{"id":8067,"date":"2024-02-13T09:14:29","date_gmt":"2024-02-13T08:14:29","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8067"},"modified":"2024-03-24T10:50:57","modified_gmt":"2024-03-24T09:50:57","slug":"amakuru-makuru-makuru-yaranze-akarere-eac-ruhuhuma-2024-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-makuru-makuru-yaranze-akarere-eac-ruhuhuma-2024-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru makuru makuru yaranze akarere ka EAC kuva ku wa 05 Ruhuhuma gushika ku wa 12 Ruhuhuma 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uganda<\/strong>\u00a0: Yoweri Museveni, asanzwe aramutswa ico gihugu ngo ashobora kwiyamamaza mu kibanza c\u2019Umukuru w\u2019igihugu mu matora yo mu 2026. Ivyo vyashikirijwe na Richard Todwong, umunyamabanga mukuru w\u2019umugambwe uri ku butegetsi \u00a0The National Resistance Movement (NRM) igihe bariko barahimbaza umunsi mukuru wahariwe uyo mugambwe. Nk\u2019uko vyanditswe na <a href=\"https:\/\/nilepost.co.ug\/news\/188102\/president-museveni-will-be-on-the-ballot-in-2026-nrm\">Nilepost<\/a>, Richard Todwong amenyesha ko Yoweli Museveni ariwe azoshirwa imbere y\u2019abandi mu mugambwe wabo kugira abayobore mu matora ya 2026 kandi ariteguye gukorera igihugu. Yabandanije avuga ko ariwe yazanye amahoro n\u2019umutekano muri ico gihugu kandi gushika ubu atawundi araboneka haba mu mugambwe akomokamwo canke mu gihugu ashobora kubandanya atwara igihugu ngo agiteze imbere.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzania<\/strong>&nbsp;: uwuyobora intara ya Kilimandjaro Nurdin Babu ahamagarira abarongoye uturere two muri iyo ntara ko botegeka abadandaza bose bagurisha isukari kumanika ku ma butike yabo&nbsp; ibiciro vy\u2019ukuntu basanzwe bayidandaza kugira abanyagihugu boroherwe iyo baje kuyirondera. Ivyo yabimenyesheje mu nama nkuru yariko aragirisha abarongoye uturere tw\u2019iyo ntara ya Kilimandjaro kuri uno wa 09 Ruhuhuma 2024. Uyo murongozi avuga ko atazokwihanganira na gato abadandaza bazoba bariko barazimba abanyagihugu mu kuduza ibiciro vy\u2019isukari uko bishakiye. Ivyo abivuze mu gihe Reta ya Tanzaniya yari yashinze igiciro ntarengwa ku kiro c\u2019isukari muri iyo ntara ya Kilimandjaro. Ikiro cari 2800 gushika kuri 3000 y\u2019ama shilingi ariko abandandaza bagatanga iyo sukari ku 3500 Tsh abandi nabo bagashikana ku 5000 Tsh. Ido n\u2019ido tubisanga kuri <a href=\"https:\/\/www.mwananchi.co.tz\/mw\/habari\/kitaifa\/-rc-kilimanjaro-asema-bei-sukari-ibandikwe-dukani-4519888\">Mwananchi<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Sudani y\u2019epfo<\/strong>&nbsp;: bakuyeho burundu ibipimo vya Covid 19 vyahora bisabwa abantu bose kugira baronke impusha zo kwinjira canke gusohoka igihugu. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/twitter.com\/EyeRadioJuba\/status\/1756278242971926972?t=_FCtidbNTeU6B4wAmx0-rg&amp;s=19\">Eye Radio<\/a> co muri Sudani y\u2019epfo, iryo tegeko rifashwe inyuma y\u2019amezi 9 ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y\u2019abantu OMS ritangaje ko umugera wa Covid 19 utakiri ikiza mu bihugu. Nkuko vyashikirijwe n\u2019umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu muri ico gihugu Awel Yolanda Deng, abantu 138 nibo bahitanywe n\u2019ico kiza ca Covid 19 muri 18.313 bari baranduye. Abashika ku 18.000 nabo bose barakize ku biharuro vyari vyegeranijwe gushika muri Ntwarante 2020.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Somalia<\/strong>: abanyagihugu bashika kuri 20 (bagwiriyemwo abana) baramaze gupfa bishwe n\u2019ingwara yo gucibwamo (Diarrh\u00e9e) mu buce bwa Hawadley n\u2019ubundi buhana imbibe. Nkuko vyandikwa &nbsp;na <a href=\"https:\/\/x.com\/ShabelleMedia\/status\/1754472904232767638?s=09\">Shabelle Media Network<\/a>, abandi bashika 50 bariko baravuzwa mu bitaro. Abarongozi bavuga ko ahavuye iyo ngwara ari mu turere dutoduto tudafise ibitaro vyo kuvura iyo ngwara. Ikindi catumye igwirirana nuko uturere hadutsemwo iyo ngwara hari umwonga ukunda gutera ibiza vya Malaria no gucibwamwo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC<\/strong>: haradutse imyiyerekano ku murwa mukuru Kinshasa kuri uno wa 10 Ruhuhuma 2024 aho abanyagihugu bo muri RDC bariko bagaragaza akababaro ko kubona ibihugu vyo ku mugabane wa buraya n\u2019amashirahamwe mpuzamakungu atitaho uko bikwiye imishamirano iriko ibera mu buseruko bwa RDC hagati y\u2019ingabo zo muri ico gihugu FARDC na M23. Imyiyerekano yabereye mu bice hari ubuserukizi bw\u2019ibihugu vya Buraya n\u2019amashirahamwe mpuzamakungu. Muri iyo myiyerekano, haraturiwe imiduga y\u2019ubuserukizi bw\u2019ivyo bihugu n\u2019amashirahamwe nka Monusco. Uwuserukira Monusco muri RDC, Bintou Keita aratera ivyatsi iyo nyifato yo guturira imwe mu miduga yegukira iryo shirahamwe, mbere akavunira akagohe ababikoze ko ivyo bishobora gufatwa nk\u2019ivyaha vyo mu ntambara kandi bica intege bikongera bikagabanya inguvu Monusco isanzwe ikora mu gufasha gucungera umutekano ingabo za FARDC. Abashikiranganji bo muri ico gihugu bo bari bashimye kwifotoza ifoto berekana ikimenyetso co gufuka umunwa n\u2019urutoke rumwe rutumbereje mu mutwe mu kwiyamiriza ubwicanyi n\u2019ingwano ziriko zibera muri Goma. Inkuru dukesha <a href=\"https:\/\/actualite.cd\/2024\/02\/10\/rdc-des-manifestations-violentes-ciblent-les-representations-diplomatiques-et-la-monusco#google_vignette\">Actualites.CD<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda:<\/strong> Ico gihugu caragiranye amasezerano n\u2019igihugu ca Pologne yo gufashanya mu&nbsp; bisata vyinshi bigize ubuzima bw\u2019ivyo bihugu harimwo ubudandaji, uburimyi bwa kijambere, indero, ivy\u2019ubuhinga bwa none, amagara n\u2019ibindi. Ivyo vyabaye kuva kuwa 06 Ruhuhuma 2024 aho Umukuru w\u2019igihugu ca Pologne Andrej Duda yari yagize urugendo rw\u2019akazi muri ico gihugu c\u2019Urwanda. Andrej Duda yagize ati: \u201cTuriko turarondera abafatanyabikorwa b\u2019abizigirwa cane cane abo dusangiye ibintu bimwe bimwe nko gukora cane. Turi hamwe n\u2019Urwanda, turizera ko hari vyinshi twokwumvikanako atawusuzugura uwundi. Aho rero mwomenya ko imigenderanire hagati y\u2019ivyo bihugu igeze ku ntambwe ishimishije narirya Urwanda rusanzwe rwaruguruye ubuserukizi bwarwo muri Pologne kuva muri 2021, na Pologne ikaba ifise ubuserukizi bwayo mu gihugu c\u2019Urwanda kuva muri 2022. Inkuru yanditswe na <a href=\"https:\/\/www.newtimes.co.rw\/article\/14345\/news\/business\/polish-rwandan-business-leaders-explore-trade-investment-partners\">The New Times<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Kenya<\/strong> naho havugwa igandagurwa ry\u2019umuyobozi w\u2019ishure ryo mu karere ka Ngaratuko yitwa Thomas Kibet yishwe arashwe. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.citizen.digital\/news\/tension-after-blind-teacher-killed-by-bandits-in-baringo-n336461?s=08\">The Citizen Digital<\/a>, uyo mwigisha asanzwe afise ubuhumyi ku jisho rimwe &nbsp;yari agiye mu nama ihuza amashuri iba buri mwaka mu gace ka Kicherere ari kumwe n\u2019umuryango wiwe bari kw\u2019ipikipiki. Abajejwe umutekano muri ako karere baremeza ivyo vyabaye mbere bakavuga ko uwo yitavye umuremyi yaguye mu mutego wakozwe n\u2019abasuma, bamurashe mu mutwe agiseruka aca apfira aho nyene. Umugore n\u2019umwana wiwe barikumwe&nbsp; bakaba baciye bajanwa kuvurizwa hafi y\u2019ahabereye ubwo bubisha.<\/p>\n\n\n\n<p>Ayo mu Burundi tuyabashikiriza ku mwanya ku mwanya ku mbuga zacu zitandukanye<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uganda\u00a0: Yoweri Museveni, asanzwe aramutswa ico gihugu ngo ashobora kwiyamamaza mu kibanza c\u2019Umukuru w\u2019igihugu mu matora yo mu 2026. Ivyo vyashikirijwe na Richard Todwong, umunyamabanga mukuru w\u2019umugambwe uri ku butegetsi \u00a0The National Resistance Movement (NRM) igihe bariko barahimbaza umunsi mukuru wahariwe uyo mugambwe. Nk\u2019uko vyanditswe na Nilepost, Richard Todwong amenyesha ko Yoweli Museveni ariwe azoshirwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8068,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-8067","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8067","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8067"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8067\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8070,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8067\/revisions\/8070"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8068"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8067"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8067"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8067"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8067"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}