{"id":8021,"date":"2024-01-09T09:03:14","date_gmt":"2024-01-09T08:03:14","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8021"},"modified":"2024-04-20T14:14:22","modified_gmt":"2024-04-20T12:14:22","slug":"amakuru-yaranze-akarere-ndwi-mbere-2024-burundi-eac","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-ndwi-mbere-2024-burundi-eac\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi ya mbere ya 2024"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Tanzania: abaporisi 20 baciriwe gupfungwa imyaka 20 kubera akarenganyo bakoze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abo baporisi harimwo n\u2019intwazangabo bagirizwa kuba barakoreye intebo ishushe umwigisha, mu gutegura igikorwa co kumwagiriza yuko yoba akora urudandazwa rw\u2019amahembe y\u2019inzovu, maze bamwaka amafaranga y\u2019igiturire yababa imiriyoni 100 z\u2019amadorari.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko uwurongoye sentare y\u2019intango yo mu karere ka Arusha yavyiganiye ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/lxM05\">Daily News<\/a> kuri uyu wa 05\/01\/2024, inyuma y\u2019urubanza, ngo ivyo vyakozwe n\u2019abo baporisi mu 2021, aho mu kwagiriza uyo mwigisha, bashoboye gufata amwe mu mahembe y\u2019inzovu, baja kuyanyegeza mu murima wiwe, kugira ngo bikunde icaha kimwagire. Mu mafaranga imiriyoni 100, ngo uyo mwigisha yarashoboye kubaha ayagera ku miriyoni 73 z\u2019amadorari nk\u2019igiturire.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya: ibitaro 27 vyarahagaritswe bivuye ku manyanga bikora mu bijanye no gutanga<\/strong> <strong>ubuvuzi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amagara y\u2019abantu mur\u2019ico gihugu, avuga ko mw\u2019isuzumwa ryakozwe ku bitaro birenga 60 mu mwaka w\u2019i 2023, ibigera ku 27 vyakoze ubusuma mu bijanye no gutanga ubuvuzi na cane cane ku basanzwe bafashwa na Reta kwivuza, ivyatumye amafaranga arenga umuriyoni w\u2019amadorare ahatakarira.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe igitigiri c\u2019ibitaro biri muri Kenya birenga hafi 8.000, Umushikiranganji ajejwe amagara y\u2019abantu avuga ko amafaranga yoba yanyurujwe biciye muri ubwo buryo ashobora kuba ari menshi, kuko iryo suzumwa ryakozwe ku bitaro 60 gusa. Tubikesha <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/jyGIU\">RFI<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda: bamwe mu banyeshure ba kaminuza ya Reta bidoga ko batararonswa imashine nyabwonko bemerewe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero yo guteza imbere ubuhinga bwa none, Reta y\u2019u Rwanda yagiye irashiraho imigambi myinshi ishigikira iyo ntumbero harimwo nka \u00abMudasobwa ku Mwana\u00bb ifise intumbero yo gutanga imashine nyabwonko kw\u2019ideni ku banyeshuri bazikeneye biga muri Kaminuza za Reta.<\/p>\n\n\n\n<p>Nubwo bimeze gutyo, uyo mugambi wagiyemwo ibibazo vyinshi birimwo nko gutanga imashine nyabwonko zidakomeye bigatuma zipfa ubusa ndetse no kuba hari igihe abanyeshure bakunze kwidoga ko zibashikira hatevye cane bigasa nk\u2019aho ntaco iyo mfashanyo iba ikibamariye.<\/p>\n\n\n\n<p>Abanyeshure biga muri Kaminuza y\u2019u Rwanda, ishami rya Huye bavuga ko haheze amezi indwi basinye amasezerano yo guhabwa imashine nyabwonko zo kubafasha mu vyigwa vyabo ariko bakaba batarazibona.<\/p>\n\n\n\n<p>Gutanga imashine nyabwonko ku banyeshure ba Kaminuza y\u2019u Rwanda vyari vyahagaritswe bivuye ku kutihanganira ubuziranenge bw\u2019imashine zatangwa zo mu bwoko bwa Positivo. Vyasubiye gutanguzwa mu mpeshi y\u2019umwaka uheze wa 2023.<\/p>\n\n\n\n<p>Muri Ruheshi 2023, abanyeshure bagiranye amasezerano n\u2019ikigo BRD babwirwa ko bahabwa imashine nyabwonko mu mezi 3 akurikira ariko ngo n\u2019ubu ntibarazihabwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/jmsD1\">Igihe<\/a>, abo banyeshure bavuga ko bagenzi babo biga mu Busogo, Remera na Nyarugenge bagiye barazironka ariko bo bakaba bararindiriye bagaheba.<\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu basinyiye izo mashine nyabwonko harimwo n\u2019abari mu myaka ya nyuma y\u2019amashure ya kaminuza,&nbsp; bavuga ko bibateye impungenge ko bahejeje amashure batazihawe, kandi bashobora kuzozishuzwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Umuvugizi wa Kaminuza y\u2019u Rwanda, Kabagambe Ignatius, yavuze ko uguteba guhabwa izo mashine ku banyeshure biga i Huye vyatewe n\u2019abazihawe imbere yabo bikagaragara ko hari abazigurishije. Ngo ivyo vyatumye babanza kubikurikirana neza ngo hafatwe ingingo nshasha zo gutora uburyo zotangwamwo, gutyo ngo zije zirahabwa abazikeneye koko kandi bagiye kuzikoresha.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku kibazo cuko hari n\u2019abageze mu myaka ya nyuma batarazihabwa, Kabagambe yavuze ko ahanini vyatewe n\u2019ikiza ca COVID-19 catumye ibintu bizimba, maze bigatuma uyo mugambi uhagarikwa kubera uburyo budakwiye, ukaba warongeye gusubirwamwo mu 2023.<\/p>\n\n\n\n<p>Izo mashine nyabwonko zihabwa abanyeshure bose bazipfuza bemerewe ingurane yo kwiga ya Reta bakazironswa nk\u2019ingurane izokwishurwa bahejeje amashure.<\/p>\n\n\n\n<p>Igikorwa co guha imashine nyabwonko abanyeshure ba Kaminuza y\u2019u Rwanda catanguye ubwa mbere mu mwaka w\u2019amashure w\u2019i 2015-2016.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC: ibiharuro vy\u2019ivyavuye mu matora vyafuswe mu turere tumwe tumwe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019indwi zirenga zibiri amatora abaye mu gihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC), urwego rw\u2019igihugu rwayatunganije rwamenyesheje kuri uyu wa 06\/01\/2023, ko amajwi yavuye mu matora y\u2019abahiganwa 79 ibibanza vy\u2019abarongora intara n&rsquo;abashingamateka 3 yafuswe, ku mvo zuko higaragaje mu kiringo c\u2019amatora ubusuma n&rsquo;iterabwoba ku bitabiriye ayo matora.<\/p>\n\n\n\n<p>Aho ni mu gihe, gushika ubu ivyavuye mu matora y\u2019umukuru w\u2019igihugu, abashingamateka, abarongoye intara n\u2019uturere yarategekanijwe kuba kw\u2019igenekerezo rya 20\/12\/2023 \u2013 ariko akaba yarabandanije mu duce tumwe tumwe twa RDC gushika ku wa 27\/12\/2023 \u2013 ibitigiri vy\u2019amajwi yavuyemwo bitaramenyekana, kiretse ayo mu kibanza c\u2019umukuru w\u2019igihugu, aho vyatangajwe yuko uwukiramutswa muri kino gihe, F\u00e9lix Tshisekedi yaronse ayagera ku bice 73%. Bikaba birindiriwe ko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro iyemeza muri kuno kwezi turimwo, nkuko vyandikwa na <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/uvBRX\">VOA<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biruko mu gihe bamwe mu batavuga rumwe n\u2019ubutegetsi biyamirije ayo matora, bagasaba ahubwo yuko yosubirwamwo, kuko bavuga ko yaranzwe n&rsquo;utunenge twinshi, bigatuma adakorwa mu muco.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Uganda: igitoro cinjira mu gihugu kigiye gucishwa ku kivuko ca Dar Es Salaam<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko biri mu masezerano mashasha y\u2019imyaka 5, ari hagati y\u2019ikigo kijejwe ivy\u2019ibitoro muri Uganda (UNOC) n&rsquo;ishirahamwe Vitol Bahrain E.C, hambavu yo gucisha igitoro kuri ico kivuko, igihugu ca Uganda kigiye kuzogira akunguko kanini mu bijanye no kuronka ibigega vy\u2019integabizoza bizokwama vyuzuye igitoro.<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu muri Uganda, avuga ko urwego UNOC n\u2019ishirahamwe Bahrain E.C, bigiye kwubaka ikindi kibanza kizoza kirashikiramwo igitoro mu karere ka Namwambula, ahitwa Mpigi. Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/alAE6\">Daily News<\/a>, ngo Uganda yahisemwo ikivuko c\u2019i Dar Es Salaam bivanye nuko gifise ububasha bukwiye bwo kwakira ibidandazwa na cane cane igitoro.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Tanzania: abaporisi 20 baciriwe gupfungwa imyaka 20 kubera akarenganyo bakoze Abo baporisi harimwo n\u2019intwazangabo bagirizwa kuba barakoreye intebo ishushe umwigisha, mu gutegura igikorwa co kumwagiriza yuko yoba akora urudandazwa rw\u2019amahembe y\u2019inzovu, maze bamwaka amafaranga y\u2019igiturire yababa imiriyoni 100 z\u2019amadorari. Nkuko uwurongoye sentare y\u2019intango yo mu karere ka Arusha yavyiganiye ikinyamakuru Daily News kuri uyu wa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":8022,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566],"coauthors":[572],"class_list":["post-8021","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8021","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8021"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8021\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8024,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8021\/revisions\/8024"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8022"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8021"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8021"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8021"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8021"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}