugutu 2024 abamenyeshamakuru bo mu binyamakuru bitandukanye amajambo arenga 60 atari afise uko avugwa mu kirundi, yacuzwe kugira ashikirizwe Abarundi gutyo babe barayifashisha mu kurindira ko Urwengo nshingwa Kirundi ruyemeza nkayoshirwa muri kazinduzi y\u2019ikirundi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igikorwa nyezina co gucura amajambo adafise uko avugwa mu Kirundi catanguye ku wa 18 Mukakaro gushika ku wa 19 Nyakanga 2024, ku cicaro c\u2019indamurabitabu Gusoma, kikaba caba buri munsi wa kane.<\/p>\n\n\n\n<p>Napol\u00e9on Ahishakiye umuhuzabikorwa muri iryo sekeza ngarukamwaka Curijambo mu ndamurabitabu Gusoma, amenyesha ko ayo majambo 70 yacuzwe ari mu bisata indwi ari vyo: igisata c\u2019ubutunzi, c\u2019ubutungane, c\u2019amagara y\u2019abantu, c\u2019inkino n\u2019uburimbanyi, c\u2019indero, c\u2019uburimyi n\u2019ic\u2019ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"671\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Lors-de-la-conference-de-presse-1024x671.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8613\" style=\"width:644px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Lors-de-la-conference-de-presse-1024x671.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Lors-de-la-conference-de-presse-300x197.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Lors-de-la-conference-de-presse-768x503.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Lors-de-la-conference-de-presse.jpg 1500w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><strong><em><sup>Mu kiganiro gisozera isekeza 2024 rya Curijambo<\/sup><\/em><\/strong><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Ihangiro nyamukuru ry\u2019iryo sekeza nk\u2019uko bivugwa na Ahishakiye akaba ari ukugira uruhara mu gutanga intererano mu gukuza ururimi rw\u2019ikirundi, rwo rushikana Abarundi ku majambere arama no gushaka kworoherereza abakoresha ururimi rw\u2019ikirundi mu bikorwa vya minsi yose ngo boye kugorwa n\u2019uko bavuga ivyo bipfuza ku mwanya nyawo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibintu vyose birakeneye kuvugwa mu Kirundi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ferdinand Mberamihigo umuhinga mu bijanye n\u2019indimi akaba n\u2019umwigisha muri kaminuza y\u2019Uburundi avuga ko ibintu vyose biri mu bisata vy\u2019ubuzima bw\u2019igihugu bikenewe kuvugwa mu Kirundi. Ariko akamenyesha ko intambamyi Abarundi bagira ari uko ivyo bisata nka vyose vyazanywe n\u2019abazungu.<\/p>\n\n\n\n<p>Mberamihigo ati: <em>\u201cKubera rero ko abazungu batwigishije yuko ururimi rwacu naho rutovuga ivyerekeye ubuhinga bwa none atacopfa, duca tumera nk&rsquo;abanebwe. Hageze ko tuvuga ivyacu tugakwega mu gifaransa, bica bituma ururimi rw&rsquo;ikirundi ruhakwa kuba nk&rsquo;ikiburirane, rukamera nk&rsquo;ururiko rurata akaranga.\u201d<\/em> Kubera rero Abarundi bose batazi igifaransa, uyo muhinga mu ndimi avuga ko bikenerwa ko amajambo acurwa gutyo abarundi bashobore kuyifashisha mu guhanahana amakuru mu Kirundi ciza.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background\" style=\"background-color:#fae1cd\"><strong>VOMA <a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Amajambo-yacuzwe-na-CURIJAMBO.pdf\">amajambo yacuzwe mu kirundi n&rsquo;isekeza \u00ab\u00a0Curijambo\u00a0\u00bb 2024 <\/a><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Oscar Nzohabonayo umuyobozi mukuru ajajwe ibimenyeshamakuru mu Burundi, amera nk\u2019uwutanga inkebuzo, ati: <em>\u201cInguvu mwakoresheje ntizizopfe ubusa. Ayo majambo mwatoye ni akoreshwe. Mbere anahabwe ibisata ayo majambo yacuzwe vyega kugira bayakoreshe mu kuyasubiriza ayo bahora bakoresha mu gifaransa\u00a0\u00bb<\/em>.<\/p>\n\n\n\n<p>Yongera ati: <em>\u00ab\u00a0Uruhara rw&rsquo;abamenyeshamakuru rube ntangere. Ntirugarukire mu kumenyesha ko habaye igikorwa co gushira ahabona amajambo yacuzwe, ahubwo bayashire mu biganiro, mu makuru no mu nyandiko bandika kuko ababumviriza bashobora kuyabarahurako.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Mu-bari-bitavye-igikorwa-co-gusozera-CURIJAMBO-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8614\" style=\"width:739px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Mu-bari-bitavye-igikorwa-co-gusozera-CURIJAMBO-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Mu-bari-bitavye-igikorwa-co-gusozera-CURIJAMBO-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Mu-bari-bitavye-igikorwa-co-gusozera-CURIJAMBO-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/Mu-bari-bitavye-igikorwa-co-gusozera-CURIJAMBO.jpg 1200w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><strong><sup><em>Mu bari bitavye ico kiyago gisozera isekeza 2024 rya Curijambo: Dr Ferdinand Mberamihigo, Napol\u00e9on Ahishakiye, Remy Hayimana, Ma\u00eft\u00e9e Niteka, Oscar Nzohabonayo, Roland Rugero<\/em><\/sup><\/strong><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Amera nk\u2019uwusongora, Nzohabonayo yanasavye ko mu gisata c&rsquo;indero, ayo majambo aza aratorwa, yoshirwa mu bitabu vy\u2019ishure, abana biga bakaza barayasoma, gutyo bakure bayazi, kuko ngo uburyo bwo gukingira ururimi ari ukurukwiragiza mu kuruvuga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Iterambere rijana n\u2019ururimi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Roland Rugero yatanguje Indamurabitabu Gusoma mbere akaba ari n&rsquo;umuyobozi w&rsquo;ikinyamakuru Jimbere ati: <em>\u201cMuri ibi bihe Abarundi bose canecane urwaruka bijukiye iterambere, bonamenya ko iterambere rijana n&rsquo;ururimi. Ivyo bakora bakabikora mu rurimi bumva kandi bashobora gusiguramwo ivyo bakora. Ni ryo hangiro ryo gucura amajambo atabaho mu kirundi akoreshwa mu bisata bitandukanye vy\u2019ubuzima bw&rsquo;igihugu\u201d.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Akenguruka igikorwa bashitseko, Rugero ati:<em> \u201cAyo majambo dushize ahabona ni agatererano duhaye Abarundi n\u2019abakunzi b&rsquo;ikirundi. Ariko ni imfata kibanza kuko nta na kazinduzi ihari yemeza ayo majambo. Urwego nshingwakirundi nirwatangura gukora ruzoyihweza hanyuma ruyemeze canke ruyahinyanyure akoreshwe yizigiwe, anashirwe mu bitabu abanyeshure bayige. Ariko mu kurindira ayo majambo tube turayikorako mu biyago vyacu.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kubera igikorwa cose gisaba uburyo, Roland Rugero amenyesha ko, iryo sekeza ngarukamwaka Curijambo, baryitangiye, mbere ryabatwaye uburyo bw\u2019amafaranga yababa imiriyoni 4. Ariko hagiyemwo n&rsquo;ibindi bikorwa bijanye no kumenyesha ivyavuye mu vyicaro vyagiye biraba, abamenyeshamakuru bavyitaba, ibiganiro, amavidewo n&rsquo;ibindi vyakozwe, biciye vyose hamwe amafaranga yababa imiriyoni 10 z&rsquo;amarundi. Agira ati: <em>\u201cIki ni co kiguzi dusabwa nk&rsquo;Abarundi bakunda Uburundi n&rsquo;ikirundi. Ntidukwiye kurindira imfashanyo kugira dukore ibikorwa biha ikibanza ururimi n&rsquo;akaranga vyacu.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ico kiganiro n\u2019abanyamakuru kikaba casozerewe no gusangira akanyama k&rsquo;udukwavu tuzwi ku kabirya ka \u00ab\u00a0BITWI\u00a0\u00bb, dusanzwe twororwa tukanadandazwa n&rsquo;ishirahamwe.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-video is-provider-youtube wp-block-embed-youtube wp-embed-aspect-16-9 wp-has-aspect-ratio\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<iframe loading=\"lazy\" title=\"&quot;Hari amajambo menshi ari mu gifaransa gusa umuganga n\u2019umurwayi bikagora gutahurana&quot;\" width=\"1000\" height=\"563\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/etwiyBSOEPE?list=PL6zFVxQaO-nsExUwQdmTpPkjW3LINkG7R\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Indamurabitabu Gusoma ifadikanije n\u2019ikinyamakuru Jimbere n\u2019insamirizi Kazoza FM yashikirije kuri uyu wa 31 Gitugutu 2024 abamenyeshamakuru bo mu binyamakuru bitandukanye amajambo arenga 60 atari afise uko avugwa mu kirundi, yacuzwe kugira ashikirizwe Abarundi gutyo babe barayifashisha mu kurindira ko Urwengo nshingwa Kirundi ruyemeza nkayoshirwa muri kazinduzi y\u2019ikirundi. Igikorwa nyezina co gucura amajambo adafise uko avugwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":8612,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[661],"tags":[665],"coauthors":[189],"class_list":["post-8610","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ikirundi","tag-curijambo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8610","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8610"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8610\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8619,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8610\/revisions\/8619"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8612"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8610"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8610"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8610"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8610"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}