{"id":8245,"date":"2024-04-10T15:21:49","date_gmt":"2024-04-10T13:21:49","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8245"},"modified":"2024-04-20T14:13:10","modified_gmt":"2024-04-20T12:13:10","slug":"burundi-abakenyezi-amabohero","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abakenyezi-amabohero\/","title":{"rendered":"Burundi: abakenyezi barenga 1.000 bari mu mabohero\u2026"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abakenyezi 1.007 ni bo bari mu mabohero atandukanye, aho abagera 253 bafungiwe mu mabohero afungirwamwo abakenyezi n&rsquo;abigeme i Ngozi n&rsquo;i Muyinga. Ibohero ry&rsquo;abakenyezi ry&rsquo;i Ngozi ririmwo ibice bigera kuri 82.5% bivanye n&rsquo;ivyigwa vyakozwe n&rsquo;abahinga bigenga bo muri Enabel mu kwezi kwa Nzero na Ruhuhuma 2024.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri abo bakenyezi 253 bafungiwe i Ngozi na Muyinga, ibice 9,5% ni ukuvuga abakenyezi 24 ni bo bafungwa bari kumwe n&rsquo;abana babo bari musi y&rsquo;imyaka itatu, bigatuma n&rsquo;abana bagira ingorane. Ivyo biri uko mu gihe nk\u2019uko bivugwa n\u2019umushingwamanza Eliane Kaneza, abakenyezi benshi batonka ubufasha bw\u2019abababuranira. Agira ati: \u201cabakenyezi bari musi y&rsquo;ibice 10% ni bo baronka ubufasha bw\u2019abashingwamanza.\u201d<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hari ivyaha bikunze gutuma kenshi abakenyezi canke abigeme bafungwa\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyaha nko kwaka canke kugerageza kwaka ubuzima, kwica ibibondo baba bibarutse, gukorora inda, uburozi n&rsquo;ibindi. Ivyo bituma abakenyezi bahanwa bakajanwa mu ma bohero nk&rsquo;uko bivugwa n&rsquo;umwigisha mu vy&rsquo;imibano muri kaminuza y&rsquo;Uburundi V\u00e9n\u00e9rand Nsengiyumva.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter wp-block-embed-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">\ud83d\udd22 &quot;1.007, soit le nombre de <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/femmes?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#femmes<\/a> incarc\u00e9r\u00e9es au <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a>. 25% de ces prisonni\u00e8res, donc ~253, sont d\u00e9tenues aux prisons pour femmes de <a href=\"https:\/\/twitter.com\/MuyingaProvince?ref_src=twsrc%5Etfw\">@MuyingaProvince<\/a> et <a href=\"https:\/\/twitter.com\/NgoziProvince?ref_src=twsrc%5Etfw\">@NgoziProvince<\/a>&quot;<br><br>\ud83d\udccd Chiffres mentionn\u00e9s par V\u00e9n\u00e9rand Nsegiyumva, enseignant \u00e0 l&#39;<a href=\"https:\/\/twitter.com\/UB_Rumuri?ref_src=twsrc%5Etfw\">@UB_Rumuri<\/a>, lors d&#39;un dialogue organis\u00e9\u2026 <a href=\"https:\/\/t.co\/3dTpiB1bo7\">pic.twitter.com\/3dTpiB1bo7<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@MagazineJimbere) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/MagazineJimbere\/status\/1772936357251334614?ref_src=twsrc%5Etfw\">March 27, 2024<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Afatiye ku caha co kwica ibibondo, Nsengiyumva amenyesha ko ivyo vyaha n&rsquo;ubwo bikorwa bitumwa n&rsquo;uko ababa babatwaje imbanyi baba babihakanye, abandi bafashwe ku nguvu. Ko iyo baremerewe n&rsquo;imiryango baca bahitamwo gukora ivyo. Ikindi ngo gituma abakenyezi bakora ivyo ngo haraho baba batwaye imbanyi atari iy\u2019uwo bubakanye bagaca bahitamwo gukorora iyo mbanyi kugira ntibirukanwe mu rugo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abakenyezi bari mu mabohero bahura n&rsquo;ingorane zitandukanye<\/strong>\u2026<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo abakenyezi bafunzwe, benshi barahebwa n&rsquo;imiryango yabo kubera ivyaha baba bakoze, abandi hari aho bava mu mabohero bagasanga abagabo barazanye abandi bagore, kwinubwa mu kibano n&rsquo;ibindi. Ivyo rero bituma bibagora gusubira kumenyera mu miryango yabo. Hari n&rsquo;abaca barwara akabonge, nk\u2019uko bivugwa na Goreth Nisabwe wo mw&rsquo;ishirahamwe Terres des hommes.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"819\" height=\"1024\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/IMG_9932-2-1-819x1024.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8248\" style=\"width:420px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/IMG_9932-2-1-819x1024.jpg 819w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/IMG_9932-2-1-240x300.jpg 240w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/IMG_9932-2-1-768x960.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/IMG_9932-2-1-1229x1536.jpg 1229w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/04\/IMG_9932-2-1-scaled.jpg 1639w\" sizes=\"auto, (max-width: 819px) 100vw, 819px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em>Goreth Nisabwe, ahurikiye mw&rsquo;ishiramwe \u00ab\u00a0Terre Des Hommes\u00a0\u00bb<\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>&nbsp;Nisabwe ati: <em>\u201cIngorane ntiziba kuri abo bakenyezi gusa. N&rsquo;abana barashikirwa bakabaho nabi kubera ko badasubira kurerwa n&rsquo;abavyeyi bakwiye: bamwe bagaca bigira mu ngeso mbi, hari n&rsquo;aho babwirwa ko nyina wabo yapfuye kubera haba haheze igihe kinini batamubona, gutyo ivyo bigatuma umuvyeyi avuye mu munyororo bigorana ko abana bamwakira nk&rsquo;umuvyeyi.&nbsp; Hari aho bituma uwo mukenyezi yumva yopfuma asubira mu gasho kubera kuremerwa n\u2019ivyo ashikiyemwo. Ku bana bafunganywe n&rsquo;abavyeyi baragira ingaruka ku magara y&rsquo;abo mu bijanye no gukura kuko ingaburo baba bariko bararonka zitaba&nbsp; zijanye n&rsquo;ivyo bakeneye.\u201d<\/em><br>Yongera ati: \u201c<em>Mu gasho, umuvyeyi yama ariko arafungura umuceri n&rsquo;ibiharage iminsi yose kandi n&rsquo;umwana ni vyo yonka, mbere ni na vyo afungurako. Ivyo vyose bituma umwana adakura uko bitegerezwa kuko aba ari mu kibanza atagenewe kandi akakibamwo ata ruhara yabigizemwo.<\/em>\u201d<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abakenyezi bari mu mabohero bokwigishwa imyuga\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushingwamanza Eliane Kaneza amenyesha ko abo bakenyezi baba bapfunzwe bakwiye kwigishwa imyuga mito mito nk&rsquo;uko bamwe basanzwe babikora nko kujisha ibiseke, inkoko, gushona eka n&rsquo;ibindi kandi bagafashwa kugira bashobore kuronka amasoko y&rsquo;ivyo bakoze, kugira bashobore kwibeshaho mw&rsquo;ico gihe eka no mu gihe boba bavuye mw&rsquo;ibohero.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi ngo abo bakenyezi bohabwa inyigisho igihe bari mw&rsquo;ibohero kugira bashobore kubona ko bakoze amakosa bibarinde kuzosubira kuyakora kandi, ngo n&rsquo;ikibano cotegurwa kugira gishobore kwakira uwo mukenyezi kuko benshi usanga ikibano kiguma kibatunga agatoki inyuma yo kuva mw&rsquo;ibohero.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\"><em>Iyo nkuru yanditswe na Ninette Inkamiyayera, yakurikiranye ivyo kumenyesha amakuru muri kaminuza y&rsquo;Uburundi, asanzwe yimenyereza mu ruganda Jimbere<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abakenyezi 1.007 ni bo bari mu mabohero atandukanye, aho abagera 253 bafungiwe mu mabohero afungirwamwo abakenyezi n&rsquo;abigeme i Ngozi n&rsquo;i Muyinga. Ibohero ry&rsquo;abakenyezi ry&rsquo;i Ngozi ririmwo ibice bigera kuri 82.5% bivanye n&rsquo;ivyigwa vyakozwe n&rsquo;abahinga bigenga bo muri Enabel mu kwezi kwa Nzero na Ruhuhuma 2024. Muri abo bakenyezi 253 bafungiwe i Ngozi na Muyinga, ibice [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8246,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[647],"tags":[393],"coauthors":[34],"class_list":["post-8245","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-agateka-kabakenyezi","tag-umukenyezi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8245","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8245"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8245\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8252,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8245\/revisions\/8252"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8246"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8245"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8245"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8245"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8245"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}