{"id":8161,"date":"2024-03-19T20:34:09","date_gmt":"2024-03-19T19:34:09","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8161"},"modified":"2024-07-27T14:24:43","modified_gmt":"2024-07-27T12:24:43","slug":"amakuru-akarere-eac-indwi-iheze-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-akarere-eac-indwi-iheze-burundi\/","title":{"rendered":"Hayazwe amaki mu karere\u00a0mu ndwi iheze ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri Uganda, inkino zo gutigira ziragisibije mu rwaruka, Tanzaniya yipfuza kurwiza umwimbu w\u2019ibishorerwa mu Bwongereza, uruganda rwa mbere rutunganya urumogi rwaratanguye kwubakwa mu Rwanda, nayo muri Sudani y\u2019epfo, ivyigwa vyarahagaritswe kubera ubushuhe bwinshi\u2026 ido n\u2019ido ry\u2019amakuru yavuzwe cane mu bihugu vyo mu karere k\u2019Afurika y\u2019Ubuseruko<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kagame na Tshisekedi boba bagiye guhurira ku meza y\u2019ibiganiro, naho Urwanda ruheruka kwitwarirwa na RDC.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019umubonano hagati y\u2019Umukuru w\u2019igihugu c\u2019Urwanda, Kagame Paul, na Joao Louren\u00e7o, Umukuru w\u2019igihugu akongera akaba umuhuza mu muryango w\u2019ubumwe bw\u2019Afrika, kuri uyu wa 11\/03\/2024, T\u00e9te Ant\u00f3nio, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire, yamenyesheje ko Kagame Paul yemeye kwitaba umubonano womuhuza na mugenzi we w\u2019igihugu ca RDC, F\u00e9lix Antoine Tshisekedi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku rubuga X, rwahoze rwitwa Twitter, ibiro vy\u2019umukuru w\u2019igihugu c\u2019Urwanda, vyamenyesheje ko abakuru b\u2019ibihugu vyompi, Angola n\u2019Urwanda, bemeranije ko hofatwa ingingo zotuma hatorwa umuti ku kibazo c\u2019umutekano kiri mu buseruko bwa RDC, na cane cane habanjwe kwirwa inyanduruko yaco.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko vyandikwa n\u2019urubuga rw\u2019insamirizi y\u2019Abafaransa <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/bjQTU\">RFI<\/a>, abegereye Umukuru w\u2019igihugu ca RDC, bavuga ko F\u00e9lix Tshisekedi ku ruhande rw\u2019iwe yiteguye kwitabira ivyo biganiro, mugabo harinze gufatwa ingingo zo gukura abasirikare b\u2019Urwanda hamwe n\u2019umugwi M23, ku butaka bwa RDC.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biri uko, mu gihe mu kwezi kwa Ruhuhuma guheze, i Addis Abeba, mu gihugu ca Ethiopia, Kagame na Tshisekedi vyanse ko bicara hamwe ngo baganire, inyuma y\u2019inama y\u2019abakuru b\u2019ibihugu bigize umuryango w\u2019ubumwe bw\u2019Afrika.<\/p>\n\n\n\n<p>Hagati yaho, Urwanda ruheruka kwitwarirwa ku ncuro ya kabiri, na RDC muri sentare y\u2019umuryango w\u2019akarere k\u2019Afrika y\u2019Ubuseruko, cagirizwa kuba kimaze imyaka irenga 25 kivogera igihugu kibanyi ca RDC, ndetse gikora n\u2019ibikorwa vy\u2019ubugizi bwanabi butagira izina. Vyandikwa na <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/fjP18\">The East African<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: inkino zo gutigira ziragisibije mu rwaruka, bamwe barahevye amashure<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri kaminuza y\u2019i Makerere, abanyeshure barenga 1.000 ku mwaka nibo bimaze kumenyekana ko baheba ishure bivuye ku mikino yo gutigira. Benshi muri bo bakaba batakaza amafaranga menshi muri iyo mikino, bigatuma uburyo borishe amashure buhatakarira, nkuko vyashikirijwe n\u2019icegera c\u2019uwurongoye iyo kaminuza, hari kuri uyu wa 12\/03\/2024.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo asanzwe ari n\u2019umwigisha kuri iyo kaminuza avuga ko abanyeshure benshi bahabwa uburyo n&rsquo;abavyeyi babo kugira barihe ishure n&rsquo;ivyankenerwa, ariko bagaca baja kuyashira mu nkino zo gutigira. Umwe mu banyeshure yaganiriye n&rsquo;ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/bftyW\">The Monitor<\/a>, avuga ko yatanguye gukina inkino z\u2019akamari no gutigira mu 2020, akaba yabihevye mu 2023, inyuma yo gutakaza amafaranga aharurwa mu miriyoni y\u2019amashiringi.<\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu baserukira abandi banyeshure mu ma kaminuza atandukanye, bavuga ko bimaze kugaragara ko inkino zo gutigira zitwara umutima urwaruka rutari ruke, ariko bagahamagarira bagenzi babo ko bofata inkino zo gutigira nk\u2019izindi nkino zisanzwe, maze bakirinda gusesagura mu kuzijamwo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzaniya yipfuza kurwiza umwimbu w\u2019ibishorerwa mu Bwongereza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Intumbero niyo gushika ku buryo bugera ku muriyaridi w\u2019amafaranga y\u2019abongereza yinjira ku mwaka biciye ku bidandazwa bishorwa mu gihugu c\u2019Ubwongereza, mu gihe kugeza ubu ubwo buryo bugera ku miriyoni 200 y\u2019amafaranga y\u2019abongereza.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubw\u2019ivyo, Tanzaniya iriko itegura inama izoba kw\u2019igenekerezo rya 28\/03\/2024, ikaba izohuza aberwa n\u2019igisata co guteza imbere ubutunzi, kugira ngo barabire hamwe ingene iyo ntego yoshikwako, nkuko bivugwa n\u2019umuserukizi w\u2019igihugu ca Tanzaniya mu Bwongereza. Hambavu y\u2019ivyo, ngo Reta ya Tanzaniya iriko irakora ukwo ishoboye, kugira ngo ibidandazwa vyo muri ico gihugu, vyame bija ahabona mu mahanisha gurisha mpuzamakungu, ndetse n&rsquo;indege za \u00ab\u00a0Air Tanzania\u00a0\u00bb zemererwe gukorera ku butaka bw\u2019Ubwongereza imbere yuko umwaka w\u2019i 2024 uhera. Tubikesha <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/pquUX\">The Citizen<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya&nbsp;: inyuma yo gushurashuza ku nguvu umukecuru w\u2019imyaka 92, yaciriwe gupfungwa imyaka 15<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo ni umugabo aba mu gisagara ca Kisumu, yaciriwe na sentare nkuru y\u2019ico gihugu, inyuma yo kwagirwa n\u2019ivyaha bijanye no gufata ku nguvu, hamwe n\u2019ugushaka gukora ibikorwa vy\u2019ibiterasoni. Ivyo uyo mugabo yagirizwa akaba yabikoze mu kwezi kwa nyakanga 2023.<\/p>\n\n\n\n<p>Umukuru wa sentare avuga ko ivyabona bigera kuri 7 ari vyo vyagirije ubwo bubisha, uyo mugabo. Si ivyo gusa, n\u2019ibipimo simusiga (ADN) bikaba vyaragaragaje ko uyo mugabo yakoze ico caha co gufata ku nguvu uyo mukecuru. Nyene kwagirizwa ico caha akaba afise imisi 14 guhera ku wa 15\/03\/2023, kugira yunguruze urubanza, nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/bqtCR\">The Citizen<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda&nbsp;: uruganda rwa mbere rutunganya urumogi rwaratanguye kwubakwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu karere ka Musanze, ni ho hatangujwe imirimo yo kwubaka uruganda ruzoza rukora imirimo yo guhingura no gutunganya urumogi, vyose bikorewe mu Rwanda ku mpamvu z\u2019ubuvuzi.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu mwaka w\u2019i 2021, niho hasohotse itegeko&nbsp; ryerekeye ivy\u2019ituganywa ry\u2019urumogi, n\u2019ibikomoka kuri rwo mu Rwanda. Rigena ibigo n\u2019ahandi hantu hakorerwa ibikorwa bijanye no kurima, gutunganya, gukwirakwiza no gukoresha urumogi n\u2019ibirukomokako, itangwa ry\u2019uburenganzira bwo kubikora n\u2019amabwirizwa y\u2019umutekano yo kubahiriza.<\/p>\n\n\n\n<p>Amakuru dukesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/rb.gy\/ly7t6j\">Igihe<\/a> avuga ko ikigo cya KKOG Rwanda Ltd catanguye imirimo yo kwubaka uruganda ruzoza rutunganya urumogi ruri ku buringanire bwa hegitari zitanu. Vyitezwe ko ruzuzura imbere yuko uno mwaka w\u2019i 2024 uhera. Bitegakanijwe ko ibicuruzwa uru ruganda ruzoza rukora mu rumogi bizohora bijanwa kw\u2019isoko mpuzamakungu, aho kugurishwa mu gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Iki kigo ca KKOG Rwanda Ltd ni ishami rya King Kong Organics Global, ikigo c\u2019ubudandaji mu bijanye no kurima no gutunganya urumogi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri Afurika gikorera mu bindi bihugu birimwo Zimbabwe, aho gifise uruganda rutunganya urumogi ruri ku buringanire bwa hegitari 1.000 mu gace ka Msasa. Rwatanguye ibikorwa mu 2022. Gikorera kandi muri Malawi, Lesotho, Sierra Leone, Uganda, Tanzania na Afurika y\u2019Epfo.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu 2023, urwego rw\u2019igihugu rujejwe iterambere, RDB, rwagaragaje ko rutegekanya gushishikariza abantu gushiramwo imitahe mu rudandazwa rugezweho rw\u2019urumogi, aho rukeneye n\u2019imiburiburi umutahe ugera mu miriyaridi 19 z\u2019amafaranga y\u2019u Rwanda.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibiharuro vyerekana ko ku rwego rw\u2019isi, umusaruro w\u2019urumogi witezwe kuba munini, aho uzoja winjiza n&rsquo;imiburiburi imiriyaridi ibihumbi 197,7 z\u2019amadorari mu 2028, avuye kuri miriyaridi 28,3 mu 2021.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri raporo yayo, urwego RDB ruvuga ko \u201civyo bigaragaza ko ari amahirwe akomeye u Rwanda rushobora kuvyaza umusaruro.\u201d<\/p>\n\n\n\n<p>Urumogi rwagaragajwe ko rushobora gufasha mw\u2019ikorwa ry\u2019imiti yifashishwa kwa muganga, rugakoreshwa mu nganda, amavuta ndetse n\u2019ibiribwa muri rusange.<\/p>\n\n\n\n<p>Urwego RDB rwerekana ko urumogi ruri mu biterwa vyunguka cane kubera ko n\u2019imiburiburi kuri hegitari imwe hashobora kuva umusaruro w\u2019ibifise agaciro ka miriyoni 10 z\u2019amadorari. Bitegekanijwe ko amasoko akomeye ashobora gushorwamwo urumogi rwo mu Rwanda, nko muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, Canada no mu Burayi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Sudani y\u2019epfo&nbsp;: ivyigwa vyahagaritswe kubera ubushuhe bwinshi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mw\u2019itangazo Reta ya Sudani y\u2019epfo yasohoye kuri uyu 16\/03\/2024, rimenyesha ko ivyigwa vyohagarikwa mu gihugu cose, mu kiringo c\u2019indwi zibiri. Iyo ngingo ikaba yafashwe inyuma yaho hibonekeje ibipimo vy\u2019ubushuhe bigera hafi kuri 45\u00b0C, bikavurwa ko bimaze gutuma bamwe bahasiga ubuzima.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biri uko, mu gihe igihugu ca Sudani y\u2019epfo kizwi nkigikunda gukarirwa n\u2019ubushuhe, aho ahanini biva kw\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe ritumwa n\u2019ubugararwa buhibonekeza, kuko ata biti canke amashamba ahari. Vyandikwa na <a href=\"https:\/\/rb.gy\/dma45n\">Africa News<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri Uganda, inkino zo gutigira ziragisibije mu rwaruka, Tanzaniya yipfuza kurwiza umwimbu w\u2019ibishorerwa mu Bwongereza, uruganda rwa mbere rutunganya urumogi rwaratanguye kwubakwa mu Rwanda, nayo muri Sudani y\u2019epfo, ivyigwa vyarahagaritswe kubera ubushuhe bwinshi\u2026 ido n\u2019ido ry\u2019amakuru yavuzwe cane mu bihugu vyo mu karere k\u2019Afurika y\u2019Ubuseruko Kagame na Tshisekedi boba bagiye guhurira ku meza y\u2019ibiganiro, naho [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":8162,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[567],"coauthors":[572],"class_list":["post-8161","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8161","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8161"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8161\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8165,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8161\/revisions\/8165"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8162"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8161"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8161"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8161"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8161"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}