{"id":8123,"date":"2024-03-06T20:49:03","date_gmt":"2024-03-06T19:49:03","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8123"},"modified":"2024-03-06T21:10:37","modified_gmt":"2024-03-06T20:10:37","slug":"amakuru-eac-26-ruhuhuma-3-ntwarante-2024-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-eac-26-ruhuhuma-3-ntwarante-2024-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka EAC kuva 26 Ruhuhuma gushika itariki 3 Ntwarante 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Tanzania&nbsp;: ibitaro bikuru bikuru vy\u2019abigenga vyahagaritse gutanga ubuvuzi ku bafise udukarata two kwivurizako \u00ab&nbsp;NHIF&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abarongozi b\u2019ivyo bitaro bavuga ko bafashe iyo ngingo kuva kuri uyu wa 01\/03\/2024, inyuma yaho Reta itangarije impinduka mu bijanye no gushigikira ikigega c\u2019igihugu kijejwe gufasha itangwa ry\u2019ubuvuzi, aho hagabanijwe intererano itangwa mu gushigikira ico gisata haba mu kuvura indwara zimwe zimwe ndetse no kuronka imiti.<\/p>\n\n\n\n<p>Abo barongoye ivyo bitaro bakavuga ko igabanywa ry\u2019ubwo buryo ryotuma ivyo bitaro bikora bihomba, maze bigahava bikabura ivyankenerwa, ndetse n\u2019imiti yo kuvura abarwayi. Bagasaba Reta yuko yokwicarana nabo, maze hakarabwa icokorwa, kugira ngo igisata c\u2019amagara y\u2019abantu ntigisubire inyuma.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Nk\u2019uko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.thecitizen.co.tz\/tanzania\/news\/national\/top-private-hospitals-in-tanzania-suspend-services-to-nhif-members-4541788\">The Citizen<\/a>, umuyobozi mukuru w\u2019ikigega co gushigikira ubuvuzi avuga ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gufasha abatari bafise uburenganzira bwo kwivuza biciye mu gushigikirwa na Reta, kugira nabo baheze bashikirwe. Naho biruko, umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu wa Tanzania amenyesha ko hagiye gutangura ibiganiro hagati y\u2019impande zose, harimwo n\u2019abayobozi b\u2019ibitaro vy\u2019abigenga, kugira harabwe icokorwa mu maguru masha.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC\u00a0: abarongoye ingabo z\u2019ibihugu vya SADC\u00a0 harimwo n&rsquo;uw&rsquo;Uburundi bahuriye i Goma<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abarongoye ingabo z\u2019ibihugu vya Afrika y\u2019Epfo, Malawi, Tanzania n\u2019u Burundi bari bakoraniye mu gisagara ca Goma mu nama, kuri uyu wa 01\/03\/2024, nk\u2019uko umuvugizi w\u2019igisirikare cya RDC yavyiganiye <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/c9x64742jl0o?at_campaign=Social_Flow&amp;at_ptr_name=facebook_page&amp;at_bbc_team=editorial&amp;at_format=link&amp;at_link_type=web_link&amp;at_link_id=3FDFE894-D7A5-11EE-A9B3-F06CD9B5F045&amp;at_campaign_type=owned&amp;at_medium=social&amp;at_link_origin=BBC_News_Gahuza&amp;fbclid=IwAR0eLV1anoYMX38X3wGb2s0vjvI_pZ35Y0-91nZgpoOz13UAyvBxGDcZXco\">BBC<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Afurika y\u2019Epfo, Malawi na Tanzania ni bimwe mu bihugu bigize umuryango w\u2019ibihugu bya Afrika y\u2019amajepfo uzwi nka SADC vyarungitse abasirikare n\u2019ibikoresho vyo gufasha ingabo za leta ya RDC kurwanya umugwi wa M23. U Burundi nabwo abasirikare babwo bivugwa ko barimwo gufasha ingabo za Reta ya RDC muri iyo ngwano, nubwo Reta y\u2019Uburundi yagiye irabihakana.<\/p>\n\n\n\n<p>Guillaume Ndike Kaiko, umuvugizi w\u2019ubutegetsi bwa gisirikare bw\u2019intara ya Kivu ya Ruguru mu butumwa bwanditse yabwiye BBC ko abarongoye ingabo z\u2019ivyo bihugu koko bageze i Goma kuwa kane, gusa abajijwe ibitegekanijwe muri iyo nama yabo yishuye ati&nbsp;: \u201c[Reka] turindire\u201d<\/p>\n\n\n\n<p>Iyi niyo nama ya mbere ikomeye ihuje aba basirikare bakuru b\u2019ingabo zarungitswe muri RDC gufasha ingabo z\u2019iki gihugu kurwanya M23. Iyi nama ikurikiye iyahuje abakuru b\u2019ibihugu F\u00e9lix Tshisekedi wa DR Congo, Cyril Ramaphosa wa Africa y\u2019Epfo, Lazarus Chakwera wa Malawi na Evariste Ndayishimiye w\u2019u Burundi, yabereye i Windhoek muri Namibia mu ndwi zibiri ziheze, inyuma y\u2019urubanza rwo gushingura uwari Umukuru w\u2019ico gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku mpamvu zitatangajwe, inama y\u2019i Windhoek y\u2019abo bategetsi bafise ingabo muri RDC ntabwo yitabiriwe n\u2019Umukuru w\u2019igihugu Samia Suluhu wa Tanzania nubwo yari muri ico gihugu gushingura umuhisi Hage Geingob.<\/p>\n\n\n\n<p>Izo ngabo zaje zifuzwa cane na leta ya RDC, zitezweho kunesha M23 mu ngwano, gusa ku rundi ruhande Umukuru w\u2019igihugu Felix Tshisekedi aherutse kwumvikana avuga ko ashaka amahoro.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry\u2019indarayi biratangurana n\u2019uno mwaka wa 2024<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kugeza ubu, abantu barenga 1.500 ku bagera ku 5.000 nibo bamaze gushumbushwa biciye muri uwo mugambi wo kwubaka ibarabara ry\u2019indarayi, bivanye naho rizoca mu matongo yabo. Wamburu Perez, arongoye uyo mugambi avuga ko ibijanye n\u2019inshumbusho vyatevye ahanini bivuye, yuko habaye indyane mu bafise amatongo, bikaba ngombwa yuko biba birahagaritswe mu kiringo kitari gito.<\/p>\n\n\n\n<p>Iryo barabara ry\u2019indarayi rikaba rizohuza ibihugu bitatu arivyo Kenya, Tanzania na Uganda. Rikaba rirubakwa mu ntumbero yo kworohereza uruja n&rsquo;uruza na cane cane rw\u2019ibidandazwa, aho hitezwe ahanini ko igiciro cavyo kizogabanuka bimwe biboneka. Bamwe mu bayobozi b\u2019uturere turimwo abazoronswa inshumbusho basaba yuko abanyagihugu bohabwa ikiringo n&rsquo;imiburiburi c&rsquo;amezi atatu kugira ngo bizoborohere kuronka ahandi baja. Inkuru tuyikesha <a href=\"https:\/\/www.monitor.co.ug\/uganda\/news\/national\/works-on-sgr-start-2024-says-govt-4543678\">The Monitor<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubwongereza buzoriha Urwanda n\u2019imiburiburi imiriyoni \u00a3370 mu bijanye no kurungika abasaba ubuhungiro\u00a0<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikigo kigenzura amafaranga Reta y\u2019Ubwongereza ukoresha (NAO) cerekanye ko kuri buri muntu uzorungikwa mu Rwanda, leta y\u2019Ubwongereza izomuriha amafaranga y\u2019abongereza 150,000 (ayangana imiliyoni 244 y\u2019abanyarwanda) mu kiringo c\u2019imyaka itanu.<\/p>\n\n\n\n<p>Umugambwe \u00ab&nbsp;Labour&nbsp;\u00bb utavuga rumwe n\u2019ubutegetsi mu Bwongereza, wavuze ko ubwo buryo bwanditse&nbsp; muri ico cegeranyo c\u2019ikigo c\u2019igihugu c\u2019ubugenduzi ari \u00ab&nbsp;igisebo ku gihugu&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Umuvugizi w\u2019ubushikiranganji bw\u2019ubutegetsi bw\u2019igihugu yagize ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;Kiretse tugize ico dukora, [naho ubundi] agaciro ko guha ubuhungiro ababusaba kitezwe kugera kuri miliyaridi 11 z\u2019amafaranga y\u2019abongereza buri mwaka bitarenze mu 2026.Ubwimukira bunyuranije n\u2019amategeko bupfiramo abantu ndetse bugatuma hakomeza kubaho urudandazwa rw\u2019abantu, kandi kubera iyo mpamvu birakwiye ko dushira amafaranga mu gutorera inyishu ivyo kumena uru ruhererekane rutaramvye.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Icegeranyo c\u2019ikigo NAO gisohotse inyuma yuko abashingamateka bo mu Bwongereza, bari bamaze igihe basaba ko habaho umuco&nbsp; ku mafaranga uwo mugambi wo kurungika mu Rwanda abasaba ubuhungiro uzotwara.<\/p>\n\n\n\n<p>Intumbero y\u2019uyo mugambi ni uguca intege abantu bajabuka umuhora wa \u00ab&nbsp;English Channel&nbsp;\u00bb bari mu mato (ubwato) mato \u2013 ikintu Umushikiranganji wa mbere w\u2019Ubwongereza Rishi Sunak yagize kimwe mu vyihutirwa, vyashizwe imbere ku butegetsi bwe,&nbsp; nk\u2019uko vyandikwa na <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/c1w5px2n5qzo?at_format=link&amp;at_campaign=Social_Flow&amp;at_medium=social&amp;at_link_origin=BBC_News_Gahuza&amp;at_link_type=web_link&amp;at_link_id=96CA4704-D85D-11EE-AB91-8D9B8161DE7E&amp;at_bbc_team=editorial&amp;at_campaign_type=owned&amp;at_ptr_name=facebook_page&amp;fbclid=IwAR2AaCBODcSOxAuVgq9H8uiA2xEmLep8auNEhk_yLFoAtMltolq-VPVzPy4\">BBC<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p>Ariko uyo mugambi wadindijwe n\u2019ibirego&nbsp; vyatanzwe mu ma sentare ndetse nta muntu n\u2019umwe ararungikwa mu Rwanda, gushika iki gihe. Reta y\u2019Ubwongereza ivuga ko ifise intego ko indege zitwaye abasaba ubuhungiro zizoba zahagurutse zerekeza mu Rwanda bitarenze mu ntango y\u2019impeshi y\u2019uyu mwaka.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri uyo mugambi, ubushikirangaji bw\u2019ubutegetsi bw\u2019igihugu bwemeye kuriha amafaranga mu kigega co gufasha iterambere ry\u2019ubutare mu Rwanda, no gutanga ayandi mafaranga yo kuriha ivyankenerwa vyo gutunganya uyo mugambi no kwimurira abo bimukira mu Rwanda.<\/p>\n\n\n\n<p>Kuva mu kwezi kwa kane mu 2022, Ubwongereza bumaze kuriha u Rwanda imiriyoni 220 z\u2019amafaranga y\u2019abongereza (ayangana n&rsquo;imiliyaridi 358 y\u2019abanyarwanda) muri ico kigega c\u2019iterambere ry\u2019ubutare, ndetse mu myaka itatu iri imbere vyitezwe ko buri mwaka buzaruriha inyongera ya miriyoni 50 z\u2019amafaranga y\u2019abongereza. Ayo yose hamwe ni imiriyoni 370 z\u2019amafaranga y\u2019abongereza mu kiringo c\u2019imyaka itanu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya\u00a0: umukuru w\u2019igihugu William Ruto na mugenzi we Yoweri Museveni wa Uganda bagiraniye ibiganiro barikumwe n&rsquo;uwutavuga rumwe n\u2019ubutegetsi bwa Kenya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Raila Odinga, umukuru w\u2019abatavuga rumwe na Reta muri Kenya ararondera ikibanza co kuba umukuru w\u2019urwego rutwara ishirahamwe ry\u2019ubumwe bwa Afrika (Union Africaine). Ashaka gusubirira umunya-Tchad Moussa Faki Mahamat azorangiza ikiringo ciwe mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uza.<\/p>\n\n\n\n<p>Raila Odinga ku wa mbere yari muri Uganda ajanye n\u2019umukuru w\u2019igihugu ca Kenya, William Ruto, bagiye gusaba Umukuru w\u2019igihugu Museveni gushigikira Odinga. Museveni yabakiriye ku rugo rwiwe ruri ahitwa Kisozi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku rubuga X, rwahoze rwitwa Twitter, Odinga yagize ati&nbsp;: \u2018\u2019Ndakengukiye cane Museveni kwemera gushigikira bikomeye icipfuzo canje hamwe na Ruto mu kugishigikira.\u2019\u2019<\/p>\n\n\n\n<p>Umubonano w\u2019abo bagabo batatu usa n\u2019uwatangaje abatari bake mu bihugu vyompi. Ubaye mu gihe hari hasanzwe ugukebana bikomeye hagati ya Kenya na Uganda ku ruhande rumwe, no hagati ya Ruto na Odinga ku rundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Raila Odinga ntiyigeze yemera ko yatsinzwe na Ruto mu matora. Mu mwaka uheze, Odinga yakoresheje urukurikirane rw\u2019imyiyerekano yo kurwanya Reta ya William Ruto ishingiye ku kibazo c\u2019ubuzima buzimvye, bituma haba icuka kibi hagati y\u2019indongonzi.<\/p>\n\n\n\n<p>Hagati ya Kenya na Uganda naho, mu kwezi kwa Munyonyo, haradutse ukutumvikana bikomeye ku bijanye n&rsquo;ibitoro vyinjira muri Uganda \u2013 itagira umuhora ushika kw\u2019ibahari \u2013 biciye muri Kenya, aho Museveni yavuze ko \u2018\u2019igihugu ciwe cibwa\u2019\u2019 n\u2019abikika mu kiza hamwe n\u2019abaranzi [commissionnaires] murj Kenya.<\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019umubonano wo ku wa mbere, William Ruto yanditse kuri X ko we na Museveni \u2018\u2019bumvikanye\u2019\u2019 kandi ko ibibazo bijanye n\u2019ingene ibitoro bishika muri Uganda biriko biratora inyishu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ruto yananditse kandi ko bavuganye na mugenzi we wa Uganda ko bovyura umugambi wari warateguwe wo kwubaka umuringoti wotwara ibitoro biyunguruye ubivana Eldoret muri Kenya ukabishikana i Kampala muri Uganda n\u2019i Kigali mu Rwanda. Isoko ry\u2019inkuru <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/crgrgp82plro?at_bbc_team=editorial&amp;at_campaign_type=owned&amp;at_link_id=85B0ABA8-D56E-11EE-9E47-8DE5413A1DFE&amp;at_medium=social&amp;at_format=link&amp;at_link_origin=BBC_News_Gahuza&amp;at_campaign=Social_Flow&amp;at_ptr_name=facebook_page&amp;at_link_type=web_link&amp;fbclid=IwAR0Kkfp6UuQU9ZXzdLsZkyT8WpByAg2xQ_42SOBH2hzDkMpNkN04uYzVapU\">BBC<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Tanzania&nbsp;: ibitaro bikuru bikuru vy\u2019abigenga vyahagaritse gutanga ubuvuzi ku bafise udukarata two kwivurizako \u00ab&nbsp;NHIF&nbsp;\u00bb Abarongozi b\u2019ivyo bitaro bavuga ko bafashe iyo ngingo kuva kuri uyu wa 01\/03\/2024, inyuma yaho Reta itangarije impinduka mu bijanye no gushigikira ikigega c\u2019igihugu kijejwe gufasha itangwa ry\u2019ubuvuzi, aho hagabanijwe intererano itangwa mu gushigikira ico gisata haba mu kuvura indwara zimwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":8124,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[566],"coauthors":[572],"class_list":["post-8123","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8123","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8123"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8123\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8128,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8123\/revisions\/8128"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8124"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8123"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8123"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8123"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8123"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}