{"id":8512,"date":"2024-09-11T15:38:35","date_gmt":"2024-09-11T13:38:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8512"},"modified":"2024-10-10T09:25:36","modified_gmt":"2024-10-10T07:25:36","slug":"uburimyi-agriculture-burundi-curijambo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/uburimyi-agriculture-burundi-curijambo\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Uwudafise ico akora wese si umurimyi, kurima ni ivy&rsquo;abahinga\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ivyo vyashikirijwe na Ferdinand Mberamihigo, umuhinga w&rsquo;indimi akaba n&rsquo;umwigisha wa Kaminuza y&rsquo;Uburundi, yunganirwa na Cyriaque Ntaconzoba, akora mw&rsquo;ishirahamwe UHACOM rihurikiyemwo abarimyi, hari ku wa 29 Myandagaro 2024 aho rya sekeza ngarukamwaka Curijambo ryariko ryihweza igisata c&rsquo;uburimyi n&rsquo;ubworozi.<\/strong><br><br>Cyriaque Ntaconzoba avuga ko ico gisata kirimwo amajambo ari mu gifaransa gusa maze agatuma bitorohera abarimyi gutahurana, aho mbere abenshi badashimishwa no kwitwa abarimyi kuko ari umwuga usa n&rsquo;uwuciriritse. Bakirengagiza ko uburimyi ari igisata gikomeye, gitunze abarundi muri rusangi, kuko bagera ku bice 90% birenga vy&rsquo;abakozi bari mu Burundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kumwunganira, Ferdinand Mberamihigo agira ati: <em>\u00ab\u00a0Umuntu wese atagira ico akora, si umurimyi, kuko uburimyi bukorwa n&rsquo;abahinga.\u00a0\u00bb<\/em> Mu kubishimangira, yavuze ko ico gisata gikorwa ku buhinga kugira ngo umusaruro uboneke ari mwinshi, amajambo amwamwe mur&rsquo;ico gisata akagaragaza ubwo buhinga. <br>Amajambo nka \u00ab\u00a0campagne agricole\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0agro\u00e9cologie\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0pratique agricole\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0changement climatique\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0pesticide\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0agribusiness\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0frizone\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0angrais chimique\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0saison culturale\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0agriculture sous serre\u00a0\u00bb n&rsquo;ayandi ari amwe mu majambo akunda kugora abarimyi ku kugene yovugwa mu Kirundi kugira ngo bashobore gutahurana neza.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter wp-block-embed-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">Commissionnaire : Umuranzi<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/curijambo?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#curijambo<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/akaranga?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#akaranga<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Ikirundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Ikirundi<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/JZRhciueKs\">pic.twitter.com\/JZRhciueKs<\/a><\/p>&mdash; The Gusoma (@TheGusoma) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/TheGusoma\/status\/1830239569985655180?ref_src=twsrc%5Etfw\">September 1, 2024<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Abakunzi b&rsquo;ikirundi, bafadikanije n&rsquo;uwo mwigisha hamwe n&rsquo;uwo muhinga w&rsquo;indimo, barashoboye gucura amwe muri ayo majambo nka:<\/p>\n\n\n\n<ol class=\"wp-block-list\">\n<li><strong>Pesticide<\/strong>: <em>Umuh\u00f3nyatw\u00f4n\u014dnyi<\/em> (gisigura umuti uhonya udukoko twonona), aho ni mu gihe abarimyi bahora bifashisha ijambo \u00ab\u00a0imiti kama\u00a0\u00bb<\/li>\n\n\n\n<li><strong>Arrosoir<\/strong>: <em>Ikiv\u014dmer\u0113sho<\/em><\/li>\n\n\n\n<li><strong>Campagne agricole<\/strong>: <em>isekeza ry&rsquo;\u00faburimyi<\/em><\/li>\n\n\n\n<li><strong>Agribusiness<\/strong>: <em>uburimyi nzanamafar\u0101nga<\/em><\/li>\n\n\n\n<li><strong>Culture sp\u00e9culative<\/strong>: ibit\u011brwa nzanamafar\u0101nga<\/li>\n\n\n\n<li><strong>Agriculture intensive<\/strong>: <em>uburimyi ngw\u00eezamw\u00ec\u00edmbu<\/em><\/li>\n\n\n\n<li><strong>Angrais chimique<\/strong>: \u00ab\u00a0<em>If\u016dmbire mv\u00e2rug\u0103nda<\/em>\u00a0\u00bb canke \u00ab\u00a0<em>umw\u0101vu mv\u00e2rug\u0103nda<\/em>\u00a0\u00bb <\/li>\n\n\n\n<li>\u00ab\u00a0<strong>Saison culturale<\/strong>\u00a0\u00bb ni \u00ab\u00a0<em>urubu rw&rsquo;irima<\/em>\u00a0\u00bb <\/li>\n<\/ol>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Abatumire-ba-Curijambo-Agriculture-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8517\" style=\"width:632px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Abatumire-ba-Curijambo-Agriculture-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Abatumire-ba-Curijambo-Agriculture-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Abatumire-ba-Curijambo-Agriculture-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Abatumire-ba-Curijambo-Agriculture.jpg 1200w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><strong><sup><em>Abatumire bari Ferdinand Mberamihigo, umuhinga w&rsquo;indimi akaba n&rsquo;umwigisha wa Kaminuza y&rsquo;Uburundi, na Cyriaque Ntaconzoba, akora mw&rsquo;ishirahamwe <a href=\"https:\/\/uhacom.bi\/\">UHACOM<\/a><\/em><\/sup><\/strong><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Abakunzi b&rsquo;ikirundi bashimye gushimangira ijambo \u00ab\u00a0urubu\u00a0\u00bb, ryahora ryifashishwa kera ariko ubu ryari ryaribagiranywe. B\u0103kunda kurikoresha mu kuvuga ngo \u00ab\u00a0kuja imbu\u00a0\u00bb canke \u00ab\u00a0gutana imbu\u00a0\u00bb bashatse gusigura \u00ab\u00a0gukurakuranwa mu kurima\u00a0\u00bb. Ntibarimira rimwe. Umwe arimye uwu munsi, uwundi yarima ejo, bakagenda baraguzaguza. Ijambo \u00ab\u00a0imbu\u00a0\u00bb riri mu bwinshi, urishize mu rudende ricika ijambo \u00ab\u00a0urubu\u00a0\u00bb. <\/p>\n\n\n\n<p>Ariko kandi nk&rsquo;uko Mberamihigo abisigura, abantu ntibakwiye kwitiranya iri jambo n&rsquo;ijambo \u00ab\u00a0urubu\u00a0\u00bb ryerekeza ku mata ngo kuko ijambo rishobora kuba rimwe ariko rikagira insiguro zitandukanye bivanye n&rsquo;aho rikoreshejwe. Abakunda kuyita \u00ab\u00a0isizeni\u00a0\u00bb barahushana n&rsquo;insiguro y&rsquo;iryo jambo nk&rsquo;uko bivugwa na Mberamihigo. Agira ati: \u00ab\u00a0Isizeni ni umwanya w&rsquo;ishora ry&rsquo;ivyimburwa ntabwo ari ikiringo cose c&rsquo;irima\u00a0\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Hambavu y&rsquo;ayo majambo yacuzwe, hari n&rsquo;ayandi majambo abakunzi b&rsquo;ikirundi bashimye kwemeza mu kworohereza abarimyi ku kuntu bari basanzwe bayita:<\/p>\n\n\n\n<ol class=\"wp-block-list\">\n<li><strong>Agronome<\/strong>: \u00ab\u00a0<em>umuhinga w&rsquo;indimo<\/em>\u00a0\u00bb canke \u00ab\u00a0umufundi w&rsquo;indimo\u00a0\u00bb<\/li>\n\n\n\n<li><strong>Changement climatique<\/strong>:<em> ihindagurika ry&rsquo;ibihe<\/em><\/li>\n\n\n\n<li><strong>Agro-\u00e9cologie<\/strong> : <em>uburimyi burama<\/em>, uburimyi bwubahiriza ibidukikije<\/li>\n\n\n\n<li><strong>Agrafage<\/strong> : \u00ab\u00a0<em>ukwimisha<\/em>\u00a0\u00bb canke \u00ab\u00a0ukw\u00f5rek\u0113ra (ibiterwa)<\/li>\n\n\n\n<li><strong>V\u00e9t\u00e9rinaire<\/strong>: <em>umuganga w&rsquo;ibitungwa<\/em><\/li>\n\n\n\n<li><strong>\u00c9cologie<\/strong>: <em>icigwa c&rsquo;isano riri hagati y&rsquo;ibinyabuzima n&rsquo;aho biba<\/em><\/li>\n<\/ol>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko amahuriro ya Curijambo akurikira ategekanijwe ku wa 12 na 19 Nyakanga 2024, azoba ashingiye ku majambo yo mu gisata c&rsquo;ubuhinga bwa \u00ab\u00a0TIC\u00a0\u00bb (Technologie d&rsquo;Information et de communication).<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ivyo vyashikirijwe na Ferdinand Mberamihigo, umuhinga w&rsquo;indimi akaba n&rsquo;umwigisha wa Kaminuza y&rsquo;Uburundi, yunganirwa na Cyriaque Ntaconzoba, akora mw&rsquo;ishirahamwe UHACOM rihurikiyemwo abarimyi, hari ku wa 29 Myandagaro 2024 aho rya sekeza ngarukamwaka Curijambo ryariko ryihweza igisata c&rsquo;uburimyi n&rsquo;ubworozi. Cyriaque Ntaconzoba avuga ko ico gisata kirimwo amajambo ari mu gifaransa gusa maze agatuma bitorohera abarimyi gutahurana, aho [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":51,"featured_media":8516,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[661,215],"tags":[665,674],"coauthors":[666],"class_list":["post-8512","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ikirundi","category-uburimyi","tag-curijambo","tag-uhacom"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8512","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/51"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8512"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8512\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8519,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8512\/revisions\/8519"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8516"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8512"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8512"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8512"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8512"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}