{"id":8327,"date":"2024-05-08T18:26:35","date_gmt":"2024-05-08T16:26:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8327"},"modified":"2024-07-27T14:25:02","modified_gmt":"2024-07-27T12:25:02","slug":"timoteyo-nicoyangereye-burundi-talents-paeej","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/timoteyo-nicoyangereye-burundi-talents-paeej\/","title":{"rendered":"Timoteyo Nicoyangereye, umurundi wa mbere akoze \u00ab\u00a0imbabura nyabwonko\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Yataye uruzogi ku mutumba Mahonda wa zone Kavumu ya komine Ryansoro mu 1994, abura se muri uwo mwaka nyene, nayo nyina yitaba umuremyi mu 1999, amaze imyaka itanu ashikanwe kw\u2019isi. Ni we yaraye ashize ahabona \u00ab\u00a0imbabura iciye akenge\u00a0\u00bb kandi ikwega umuriro muke&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo musore afise impano idasanzwe. Ico bikoze yayimenye kare, arayibagarira, arayivomerera. Timoteyo avuga ko imbere yo gushika kuri iki gikorwa c\u2019imbabura nyabwonko, yabanje gukora insamirizi ifise ubushobozi bwo kurungika amajwi ku birometero Umunani (8Km). Aho hari mu 2012, imbere y\u2019uko arangiriza igisata c\u2019Ubuhinga \u2018\u2019Scientifique B&nbsp;\u2018\u2019, kuri Lyc\u00e9e Gishubi mu 2014.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu mwaka wa 2016 atanguye kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c\u2019Ubuvuzi yakoze itara ryumva ivyo uribwiye n\u2019umunwa rigaheza rikabishira mu ngiro, imbere y\u2019uko amaze gutangaza benshi, mu mwaka wa 2018 yahawe amahirwe yo kuja gukurikirana igisata co gukora indege mu gihugu c\u2019Uburusiya, amahirwe atamuhiriye kuko atashoboye kumarayo n\u2019amezi abiri kubw\u2019ubugwayi, amashure ayagarukiriza aho.<\/p>\n\n\n\n<p>Nuko rero, mu 2018 nyene, amaze kugaruka mu Burundi, yaciye ashirako, atangura gukora vya bikoresho bibundikira amagi, yimenyereza ibijanye no gukora ibikoresho biyungurura amajwi, ama \u2018robot\u2019 (ivyo ubu ngo ni akaravyo abuze uburyo gusa bukwiye kugira arondere ibikoresho bigezweho maze yerekane ivyo ashoboye vyose). Yongera ko kandi uno munsi ata cuma ca \u2018\u00e9lectronique\u2019, mu vyo amaze kubona abazungu bakora, atoshobora guterateranya ahereye ku busa. Mwomenya ko uwo musore aherutse gushinga ishirahamwe SGEC (Soci\u00e9t\u00e9 Safe Guard for Electricity Company) muri Karitiye Karera ya mbere y\u2019intara ya Gitega, ari na ho avumburiye iyo mbabura.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Isoko ry\u2019iciyumviro c\u2019imbabura nyabwonko<\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1000\" height=\"667\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/05\/Imbabura-Nyabwonko.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8329\" style=\"width:669px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/05\/Imbabura-Nyabwonko.jpg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/05\/Imbabura-Nyabwonko-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/05\/Imbabura-Nyabwonko-768x512.jpg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Timoteyo asigura ko iciyumviro camujemwo inyuma yo kubona ingene mu Burundi ibidukikije na cane cane igiti bigeramiwe cane, ndetse n\u2019amakara akaba azimba cane, mu gihe amikoro y\u2019abenegihugu muri rusangi abayabaye.<a href=\"https:\/\/www.iwacu-burundi.org\/un-deboisement-alarmant\/\"> Icigwa cakozwe n\u2019ishirahamwe PNUD Burundi<\/a> cerekanye ko ibice 95% vy\u2019ingo zo mu Burundi zitekesha inkwi canke amakara y\u2019ibiti, amahegitari 64 y\u2019ibitara akaba yicirwamwo ibiti ku munsi ku munsi, nk\u2019uko tubisoma ku kinyamakuru Iwacu.<\/p>\n\n\n\n<p><a><\/a> Nikwo gukora iyo mbabura nyabwonko ngo akureho umutwaro abantu bafise wo kubura inkwi, basigare bagwana no kurondera utwo batamira. Uno musore amenyesha ko inyuma yo kugendereza iyo mbabura mu kiringo c\u2019amezi atanu (kuva muri kigarama 2023) ayikoresha mu gukinjika, yasanze ibiro bibiri vy\u2019ibiharage bikwega umuyagankuba uhura n\u2019amafaranga y\u2019amarundi angana 43Fbu. Si ivyo gusa, n\u2019umuyagankuba uva ku mishwarara y\u2019izuba urayishitura. Ategekanya kuzoyishira ku giciro kiri musi y\u2019ibihumbi ijana.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuki ari imbabura iciye ubwenge ?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyi mbabura yayihaye ubushobozi n\u2019ubwonko bwo kutazigiza ivyo itetse. Amazi aheze mw\u2019isafuriya canke ivyo watetse bihiye ica yizimya yo nyene. Bisigura ko ushobora gusiga utetse ibifungurwa ugiye ku kazi ukagaruka warura kandi bigishushe. Ni nk\u2019uko ushatse uyiha umwanya igateka gushika amasaha wayibwiye igaheza ikazima. Nta myotsi, nta mivyiro. Uwuguze iyo mbabura ahabwa garanti y\u2019amezi 15, igize ico iba akayisubizayo igakorwa kuri gusa. Nkakwo, ishingiro ry\u2019igikoresho \u2018electronique\u2019 ico ari co cose ni umutima waco ari wo \u2018carte \u00e9lectronique\u2019 benshi bazi kandi nka \u2018carte m\u00e8re\u2019, izo na zo ni izo uwo musore yikorera.<\/p>\n\n\n\n<p>Naho biri ukwo, bivanye n\u2019uko ibikoresho Timoteyo avuga ko yatumyeko hanze bitarashika, ivyo yarondeye ku bushigikizi bw\u2019ikigo PAEEJ ari na vyo bizomufasha kugwiza ivyo aba yakoze mu bushobozi buke afise, uno munsi akora imbabura zitatu ku munsi. Ariko akizeza abarundi ko kuva mu kwezi kw\u2019indwi 2024, azoba afise ubushobozi bwo gukora imbabura zirenga 15 ku munsi.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter wp-block-embed-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">\ud83e\uded5 Innovation: des bras\u00e9ros fonctionnant \u00e0 l&#39;huile de moteur, \u00e0 base de courant \u00e9lectrique (12 volts) ou \u00e0 l&#39;\u00e9nergie solaire, fabriqu\u00e9s par 6 <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/jeunes?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#jeunes<\/a> regroup\u00e9s au sein de la coop\u00e9rative &quot;Terimbere Burundi Technology&quot;, oeuvrant sur la colline <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Ntobwe?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Ntobwe<\/a> de la commune <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Gitega?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Gitega<\/a><br><br>\ud83e\ude94\u2026 <a href=\"https:\/\/t.co\/FUOTRpqs8a\">pic.twitter.com\/FUOTRpqs8a<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@MagazineJimbere) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/MagazineJimbere\/status\/1780160022606963171?ref_src=twsrc%5Etfw\">April 16, 2024<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Ahamagarira urwaruka ruri ku ntebe y\u2019ishure gukura rukunda ibiharuro, kuko ivyo vyose yabishikanweko n\u2019ukubikunda. Ariko rero ngo biba vyiza kurusha, igihe umuntu agiye ararondera ingene yobivyaza umusaruro yisunze ivy\u2019ikibano gikeneye, vyankenerwa umuntu yokwikorako.<\/p>\n\n\n\n<p>Reta na yo ayisaba ko yomufata mu mugongo ikamuronsa uburyo bukwiye, Ikigo PAEEJ kikamwongerereza uburyo cokimwe n\u2019amashirahamwe yandi, akinjiza amamashini menshi, agaha akazi urwaruka rwinshi, agafyatura ibikoresho vyinshi bishoboka, agashora hanze y\u2019igihugu no ku yindi migabane ibamwo abazungu izo mbabura zigashikayo \u2018\u2019kuko izikoresha umuriro muke nk\u2019ukwo kw\u2019iyo ata ho zari bwaboneke, nabo bahitamwo gukoresha gaz kuko izo bafise zikwega umuriro mwinshi \u2018\u2019.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Yataye uruzogi ku mutumba Mahonda wa zone Kavumu ya komine Ryansoro mu 1994, abura se muri uwo mwaka nyene, nayo nyina yitaba umuremyi mu 1999, amaze imyaka itanu ashikanwe kw\u2019isi. Ni we yaraye ashize ahabona \u00ab\u00a0imbabura iciye akenge\u00a0\u00bb kandi ikwega umuriro muke&#8230; Uwo musore afise impano idasanzwe. Ico bikoze yayimenye kare, arayibagarira, arayivomerera. Timoteyo avuga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":8330,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[209],"tags":[39,659],"coauthors":[231],"class_list":["post-8327","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indanga","tag-gitega","tag-ryansoro"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8327","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8327"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8327\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8340,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8327\/revisions\/8340"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8330"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8327"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8327"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8327"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8327"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}