{"id":8040,"date":"2024-01-30T17:29:00","date_gmt":"2024-01-30T16:29:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8040"},"modified":"2024-07-27T14:24:35","modified_gmt":"2024-07-27T12:24:35","slug":"amakuru-makuru-makuru-yaranze-akarere-afrika-yubuseruko-nzero-2024-eac-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-makuru-makuru-yaranze-akarere-afrika-yubuseruko-nzero-2024-eac-burundi\/","title":{"rendered":"Amakuru makuru makuru yaranze akarere ka Afrika y\u2019Ubuseruko yo kuva ku wa 22 gushika ku wa 29 Nzero 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri RDC<\/strong> havugwa Pierre Kas umwungere w\u2019ishengero afise imyaka 68, yapfunzwe azira kwubakana n\u2019umwigeme w\u2019imyaka 18. Ivyo vyabaye inyuma yaho hagaragaye ku mbuga hwaniro, amasanamu y\u2019ubugeni bwabo. Nk\u2019uko yabishikirije ku mboneshakure zo muri RDC, uyo mwungere asanzwe ahamagarira abakirisu kurongora abagore benshi\u00a0 avuga ko uyo mugore wiwe mushasha yamuhawe nk\u2019agashimwe na se wiwe amuvyara .Nkuko vyanditswe na <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/share\/DCbHpshfpjhZJUNp\/?mibextid=xfxF2i\">BBC<\/a>,\u00a0 sebukwe mu kumuha uyo mukobwa yagize ati: \u00a0\u00bbAkira uyu mukobwa nakurereye\u00a0\u00bb. Uyo mwungere rero, bivugwa ko yarafise abandi bagore 11 n\u2019abana bagera kuri 25. Ikindi\u00a0 co kumenya n\u2019uko uyo mu vugabutumwa yemeje k&rsquo;uyo mugeni mushasha ataramuzi. Uyo Pierre Kas kandi ngo ntiyigera yubakana n\u2019abagore b\u2019abandi ahubwo we yirabira abigeme bakiri isugi. Se w\u2019uyo mukobwa nawe nyene yaciye afatwa n\u2019abajejwe umutekano baho muri RDC. Uwaserukiye igisata co gukingira ubuzima bwa kiremwamuntu we avuga ko ifatwa ry\u2019abo bagabo 2 rizoba akarorero ku bantu bose bakora ibikorwa nk\u2019ivyo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu Rwanda<\/strong>, ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo kurondera uburyo n\u2019imitahe y\u2019iterambere mu Rwanda buvuga ko amafaranga Abanyarwanda bari mu mahanga baterereye mw\u2019iterambere ryo muri ico gihugu yiyongereye ku buryo bushimishije. Mu myaka 10 gusa (kuva mu 2013 gushika mu 2023), ubwo buryo bwavuye ku miriyoni 65 buja kuri 470 z\u2019amadorare y\u2019abanyamerika. Jeanine Munyeshuli, Umushikiranganji ajejwe kurondera uburyo n\u2019imitahe y\u2019iterambere atera akamo aba Diaspora bose ko bobandanya baterera mw\u2019iterambere ry\u2019ico gihugu cabo mu kugura amatongo canke mu kuyashira mu mashirahamwe biba vyagenzuwe n\u2019ikigo kijejwe gutegekanya kazoza mu Rwanda canke amashirahamwe yigenga ari muri ico gihugu, aho hari mu ndwi turangije. Ido n\u2019ido ry\u2019iyo nkuru tuyisanga kuri <a href=\"https:\/\/x.com\/NewTimesRwanda\/status\/1751676606051991585?s=08\">New Times Rwanda<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Kenya<\/strong>, harabaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi n\u2019ihohoterwa rimaze iminsi rikorerwa abakenyezi bo mur\u2019ico gihugu. <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/100079103852254\/posts\/pfbid02rfpcuPeYKDWgTcY81T1gV1uypnxe9TP1nx3Lb9ZsXDfzfpHjAR5YZtocR9zJbLNMl\/?mibextid=CDWPTG\">BBC<\/a> yanditse iyo nkuru, ishikiriza ko abari bitavye iyo myiyerekano yabaye mu turere dutandukanye twa Kenya, bari bafise ivyapa biriko amazina y\u2019abigeme canke abagore bagandaguwe n\u2019ibindi vyandiko bihamagarira ihagarikwa n\u2019ihanwa ry\u2019ivyaha nk\u2019ivyo. Iyo myiyerekano yabaye inyuma y\u2019aho umwigeme Rita Waeni agandaguwe atemaguwe, ibihimba vyiwe&nbsp; bigatorwa mu kamwanya (isashe). Mu cegeranyo cakozwe n\u2019ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International, rirerekana ko hagati ya 2016 na 2023 abagore canke abigeme bashika 500 bishwe muri izo mvo zo guturubikwa akenshi bikaba vyakorwa n\u2019abo bakundanye canke abo bizinanye. Amashirahamwe aharanira agateka k\u2019abagore muri ico gihugu asaba ko reta yotangaza ko igandagurwa ry\u2019abagore n\u2019abigeme biri mu bihanze ico gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Tanzania<\/strong>, igisata co gutumatumanako amakuru, ubuhinga bwa none n\u2019ubutunzi kirajwe ishinga n\u2019abakoresha amayeri mu kwiba amafaranga bakoresheje ama karata simu. Ikigo kijejwe kugenzura no gutunganya ugutumatumanako amakuru co muri Tanzania TCRA camenyesheje ko ubusuma bugera kuri 21&nbsp;788 ari bwo bwigaragaje mu mezi 3 arangiza umwaka wa 2023. Ubwo busuma bwariyongereye ugereranije no mu mwaka wa 2022 muri ayo mezi nyene, kuko hari habonetse ubusuma bugera kuri 12&nbsp;603. Uwurongoye ikigo ca TCRA Dr Jabir Bakari we yashikirije ko ayo mayeri bariko barayakemura mu kuza barugara ama karata simu akoreshwa mu buryo butanditswe canke budasuzumwe (Non verified). Ikarata Simu zigera kuri 30&nbsp;309 zarugawe kuva muri Gitugutu 2023 gushika muri Kigarama 2023. Naho biri uko, ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/m.facebook.com\/story.php?story_fbid=pfbid0BaHwmPM2ArNvmL9L6XRYU36tGjSNUqP9B4TLuzhsvBsPW8Y3yQQKBqqVfL7g7Ue2l&amp;id=100067062558112&amp;mibextid=ZbWKwL\">The Citizen<\/a> catanze iyo nkuru kimenyesha ko impinga ikiri ndende narirya ama karata simu ariko arakoreshwa mu gihugu ca Tanzania ari menshi kuruta abanyagihugu bari muri ico gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Sudani y\u2019epfo,<\/strong> Salva Kiir Umukuru w\u2019igihugu caho yasavye Ubushikiranganji bw\u2019ubutunzi burikumwe n\u2019ubw\u2019akazi ka reta ko bwotegura ubuhinga buhanitse bwo kuza barahemba abakozi ba Reta bose hatarinze kwibonekeza ubunenge bw\u2019abantu bahemberwa ku mazina y\u2019abantu batabaho. Salva Kirr yaciye ategeka ubwo bushikiranganji ko mu guhemba boza barasuzuma neza ko abaronse agashahara bahawe igipapuro cemeza ko bahembwe (Fiche de paie) kandi ko vyobanguka kugira abahembwa ku mazina y\u2019abandi canke abantu batabaho bafutwe mu maguru masha. Nkuko vyanditswe n\u2019ikinyamakur <a href=\"https:\/\/x.com\/EyeRadioJuba\/status\/1750856845206384908?t=-Qc9yGzttt6EFE--W72suA&amp;s=08\">Eye Radio<\/a> Uyo mukuru w\u2019igihugu yahaye uburenganzira ubushikiranganji bw\u2019ubutunzi bwo gushiraho urwego rurabira hafi ikibazo c\u2019abaheraniwe na Reta ko imyidondoro yabo ari iy\u2019ukuri kugira batunganirizwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Muri Somalia<\/strong> haranzwe n\u2019urugendo Umukuru w\u2019igihugu Hassan Sheikh yagiriye mu gihugu ca Qatar mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire n\u2019ico gihugu co ku mugabane wa Azia (Asia). Muri urwo rugendo akaba yarabonanye n\u2019uwurongoye ico gihugu ca Qatar Tamim &nbsp;Al Thani. Ariko icavuzwe cane muri urwo rugendo n\u2019umubonano yahaye Mohamed Abdullahi Farmajo, uwo yasubiriye mu mabanga yo kuyobora igihugu ca Somalia aho baganiriye vyinshi harimwo ikijanye n\u2019umutekano muke urangwa muri Somalia, na cane cane ko hasubiye kwongerekana ibitero bigizwe n\u2019imigwi y\u2019iterabwoba nka AL Shabab n\u2019iyindi migwi nka SNA. Ibindi Hassan Sheikh na Abdullahi Farmajo baganiriyeko ni ibijanye n&rsquo;ifutwa ry\u2019ibihano vyatuma Reta y\u2019ico gihugu ca Somalia itagura ibigwanisho n\u2019ibindi bijanye no kworoherezwa mu gusaba ingurane nk\u2019uko vyandikwa na <a href=\"https:\/\/shabellemedia.com\/hassan-sheikh-pays-to-courtesy-call-on-ex-president-farmajo-in-qatar\/\">Shabelle Media Network<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri RDC havugwa Pierre Kas umwungere w\u2019ishengero afise imyaka 68, yapfunzwe azira kwubakana n\u2019umwigeme w\u2019imyaka 18. Ivyo vyabaye inyuma yaho hagaragaye ku mbuga hwaniro, amasanamu y\u2019ubugeni bwabo. Nk\u2019uko yabishikirije ku mboneshakure zo muri RDC, uyo mwungere asanzwe ahamagarira abakirisu kurongora abagore benshi\u00a0 avuga ko uyo mugore wiwe mushasha yamuhawe nk\u2019agashimwe na se wiwe amuvyara .Nkuko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":8043,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-8040","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8040","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8040"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8040\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8042,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8040\/revisions\/8042"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8043"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8040"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8040"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8040"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8040"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}