{"id":8502,"date":"2024-09-05T11:14:27","date_gmt":"2024-09-05T09:14:27","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8502"},"modified":"2024-09-05T20:22:11","modified_gmt":"2024-09-05T18:22:11","slug":"amakuru-yaranze-eac-myandagaro2024-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-eac-myandagaro2024-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru makuru makuru yaranze akarere ka Afrika y\u2019ubuseruko mu ndwi yo kuwa 26 Myandagaro gushika kuwa 02 Nyakanga"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri Uganda, itegeko rigenga gukingira ibikorwa&nbsp; vy\u2019abaririmvyi ribwirizwa kuba ryagiye mu ngiro imbere y\u2019iminsi mikuru irangiza umwaka wa 2024,<\/strong><strong> Igihugu ca Kenya cashize ku mugaragaro&nbsp; umu kandida wabo Raila Odinga mu matora y\u2019uwuzorongora ubumwe bwa Afirika azoba muri Ruhuhuma 2025, <\/strong><strong>Mu Rwanda amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru abwirizwa bumenyesha ikarata simu yahinduwe canke iriko irakora amanyanga, Muri RDC Abafungwa bashika kuri 129 baritavye umuremyi mw\u2019ijoro ryo kuri uno wa 01 Nyakanga rishira irya 2 Nyakanga 2024<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Eddy Kenzo ngo igihugu ca Uganda gitegerezwa kuba caratanguye gushira mu ngiro itegeko rigenga gukingira ibikorwa vy\u2019abaririmvyi imbere y\u2019iminsi mikuru irangiza umwaka wa 2024. Ivyo yabivuze kuwa 28 Myandagaro 2024 aho hariko hahimbazwa\u00a0 indwi y\u2019indirimbo ziririmbirwa mu nzira \u02baJAM SESSION\u02ba n\u2019urwego rukuru rw\u2019abaririmvyi ari rwo UNMF (<a href=\"https:\/\/unmfederation.com\/\" data-type=\"link\" data-id=\"https:\/\/unmfederation.com\/\">Ugandan National Music Federation<\/a>).<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko vyandikwa na <a href=\"https:\/\/www.pulse.ug\/entertainment\/music\/kenzo-promises-copyright-law-before-christmas\/6kts3sw?s=09\">Pulse Uganda<\/a>, ngo uburenganzira bw\u2019abaririmvyi ku bikorwa baba bakoze bitegerezwa kuja mu ngiro kugira abaririmvyi baronke ibihembo bikwiranye n\u2019ibikorwa baba bakoze. Eddy Kenzo aherutse kugenwa kuba umuhanuzi w\u2019umukuru w\u2019igihugu ca Uganda ari we Yoweri Museveni arizera ko iryo hangiro azorishikako narirya biri mu gisabo umukuru w\u2019igihugu yabahaye. Yagize ati:\u02ba&nbsp; Rino tegeko rigenga gukingira &nbsp;uburenganzira bw\u2019ibikorwa vy\u2019abanyamuziki ryaragoranye gushirwa mu ngiro arico catumye duhindura uburyo bwotuma rijaho kandi turabona ko biriko biragenda neza ubu. Mu minsi iri imbere tuzogenda kuraba umukuru w\u2019igihugu tumushikirize ivyo twashitseko \u02ba<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igihugu ca Kenya cashize ku mugaragaro\u00a0 umu kandida wabo Raila Odinga mu matora y\u2019uwuzorongora ubumwe bwa Afirika azoba muri Ruhuhuma 2025<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo birori vyari vyitabiriwe n\u2019indongozi zikomakomeye zo mu bihugu vy\u2019akarere ka Afirika y\u2019ubuseruko harimwo n\u2019umushikiranganji wa mbere mu Burundi Gervais Ndirakobuca. Mw\u2019ijambo ryiwe ry\u2019urwo rubanza rwo hejuru, William Ruto yamenyesheje ko yizeye Raila Odinga ko ari umuntu wo kwizera, abona kure kandi akaba yitwara nk\u2019intwari. Kubw\u2019umukuru w\u2019igihugu ca Kenya ngo ntawundi wo gutora Atari Raila Odinga. Uyo nawe avuga ko aramutse atowe ibintu nyamukuru yokwihutira ni kurondera amahoro ahari intambara n\u2019ukutumvikana, guhangana n\u2019ibijanye n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe no kwitaho ivy\u2019ubutunzi ku ruhande rw\u2019urwaruka. Ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.rfi.fr\/fr\/afrique\/20240827-pr%C3%A9sidence-de-la-commission-de-l-ua-le-kenya-lance-et-vante-la-candidature-de-l-opposant-raila-odinga\">RFI<\/a> canditse iyo nkuru kimenyesha ko azoba afise abandi bazohiganwa ari 3 bava mu bihugu bikoresha igifaransa arivyo&nbsp; Madagascar, Djibouti n\u2019Izinga rya Maurice<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu Rwanda amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru abwirizwa bumenyesha ikarata simu yahinduwe canke iriko irakora amanyanga<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Rwanda ishirahamwe ry\u2019ugutumatumanako amakuru ritazohagarika canke imenyeshe ikarata simu yahinduwe canke iriko irakora amanyanga inyuma y\u2019amasaha 48 rizocibwa ihadabu ry\u2019imiriyoni 2 z\u2019amafaranga akoreshwa mu Rwanda kuri buri karata simu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyashikirijwe n\u2019ikigo kijejwe kugenzura ibijanye n\u2019imihora yo gutumatumanako amakuru yo mu Rwanda. Kwandika ikarata simu ku mwidondoro atariwo canke wo mu manyanga uri mu vyatumye hafatwa iyo ngingo kuko zica zikoreshwa mu bugizi bwa nabi. Ico kigo kijejwe kugenzura ukuntu amashirahamwe atumatumanako amakuru akora arico RURA ngo ntikizokwihanganira uko ayo mashirahamwe yirengagiza guhagarika amakarata simu yibwe, canke y\u2019abantu bitavye imana canke ayakoreshwa mu busuma. Nk\u2019uko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru the New Times Rwanda, uwo bazosanga ikarata simu idakwije vyose vy\u2019umwidondoro canke ikaba iriko ikoreshwa ubugizi bwa nabi izina ryiwe rizoca rihagarikwa mu mihora yose gushika amatohoza yimbitse arangiye. Ivyo bibaye uko mu gihe kuva muri Nyakanga 2022 gushika muri Kigarama 2022 habonetse ibijanye n\u2019ubusuma canke ubugizi bwa nabi bugera kuri 32 kw\u2019ijana , igiharuro canditswe na <a href=\"https:\/\/www.newtimes.co.rw\/article\/19660\/news\/technology\/telcos-face-hefty-fines-for-illegal-sim-registrations\">New Times Rwanda<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri RDC Abafungwa bashika kuri 129 baritavye umuremyi mw\u2019ijoro ryo kuri uno wa 01 Nyakanga rishira irya 2 Nyakanga 2024,<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iryo bara ryabereye mw\u2019ibohero rikuru ry\u2019 i Kinshasa ryitwa Prison Centrale de Makala. Muri abo bapfuye, 24 bose bishwe barashwe n\u2019abacungera iryo bohero rikuru kubera banse kwemera ivyo babwiwe,abandi nabo bapfira mu misunikano kubera hari imigundano yatewe nuko abo bafungwa bariko barahunga abandi kubera ukubura impwemu. Ubugizi bwa nabi bwahabaye ni bwinshi kuko hari abagore bafashwe ku nguvu abandi barahohoterwa muri iyo migundano n\u2019ibindi.Nk\u2019uko bivurwa ra <a href=\"Revue%20de%20presse%20Afrique%20-%20Revue%20de%20presse%20Afrique%20-%20https:\/www.rfi.fr\/fr\/podcasts\/revue-de-presse-afrique\/20240904-%C3%A0-la-une-le-drame-de-makala\">RFI&nbsp; muri revue de presse<\/a>, ngo iyo migundano yoba yatanguriye&nbsp; ku ngorane z\u2019icikagurika ry\u2019umuyagankuba wo mu cumba ca 11 ariyo Pavillon 11 watumye abafungwa babura impwemu baca bashaka kubomora umuryango , niko guca bavanganwa n\u2019abandi bafungwa bari mu &nbsp;bindi vyumba haca haba uruhagarara abantu batangura guhonyoranako no gusunikana, n\u2019umucanwa uraduka.Ibindi vyononekaye ni nko mu buriro ,mw\u2019ivuriro ryo muri iryo bohero &nbsp;mbere n\u2019izindi nyubakwa ziriyo. Aho rero mwomenya ko iryo bohero rikuru ry\u2019i Makala ryari ryubakiwe abantu 1500 ariko rikaba rifungiwemwo abashika ku bihumbi 15. <a href=\"ps:\/\/www.rfi.fr\/fr\/afrique\/20240902-la-rdc-ouvre-une-enqu\u00eate-apr\u00e8s-une-tentative-d-\u00e9vasion-suppos\u00e9e-\u00e0-la-prison-de-makala\">Nk\u2019uko vyandikwa na RFI<\/a> abo bose bafunzwe, harimwo benshi bataracirwa urubanza<\/p>\n\n\n\n<p><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri Uganda, itegeko rigenga gukingira ibikorwa&nbsp; vy\u2019abaririmvyi ribwirizwa kuba ryagiye mu ngiro imbere y\u2019iminsi mikuru irangiza umwaka wa 2024, Igihugu ca Kenya cashize ku mugaragaro&nbsp; umu kandida wabo Raila Odinga mu matora y\u2019uwuzorongora ubumwe bwa Afirika azoba muri Ruhuhuma 2025, Mu Rwanda amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru abwirizwa bumenyesha ikarata simu yahinduwe canke iriko irakora amanyanga, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8504,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566,653],"coauthors":[34],"class_list":["post-8502","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac","tag-laune"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8502","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8502"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8502\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8505,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8502\/revisions\/8505"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8504"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8502"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8502"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8502"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8502"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}