{"id":8074,"date":"2024-02-21T12:49:34","date_gmt":"2024-02-21T11:49:34","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8074"},"modified":"2024-03-24T10:50:50","modified_gmt":"2024-03-24T09:50:50","slug":"amwe-makuru-yaranze-akarere-eac-ruhuhuma-2024-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amwe-makuru-yaranze-akarere-eac-ruhuhuma-2024-burundi\/","title":{"rendered":"Amwe mu makuru yaranze akarere k\u2019Afirika y\u2019Ubuseruko kuva ku wa 12-19\/02\/2024\u00a0"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kenya\u00a0: umugabo yishwe n\u2019umugore wiwe mu karere ka Isiolo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iryo bara ryaguye mw\u2019ijoro ry\u2019uwa gatandatu buca ari ku wa 18\/02\/2024. Abarongoye igiporisi muri ako karere bemeza ko ubwo bubisha bwabaye inyuma yuko umugabo n\u2019umugore bashwanye umwanya muremure.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/cgkOV\">Citizen<\/a>, igiporisi kivuga ko yatabarijwe n\u2019umubanyi igihe c\u2019isaha 4 (22h) muri iryo joro nyene, aho casanze Jacob Odhiambo w\u2019imyaka 30 agaramye hasi, maze bamunyarukana kwa muganga, aho yavuye acikanira. Umukenyezi wa Jacob akaba yaciye afatwa, mu kurindira ko acirirwa urubanza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Urwanda rwagize amasezerano n\u2019Ubumwe bwa Buraya mu bijanye no gucukura ubutare, mu gihe amabuye y\u2019agaciro yinjirije Urwanda amafaranga angana umuriyaridi w\u2019amadorare<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Urwego rw\u2019igihugu rujejwe amasoko ntanganguvu, igitoro na gaz, RMB, rwatangaje ko amabuye y\u2019agaciro yashowe mu mahanga mu mwaka wa 2023 yinjirije Urwanda amafaranga arenga gato umuriyaridi w\u2019amadorare, avuye ku miriyoni 772 z\u2019amadorari ya Amerika, bigaragaza ko yaduze ku rugero rwa 43.0%.<\/p>\n\n\n\n<p>Ico kigo RMB kivuga ko iryo duzwa ry\u2019agaciro rikomoka ku kuba ibikorwa vyo guhingura&nbsp; amabuye y\u2019agaciro akomoka mu Rwanda vyagumye kwiyongera, ugucura bikozwe vyisunze amategeko, ubudandaji bukomeye bwakozwe mu gutanguza ubuhinga mu bucukuzi no guteza imbere ubucukuzi bukozwe mu buryo buramba. Ayo mabuye y\u2019agaciro akaba arimwo inzahabu, ayitwa \u00ab&nbsp;coltan, wolframite, cassit\u00e9rite&nbsp;\u00bb, n\u2019ayandi.<\/p>\n\n\n\n<p>Bivuye ku migambi itandukanye yashizweho, ikigo RMB cerekana ko mu mwaka wa 2024 ubucukuzi bw\u2019amabuye y\u2019agaciro buzoba bwinjiriza Urwanda n&rsquo;imiburiburi umuriyaridi n&rsquo;igice w&rsquo;amadorare. Ubushakashatsi bwakozwe mu 2017, bwerekanye ko mu Rwanda hari ibibanza 52 birimwo amabuye y\u2019agaciro, aho ibigera kuri 37 vyamaze gutangwamwo impusha z\u2019ubucukuzi, ibigera kuri 10 bikaba bitaratangura gukorerwamo ubwo bucukuzi mu buryo bwemewe, mu gihe bitanu biri ahari ibibanza bikomeye vy\u2019iratiro. Ico kigo cerekana ko amabuye y\u2019agaciro ari mu butaka bw\u2019Urwanda afise agaciro ka miriyaridi 154 z\u2019amadorare.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/krY57\">Igihe<\/a>, kikaba candika ko Reta y\u2019u Rwanda n\u2019Umuryango w\u2019Ubumwe bwa Buraya, vyasinye amasezerano agamije guteza imbere ubucukuzi bw\u2019amabuye y\u2019agaciro butabangamira ibidukikije.<\/p>\n\n\n\n<p>Itangazo rigenewe abamenyeshamakuru rivuga ko impande zompi zizofashanya mu guteza imbere uruhererekane rw\u2019inzira amabuye acukurwa acamwo, gufashanya mw\u2019itunganywa ry\u2019ayo mabuye mu ntumbero yo kuyongerera agaciro no guhangana n\u2019ubucuruzi bw\u2019amabuye mu buryo butemewe n\u2019amategeko, hitaweho cane cane gukurikirana amabuye kuva atanguye gucukurwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu bindi biyemeje harimwo guharanira ko amabuye acukurwa mu buryo butabangamira ibidukikije no kurondera ubushobozi butuma hubakwa inganda\u00a0 zigamije kworosha icukurwa ry\u2019amabuye y\u2019agaciro. Urwanda n\u2019Ubumwe bwa Buraya kandi vyiyemeje gukora ubushakashatsi, guhanahana ubumenyi no kwikora ku buhinga bugezweho mu bijyanye n\u2019ubucukuzi, haba mu gucukura amabuye no kuyatunganya mu gihe ageze mu mahinguriro, ndetse no kwongera inyigisho ku bakora mu rwego rw\u2019ubucukuzi bw\u2019amabuye y\u2019agaciro.<br><br><strong>Tanzania\u00a0: hagiye gutanguzwa ingendo z\u2019indege zishika mu Burusiya na Duba\u00ef, atahandi ziciye<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umuserukizi w\u2019igihugu ca Tanzania mu Burusiya avuga ko amasezerano hagati y\u2019ivyo bihugu vyompi agiye guterwako umukono vuba. Fredrick Ibrahim Kibuta avuga ko hari ingenzi nyinshi zikenera indege izijana canke izikura muri ivyo bihugu vyompi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bikaba vyabaye imbere yuko urwego mw\u2019ishirahamwe ryunguruza abantu mu ndege Air Tanzania rumenyesheje ko rugiye gutanguza kuva ku wa 31\/03\/2024, ingendo z\u2019indege hagati ya Tanzania n&rsquo;igisagara ca Duba\u00ef, atahandi zirinze guca. Tubikesha urubuga <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/enxQ0\">Citizen<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda igiye kurangurira igitoro muri Tanzania, inyuma yaho icanyemwo na Kenya<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu muri Uganda yamenyesheje kuri uyu wa 15\/02\/2024, ko Reta yatanguye ibiganiro n&rsquo;igihugu ca Tanzania, mu ntumbero yuko igitoro ikenera coza kiracishwa ku kivuko ca Dar Es Salaam, mu gihe cahora gicishwa ku kivuko c\u2019i Mombassa muri Kenya.<\/p>\n\n\n\n<p>Igihugu ca Uganda kivuga ko kitashimishijwe n\u2019uburyo caronswa igitoro biciye muri Kenya, vyatuma rimwe rimwe gicerwa, bigashika ndetse kikanaduzwa n&rsquo;igiciro. Kugeza ubu, ngo impande zompi Uganda na Tanzania bisa nk\u2019ivyiteguye guhanahana igitoro, hakaba hariko hararonderwa inzira kizoza kiracishwamwo. Ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/inpCU\">The Citizen<\/a> nico kivyandika<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC&nbsp;: habaye imyiyerekano i Kinshasa yo kwiyamiriza ibihugu vya rutura, ko ataco bikora mu gufatira ibihano Urwanda<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igiporisi c\u2019i Kinshasa ku murwa mukuru wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo carashe ivyuka vyokera mu ntumbero yo guhagarika imyiyerekano y\u2019abiyamiriza ibihugu vya rutura, bavyagiriza kutaba bikoresha ijambo bifise ku gihugu c\u2019Urwanda, cagirizwa kenshi n&rsquo;amashirahamwe atandukanye nka ONU, kuba gifasha umugwi witwaje ibirwanisho wa M23, ariko Urwanda gushika n\u2019ubu rukaba rubihakana.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri iyo myiyerekano yabaye igenerekerezo rya 12\/02\/2024, abariyo bakaba bagaragaye baturira amadarapo y\u2019ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe z\u2019Amerika n\u2019Ububirigi. Umwe mu bitabiriye iyo myiyerekano, agira ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;Abo mu bihugu vy\u2019uburengero bw\u2019isi ni bo bihishije inyuma yo gusahurwa kw\u2019igihugu cacu. Urwanda ntirukora rwonyene, rero bagomba kutuvira mu gihugu.&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Abaporisi barenga 50 bakaba bashizwe ku biro vy\u2019ubuserukizi butandukanye mu gukinga ko ata ntureka zohabera. Amashure mpuzamakungu n\u2019amamangazini y\u2019abanyamahanga yo muri komine ya Gombe, hagati muri Kinshasa, akaba yari yugaye ku wa mbere, kubera gutinya ko umutekano uhungabana.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biri uko, mu gihe Reta Zunze Ubumwe z\u2019Amerika yasavye abanyagihugu bayo bari muri RDC \u00ab&nbsp;kutagaragara cane&nbsp;\u00bb no \u00ab&nbsp;gutuma umuryango usuma ibifungurwa bikwiye n&rsquo;amazi mu gihe vyoba ngombwa ko uguma mu nzu iminsi myinshi&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku wa 11\/02\/2024, mu nama, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa RDC Christophe Lutundula yizeje abaserukira ibihugu vyabo n\u2019abategetsi bo muri ONU ko Reta izobakingira umutekano. Mu ndwi zibiri ziheze, abantu baharurwa mu bihumbi bahunze ingo zabo mu karere ka Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru, baja ku murwa mukuru wa Goma, inyuma y\u2019ibitero vy\u2019umugwi M23 vyiciyemwo abantu. Inkuru tuyikesha <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/fvP36\">BBC Gahuza Miryango<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kenya\u00a0: umugabo yishwe n\u2019umugore wiwe mu karere ka Isiolo Iryo bara ryaguye mw\u2019ijoro ry\u2019uwa gatandatu buca ari ku wa 18\/02\/2024. Abarongoye igiporisi muri ako karere bemeza ko ubwo bubisha bwabaye inyuma yuko umugabo n\u2019umugore bashwanye umwanya muremure. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru Citizen, igiporisi kivuga ko yatabarijwe n\u2019umubanyi igihe c\u2019isaha 4 (22h) muri iryo joro nyene, aho [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":8075,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566],"coauthors":[572],"class_list":["post-8074","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8074","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8074"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8074\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8076,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8074\/revisions\/8076"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8075"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8074"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8074"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8074"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8074"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}