{"id":8351,"date":"2024-07-20T10:26:35","date_gmt":"2024-07-20T08:26:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8351"},"modified":"2024-08-05T12:07:30","modified_gmt":"2024-08-05T10:07:30","slug":"curijambo-burundi-umuriyaridi-ikirundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/curijambo-burundi-umuriyaridi-ikirundi\/","title":{"rendered":"#Curijambo, mu kurindira umuriyaridi wo gushiraho kazinduzi y&rsquo;ikirundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ivyo vyashikirijwe na Ferdinand Mberamihigo, umwigisha muri Kaminuza y&rsquo;Uburundi akaba n&rsquo;umuhinga mu bijanye n&rsquo;indimi, kuri uyu wa 18 Mukakaro 2024 mu gihe hatanguzwa ku cicaro ca \u00c9ditions Gusoma indwi ya mbere ya rya sekeza #Curijambo, yari yerekeye amajambo atugora mu gisata c&rsquo;ubutunzi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Chantal Ntima, arongoye MDE, ishirahamwe riherekeza abitunganiriza imigambi, avuga ko hari intambamyi mu kurondera amajambo y&rsquo;ikirundi bakoresha mu gisata barimwo c&rsquo;ubutunzi, bakisanga bariko bitiza amajambo y&rsquo;igifaransa. Yagize ati:<em> \u00ab\u00a0Iyo hageze gutora nk&rsquo;amazina y&rsquo;amashirahamwe yo kwiyungunganya biragorana cane kuko hama haza amazina asa, akomoka ku murwi w&rsquo;amazina afise itsitso -hamwe, nka \u00ab\u00a0twitezimbere n&rsquo;ayandi.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Mberamihigo, gucura ijambo si ivy&rsquo;abavyigiye gusa:<em> \u00ab\u00a0Buri muntu wese arashobora gucura ijambo. Haba hasigaye ko umugwi w&rsquo;abatohozandimi usuzuma ko iryo jambo rifise inyubako y&rsquo;ikirundi n&rsquo;insiguro bibereye.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo muhinga yashikirije ibikenewe kugira ngo kazinduzi y&rsquo;Ikirundi iboneke n&rsquo;amajambo yose aboneke mu Kirundi. Avuga ati: <em>\u00ab\u00a0Bisaba ko Abarundi twese twumva ko bikenewe, tukareka kwama twitiza izindi ndimi. Bisaba kandi ko Reta ibishiramwo inguvu ibicishije mu rwego nshingwakirundi kuko bisaba umwanya n&rsquo;amafaranga\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Yongeye avuga ati: <em>\u00ab\u00a0Hasabwa amafaranga arenga 1.000.000.000Fbu kugira ngo haboneke kazinduzi y&rsquo;Ikirundi mu Kirundi. Harakenewe ayarenga imiriyoni 300 kugira ngo haboneke kazinduzi Kirundi-Fran\u00e7ais kugira isubirire iyo dukoresha ubu yanditswe n&rsquo;Umubirigi w&rsquo;umupatiri Firmin Marie Rodegem mu 1970\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko muri ico gikorwa co gutangura gucura amajambo, hizwe ku majambo 7 yo mu gifaransa akoreshwa mu vy&rsquo;ubutunzi yongera atorerwa ayoyasubirira mu kirundi n&rsquo;abari bitabiriye ico kiyago. <br>Na yo akaba ari: <\/p>\n\n\n\n<ul class=\"wp-block-list\">\n<li>prescripteur: <em><strong>ndandariza<\/strong><\/em> <\/li>\n\n\n\n<li>commissionnaire: <strong><em>umuranzi<\/em><\/strong> <\/li>\n\n\n\n<li>re\u00e7u: <strong><em>icemezandishi<\/em><\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>contrat de vente: <strong><em>igurizo<\/em><\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>facture: <strong><em>ikirihiriro<\/em><\/strong><\/li>\n\n\n\n<li>avance: <strong><em>urugusho<\/em><\/strong> <\/li>\n\n\n\n<li>entrepreneur: <strong><em>umunyamugambi<\/em><\/strong><\/li>\n<\/ul>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ivyo vyashikirijwe na Ferdinand Mberamihigo, umwigisha muri Kaminuza y&rsquo;Uburundi akaba n&rsquo;umuhinga mu bijanye n&rsquo;indimi, kuri uyu wa 18 Mukakaro 2024 mu gihe hatanguzwa ku cicaro ca \u00c9ditions Gusoma indwi ya mbere ya rya sekeza #Curijambo, yari yerekeye amajambo atugora mu gisata c&rsquo;ubutunzi. Kubwa Chantal Ntima, arongoye MDE, ishirahamwe riherekeza abitunganiriza imigambi, avuga ko hari intambamyi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":51,"featured_media":8355,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[661],"tags":[665,228],"coauthors":[666],"class_list":["post-8351","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ikirundi","tag-curijambo","tag-ikirundi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8351","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/51"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8351"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8351\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8358,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8351\/revisions\/8358"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8355"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8351"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8351"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8351"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8351"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}