{"id":8390,"date":"2024-07-31T10:26:25","date_gmt":"2024-07-31T08:26:25","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8390"},"modified":"2024-08-04T12:51:05","modified_gmt":"2024-08-04T10:51:05","slug":"amakuru-yaranze-akarere-eac-mukakaro-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-eac-mukakaro-burundi\/","title":{"rendered":"RD Congo\u00a0: umugera w\u2019ingwara y\u2019urukushi (Mpox) imaze guhitana abantu barenga 400\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri Kenya, buri ndwi urwaruka rushika 1000 ruraja mu bihugu vyo hanze kurondera akazi, mu Buganda kirazira kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza igiturire. Na yo muri Tanzaniya harangwa itereni ikoreshwa n\u2019umuyagankuba. Ni mu makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi yo ku wa 22-28 Mukakaro 2024.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri RDCongo abantu barenga 11000 baratowe umugera w\u2019ingwara y\u2019urukushi (Mpox), abagera ku 450 iramaze kubahita. Ku ntara 26 zigize igihugu ca RDC, intara 25 ziramaze kwibonekezamwo iyo ngwara mbere ikaba yaranageze no mu gihugu c\u2019Uburundi, iyo ngwara yatanguye ifata ibikoko, ariko umugera mushasha wa <a href=\"https:\/\/x.com\/RFIAfrique\/status\/1817442634220310694?t=5NEhK0z3jGNBDnteJ0B3hA&amp;s=08\">Mpox ukaba uhererekanwa hagati y\u2019abantu<\/a> nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru RFI<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko tubandanya tubisoma kuri ico kinyamakuru, ngo abayobozi batandukanye n\u2019abo mu gisata c\u2019amagara y\u2019abantu barimwo, ngo baratewe impungenge n\u2019iyo ngwara, aho mbere muganga Cris Kasita mu vyo ajejwe harimwo kugwanya Mpox, agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Buri ndwi, turonka abantu barenga 800 banduye iyo ngwara&nbsp;\u00bb,<\/em> akaba rero asaba abantu bose kugendera amabwirizwa atangwa n\u2019abaganga mu ntumbero kwikingira iyo ngwara.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Kenya, buri ndwi urwaruka rushika 1000 ruraja mu bihugu vyo hanze kurondera akazi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyavuzwe na Willam Ruto, umukuru w\u2019igihugu ca Kenya ku wa 28 Mukakaro 2024 aho yashikiriza ko urwaruka ruzipfuza kuja gukore akazi mu bihugu bibanyi canke mu bindi bihugu vya kure ko batokwitinya, mbere ko n\u2019igitabu c\u2019inzira (passeport) uwugisavye ashaka kuja gukora hanze akironswa mu kiringo c\u2019indwi imwe gusa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikirenzeko, ku rwaruka ruzoba rurose akazi hanze rugiye gukora, <a href=\"https:\/\/www.kenyans.co.ke\/news\/103202-1000-kenyans-being-exported-work-abroad-every-week-president-ruto?utm_source=Facebook&amp;utm_medium=DK&amp;utm_campaign=\">n\u2019itike y\u2019indege ntiruzisopa nk\u2019uko vyanditswe n\u2019ikinyamakuru Kenyans.co.ke.<\/a> Ruto akamenyesha ko we yakoze ivyo ajejwe mu kugirana amasezerano n\u2019ibindi bihugu bitandukanye muri yo hakaba harimwo nuko abanyakenya bashobora kuronka muri ivyo bihugu bagiranye amasezerano ubuzi bushika 400.000. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Ni ahanyu rero bo kuja gukora ubwo buzi namaze kurondera&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: biturutse ku myiyerekano yo kwiyamiriza igiturire, hari abanyagihugu bamaze gufatwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abajejwe umutekano mu gihugu ca Uganda mu makaritiye y\u2019umugwa mukuru wa Kampala barahagaritse ku wa kabiri w\u2019indwi iheze abantu baharurirwa mu macumi bariko bagerageza kuja mu mabarabara ngo biyamirize igiturire gikabije cakwa muri ico gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu bariko baragira imyiyerekano barafashwe nabi n\u2019abajejwe umutekano mu gihe bariko baburiza ku nguvu imiduga. Igiporisi kikaba carikoze ku gisirikare kugira gishwiragize abanyagihugu bari mu myiyerekano. Abagize iyo myiyerekano bakaba bashaka kwigana ivyabaye mu gihugu ca Kenya aho ngo imyiyerekano yakozwe mu kwiyamiriza iduzwa ry\u2019amakori n\u2019amatagisi yatumye Perezida waho afata ingingo yo kubogoza abatari bake mu nzego ziwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko <a href=\"https:\/\/fr.africanews.com\/2024\/07\/23\/ouganda-des-dizaines-darrestations-lors-de-manifestations-illegales\/\">tubisoma ku kinyamakuru africanews, ngo iyo myiyerekano<\/a> yakabuwe n\u2019uko umukuru w\u2019inama nshingamateka wa Uganda yagirijwe cane ibijanye n\u2019igiturire agahamagarirwa gutanga imihoho ariko ntabikore, kuko we yahakana ivyo yagirizwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku bijanye n\u2019imyiyerekano, nk\u2019uko tubandanya tubisoma kuri ico kinyamakuru, Yoweri Museveni Perezida wa Uganda akaba yamenyesheje mu mpera z\u2019iyo ndwi irangiye ko atazihanganira imyiyerekano yoba mu gihugu. Akaba yagabishije abariko bategura imyiyerekano ko bakina n\u2019umuriro.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Tanzaniya&nbsp;: itereni zo ku buhinga bwa none zikoreshwa n\u2019umuyagankuba\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"720\" height=\"403\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/07\/TRAIN.png\" alt=\"\" class=\"wp-image-8393\" style=\"aspect-ratio:1;width:549px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/07\/TRAIN.png 720w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/07\/TRAIN-300x168.png 300w\" sizes=\"auto, (max-width: 720px) 100vw, 720px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em>isanamu yerekana itereni <\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Ibikorwa vy\u2019itereni zikoreshwa n\u2019umuyagankuba vyarageragejwe ku munsi wa kane w\u2019indwi iheze. Ni umuhora w\u2019inadarayi ihuza Dar es Salaam na Dodoma. Abiyunguruza bakaba barishimiye umuzo w\u2019itereni ikoreswa n\u2019umuyagankuba. Abayobozi bakukuru bajejwe ivy\u2019amabarabara y\u2019indarayi muri Tanzaniya bakaba bamenyesha ko ari intambwe ikomeye kuba bagiye kuza barakoresha itereni zigezweho kandi zinyaruka cane <a href=\"https:\/\/www.thecitizen.co.tz\/tanzania\/news\/national\/tanzania-s-dar-es-salaam-dodoma-sgr-services-start-with-positive-response--4702138\">nk\u2019uko tubisanga ku kinyamakuri The Citizen<\/a>. Izo tereni zikaba zaje ari zibiri zivuye muri Koreya y\u2019epfo.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko tubisanga kuri ico kinyamakuru ibirori vyo gutanguza icese ibikorwa nyezina vy\u2019izo tereni zigezweho zikoreshwa n\u2019umuyagankuba <a href=\"https:\/\/www.thecitizen.co.tz\/tanzania\/news\/national\/president-samia-to-launch-tanzania-s-electric-powered-train-services-on-thursday-4706264\">bizoba ku wa kane igenekerezo 1 Myandagaro 2024<\/a> aho bitegekanijwe ko bizugururwa n\u2019umukuru w\u2019igihugu Samia Suluhu Hassan.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.yenisafak.com\/fr\/international\/inauguration-dun-train-moderne-en-tanzanie-une-etape-cruciale-pour-le-developpement-ferroviaire-30375\">NouvelleAube candika ko uyo mugambi w\u2019itereni<\/a> zikoresha umuyagankubu uje hagaze kuko ukingira ibidukikije. Ngo iyo tereni izotuma amabisi yahora akora ingendo za Dar es Salaam Dodoma agabanuka gutyo ivyotsi ayo mabisi yagenda ararekurira mu kirere bigabanuke nk\u2019uko vyagiye biravugwa na bamwe na bandi mu bishimiye umuzo w\u2019itereni zikoreshwa n\u2019umuyagankuba.<\/p>\n\n\n\n<p>Ico kinyamakuru candika ko iryo barabara ry\u2019indarayi ryubatswe n\u2019ishirahamwe ry\u2019aba Turukiya, ariko itereni zo ku buhinga bwa none zirimwo wifi na bwa buhinga butanga akayaga (air conditionn\u00e9) zavuye muri Koreya y\u2019epfo.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru NouvelleAube kinandika kandi ko muri Kigarama 2022, igihugu ca Tanzaniya cateye umukono ku masezerano y\u2019imiriyari 2,2 z\u2019amadorare y\u2019amanyamerika n\u2019ishirahamwe ry\u2019Abashinwa kugira riheze kwubaka ibarabara ry\u2019indarayi rihuza Tanzaniya n\u2019ibihugu bibanyi ari vyo Uburundi, RD Congo, Urwanda na Uganda.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri Kenya, buri ndwi urwaruka rushika 1000 ruraja mu bihugu vyo hanze kurondera akazi, mu Buganda kirazira kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza igiturire. Na yo muri Tanzaniya harangwa itereni ikoreshwa n\u2019umuyagankuba. Ni mu makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi yo ku wa 22-28 Mukakaro 2024. Muri RDCongo abantu barenga 11000 baratowe umugera w\u2019ingwara y\u2019urukushi (Mpox), [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":8391,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[566,668],"coauthors":[189],"class_list":["post-8390","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac","tag-mpox"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8390","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8390"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8390\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8396,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8390\/revisions\/8396"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8391"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8390"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8390"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8390"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8390"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}