{"id":8546,"date":"2024-10-21T12:37:50","date_gmt":"2024-10-21T10:37:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8546"},"modified":"2024-11-13T08:32:07","modified_gmt":"2024-11-13T07:32:07","slug":"gatumba-gisagara-humanitarian-fvs-burundi-inondations","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/gatumba-gisagara-humanitarian-fvs-burundi-inondations\/","title":{"rendered":"Kurarana mu cumba kimwe murenga 8, harimwo abavyeyi…"},"content":{"rendered":"\n
Bisaba imyiyaranjo kurarana mu cumba kimwe c’imetero 5m kuri 2,5m murenga umunani, aho rero harimwo abavyeyi. Ariko hari n\u2019uduhema tudakwiza ubwo buringanire, maze ubwo buraro bukozwe n\u2019amahema akaguma atabagurwa n\u2019umuyaga, iyo imvura iguye hakava.<\/p>\n\n\n\n
Anicet Minani, umusaza ari mu myaka 70 ati: \u00ab\u00a0Tweho, co kimwe n\u2019abakenyezi bonsa, turabangamiwe no kuryama ku nkumbagare, kuko atavyo kuryamako tugira, ibituma ubusaza bwiyongera.\u00a0\u00bb<\/em>
Nayo Shadia, umupfakazi areze abana bane ati: \u00ab\u00a0Hageze kuryama, ni amabanga. Ibaze nk\u2019ubu iyo mba nari mfise umugabo, muri kano kumba!\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n
Nya miryango iramenyesha ko kuronka ibifungurwa ari urugamba rutoroshe na gato, kuko ngo n\u2019aho bahabwa 235.000Fbu ku kwezi no ku muryango, ngo nti biheza bishobore kubabeshaho neza, mu gihe bari mu kangaratete badafise ivyo bakora ngo bisuganye.
Hagaca hiyongerako ubukene bw\u2019udukoresho two mu butinyanka, nk\u2019uko twavyiganiwe n\u2019abakenyezi bamwe mu bari aho.<\/p>\n\n\n\n
Ku bw\u2019ivyo, Anicet Nibaruta arongoye ikigo co gukinga ibiza n\u2019isibe arahumuriza abo benegihugu ko hariko harakorwa vyinshi ngo ubuzima bwabo bwisununure.
Yamenyesheje ko hariko harategurwa ikibanza muri Komine Buganda intara ya Cibitoke, hakazokwubakwa amazu 816 azojamwo imiryango irenga ku gitigiri ca 545 yategerezwa kuba iri Mubimbi.<\/p>\n\n\n\n
Nayo iyo site ya Gisagara, ngo bikaba biri mu migambi ko, na yo bazoyubaka neza, hakabamwo vya nkenerwa vyose, amashure, ivuriro, isoko,\u2026
Ku cerekeye uko abo benegihugu babayeho ubu, Ildephonse Majambere umuvugizi w\u2019ubushikiranganji bwo gushigikirana amenyesha ko babitwararitse, n\u2019aho ivyo bakenera ari vyinshi. Agahamagarira abarundi, \u00ab\u00a0muri wa mutima w\u2019urukundo bamanye, ko uwogira ico ashaka gufashisha abo benegihugu, yotumbera abaserukizi b\u2019ubwo bushikirangaji, ku nzego zose uhereye kuri komine.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"
Ubwo nibwo buzima bw’imwe mu miryango 1025 yomorwa n\u2019amazi mu Gatumba, ubu ikaba iri mw\u2019isite ya Gisagara muri komine Mubimbi, aho imenyesha ko ubuzima butoroshe na gatoya. Bisaba imyiyaranjo kurarana mu cumba kimwe c’imetero 5m kuri 2,5m murenga umunani, aho rero harimwo abavyeyi. Ariko hari n\u2019uduhema tudakwiza ubwo buringanire, maze ubwo buraro bukozwe n\u2019amahema akaguma […]<\/p>\n","protected":false},"author":53,"featured_media":8547,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[562,676],"coauthors":[671],"class_list":["post-8546","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-gatumba","tag-mubimbi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8546","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/53"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8546"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8546\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8553,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8546\/revisions\/8553"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8547"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8546"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8546"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8546"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8546"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}