{"id":8589,"date":"2024-11-17T10:27:50","date_gmt":"2024-11-17T09:27:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8589"},"modified":"2024-11-17T10:29:31","modified_gmt":"2024-11-17T09:29:31","slug":"ukugarukana-ibisata-mashure-uburaro-indero-uburundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ukugarukana-ibisata-mashure-uburaro-indero-uburundi\/","title":{"rendered":"Ukugarukana ibisata bimwebimwe mu mashure y\u2019uburaro bisaba ukwitegurirwa bikwiye"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Harashimwa ingingo ya Reta yo gusubiza ibisata bimwe bimwe mu mashure &nbsp;y\u2019uburaro. Yamara, hari ivyankenerwa bisabwa kugira uyo mugambi uranguke neza.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu mashure 52 yisumbuye ari mu ntara y\u2019indero ya Mwaro, 6 yonyene niyo afise uburaro. Inyuma yaho Umukuru w\u2019Igihugu amenyesheje ko hagiye gusubiwizwaho amashure y\u2019uburaro no gusubiza ibisata bimwebimwe muri ayo mashure mu mwaka w\u2019ishure wa 2024&nbsp; ushira 2025, muri iyo ntara y\u2019indero, abanyeshure biyongereyeko ibice 75 ugereranije n\u2019ibiharuro vyaheruka. Umuyobozi w\u2019indero mu ntara, Omer Barandagiye, amenyesha ko abanyeshure bashasha bangana na 450 bagiye mu mashure y\u2019indaro. Uwo muyobozi arakenguruka iyo ngingo ariko agasaba ko hokwogerezwa igitigiri c\u2019amashure y\u2019uburaro&nbsp;&nbsp; kugera ku mushure 10 harimwo n\u2019amashure y\u2019ubuhinga<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"768\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241030_121158_HDR-1024x768.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8591\" style=\"width:505px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241030_121158_HDR-1024x768.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241030_121158_HDR-300x225.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241030_121158_HDR-768x576.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241030_121158_HDR-1536x1152.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241030_121158_HDR-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em>Umuyobozi w\u2019indero mu ntara, Omer Barandagiye<\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019akanovera k\u2019inyigisho, bamwe mu bavyeyi baridogera itituka ry\u2019akanovera k\u2019inyigisho . Zimwe mu mvo zashirikirijwe n\u2019abavyeyi harimwo abigisha bata akazi bitwaje ko indero y\u2019abana isigaye igoye gukurikirana. Ku bw\u2019ivyo, kugira ngo abana baronke inyigisho z\u2019akanovera kandi baronke ubumenyi bukwiriye, abavyeyi basigaye bahitamwo kubarungika mu zindi ntara nka Bururi, Ngozi na Gitega aho amashure y\u2019indaro akukira amadini canke abapatiri. Umwe mu bavyeyi agira ati&nbsp;<em>:&nbsp;\u00ab Tubarungikayo kubera ko bitaho neza abana kandi mu vyigwa vyabo bakabashiramwo ibijanye n\u2019ijambo ry\u2019Imana. Vyongeye, ntibafyinisha abana&nbsp;\u00bb. <\/em>Abo bavyeyi bavuga ko baba biteguye kurihira&nbsp; abana babo amafaranga kugira bige neza kuko uburyo abana babamwo mu mashure y\u2019indaro atari&nbsp; bwiza mu gihe umunyeshure akeneye kubaho neza mu kugira inguvu nyishi&nbsp; kugira yige anonokewe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntwaro, naho nyene, barakenguruka iyo ngingo. Ku bwa Athanase Ciza, umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w\u2019intara ya Mwaro, iyo ngingo ije hageze agasaba ko mu mugwi ujejwe gushira mu ngiro uwo mugambi hoshirwamwo abantu basanzwe bari ku rubuga kuko nibo bafise imbonakazoza nyayo y\u2019ibikorwa bikenewe kugira ngo uyu mugambi uzogende neza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>K<\/strong><strong>u<\/strong><strong> mashure y\u2019indaro ya Muyebe na Mwaro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo bavuze indero akanovera , bafatira ku bintu bitatu nyamukuru bidahara na vyo akaba ari abigisha bafise ubumenyi bukwiriye, ibikoresho nyavyo n\u2019ikirere ciza co kwigiramwo. Ariko mu&nbsp; mashure amwe amwe yo mu ntara ya Mwaro, ivyo bintu uko ari bitatu ntivyigera bihwana.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"768\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144855-1024x768.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8592\" style=\"width:483px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144855-1024x768.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144855-300x225.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144855-768x576.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144855-1536x1152.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144855-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em>Igitanda kiryamako abana babiri mw&rsquo;ishure ry&rsquo;indaro i Muyebe<\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Kw\u2019ishure rikuru rya Muyebe, nta nyubakwa zibereye zo kwakira abanyeshure zihari. Inyubakwa yitwa ngo ni iy\u2019uburyamo bw\u2019abanyeshure ntigira ibitanda n\u2019imatera. Iciyongereyeko, haribonekeza n\u2019ikena ry\u2019ibikoresho mfashanyigisho nk\u2019ibitabu, inzu y\u2019isuzumiro(laboratoire) hamwe n\u2019inzu y\u2019isomero ry\u2019ibitabu (Biblioth\u00e8que), tutibagiye igitigiri kidashemeye c\u2019abigisha. Umuyobozi w\u2019ishure, L\u00e9once Nihozaagira ati&nbsp;<em>:&nbsp;\u00ab Kw\u2019ishure rikuru rya Muyebe,&nbsp;mu mwaka w\u2019ishure wa 2024 ushira 2025, dufise abanyeshure bangana na 875 muri bo 645 biga bataha, 230 biga baba mu ndaro . Ariko naho biri uko, turahura n\u2019ingorane nyishi&nbsp; zishikira abana zikabatesha kwiga nk\u2019uko vyategerezwa&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Aranerekana ukuntu iryo shure rikenye imatera n\u2019uburyamo bw\u2019abanyeshure bubereye .Agira ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp; Mu bisanzwe, umunyeshure wese yategerezwa kugira igitanda ciwe bwite ariko ubu baryama ari&nbsp; babiri ku gitanda kimwe&nbsp;\u00bb.<\/em> Ikindi naco, avuga ko, kubera ata modoka iryo shure rifise,&nbsp; iyo umunyeshure agwaye canke hageze ko baja gusuma, bisaba ko hari ayandi mafaranga aca akenerwa . Uwo muyobozi arongera ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Dukoresha amafaranga y\u2019amarundi yababa imiriyoni zibiri ku kwezi yo kwunguruza ibifungurwa canke abanyeshure bagwaye n\u2019abagiye mu nkino&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kw\u2019ishure rikuru rya&nbsp; Mwaro, umuyobozi w\u2019ishure, Epitace Bayubahe avuga ko ibibazo nyamukuru bihanze iryo shure ari ubukene bw\u2019abigisha, ubukene bw\u2019intebe. Ibi ngo bituma intebe imwe isangirwa n\u2019abanyeshure batatu, bigatuma ibikorwa bitagenda neza. Vyongeye iryo shure ngo abigisha rikenye, ni cane cane, abo mu vyigwa vy\u2019indimi n\u2019ubutunzi&nbsp;:&nbsp; <em>\u00ab Duca twikora ku bakoranabushake n\u2019abakutsakivi&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi kibazo kigaragara ni ikijanye n\u2019ibisata abigisha banonosoye. Abayobozi b\u2019amashure bababijijwe, ngo urugero rw\u2019abagisha bamwe bamwe ruri hasi cane ku buryo bw\u2019uko bibagora no kwandika imirongo na cumi y\u2019amungane badashizemwo amakosa. Abo bayobozi bemeza ko ubwo bushobozi buke aribwo&nbsp; buteza ingorane zijanye no gutanga ubumenyi<strong>&nbsp;&nbsp;&nbsp; <\/strong>vyigaragaza mu vyigwa bimwe bimwe.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;<strong>Imibereho mibi ni ikintu kizingamika inyigisho<\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"768\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144102_HDR-1024x768.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8593\" style=\"width:609px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144102_HDR-1024x768.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144102_HDR-300x225.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144102_HDR-768x576.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144102_HDR-1536x1152.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/11\/IMG_20241029_144102_HDR-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Abanyeshure bo kw\u2019ishure rikuru rya Muyebe&nbsp; bavuga bati&nbsp;<em>:&nbsp;\u00ab&nbsp;Naho ishure riturekurira kwigurira amavoka kugira ngo kumbure isahani y\u2019imfungurwa yisununura, ni gake tuva mu buriro bw\u2019ishure duhaze. Birakwiye ko imfungurwa zongerezwa&nbsp;.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bw\u2019abayobozi, ngo ko uwo mugambi wo gusubiza ivyo bisata mu buraro waragarukanywe, ayo mashure yategerezwa gufashwa mu kwubakirwa inyubakwa z\u2019uburyamo bw\u2019abanyeshure bugezweho bunorohereza abanyeshure bagendana ubumuga. Barashimikiye cane kandi ku kuronswa ibitanda&nbsp; n\u2019imatera , gusanura inyubakwa zishaje, kwubaka inzu zo gusomeramwo ibitabu(biblioth\u00e8que) n\u2019inzu z\u2019isuzumiro(laboratoire) hamwe no kwongereza uburyo bw\u2019amafaranga bugenewe gufungurira abanyeshure bivanye n\u2019ukuntu ibiciro bidahengeshanya kuduga kw\u2019isoko. Ikindi berekanye, nuko&nbsp; uwo mugambi wo kugarukana amashure y\u2019uburaro washizweho, birakenewe ko habanza gutorerwa inyishu y\u2019ingorane&nbsp; kuko&nbsp; ngo ivyo bitabaye nta kintu kinini bizoza bifasha mu guteza imbere inyigisho.<\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019ishirahamwe ry\u2019abigisha Conapes nabo ni ko babibona , ngo iyo ngingo yo kugarakana amashure y\u2019uburaro ni nziza ariko haba hakwiye gushirwaho vyankenerwa.&nbsp; Emmanuel Mashandari arongoye iryo shirahamwe agira ati <em>\u00ab&nbsp;Mu mashure menshi, imibereho y\u2019abana&nbsp; irimwo agahaze mu bijanye no gufungurirwa, ikena ry\u2019ibitanda&nbsp; n\u2019imatera. Birakenewe ko Reta yongeza inguvu kugira hashirweho uburyo bworohereza abanyeshure kwiga neza&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abandanya avuga ko Reta itokwibagira gushiraho amasuzumiro (laboratoire) n\u2019inzu z\u2019ibitabu (biblioth\u00e8que)&nbsp; arongera ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp; Ivyo twigisha mw\u2019ishure ntibikwiriye. Abanyeshure bategerezwa kwungura ubumenyi mu kuronka ukuntu basoma ibitabu , mu kwimenyereza mu masuzumiro no mu kwitegura bibereye\u00bb .<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Harashimwa ingingo ya Reta yo gusubiza ibisata bimwe bimwe mu mashure &nbsp;y\u2019uburaro. Yamara, hari ivyankenerwa bisabwa kugira uyo mugambi uranguke neza. Mu mashure 52 yisumbuye ari mu ntara y\u2019indero ya Mwaro, 6 yonyene niyo afise uburaro. Inyuma yaho Umukuru w\u2019Igihugu amenyesheje ko hagiye gusubiwizwaho amashure y\u2019uburaro no gusubiza ibisata bimwebimwe muri ayo mashure mu mwaka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":52,"featured_media":8590,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[680,426,653,84],"coauthors":[669],"class_list":["post-8589","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-amashure-yindaro","tag-indero","tag-laune","tag-mwaro"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8589","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/52"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8589"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8589\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8595,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8589\/revisions\/8595"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8590"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8589"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8589"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8589"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8589"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}