{"id":8078,"date":"2024-02-28T17:36:50","date_gmt":"2024-02-28T16:36:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8078"},"modified":"2024-04-20T14:14:26","modified_gmt":"2024-04-20T12:14:26","slug":"amakuru-yaranze-akarere-eac-ruhuhuma-gushika-2024-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-eac-ruhuhuma-gushika-2024-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka EAC kuva ku wa 19 Ruhuhuma gushika ku wa 26 Ruhuhuma 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kenya<\/strong> havugwa intwazangabo mu giporisi yo mu ntara ya Kirinyaga\u00a0 yahagaritswe izira kudandaza inzoga zifise umwambiro mwinshi cane zo mu bwoko bwa Liqueur kandi bitemewe n\u2019amategeko. Nkuko vyashikirijwe n\u2019uwurongoye igiporisi mu ntara ya Kirinyaga Hussein Allasow, iyo ntwazangabo yabaye irashirwa mw\u2019ibohero mu kurindira ko urubanza rucika kuri uno wa kane itariki 29 Ruhuhuma 2024. Iyo ntwazangabo rero mu guca inyuma ayo mategko yo kugurisha inzoga zitemewe n\u2019amategeko yabikorera mu nzu y\u2019ubunywero n\u2019inzu z\u2019uburaro (Guest House) iri iruhande y\u2019isoko ya Ithare Trading Center. Ivyo bibaye inyuma yaho uburongozi bwo muri iyo ntara ya Kirinyaga bufatiye ingingo kuwa 19 Ruhuhuma 2024\u00a0 yo kwugara inzu z\u2019ubunywero zose zitanga inzoga zo mu bwoko bwa liqueur kugira habanze gusuzumwa ko aho bakorera hasa neza kandi n\u2019izo nzoga zitosinzikaza amagara y\u2019abanyagihugu. Izindi nzu 4 z\u2019ubunywero z\u2019intwazangabo zitanga ivyo binyobwa vyo mu bwoko bwa Liqueur mu karere ka Ngurubani \u00a0nabwo nyene buramaze kwugarwa kuva iyo ngingo ishizwe mu ngiro. Umwe mu bashingamateka batowe muri ubwo burere Rigathi Gachagua yabwiye intwazangabo zaho ko zohitamwo kimwe mu gucungera umutekano canke gukora urudandaza rw\u2019inzoga. Inkuru tuyikesha <a href=\"https:\/\/www.the-star.co.ke\/news\/realtime\/2024-02-21-police-officer-arrested-for-selling-alcohol-illegally-in-kirinyaga\/\">the-star.co.ke<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda<\/strong> havuzwe uburaro bw\u2019abanyeshure bo kw\u2019ishure rito rya Creamland Primary School bwahiye buratokombera, ariko ntawahasize ubuzima.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyabaye kuwa 23 Ruhuhuma 2024 aho abanyeshure bari kuri iryo shure bariko barafungura ivyo mw\u2019ijoro aho babona urubeya runini rwaduka ahasanzwe hari uburaro bwabo. Amakuru yatanzwe n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/nilepost.co.ug\/news\/189492\/fire-guts-dormitory-in-iganga\">NilePost<\/a> avuga ko atanumwe yahasize ubuzima canke ahakomerekere ariko ko vyinshi vyari muri ubwo buraro vyahononekariye. Diana Nduwala, umuvugizi w\u2019igiporisi muri ako gace, avuga ko bataramenya icatumye uwo muriro waduka kandi bataramenya agaciro k\u2019ukuri k\u2019ivyononekaye uko kangana. Havugwa ko ama miriyoni y\u2019amashilingi y\u2019amafanga akoreshwa muri Uganda ariyo ashobora kuba yarononekariye muri uwo mucanwa. Muri ubwo buraro bwa Creamland Primary School hari hariyo abanyeshure 18.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzania<\/strong> abanyagihugu babandanya bidogera uburongozi bwabo ko bamaze iminsi bataronka isukari, amazi n\u2019umuyagankuba nkuko vyari bikwiye. Jakaya Kikwete yahoze arongoye ico gihugu &nbsp;(kuva 2005-2015) asaba aba Tanzania kubandanya bizera umukuru w\u2019igihugu cabo kuko ari ku kivi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo Jakaya Mrisho Kikwete yabishikirishe ku wa 21 Ruhuhuma 2024, igihe hariko haraterwa umukono wo kwubaka ibindi bigo 21 vya Kaminuza ya Dar es Salaam, asanzwe arongoye. Kikwete yashimiye Samia Suluhu ku kungene ariko aritwara muri ivyo bihe bitoroshe mu kuronderera inyishu kuri ivyo bibazo bihanze abatanzaniya. Yagize ati: \u00a0\u00bbDuhiriwe duhishije kuko dufise umurongozi ahagarara bwuma mu gihe haje ibibazo akabanguka kubitorera inyishu, ivyo biraheza bigahumuriza abanyagihugu. Hamwe yoca agira ubwoba, twebwe abanyagihugu naho twoca tugira ubwoba burenze\u00a0\u00bb. Ivyo vyose Jakaya Kikwete abivuze inyuma yaho bamwe mu banyatanzaniya batanguye kugaragaza akababaro kubona hariko haribonekeza ibura ry\u2019ibintu vya nkenerwa muri iki gihe aho cane cane twovuga amazi, umuyagankuba hamwe n\u2019isukari. Iyo nkuru uyisanga kuri <a href=\"https:\/\/www.mwananchi.co.tz\/mw\/habari\/kitaifa\/-kikwete-azitaja-kero-za-umeme-maji-na-sukari-4533638?s=09\">Mwanaanchi News Paper<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC<\/strong> Muri ico gihugu bariyamiriza amasezerano hagati y\u2019Urwanda n\u2019ibihugu vy\u2019ubumwe bwa buraya yerekeye ivy\u2019amabuye y\u2019agaciro azova mu Rwanda, RDC ivuga ko ubwo butare atabuhari mu Rwanda ahubwo ari ubuzokwibwa mu gihugu cabo hama bugurishwe n\u2019Urwanda.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyashikirijwe na Christophe Lutundula, umushikiranganji w\u2019Ububanyi n\u2019imigenderanire ya RDC aho yagize ati: \u00a0\u00bbUrwanda nta mabuye y\u2019agaciro ahurumbirwa cane nka Cobalt, Coltan, Lithium na Nobium rufise kuko biri mu cigwa n\u2019amatohoza yakozwe n\u2019inzego za RDC n\u2019ababunyoye mu bijanye&nbsp; no kurondera ahari amabuye y\u2019agaciro. Ahubwo ayo mabuye y\u2019agaciro ari muri RDC. Kubona hagiyeho amasezerano hagati y\u2019ibihugu vy\u2019Ubumwe bwa buraya n\u2019Urwanda ntakindi bigamije atari kubandanya bibangamira umutekano mu karere k\u2019ubuseruko bwa RDC narirya ariho hasanzwe haca ubutare bw\u2019ubwibano\u00a0\u00bb. Mu Rwanda naho barahakana ivyo bagirizwa, bakavuga ko igihugu cabo&nbsp; naco gisanzwe gifise isi iriko amabuye y\u2019agaciro ku bwinshi nka Casiterite, coltan, Wolfram, Zahabu.<\/p>\n\n\n\n<p>Jutta Urpilainen, umurongozi w\u2019ubwo bumwe bwa buraya araba ibijanye n\u2019imigenderanire mu makungu amenyesha ko ayo masezerano azotuma agaciro k\u2019ubwo butare buduga. Nk\u2019uko vyanditswe na <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/100079103852254\/posts\/pfbid02Z967UqttDpLLqcRSS1xTgvjxmFDHfHe3tczCsQUSv8cEMxAdusqvYfPiZdqtG7z1l\/?mibextid=CDWPTG\">BBC<\/a>, UE yasohoye urwandiko ivuga ko muri ayo masezerano harimwo ukurwanya urudandazwa rw\u2019amabuye y\u2019agaciro atemewe n\u2019amategeko.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda<\/strong> harashizwe ahabona kazinduzi izofasha mu bikorwa vyo mu gisata c&rsquo;ubutunzi.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo kazinduzi yerekanywe ku wa 21 Ruhuhuma 2024 mu ntumbero yo gufasha abakunze kwitiza amajambo avuye mu zindi ndimi bariko baravuga ibijanye n\u2019ubutunzi, urudandazwa n\u2019ibindi.\u00a0 Iyo kazinduzi yashizwe ku mugaragaro n\u2019uwurongoye ikigo kiraba akaranga na kahise ko muri ico gihugu (Rwanda Cultural Heritage Academy, RCHA). Muri iyo kazinduzi harimwo amajambo agera ku 2745 ari mu mpapuro 259. Mu gutora amajambo aja muri iyo kazinduzi barabiye ku yakunzwe gukoreshwa ahakoranira abantu benshi nko mu masoko, mu mabarabara, mu bibuga vy\u2019imipira, inyubako n\u2019ibindi. Umwe mu barongozi b\u2019ico kigo ca RCHA, Diog\u00e8ne Musabayezu, yavuze ko ururimi rw\u2019ikinyarwanda rutazozimangana mu gihe Abanyarwanda bazoba bagihari. Ahubwo urwo rurimi ruzobandanya gushimangirwa kandi yizeye ko ruzovugwa henshi hashoboka. Ahamagarira Abanyarwanda kwama barubungabunga no kurukoresha cane atibagiye Abanyarwanda baba hanze y\u2019igihugu. Inkuru yanditswe na <a href=\"https:\/\/www.newtimes.co.rw\/article\/14714\/news\/culture\/new-specialised-kinyarwanda-dictionary-on-economy-finance-unveiled\">The New Times Rwanda<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kenya havugwa intwazangabo mu giporisi yo mu ntara ya Kirinyaga\u00a0 yahagaritswe izira kudandaza inzoga zifise umwambiro mwinshi cane zo mu bwoko bwa Liqueur kandi bitemewe n\u2019amategeko. Nkuko vyashikirijwe n\u2019uwurongoye igiporisi mu ntara ya Kirinyaga Hussein Allasow, iyo ntwazangabo yabaye irashirwa mw\u2019ibohero mu kurindira ko urubanza rucika kuri uno wa kane itariki 29 Ruhuhuma 2024. Iyo [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8079,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-8078","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8078","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8078"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8078\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8081,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8078\/revisions\/8081"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8079"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8078"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8078"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8078"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8078"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}