{"id":8046,"date":"2024-02-06T06:52:00","date_gmt":"2024-02-06T05:52:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8046"},"modified":"2024-02-11T12:22:38","modified_gmt":"2024-02-11T11:22:38","slug":"amakuru-yaranze-eac-nzero-gushika-ruhuhuma-2024-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-eac-nzero-gushika-ruhuhuma-2024-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze EAC kuva ku wa 29 Nzero gushika ku wa 04 Ruhuhuma 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Uganda: \u00ab\u00a0Reta nta buryo ifise bwo kwongereza imishahara y\u2019abakozi bayo\u00a0\u00bb, Kenya: isanganya ry\u2019umuriro ryahitanye abantu 3, abarenga 250 barakomereka, Rwanda: hari umugabo akekwaho gusambanya umwana wiwe w\u2019imyaka itatu mu karere ka Nyagatare, Tanzania: abanyamahanga ntibagiye kworoherwa mu kuronka akazi muri za \u00ab\u00a0microfinance\u00a0\u00bb\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umukuru w\u2019igihugu Kaguta Museveni asaba ko hagira ibikorwa biboneka vyotuma ubutunzi bwisununura, kugira ngo n\u2019abakozi ba Reta baronke umushahara usumbirije. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/WXY23\">The Monitor<\/a>, Museveni avuga ko ataho uburyo bwo kwongereza umushahara abakozi ba Reta bwova, mu gihe ata bikorwa vyo kuzamura ubutunzi Bihari: <em>\u00ab&nbsp;Kuva aho dufatiye ubutegetsi mu 1986, twamye dufata agashahara gaciriritse.\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo Museveni akaba abivuze, mu gihe ata kiringo kinini kihaciye adugirije umushahara abakozi ba Reta bakorera mu bisata vy\u2019ubuhinga (scientifiques), mu gihe abakora mu bisata vy\u2019ubuhinga mvabwenge (arts) bobo batigeze badugirizwa umushahara. Kur\u2019ico kibazo, agira ati: <em>\u00ab&nbsp;Igihe twaronka uburyo buke, twashimye kudugiriza umushahara abakozi bo mu bisata vy\u2019ubuhinga (scientifiques), ariko abari mu bisata vy\u2019ubuhinga mvabwenge (arts) ntibavyakiriye neza, kuko bobo batadugirijwe umushahara. Ariko n&rsquo;ugutahura ko dukeneye cane abahinga nk\u2019abaganga, abubatsi\u2026 Kuko naho jewe nize ivy\u2019ubuhinga mvabwenge (arts), sinoshobora kwubaka ikiraro.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya: isanganya ry\u2019umuriro ryahitanye abantu 3, abarenga 250 barakomereka<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iryo sanganya rikaba ryatewe n\u2019imodoka yarimwo umwuka (gaz) yaturitse mw\u2019ijoro ry\u2019uwa 01 Ruhuhma, buca ari uwa 02\/02\/2024, ku mugwa mukuru Nairobi. Hambavu y\u2019abitavye Imana n&rsquo;abakomeretse, imodoka zitari nke ndetse n\u2019amazu y\u2019ubudandaji yarahononekariye, nkuko uwurongoye igiporisi muri ico gisagara yabishikirije.<\/p>\n\n\n\n<p>Abari basanzwe bakorera ahabereye iryo sanganya bavuga ko batashoboye gukiza ibidandazwa vyabo. Nkuko vyandikwa n\u2019urubuga rwa <a href=\"https:\/\/rb.gy\/l4g8n2\">France 24<\/a>, igihe iyo modoka yaturika benshi birutse bahunga, bituma ataco bashobora kurokora, kuko ngo vyari biteye ubwoba. Igiporisi rero kikaba camaze ijoro ryose kizimya, aho umuriro wose wagiye kuzima mu gitondo c\u2019umunsi wa gatanu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda: hari umugabo akekwaho gusambanya umwana wiwe w\u2019imyaka itatu mu karere ka Nyagatare<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ababa mu gace ka Karangazi, mu karere ka Nyagatare bavuga ko ayo makuru y\u2019uyu mugabo yasambanyije umwana wiwe akamukomeretsa bikomeye yamenyekanye mu mpera y\u2019indwi twaraye turangije.<\/p>\n\n\n\n<p>Bivugwa ko uyu mugabo yatanguye gusambanya umwana wiwe inyuma y\u2019uko hari haheze iminsi myinshi yirukanye nyina, ndetse uyo mugabo akaba yari amaze gutandukana n\u2019abagore bagera kuri batandatu, nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/dgt39\">Igihe<\/a> .<\/p>\n\n\n\n<p>Umugabo umwe yagize ati: <em>\u201cAbabanyi biwe bamaze iminsi bikeka ko yoba asambanya umwana wiwe, ngo bumva umwana arara ararira kandi atagwaye.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abandanya avuga ko inyuma yo gukeka ko uyo umugabo ahora asambanya umwana wiwe, bamwe mu bagore babana begereye uwo mwana baciye bamubaza. Agira ati&nbsp;: <em>\u201cSinzi abagore bafashe nya kana barakabaza ejo bundi, bagafashe barakaraba nk\u2019abagore basanga umwana yarononywe.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Bongeye bavuga ko &nbsp;uyu mugabo inyuma yo kumufata yabanje guhakana ko asambanya umwana wiwe, ababwira ko ari abandi bana bahora bamusambanya, ashatse kwiruka baramufata bamushikiriza inzego z\u2019umutekano.&nbsp; Uyu mwana yasambanyijwe yavuze ko yari yaranse kubivuga kubera ko se yamubwiye ko niyabivuga azomwica.<\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi w\u2019umusozi wa Rukuranyenzi, nawe yemeje ivy\u2019ayo makuru anashimangira ko uyu mugabo yaciye ahagarikwa. Agira ati <em>\u201cNkimara kubimenya naciye nja kuraba uwo mwana. Turamuraba dusanga bimwe mu bihimba vyarononekaye. Naciye nkoresha uburyo bushoboka mfata se, maze tumushikiriza igiporisi, akaba apfungiwe mu kigo ca Karangazi.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzania: abanyamahanga ntibagiye kworoherwa mu kuronka akazi muri za \u00ab&nbsp;microfinance&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko biri mu rwandiko rw\u2019ibanki nkuru ya Tanzania, igitigiri c\u2019abanyamahanga bemerewe gukora mu ma shirahamwe ya \u00ab&nbsp;microfinance&nbsp;\u00bb ntigikwiye kurenga abantu 5. Abatwara ayo mashirahamwe bakaba basabwa ko batokwongereza amasezerano y\u2019akazi canke batange akazi ku munyamahanga, batabinyesheje iyo banki, nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/dkpA6\">The East African<\/a>. Ivyo biri uko mu gihe ibiharuro vyerekana ko urugero rw\u2019abanyatanzaniya batagira akazi ari ibice 8,9%.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo ngingo rero ikaba itazokworohereza umubano w\u2019ibihugu bigize umuryango w\u2019akarere k\u2019Afrika y\u2019Ubuseruko, igihugu ca Tanzania gisanzwe gihurikiyemwo, kuko imwe mu ngingo ngenderwako z\u2019uwo muryango ikaba ari iyo kworohereza abanyagihugu bari muri uwo muryango ibijanye no kuronka akazi muri ivyo bihugu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC: amasezerano n\u2019Ubushinwa yo gucukura ubutare yasubiwemwo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imiriyaridi zirenga 5 z\u2019amadorare ni bwo buryo bwongerejwe ku buzohabwa Reta iharanira Demokarasi ya Kongo izoronswa n\u2019igihugu c\u2019Ubushinwa mu bijanye no gucukura ubutare bwa cuivre na cobalt. Ubwo buryo ngo bukaba buzokoreshwa na Reta mu kwubaka amabarabara n&rsquo;izindi nyubakwa rusangi zo gushigikira iterambere ry\u2019igihugu, nkuko vyashikirijwe n&rsquo;umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ibikorwa rusangi, ku munsi wa mbere w\u2019indwi twaraye turangije.<\/p>\n\n\n\n<p>Ayo mafaranga akaba aje yiyongera ku yandi yarasanzwe mu masezerano yaramaze imyaka yababa 15 hagati y\u2019ivyo bihugu, mu bijanye no gucukura ubutare, aho ayangana n&rsquo;imiriyoni 324 y&rsquo;amadorare ariyo yinjira buri mwaka mu kigega ca Reta. Nayo ku bijanye n\u2019uburusho bufise agaciro k\u2019amafaranga imiriyoni 100 z\u2019amadorare, bwahora butangwa na RDC ku gihugu c\u2019Ubushinwa mu bijanye no gucukura ubutare bwa cuivre na cobalt, bukaba bwahagaritswe. Tubikesha urubuga rw\u2019iradiyo <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/fmAO5\">RFI<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uganda: \u00ab\u00a0Reta nta buryo ifise bwo kwongereza imishahara y\u2019abakozi bayo\u00a0\u00bb, Kenya: isanganya ry\u2019umuriro ryahitanye abantu 3, abarenga 250 barakomereka, Rwanda: hari umugabo akekwaho gusambanya umwana wiwe w\u2019imyaka itatu mu karere ka Nyagatare, Tanzania: abanyamahanga ntibagiye kworoherwa mu kuronka akazi muri za \u00ab\u00a0microfinance\u00a0\u00bb\u2026 Umukuru w\u2019igihugu Kaguta Museveni asaba ko hagira ibikorwa biboneka vyotuma ubutunzi bwisununura, kugira [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":8047,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566],"coauthors":[572],"class_list":["post-8046","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8046","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8046"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8046\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8049,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8046\/revisions\/8049"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8047"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8046"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8046"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8046"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8046"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}