{"id":8169,"date":"2024-03-24T11:09:23","date_gmt":"2024-03-24T10:09:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8169"},"modified":"2024-07-27T14:24:48","modified_gmt":"2024-07-27T12:24:48","slug":"abakenyezi-umutahe-abasomyi-jimbere-ngozi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abakenyezi-umutahe-abasomyi-jimbere-ngozi-burundi\/","title":{"rendered":"Abakenyezi 6 basubije umutahe bahawe n&rsquo;abasomyi ba Jimbere inyuma y&rsquo;amezi 6"},"content":{"rendered":"\n<p>Bankuwiha S\u00e9raphine wo muri quartier Shikiro zone na komine Ngozi yari yahawe 200.000Fbu, yaciye agura umwagazi n&rsquo;impene ku mafaranga 40.000Fbu, akotesha ikivi co kurimamwo ku mafaranga 40.000Fbu, ayasigaye yaciye abandanya kudandaza itomati, intore n&rsquo;imboga.Inyuma y&rsquo;amazi 6 gusa avuga ko yungutse cane ubu n&rsquo;umutahe yahawe aza yarawusubuje kuko inyungu yakuyemwo irenga 250.000Fbu.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo Ntakarutimana zilfa yahawe umutahe nkuwo nyene, yaguze impene ikiri ntoya arayorora, arangura amasaka atangura kudandaza n&rsquo;impeke. Uwo mukenyezi ashikiriza ko kuva ahawe 200.000Fbu, yaramusahirije mu rugo kuko, ubu aragaburira abana, akarihira amashure 2 vyoroshe, yarashobora no gusanura uruhome rw&rsquo;inzu yiwe rwari rwahenutse. Ivyo vyose yabikoze mu nyungu yasigaranye inyuma yo gusubiza umutahe yahawe n&rsquo;abasomyi ba Jimbere Magazine, Fabien Cishahayo na Isa\u00efe Ntidendereza.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwundi mukenyezi yagiriwe ibakwe mu guhabwa 200.000Fbu ni Ciza Marie, wewe ngo ntiyagize amahirwe yo kunguka kanini kuko impene yaguze yapfuye itarunguka. Ni bwo biruko ikimushimisha n&rsquo;uko yashoboye gusubiza ingurane yari yahawe, kandi abandanya yi yungunganya.<\/p>\n\n\n\n<p>Abandi bakenyezi Hategekimana Mariam na Marie na bonyene Bari mu bahawe uwo mutahe, bavuga ko bashoboye kudandaza imboga, amavoka, imyihwi n&rsquo;ibindi. Bemeza ko bungutse ibitari bike kuko barashoboye gutunga imiryango yabo.<\/p>\n\n\n\n<p>Abo bakenyezi barasaba jimbere magazine n&rsquo;abayifashije mu kubaronsa uwo mutahe, ko bokwongerwa ayandi mahirwe bakongerwa uwo mutahe nyene ndets n&rsquo;ikiringo c&rsquo;amezi 6 bayasubiriza ko kikongerezwa.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Bankuwiha S\u00e9raphine wo muri quartier Shikiro zone na komine Ngozi yari yahawe 200.000Fbu, yaciye agura umwagazi n&rsquo;impene ku mafaranga 40.000Fbu, akotesha ikivi co kurimamwo ku mafaranga 40.000Fbu, ayasigaye yaciye abandanya kudandaza itomati, intore n&rsquo;imboga.Inyuma y&rsquo;amazi 6 gusa avuga ko yungutse cane ubu n&rsquo;umutahe yahawe aza yarawusubuje kuko inyungu yakuyemwo irenga 250.000Fbu. Nayo Ntakarutimana zilfa yahawe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":8170,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[6],"tags":[55],"coauthors":[231],"class_list":["post-8169","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-jimbere-mukenyezi","tag-ngozi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8169","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8169"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8169\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8174,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8169\/revisions\/8174"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8170"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8169"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8169"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8169"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8169"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}