{"id":8191,"date":"2024-03-26T06:06:23","date_gmt":"2024-03-26T05:06:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8191"},"modified":"2024-04-20T14:14:34","modified_gmt":"2024-04-20T12:14:34","slug":"amakuru-afurika-ubuseruko-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-afurika-ubuseruko-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka afurika y\u2019ubuseruko guhera itariki 18 gushika 23 Ntwarante 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Tanzania-Rwanda&nbsp;: <\/strong>Ubudandaji Igihugu ca Tanzania n&rsquo;ic&rsquo;Urwanda ngo biri mu myiteguro yo kwugurura urundi rubibe kugira ngo imigenderanire n&rsquo;ubudandaji bitsimbatare.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk&rsquo;uko umushikiranganji wa Tanzania ajejwe imigenderanire hamwe n&rsquo;ugufashanya muri Afrika y&rsquo;ubuseruko January Makamba yabishikirije murugendo rw&rsquo;imisi 4 yamaze i Kigali murwanda ari kumwe n&rsquo;abategetsi bo mu bushikiranganji butandukanye bwa Tanzania, iryo rembo rishasha rizokwugururwa mu gace ka Kyerwa mu karere ka Kagera. Ngo ni mu ntumbero yo kworohereza abantu n&rsquo;ibidandazwa ku musunikano wahora wibonekeza kw&rsquo;irembo rya Rusumo ari naryo ryonyene ryahuza ivyo bihugu bibiri.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo umushikiranganji ajejwe ubudandaji n&rsquo;amahinguriro w&rsquo;urwanda Jean Chrysostome Ngabistinze yagize ati:<em>\u00a0\u00bb Kwugurura iryo rembo rigira kabiri briri mu rutonde rurerure rw&rsquo;imigambi Urwanda na Tanzania dutegekanya gushira mungiro kugira tworoshe ubuzima bw&rsquo;abenegihugu turongoye, twongere dukomeze imigenderanire ishingiye ku butunzi n&rsquo;ubudandaji\u00a0\u00bb<\/em>. Uwo mutegetsi abandanya amenyesha ko imigenderanire hagati y&rsquo;ivyo bihugu 2 yifashe neza kandi bazobandanya kuyikomeza.Mwomenya yuko Urwanda rusanzwe rucisha ibice 80% vy&rsquo;ibidandazwa vyarwo ku kivuko ca Dar-es-salaam ca Tanzania. Izo nkuru tukaba tuzikesha <a href=\"https:\/\/urlz.fr\/q1iA\">Monito<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Ouganda<\/strong>&nbsp;: Yoweri Kaguta Museveni yaragenye imfura yiwe Jenerale Muhoozi Kainerugaba ngo arongore ingabo z&rsquo;igihugu ca Uganda mugihe yari amaze iminsi asa n&rsquo;uwiyayamamariza amatora y&rsquo;Umukuru w&rsquo;igihugu ngo azosimbure Se muri 2026.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk&rsquo;uko tubisoma mw&rsquo;itangazo ryashizwe ahabona n&rsquo;ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw&rsquo;ico gihugu, igenekerezo rya 21 Ntwarante, Yoweli Umukuru w&rsquo;igihugu c&rsquo;Ubugande yarizeye abantu bashika 8 mu mabanga akomakomeye y&rsquo;igihugu, muri bano, harimwo umuhungu wiwe Muhozi Kaiberugaba. Ivyo biri uko mugihe uwo iyo mfura yiwe yari amaze imyaka ibiri asezereye igisirikare c&rsquo;ico gihugu, aho yari arongoye igisirikare kigwanira hasi, mbere akaba yari amaze imisi akora ibikorwa bimeze nk&rsquo;imyiyamamazo mu banyagihugu bato bato, aho no ku mbuga ngurukanabumenyi yavuga ko azokwitoza mu matora ya 2026 yimirije, maze agasimbura se wiwe. Bimwe mu kinyamakuru nka BBC, eka n&rsquo;abarabira hagufi ibijanye na Politike bakaba bibaza nimba ukwo gushirwa mu mabanga bitoba ari inyendamuvano ya Museveni kugira yigizeyo imfura yiwe maze azobashe gusubira gutwara igihugu c&rsquo;Ubuganda mu kiringo kwigira 7.<\/p>\n\n\n\n<p>Twobibutsa ko Yoweli Kaguta Museveni, umusaza w&rsquo;imyaka 79, atwaye Ubuganda imyaka 38 kuva muri 1986, ubu akaba ariko aratwara ico gihugu ku ncuro igira 6 yatanguye mu mwaka wa 2021. <a href=\"https:\/\/urlz.fr\/q1iw\">BBC<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda:<\/strong> Mugihe mu Rwanda hategekanijwe amatora y&rsquo;umukuru w&rsquo;igihugu, imigambwe imwe imwe nka PL na PSD iramaze kumenyesha ko yo iri inyuma ya Paulo Kagame mbere igahamagarira abayoboke bayo kuzomuhunda amajwi mu matora yimirije kuba muri Mukakaro uyu mwaka turimwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Mw&rsquo;ikoraniro Kaminuza ry&rsquo;umugambwe uharanira ukwishira n&rsquo;ukwizana PL ryarabaye kuri uyu wa 24 Ntwarante 2024 rirongowe n&rsquo;umukuru rwaryo Donatille Mukabarisa, ingingo yo guhunda amajwi Paul Kagame niho yatangarizwa abayoboke b&rsquo;umugambwe PL. Donatille awurongoye yavuze ati: <em>\u00a0\u00bb Twihweje ingene Paul Kagame yabohoye urwanda, gukaraba iterambere tugezeko, ku mpande zose, twahisemwo ko ari we yobandanya arongoye igihugu kugira abandanye atugeza mw&rsquo;iterambere rirama\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Uwo munyepolitike akaba yahamagariye abayoboke biwe bose gushigikira umu kandida yatanzwe n&rsquo;umugambwe uri ku butegetsi FPR Inkotanyi, ariwe Paul Kagame<strong>.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Tubibutse ko Paul Kagame ari umugabo w&rsquo;imyaka 66, akaba azokwitoza mu kiringo ca 4 c&rsquo;imyaka indwi, inyuma y&rsquo;ibiringo yagiye aratwara kuva 2003, 2010, na 2017, ariko kandi imbere y&rsquo;aho akaba yatanguye gutwara igihugu muri 2000 atowe n&rsquo;inama nshingamateka. Inkuru dukesha <a href=\"https:\/\/urlz.fr\/q1in\">Kigali today<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC: <\/strong>Umukuru w&rsquo;igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo F\u00e9lix Antoine Tchisekedi Tchilombo ararajwe ishinga n&rsquo;ubuzima bubi abanyororo b&rsquo;ico gihugu babayemwo kubw&rsquo;ibitigiri vy&rsquo;umurengera bitangwa muma bohero.<strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu nama nshikiranganji igira 130, yabaye iyobowe n&rsquo;uwo mukuru w&rsquo;igihugu kuri uyu wa 22 Ntwarante 2024, kimwe mu bibazo baciye hirya no hino, harimwo umwitwarariko wiwe kuvyerekeye ubuzima b&rsquo;wabanyororo.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri iyo nama yaragarutse ku ntambwe zimaze guterwa mu cipfuzo ciwe co kworohereza abanyororo mubijanye no kwongereza uburyo bwo kubafungurira.&nbsp; N&rsquo;aho biri ukwo uwomutegetsi aratewe umutima uhagaze n&rsquo;urwinshi rwibonekeza mu mabohero, mugihe inyubakwa bapfungirwamwo zozo zaga kandi zishaje. Ikindi yerekanye ni ikibazo c&rsquo;ibura ry&rsquo;amazi, kubura ubuvuzi, n&rsquo;izindi ngorane zituma abanyororo babaho nabi. Akaba yategetse umushikiranganji w&rsquo;ubutungane gukorana w&rsquo;urwego rukuru rw&rsquo;ubucamanza kugira bakore ibishoboka vyose igitigiri c&rsquo;abanyororo kigabanuke. Yategetse kandi ko acamanza boreka kudindiza Ikirundi imanza zimara zitaracibwa, kandi bakareka gupfunga&nbsp; umuntu atagira ikimwagira. Ikindi ngo ni uko bosuzuma amategeko ajanye n&rsquo;ikigongwe gihabwa abanyororo kugira ngo igitigiri c&rsquo;umurengera c&rsquo;banyororo kigabanuke.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Tchisekedi akaba yibutsa abo bategetsi ko afise ihangiro ryo gutsimbataza intwaro ishingiye ku mategeko, ko rero n&rsquo;umunyororo ategerezwa guhabwa iteka ry&rsquo;ubuntu kuko ari uburenganzira bw&rsquo;iwe. Inkuru dukesha <a href=\"https:\/\/urlz.fr\/q1ie\">Politico<\/a><\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-text-align-left has-cyan-bluish-gray-background-color has-background\"><em>Aya makuru yatororokanijwe na Elys\u00e9e Niyontoranwa, umunyeshure wo muri kaminuza y&rsquo;Uburundi mu gisata co kumenyesha amakuru, yimenyereza mu ruganda rwa  Magazine<\/em> <em>Jimbere<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Tanzania-Rwanda&nbsp;: Ubudandaji Igihugu ca Tanzania n&rsquo;ic&rsquo;Urwanda ngo biri mu myiteguro yo kwugurura urundi rubibe kugira ngo imigenderanire n&rsquo;ubudandaji bitsimbatare. Nk&rsquo;uko umushikiranganji wa Tanzania ajejwe imigenderanire hamwe n&rsquo;ugufashanya muri Afrika y&rsquo;ubuseruko January Makamba yabishikirije murugendo rw&rsquo;imisi 4 yamaze i Kigali murwanda ari kumwe n&rsquo;abategetsi bo mu bushikiranganji butandukanye bwa Tanzania, iryo rembo rishasha rizokwugururwa mu gace [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8194,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591,258],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-8191","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8191","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8191"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8191\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8200,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8191\/revisions\/8200"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8194"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8191"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8191"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8191"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8191"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}