{"id":8450,"date":"2024-08-14T20:31:09","date_gmt":"2024-08-14T18:31:09","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8450"},"modified":"2024-08-14T21:00:58","modified_gmt":"2024-08-14T19:00:58","slug":"amakuru-akarere-afurika-ubuseruko-myandagaro-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-akarere-afurika-ubuseruko-myandagaro-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka Afurika y\u2019ubuseruko mu ndwi yo kuva itariki 5 gushika itariki 11 Myandagaro 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abanonotsi batatu ba RDCongo muri batandatu bari bitabiriye amahiganwa ya <a href=\"https:\/\/olympics.com\/en\/paris-2024\" data-type=\"link\" data-id=\"https:\/\/olympics.com\/en\/paris-2024\">Jeux Olympiques 2024<\/a> baraburiwe irengero, mu Rwanda, Paul Kagame yararahiriye gutwara manda ya kane, mu Buganda abantu bashika 19 baritavye Imana bahitanywe n\u2019umusozi ugizwe n\u2019iyarara wabomotse na yo muri Tanzaniya igiciro c\u2019ibitoro caradugijwe muri uku kwezi kwa Myandagaro. Ido n\u2019ido.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abo banonotsi harimwo uwitwa Aristote Impelenga yahiganwa mu kwoga, Daso Kisoka ahiganwa mu mukino wa Judo Hamwe na Dominique Lasconi ahiganwa mu kwiruka baburiwe irengero ku wa 11 Myandagaro 2024,ku munsi wo gusozera izo nkino zigira 33 za Jeux olympiques.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko tubisoma kuri <a href=\"https:\/\/actualite.cd\/2024\/08\/11\/joparis-2024-trois-athletes-de-la-delegation-congolaise-dans-la-nature-paris#:~:text=%C3%80%20Paris%20le%20nageur%20Aristote,de%20ces%2033%C3%A8mes%20Jeux%20olympiques.\"><strong>Actualit\u00e9.cd<\/strong><\/a><strong>, <\/strong>mu banonotsi batandatu baserukiye ico gihugu mu nkino zine arizo Judo, kwiruka, kwoga na boxe nta n\u2019umwe yatahanye umudari n\u2019umwe. Uwakoze neza kurusha abandi akaba ari Dominique Lesconi yaviriyemwo mu gice ca mbere mu biruka mu metero 100 mu bagabo aho yahejeje mu kibanza c\u2019indwi mu gihe mu gusiganwa yitegurira kwiruka yari yabaye uwa gatatu yiruka iminota 10 n\u2019amasegonda n\u2019amasegonda 54.<\/p>\n\n\n\n<p>Aristote Ndombe yari yatahanye ikibanza c\u2019indwi mu basiganwa mu kwoga mu murwi w\u2019abagabo akaba yavuyemwo mu ba mbere. Nayo Danso Kisoka we avamwo yanse gukina n\u2019umunya Israel yitwa Yam Wolczak.<\/p>\n\n\n\n<p>Abanonotsi batatu basigaye akaba ari Marcelat Sakobi akina umukino wa boxe, Brigitte Mbabi hamwe na Divine Miansandi.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-white-color has-vivid-cyan-blue-background-color has-text-color has-background has-link-color wp-elements-b0affe3c0d63c3b4055c9b459139e089\">Soma n&rsquo;iyi nkuru|| <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/share\/JQctXWD7nc8bCK2b\/\" data-type=\"link\" data-id=\"https:\/\/www.facebook.com\/share\/JQctXWD7nc8bCK2b\/\">Uburundi nta mudari n&rsquo;umwe bwatahanye mu nkino za orempike 2024<\/a>, mu gihe bwaserukiwe n&rsquo;abanonotsi 7, hagahiganwa 5, 2 nabo ntivyakunda kubera imvune<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-medium-font-size\"><strong>Mu Rwanda, Paul Kagame yararahiriye gutwara manda ya kane<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu Rwanda, Paul Kagame yararahiriye gutwara manda ya kane, ku wa 11 Myandagaro 2024.Abakuru b\u2019ibihugu barenga cumi bo muri Afurika n\u2019abandi bubahwa batandukanye ni bo bari bitabiriye ivyo birori vyatunganijwe mu kibuga c\u2019inkino gifise ibibanza birenga 45.000 kiri i Kigali.<\/p>\n\n\n\n<p>Yari yatsinze amatora itariki <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/JimbereMagazine\/posts\/pfbid02qP8BgW74Ymm3g4ofhfBKRmuzNKk29PtVfdt3RXVDXLDC5Us6dTt2CSPGGuVNmAWDl\" data-type=\"link\" data-id=\"https:\/\/www.facebook.com\/JimbereMagazine\/posts\/pfbid02qP8BgW74Ymm3g4ofhfBKRmuzNKk29PtVfdt3RXVDXLDC5Us6dTt2CSPGGuVNmAWDl\">15 Mukakaro 2024 ku majwi 99.18%<\/a> nk\u2019uko vyamenyeshejwe n\u2019umurwi ujejwe gutegura amatora mur\u2019ico gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni inyuma y\u2019aho mu mwaka wa 2017 asubiriye kwitoza kuri manda ya gatatu harinze gusubirwamwo ibwirizwa shingiro iryo na ryo rikamurekurira kuzotwara gushika 2030, nk\u2019uko tubikesha <a href=\"https:\/\/www.jeuneafrique.com\/1597827\/politique\/au-rwanda-paul-kagame-investi-president-pour-un-quatrieme-mandat\/\">ikinyamakuru Jeuneafrique<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-medium-font-size\"><strong>Uganda: Abantu bashika 19 baritavye Imana bahitanywe n\u2019umusozi ugizwe n\u2019iyarara wabomotse<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyashitse ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Myandagaro 2024 biturutse ku mvura nyinshi yaguye muri iyo minsi. Abantu bavuga ko batanguye kwumva urwamo imbere y\u2019uko uwo musozi ubomoka.<\/p>\n\n\n\n<p>Abantu boba bashika nka 10, amazu n\u2019ibitungwa vyaratwawe bivuye kuri iryo bomoka ryatewe n\u2019imvura nyinshi.<\/p>\n\n\n\n<p>Patrick Onyango avugira igiporisi i Kampala amenyesha ko abantu bagera kuri 14 bamaze kurokorwa ko babandanya kurondera kuri uwo musozi uri ahantu hangana ihegitari 14.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibimenyeshamakuru vyo muri ako karere bivuga ko inyuma y\u2019ico kiza abantu 1000 bamaze kwimurwa vyihuta bakurwa muri ako gace, nk\u2019uko tubikesha <a href=\"https:\/\/www.rfi.fr\/fr\/afrique\/20240811-ouganda-le-bilan-de-l-effondrement-d-une-vaste-d%C3%A9charge-%C3%A0-kampala-ne-cesse-de-s-alourdir\">RFI<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-medium-font-size\"><strong>Tanzaniya: Igiciro c\u2019ibitoro caradugijwe\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abagendesha imiduga bazoriha amashiringi 3.231. Aho ni mu gihe mu buce nka Kyerwa na Kagera ibiciro bizoba biri hejuru aho iritiro ry\u2019igitoro rizogurwa ku mafaranga 3469 y\u2019amashiringi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bishikirizwa n\u2019ikigo kiraba ivy\u2019ubutaka n\u2019amazi kikamenyesha ko ivyo biciro vyaduze ku rugero rungana n\u2019ibice 3.58% ku gitoro co mu bwoko bwa petrol hamwe n\u2019ibice 4.35% ku gitoro co mu bwoko bwa mazout. Nubwo biri uko igitoro c\u2019indege Kerosene caragabanutse cane ku bice 7.45%.<\/p>\n\n\n\n<p>Iryo duzwa ry\u2019ibiciro nk\u2019uko tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.thecitizen.co.tz\/tanzania\/news\/business\/motorists-to-pay-higher-fuel-prices-this-august-4716824\">the citizen.co.tz<\/a> ryavuye ahanini ku mvo zitandukanye harimwo nk\u2019iduzwa ry\u2019ibiciro vyo kuzana ico gitoro, uburusho bijanye,igiciro co kugikura mu mwato, n\u2019igiciro co kuvunja amafaranga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abanonotsi batatu ba RDCongo muri batandatu bari bitabiriye amahiganwa ya Jeux Olympiques 2024 baraburiwe irengero, mu Rwanda, Paul Kagame yararahiriye gutwara manda ya kane, mu Buganda abantu bashika 19 baritavye Imana bahitanywe n\u2019umusozi ugizwe n\u2019iyarara wabomotse na yo muri Tanzaniya igiciro c\u2019ibitoro caradugijwe muri uku kwezi kwa Myandagaro. Ido n\u2019ido. Abo banonotsi harimwo uwitwa Aristote [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8451,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566,653],"coauthors":[34],"class_list":["post-8450","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac","tag-laune"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8450","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8450"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8450\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8455,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8450\/revisions\/8455"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8451"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8450"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8450"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8450"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8450"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}