{"id":8424,"date":"2024-08-06T10:48:32","date_gmt":"2024-08-06T08:48:32","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8424"},"modified":"2024-08-29T19:12:38","modified_gmt":"2024-08-29T17:12:38","slug":"hakudandaza-umubiri-mpitamwo-gutembereza-imyumbati-nivyema-ku-mutwe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/hakudandaza-umubiri-mpitamwo-gutembereza-imyumbati-nivyema-ku-mutwe\/","title":{"rendered":"\u201cHakudandaza umubiri mpitamwo gutembereza imyumbati n\u2019ivyema ku mutwe&#8230;\u201d"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abakenyezi n&rsquo;abigeme bakora urudandaza rutoruto batembereza mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko bibafasha kubaho bativye kandi batisutse mu bushurashuzi. Ariko nubwo biri uko bamenyesha ko bahura n\u2019intambamyi zo kuburabuzwa n\u2019abajejwe umutekano bigatuma badakorana umutima uri mu nda kuko hari ibibanza badandazamwo binyegeje. Basaba gutezurirwa badandaze bidegemvya.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gisagara ca Bujumbura harangwa uruja n\u2019uruza rw\u2019abantu bari mu vyabo. Muri bo, usangamwo abigeme n\u2019abakenyezi batandukanye batembereza ku mutwe no mu ntoke ibidanzwa vy\u2019ubwoko butandukanye: ivyamwa, imboga, imyumbati, ivyema n\u2019ibindi vyinshi baguma banyuragirana basemerera ku bahita ko atabagura.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019igituma bahitamwo kudandaza umugenda, M.N., umwe mu bigeme yari ahejeje gucuruza ivyema n&rsquo;imyumbati mu gisagara ca Bujumbura ariko asanzwe avuka mu Kayanza avuga ko yabitewe no kwanka kwisuka mu buhumbu.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"768\" height=\"1024\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0022-768x1024.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8427\" style=\"width:444px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0022-768x1024.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0022-225x300.jpg 225w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0022-1152x1536.jpg 1152w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0022-scaled.jpg 1536w\" sizes=\"auto, (max-width: 768px) 100vw, 768px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p><strong>\u201cNta busambanyi mu gihe mfise amaguru n\u2019amaboko\u2026\u201d<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>M.N., agira ati: <em>\u201cNaje i Bujumbura gukora ikiyaya mpevye ishure kubera amikoro make. Maze gushika aho narera umwana nkora n\u2019isuku, mabuja yahavuye anyagiriza kumuhera umuti umugabo ngo ankunde, nca ndahava. N\u2019ahandi nagiye ntihampiriye kuko databuja yaciye atangura kunsaba ngo turyamane azoza arampa ivyo nshaka vyose. Naravyanse. Nta busambanyi nojamwo mu gihe mfise amaguru n\u2019amaboko. Naciye mfata uduhera nari maze gukorera nja gupanga ahazimbutse ku Mugoboka maze ntangura gukora ivyo kudandaza ivyema n\u2019imyumbati ku kwanka kwisuka mu buhumbu. Ndanguje nka 20.000Fbu ndashobora kwungukako nka 10.000Fbu. Ivyo nkora birantuze kandi birandihira inzu nk\u2019anigurira n\u2019utwo nkenera ntarinze kwandagara mu bantu. \u00ab\u00a0<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>K.C., umupfakazi w\u2019umwana umwe asanzwe ava i Gitega avuga ko amaze kubura umucance wiwe i Bujumbura hari abagabo baciye batangura kuza baramusaba ko boryamana ngo baze baramuha ibimufasha gutunga umwana. Ariko kubera ukwigumya n\u2019ubutwari bwo kwigwana ko ngo yahisemwo gukora urudandaza rw&rsquo;imihwi rudasaba umutahe munini. Ayivyukana mu gatondo agenda araca mu makaritiye hakagera ku mugoroba yayimaze, n\u2019inyungu akayibona.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati : <em>\u201cSindiba ikintu ca murundi kandi nta n\u2019uwuransohora mu nzu ngo nananiwe no kuyiriha kuko ivyo nkora bintunze kandi ntibinkura agashambara.\u201d<\/em> Ahanura Abigeme bava ruguru ngo baje kurondera ubuzima i Bujumbura canke abapfakara bagaca baja mu ngeso mbi gutekana, bakarondera ivyo bakora bitabakura mu bantu ngo bandagere. Akavuga ko anegura abigeme baza bavuye ruguru baje gukora ubuzi bwo mu nzu, ariko ubuzi bumaze guhera bagaca bahitamwo kuja mu buhumbu, ibibazanira ingaruka mbi nko gutwara inda batipfuza, kugwara ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitina, n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Nubwo bigwanako ngo ntibandagare, abo bakenyezi bahura n&rsquo;ingorane zitandukanye&#8230;<\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"959\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0042-1024x959.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8428\" style=\"width:460px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0042-1024x959.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0042-300x281.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0042-768x719.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0042-1536x1439.jpg 1536w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/08\/IMG-20240805-WA0042-scaled.jpg 2048w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Abo bakenyezi bavuga ko batoroherwa mu kazi kabo k\u2019urudandaza bakora bagenda, kuko hari abafatwa n&rsquo;abajejwe umutekano bababuza kudandariza mw&rsquo;ibarabara, bakakwa ivyo badandanza, hari abafungwa, ngo hari n&rsquo;aho abakiriya babashorera bari mu mabisi ntibabarihe ibisi ikarengera bayiraba.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri urwo rudandaza nyene, abo bakenyezi bavuga ko hari n\u2019abagabo babasaba ngo babasanze ivyo baba badandaje aho babagenekereje, bahagera bakabwirwa ko bashaka kubongereza umutahe ariko babanza kuryamana. Izo rero ngo ni zimwe mu ntambamyi bahura ariko k\u2019uwuzi ico arondera ngo aragerageza kuzitorera umuti. Bagasaba nyabuna ko Reta yoborohereza abajejwe umutekano bakareka ku baburabuza mu gihe bagwana n\u2019ubuzima bashaka kwibeshaho batisutse mu bibambura agahuzu.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019abo bakenyezi n\u2019abigeme bagerageza kwiteza imbere, basaba bagenzi babo bitwara nabi ko bobiheba, bakiga kwitunganiriza utwobakora, bakabumbwa n\u2019ivyo baronka bivuye mu nguvu zabo, kuko iyo babirose babiruhiye bamenya n\u2019ingene bavyitwaramwo neza, kandi bibahesha icubahiro gusumba kwidandaza umubiri, ivyohava bibakwegera ukwicuza mu nyuma.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abakenyezi n&rsquo;abigeme bakora urudandaza rutoruto batembereza mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko bibafasha kubaho bativye kandi batisutse mu bushurashuzi. Ariko nubwo biri uko bamenyesha ko bahura n\u2019intambamyi zo kuburabuzwa n\u2019abajejwe umutekano bigatuma badakorana umutima uri mu nda kuko hari ibibanza badandazamwo binyegeje. Basaba gutezurirwa badandaze bidegemvya. Mu gisagara ca Bujumbura harangwa uruja n\u2019uruza rw\u2019abantu bari [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":52,"featured_media":8426,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[23,367,393],"coauthors":[669],"class_list":["post-8424","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-bujumbura","tag-ubudandaji","tag-umukenyezi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8424","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/52"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8424"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8424\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8429,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8424\/revisions\/8429"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8426"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8424"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8424"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8424"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8424"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}