{"id":8399,"date":"2024-08-04T13:22:27","date_gmt":"2024-08-04T11:22:27","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8399"},"modified":"2024-08-18T14:25:29","modified_gmt":"2024-08-18T12:25:29","slug":"amagara-abantu-sante-burundi-curijambo-langues-culture","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amagara-abantu-sante-burundi-curijambo-langues-culture\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Hari amajambo menshi ari mu gifaransa gusa umuganga n&rsquo;umurwayi bikagora gutahurana\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ivyo vyashikirijwe na muganga Tania Gahama Ineza asanzwe arongoye ishirahamwe Uzima ryitaho amagara y&rsquo;abantu, hari mu ndwi igira gatatu ya rya sekeza ngarukamwaka Curijambo, aho hariko haracurwa amajambo yifashishwa cane mu gifaransa mu gisata c&rsquo;amagara y&rsquo;abantu ariko adafise ukwo yitwa mu Kirundi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abakunzi b&rsquo;ururimi rw&rsquo;ikirundi bahagarikiwe na Ferdinand Mberamihigo, Umwigisha wa Kaminuza y&rsquo;Uburundi, Tania Gahama Ineza, umuganga akaba n&rsquo;umurongozi w&rsquo;ishirahamwe ryitaho amagara y&rsquo;abantu \u00ab\u00a0Uzima\u00a0\u00bb, <a href=\"https:\/\/x.com\/InesKid1\">In\u00e8s Kidasharira<\/a>, umukenyezi akorera mu gisata c&rsquo;irondoka rijanye n&rsquo;amagara meza na Napol\u00e9on Ahishakiye, umuryoshakiyago wo mu Ruganda Gusoma, bari bitabiriye iryo sekeza kuri uyu wa 1 Myandagaro 2024 mu ntumbero yo gufasha gucura amajambo afise intumbero, insiguro n&rsquo;inyubako y&rsquo;ikirundi bitomoye.<\/p>\n\n\n\n<p>In\u00e8s Kidasharira agira ati: <em>\u00ab\u00a0Turakunda kubura amajambo atomora neza akadomako ico tuba dushaka kuvuga. Buri munsi duca twamana ikibazo co kurondera amajambo yegereza insiguro ariko bikarangira n&rsquo;ubundi tudahuje n&rsquo;abenegihugu. Amajambo ducura nibayamenyera bizotworohera.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abahari bahari bose bahavuye bafise inyota yo kwongera kugaruka gucura ayandi majambo, haba muri ico gisata no mu bindi, kuko babona ko aje kubafasha guhuza ibiyago n&rsquo;abenegihugu bajejwe gutunganirizwa. <br><br>Aya niyo majambo yacuzwe\/yibukijwe mu masaha abiri y&rsquo;ico kiyago:<\/p>\n\n\n\n<ol class=\"wp-block-list\">\n<li>Proc\u00e9dure : <strong>ingengabikorwa<\/strong>, <strong>ingengangendo<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Variole du singe: a<strong>karyama ka nkende<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Consultation : <strong>isuzuma<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Urgence : <strong>mu batabarizwa<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Sant\u00e9 sexuelle : <strong>amagara ndorabitsina<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Maternit\u00e9: <strong>iyakiriro<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Autopsie: <strong>isuzuma ry&rsquo;ikiziga<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Facteur de risque: <strong>imp\u00e1namizi<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Infection: <strong>ubwandu<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Chirurgie: <strong>isaniro<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Op\u00e9ration: <strong>isanasana<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Sage-femme: <strong>umwakirizi<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>P\u00e9diatrie: <strong>aho bavurira abana<\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>Pluridisciplinaire: <strong>inkoranyabuhinga<\/strong><\/li>\n<\/ol>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-video is-provider-youtube wp-block-embed-youtube wp-embed-aspect-16-9 wp-has-aspect-ratio\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<iframe loading=\"lazy\" title=\"&quot;Hari amajambo menshi ari mu gifaransa gusa umuganga n\u2019umurwayi bikagora gutahurana&quot;\" width=\"1000\" height=\"563\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/etwiyBSOEPE?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; clipboard-write; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture; web-share\" referrerpolicy=\"strict-origin-when-cross-origin\" allowfullscreen><\/iframe>\n<\/div><\/figure>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ivyo vyashikirijwe na muganga Tania Gahama Ineza asanzwe arongoye ishirahamwe Uzima ryitaho amagara y&rsquo;abantu, hari mu ndwi igira gatatu ya rya sekeza ngarukamwaka Curijambo, aho hariko haracurwa amajambo yifashishwa cane mu gifaransa mu gisata c&rsquo;amagara y&rsquo;abantu ariko adafise ukwo yitwa mu Kirundi. Abakunzi b&rsquo;ururimi rw&rsquo;ikirundi bahagarikiwe na Ferdinand Mberamihigo, Umwigisha wa Kaminuza y&rsquo;Uburundi, Tania Gahama [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":51,"featured_media":8401,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203,661],"tags":[665],"coauthors":[666],"class_list":["post-8399","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","category-ikirundi","tag-curijambo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8399","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/51"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8399"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8399\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8460,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8399\/revisions\/8460"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8401"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8399"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8399"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8399"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8399"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}