{"id":8485,"date":"2024-09-01T14:55:58","date_gmt":"2024-09-01T12:55:58","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8485"},"modified":"2024-10-10T09:25:32","modified_gmt":"2024-10-10T07:25:32","slug":"itegeko-amashirahamwe-nyobokamana-ishengero-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/itegeko-amashirahamwe-nyobokamana-ishengero-burundi\/","title":{"rendered":"Menya ibiri mw&rsquo;itegeko rishasha rigenga amashirahamwe nyobokamana mu Burundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Rimaze gusinywa mu 2022, Reta yari yihaye imyaka ibiri kugira itegeko rishasha rigenga amashirahamwe nyobokamana rije mu mu ngiro, navyo bikazoba kuva igenekerezo rya 16 Nyakanga 2024. Mu ngingo ndwi, twibukanye bimwe mu biri muri iryo bwirizwa, <a href=\"https:\/\/senat.bi\/wp-content\/uploads\/2022\/06\/Projet-de-loi-Cadre-organique-des-Confessions-religieuses.pdf\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">ryashizweho kugira Reta<\/a> igabanure indyane zari zigisibije mu mashengero ku bw&rsquo;imitungo&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background\" style=\"background-color:#f4e1aa\"><strong>Banza <a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/wp-content\/uploads\/2024\/07\/Loi-du-16-septembre-2022-sur-les-confessions-religieuses-au-Burundi.pdf\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\">upakurure iryo tegeko uko ryanditse ido n&rsquo;ido<\/a><\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"576\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Bible-Argent-1024x576.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8492\" style=\"width:560px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Bible-Argent-1024x576.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Bible-Argent-300x169.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Bible-Argent-768x432.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Bible-Argent.jpg 1200w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p><strong>Ubu, bizosabwa ko buri shengero ritanga umuco ku nkomoko y&rsquo;imfashanyo rironka:<\/strong> idini, ishengero canke ishirahamwe nyobokamana ryose rironka imfashanyo izo arizo zose ziva hanze y&rsquo;igihugu, ritegerezwa kuzimenyekanisha mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amadini n&rsquo;amashengero (ingingo ya 40).<br>Iciyongeweko, izo mfashanyo zitegerezwa kugengwa n\u2019amasezerano hagati y&rsquo;uwuzitanga n&rsquo;uwuzakira, maze urupapuro rumwe r&rsquo;wayo masezerano rukarungikwa mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amadini n&rsquo;amashengero, nk&rsquo;uko ingingo ya 38 ibivuga, nayo iya 39 igategeka ko amafaranga yose arungikiwe ishengero canke ishirahamwe nyobokamana ava hanze y&rsquo;igihugu ategerezwa guca mw&rsquo;ibanki nkuru y&rsquo;igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi, ngo ishengero ryose ryisunga intunganyo y&rsquo;irindi shengero ryo mu mabanga, ngo ritegerezwa guhana amasezerano na Reta y&rsquo;uburundi, amasezerano yerekana neza ingene bitegerezwa gukorana neza no gufashanya (Ingingo ya 49).<\/p>\n\n\n\n<p>Amasezerano hagati ya Reta y&rsquo;uburundi n&rsquo;ayo mashengero, yaba Ayo ngaha mu Burundi canke afise ivyicaro hanze y&rsquo;igihugu, ashobora kuza arahinyanyurwa bivuye kugisabo c&rsquo;uruhande rumwe urwo arirwo rwose (Ingingo ya 50).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abarongozi b\u2019amashengero barasabwa kuba barateye intambwe mu vy\u2019inyigisho<\/strong>: Uwuserukira ishengero runaka imbere y\u2019amategeko, kumwe n\u2019icegera c\u2019iwe, bategerezwa kuba bafise ubwenegihugu bw&nbsp;\u2018abarundi, kandi bakaba baba mu Burundi nyene (ingingo ya 10), bakaba bafise n\u2019imiburiburi urupapuro rw\u2019umutsindo rw\u2019igice ca mbere c\u2019amashure ya kaminuza (baccalaur\u00e9at), kandi batari munsi y\u2019imyaka 30 y\u2019amavuka. Hanyuma abayoboye ibibanza bisengerwamwo bategerezwa kuba barize ivyigwa ndoramana vya Bibiriya canke Ikorowani (ingingo ya 54).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amategeko agenga inzego z\u2019amashengero ameze gute?<\/strong> Abarongozi b\u2019amashengero bafise ikiringo c\u2019imyaka 5 gishobora kwisubiriza. Ico ikiringo kirangiye, abayoboke b\u2019ishengero barakorana kugira ngo batore inzego nshasha. Iyo naho bishitse abarongozi bakarangiza ikiringo cabo ariko ntibatunganye ibikora vy\u2019amatora mu maguru masha, ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amashengero buca bufata ikibazo mu minwe, kugira ngo amategeko yubahirizwe (ingingo ya 20).<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"601\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Amashengero-mu-Burundi-1024x601.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8486\" style=\"width:622px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Amashengero-mu-Burundi-1024x601.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Amashengero-mu-Burundi-300x176.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Amashengero-mu-Burundi-768x451.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Amashengero-mu-Burundi-1536x902.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Amashengero-mu-Burundi-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Nayo inzego z\u2019amashengero, amashirahamwe nyobokamana, zitegerezwa kuba ari inama nkuru ya bose (irengeye izindi nzego), urwego nshingwabikorwa hamwe n\u2019urwengo rwo guhagarikira ibikorwa. Amashengero n\u2019amashirahamwe nyobokamana avyipfuza arashobora gushiraho izindi nzego babona ko zikenewe, nk\u2019urwego rujejwe inyigisho z\u2019ishengero (doctrine), ariko nti ziba ziri mu nzego zifata nyobozi. Inzego z\u2019amashengero rero zitorwa mu muco no mu bwigenge hisunzwe amategeko agenga amashengero, bitandukanye n\u2019ububasha bw\u2019impwemu umuntu aronka (ingingo ya 16).<\/p>\n\n\n\n<p>Gurtyo, urwego nshingwabikorwa hamwe n\u2019urwego rwo guhagarikira ibikorwa v\u2019ishengero, zirangura amabanga zashinzwe n\u2019inama nkuru ya bose. Gushika ku bisata vyayo bitobito, amashengero ategerezwa gutegekanya urwego rw\u2019abahanuzi bashobora gutatura amatati (Ingingo ya 22). N\u2019aho biri ukwo, urwo rwego narwo nyene rurashobora kwisuzuma ko rukora kuneza y\u2019abanyeshengero (ingingo ya 23).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibidashobora gukorwa<\/strong> : Kiretse inama nkuru ya bose, izindi nzego z\u2019ishengero nti zishobora kujamwo abantu barenga umwe basangiye umuryango canke bafitaniye ubucuti bwa hafi nk\u2019umuvyeyi n\u2019umwana. Ikindi kandi, nta muntu ashobora kuja mu nzego nyobozi z\u2019amashengero arenga rimwe. N\u2019aho biri ukwo umuntu arashobora kuja mu muhari nyobokamana mu gihe afise uruhusha rw\u2019umurongozi wo mw\u2019ishengero asanzwemwo abifitiye ububasha (ingingo ya 51).<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko umuntu wese arashobora kuja mw\u2019idini canke ishengero hisunzwe ico iri bwirizwa rivuga, inyigisho z\u2019idini hamwe n\u2019amategeko agenga iryo dini canke ishengero. Kwinjira mw\u2019idini canke ishengero runaka, biva ku gushaka kw\u2019umuntu, nta gahato karimwo (9 ingingo ya 27).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ivyo amadini n\u2019amashengero bitegerezwa kurangura mu kibano<\/strong> : Amadini n\u2019amashengero bitegerezwa gutegekanya imigambi y\u2019ubutunzi, kwubaka amashure, amavuriro, canke ico cose kigirira akamaro ikibano. Ategerezwa kwama yubahiriza amabwirizwa ajanye no gukingira abantu mu burundi, co kimwe n\u2019ibwirizwa rigenga amakori n\u2019amatagisi. Ariko, umugambi wose ishengero rishaka kurangura mu gisata runaka, kiraheza kikagengwa n\u2019amasezerano y\u2019umwumvikano hagati y\u2019ubushikiranganji bujejwe ico gisata hamwe n\u2019iryo shengero (ingingo ya 46).<\/p>\n\n\n\n<p>Ikirengejeko&nbsp;: uko imyaka 5 irangiye, ishengero ryose ritegerezwa kwerekana integuro ntunganyabikorwa mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amashengero, maze rikerekana imigambi y\u2019iterambere rigiye kurangura ryisunze intumbero n\u2019imigambi igihugu cashizeho (ingingo ya 56).<\/p>\n\n\n\n<p>Hanyuma, gushika kuwa 30 Nyakanga bura umwaka, idini canke ishengero ryose ritegerezwa gutanga icegeranyo c\u2019umwaka uba urangiye mu bushikiranganji mu vyo bujejwe bujejwe harimwo amadini n\u2019amashengero. Ico cegerango kiba cerekana mu buryo bwiyaguye ibikorwa vyaranguwe n\u2019ishengero, amafaranga ryaronse n\u2019ingene ryayakoresheje, ibijanye n\u2019amakonte ya banki, inyubakwa n\u2019ayandi matungo yose ishengero riba rifise.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"589\" height=\"414\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Une-Eglise-au-Burundi.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8487\" style=\"width:569px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Une-Eglise-au-Burundi.jpg 589w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/09\/Une-Eglise-au-Burundi-300x211.jpg 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 589px) 100vw, 589px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p><strong>Amategeko ajanye no gutunganya amasengesho<\/strong> : Ishengero ryose ritegerezwa kwigirira ikibanza caryo risengeramwo, kandi ikibanza kitubatswe mu nyubakwa z\u2019amashure. Kirazira gutunganya amasengesho mu masaha y\u2019akazi ata ruhusha rwatanzwe, canke kugirira amakoraniro y\u2019amasengesho mu mashure canke mu nyubakwa ziberamwo imanza. (Ingingo ya 46). Kuva itariki 16\/09\/2024, hagati y\u2019ibibanza bibiri vy\u2019amakoraniro yo gusenga hategerezwa kuba n&rsquo;imiburiburi uburebure bw\u2019ikirometero kimwe mu mitumba, n\u2019imetero 500 mu bisagara (ingingo ya 47).<\/p>\n\n\n\n<p>Nta kibanza c\u2019amakoraniro yo gusenga gishobora gushirwa ahantu ata ruhusha rwa musitanteri arongoye ahohantu, mugihe yahawe icemeza ko iryo shengero ryemewe. Ishengero ryose ritegerezwa kumenyesha mu bushikiranganji bujejwe amashengero ibibanza bishasha vy\u2019amakoraniro vyashizweho. Ishengero ryose ritegerezwa gushinga icapa cerekana ahari ikibanza c\u2019amakoraniro yo gusenga, ku buryo umuntu wese ashobora kuhamenya (ingingo 45).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibisabwa kugira ngo idini canke ishengero ryemerwe<\/strong>&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Uruhusha rw\u2019imfatakibanza rw\u2019imyaka 2 nirwo rutangwa n\u2019amategeko, kugirango habe ugusuzuma ko ishengero rikwije ibisabwa vyose riheze ryemezwe burundu. Uruhusha nyezina rutangwa n\u2019ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo amadini n\u2019amashengero, iyo rusabwe n\u2019ishengero canke idini (Ingingo ya 12). Imbere y\u2019uko urwo ruhusha rutangwa, ababijejwe barasuzuma ko iryo shengero ryubahirije amategeko ajanye n\u2019ibidukikije, isuku, kudatera akajagari mu kibano (ingingo ya 12).<\/p>\n\n\n\n<p>N&rsquo;aho biri ukwo, amashengero arashobora kugira ama diyoseze, ama paruwase, ibisata vy\u2019itabariro, imirwi n\u2019imihari biyakomokako, hisunzwe amategeko y\u2019igihugu n\u2019ay\u2019ishengero. Amashengero arashobora kandi kwiyunga canke akiyungamwo ishengero rishasha.<\/p>\n\n\n\n<p>Amasezerano yo kwiyunga hagati y\u2019amashengero ategerezwa kuba yateweko umukono n\u2019uwujejwe kwemeza no guha agaciro ivyabaye (Notaire), maze agaca arungikirwa umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo amashengero akayemeza. Iyo amashengero, ayandi mashirahamwe canke imirwi nyobokamana vyiyunze bikagira ishengero rimwe, bica bitakaza ishusho vyari bifise imbere y\u2019amategeko mu gihe btitaribwirunge (ingingo ya 29).<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Rimaze gusinywa mu 2022, Reta yari yihaye imyaka ibiri kugira itegeko rishasha rigenga amashirahamwe nyobokamana rije mu mu ngiro, navyo bikazoba kuva igenekerezo rya 16 Nyakanga 2024. Mu ngingo ndwi, twibukanye bimwe mu biri muri iryo bwirizwa, ryashizweho kugira Reta igabanure indyane zari zigisibije mu mashengero ku bw&rsquo;imitungo&#8230; Banza upakurure iryo tegeko uko ryanditse ido [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":53,"featured_media":8486,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[663],"tags":[673],"coauthors":[671],"class_list":["post-8485","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-intwaro","tag-amashirahame-nyobokamana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8485","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/53"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8485"}],"version-history":[{"count":12,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8485\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8511,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8485\/revisions\/8511"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8486"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8485"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8485"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8485"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8485"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}