{"id":8092,"date":"2024-02-29T18:13:59","date_gmt":"2024-02-29T17:13:59","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8092"},"modified":"2024-03-24T10:51:26","modified_gmt":"2024-03-24T09:51:26","slug":"burundi-ingenzi-pnud-tourism","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ingenzi-pnud-tourism\/","title":{"rendered":"Ivyokorwa kugira igisata c&rsquo;ingenzi mu Burundi gitere imbere si bike&#8230;"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ni kimwe mu vyashikirijwe kuri uyu wa 28 ruhuhuma 2024. Wari umusi wa kabiri ari nawo wanyuma w\u2019inama rukokoma igamije kumenya intambwe Uburundi bugezeko, ibikigoranye n\u2019ivyokosorwa mu gisata c\u2019ingenzi<\/strong>.<\/p>\n\n\n\n<p>Perp\u00e9tue Miganda asanzwe ari umuhinga mu gutunganya ibibanza vy\u2019iratiro, akaba nyene ikibanza citwa \u201cKwa Miganda\u201d niwe yibajije ico kibazo ngo arabe uko yomenyekanisha igihugu. Ubona ko ivy&rsquo;ingenzi biri mu <a href=\"https:\/\/abpinfo.bi\/2023\/12\/21\/reflexion-sur-les-strategies-de-developpement-du-secteur-touristique\/\">bisata bihambaye<\/a> Uburundi bushaka gukorerako kugira bwubake iterambere ryabwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Yaciye yandika igitabo yise<em> <a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/miganda-autobiographie-essai-anthropologie-culture-burundi\/\">\u00ab\u00a0Tr\u00e9sor du Burundi ancestral\u00a0\u00bb<\/a><\/em>. Avugamwo inkingi Abarundi bishimikiza kera ari navyo vyabatandukanya n\u2019abandi bigatuma n\u2019abandi bipfuza ivyiza vy\u2019Uburundi. Harimwo ugusenga kw\u2019aho hambere, ubuvuzi kama, indero, ukurimiranira n\u2019ibindi<\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Paulin Bizimana asanzwe ategura ibiteramo mu gisagara ca Bujumbura ngo ibitarivyo vyerekana abaririmvyi nk\u2019abatagira indero vyabwirizwa kuva mu mitwe y\u2019Abarundi cane cane abaserukira abandi. Kubw\u2019iwe ngo abaririmvyi nibo bantu bambere berekana ishusho nziza y\u2019igihugu babinezererewe kandi ata nyungu nini bakuramwo. Arasaba Reta kworohereza abo bahinga mu kumenyekanisha igihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Aha agira ati: <em>\u201cVyosa neza cane nka hamwe Umukuru w\u2019igihugu yohora afata ingendo atwaye n\u2019umuririmvyi n\u2019umwe anezereza ab&rsquo;aho agiye, akanamenyekanisha igihugu. Baba bakiri bato, bakurikiranwa na benshi, vyotuma urunganwe rwabo rwipfuza kuza mu gihugu cabo kubaraba, gutyo ingenzi zikagwira n\u2019amafaranga y\u2019agaciro akaboneka.\u201d<\/em> Abona kandi ko ari ngombwa ko ibibanza vyo kwinezererezamwo bitokwinjiramwo abitwaje ibigwanisho, kuko bishobora kubuza ingenzi kwisanzura ngo zibone ubwiza bw\u2019igihugu.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"800\" height=\"627\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/02\/Niyonzima-Brice-Visit-Burundi.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8104\" style=\"width:567px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/02\/Niyonzima-Brice-Visit-Burundi.jpg 800w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/02\/Niyonzima-Brice-Visit-Burundi-300x235.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/02\/Niyonzima-Brice-Visit-Burundi-768x602.jpg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 800px) 100vw, 800px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><em><sup><strong>Niyonzima Brice, arongoye Visit Burundi<\/strong><\/sup><\/em><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Audace Ndabahawe aserukira Gisabo Tours, ati: <em>\u201cBirababaje kuba ingenzi zotinya gushika ahantu hasa neza kubera <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/JimbereMagazine\/posts\/pfbid0mC3DFVVfcWEQADMTjdEDrtCsxNPWvMU77kq59GYb7Lw36wBTBceaa9rKgu2kZd9jl\">ata barabara ryiza rishikaho.<\/a>\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Gushikana ibiranga Uburundi mu bindi bihugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Niyonzima Bruce aserukira Visit Burundi, abona ko hobaho udutabo n\u2019amareresi arata ubwiza bw\u2019igihugu vyerekanwa mu ndege no ku bibuga vy\u2019indege, ntihabure umuyagankuba, amazi na internet mu bibanza vy\u2019iratiro n\u2019amahoteri yakira ingenzi. Ikindi ngo Abarundi ubwabo babwirizwa kugendera ivyo bibanza bakarata ico bazi. Arasaba kandi ko amashusho mabi y\u2019igihugu yokurwa ku mbuga zikomeye nka google, hakamenyekanishwa ivyiza vy\u2019Uburundi.<\/p>\n\n\n\n<p>Umumenyeshamakuru D\u00e9sir\u00e9 Nimubona, arasaba ko Abarundi bohimirizwa ku buryo bwo kwakira ingenzi. Ikindi ngo abakinyi, abahinga n\u2019abandi Barundi baba mu mahanga babwirizwa kuba icirore c\u2019igihugu cabo bakakimenyekanisha mu bihugu baranguriramwo imirimo.<\/p>\n\n\n\n<p>Arasaba ko ingoma zovuzwa mu bibuga binini binini, mu nkino zihuza ibihugu vyinshi, mu mahayanishwa n\u2019ahandi, hakaba hariho n\u2019udutabu buri gihe tudondora igihugu c\u2019abo bahinga.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo Junior Biraronderwa wo mw&rsquo;ishirahamwe Festicab rikora muvy&rsquo;amareresi abona ko hakwiye gushigikirwa abakinyi b&rsquo;amareresi ba hano mu gihugu, akerekanwa aha n&rsquo;ahandi kuko ari ubundi buryo bwo kurata igihugu mu makungu. Atanga akarorero ka \u00ab\u00a0Gito\u00a0\u00bb ireresi yakozwe n&rsquo;Umurundi, ariko igatuma n&rsquo;abazungu bipfuza kugendera Uburundi. <\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1000\" height=\"667\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/02\/Jacques-Bigirimana-et-Ministre-Commerce.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-8103\" style=\"width:624px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/02\/Jacques-Bigirimana-et-Ministre-Commerce.jpg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/02\/Jacques-Bigirimana-et-Ministre-Commerce-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2024\/02\/Jacques-Bigirimana-et-Ministre-Commerce-768x512.jpg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><strong><em><sup>Jacques Bigirimana umuyobozi mukuru w&rsquo;igisata c&rsquo;ingenzi mu Burundi<\/sup><\/em><\/strong><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p><strong>Imbuga ngurukanabumenyi ntizihara<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Fernand Matendo aserukira urwego rwitwararika itumatumanako ry\u2019amakuru (TIC), abona ko kugira Uburundi bukaburire ingenzi kwinjira mu gihugu ku bwinshi habwirizwa gutunganywa imbuga ngurukanabumenyi zijejwe kumekanisha igihugu. Ngo vyotuma ishusho y\u2019igihugu imenyekana hose. Ikindi ngo ibanki nkuru yabwirizwa kworohereza ingenzi mu kuriha ama hoteri ku buhinga bugezweho bwa internet, ari navyo vyofasha ko hinjira amafaranga y\u2019agaciro, n\u2019ubusuma bukagwanywa. Amahoteri n\u2019ubunywero vyabwirizwa kugira internet yo ku rwego rugezweho ngo bikunde ingenzi zihahurumbire<\/p>\n\n\n\n<p>Mathieu Ciowela aserukira PNUD mu Burundi yagize ati: <em>\u201cKuko igisata c\u2019ingenzi gifasha mu guhuza ibihugu no mw\u2019iterambere ryavyo, ishirahamwe PNUD rizoba hafi mu gushigikira imigambi yo muri ico gisata.\u201d<\/em> Yamenyesheje ko ririko rirafasha mu gukingira ishamba rya Kibira n\u2019irya Rusizi.<\/p>\n\n\n\n<p>Jacques Bigirimana umuyobozi mukuru w&rsquo;igisata c&rsquo;ingenzi mu Burundi, yamenyesheje ko ashimishijwe n\u2019intererano zatanzwe muri iri huriro, ko zizokwishimikizwa mu bikorwa vy\u2019uyu mwaka kugira ngo mu myaka iri imbere Uburundi ntibwame mu manama, ahubwo nyabuna bishirwe mu ngiro, bumenyekane ku rugero rushemeye.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gusozera, Umushikiranganji w\u2019Ubudandaji, amahinguriro, ugutwara abantu n\u2019ibintu, n\u2019igisata c\u2019ingenzi yasavye uburongozi bukuru bwo mu gisata c\u2019ingenzi ko bwoshira mu ngiro vuba ivyasabwe muri iri huriro ridasanzwe. Yamenyesheje ko uko amezi atatu aheze, bazoza barasuzuma intambwe iterambere ry\u2019igisata c\u2019ingenzi rigezeko.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ni kimwe mu vyashikirijwe kuri uyu wa 28 ruhuhuma 2024. Wari umusi wa kabiri ari nawo wanyuma w\u2019inama rukokoma igamije kumenya intambwe Uburundi bugezeko, ibikigoranye n\u2019ivyokosorwa mu gisata c\u2019ingenzi. Perp\u00e9tue Miganda asanzwe ari umuhinga mu gutunganya ibibanza vy\u2019iratiro, akaba nyene ikibanza citwa \u201cKwa Miganda\u201d niwe yibajije ico kibazo ngo arabe uko yomenyekanisha igihugu. Ubona ko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8094,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[620],"coauthors":[34],"class_list":["post-8092","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-ingenzi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8092","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8092"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8092\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8107,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8092\/revisions\/8107"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8094"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8092"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8092"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8092"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8092"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}