{"id":8015,"date":"2023-12-27T14:12:33","date_gmt":"2023-12-27T13:12:33","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=8015"},"modified":"2023-12-27T14:13:30","modified_gmt":"2023-12-27T13:13:30","slug":"amakuru-yaranze-akarere-eac-mwiyinga-kigarama-2023","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amakuru-yaranze-akarere-eac-mwiyinga-kigarama-2023\/","title":{"rendered":"Amakuru yaranze akarere ka EAC mw\u2019iyinga ryo kuva ku wa 18 gushika ku wa 24 Kigarama 2023"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abanyarwanda bivuza ingwara zo mu mutwe birwije na kabiri, mu myaka 5 iheze<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abitura amavuriro bashaka kwivuza ingwara zo mu mutwe bagenda barushaho kuba benshi, ahanini biturutse ku ngorane zitandukanye z\u2019ubuzima zirimo ingaruka z\u2019ikiza ca Covid-19 n\u2019ibindi bibazo bifatiye ku buzima bw\u2019abantu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ibiharuro vy\u2019ikigo c\u2019igihugu kiraba ivy\u2019amagara, RBC, bigaragaza ko mu 1994 aho ihonya bwoko ryakorerwa abatutsi, abantu bagera kuri 74,9% bashikiwe n\u2019imiburiburi n\u2019igikorwa kimwe cateye ihungabana, harimwo no kuba umuntu wo mu muryango wawe apfa. Gusa muri abo 80% barabikize, mu gihe 20% bagihura n\u2019ibibazo vy\u2019ihungabana.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubu mu bigo vy\u2019amavuriro 510 biri mu Rwanda, ibigera ku 400 bifise n\u2019imiburiburi umukozi umwe ujejwe kwitaho amagara yo mu mutwe y\u2019abanyagihugu bahivuriza, nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/nFKV5\">Igihe<\/a> .<\/p>\n\n\n\n<p>Ikigo c\u2019igihugu RBC cerekana ko mu myaka itanu iheze, abagwayi bituye amavuriro bashaka ubuvuzi bwo mu mutwe birwije hafi na kabiri kuva mu mwaka wa 2018\/2019 kugeza mu 2022\/2023. Mu 2018\/2019, abantu bari basanzwe bakenera ubuvuzi bwo mu mutwe bari 192.104, mu gihe bashasha bivuje bari 34.027. Mu 2022\/2023, abantu bashasha bagiye kwivuza kubera ibibazo vyo mu mutwe bari 42.213, na ho abari abagwayi basanzwe bahawe ubuvuzi imbere bari 350.907.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihugu hose, abantu 3.305 buri kwezi bisuzumisha ingwara ziva ku bibazo vyo mu mutwe mu 2022\/2023.<\/p>\n\n\n\n<p>Umuganga mu buvuzi bwo mu mutwe mu bitaro vya CARAES Ndera, akaba n\u2019umwigisha muri kaminuza y\u2019u Rwanda, Dr. Bizoza Rutakayile, aherutse kumenyesha ko muri ivyo bitaro bakiriye abagwayi benshi mu 2022 ugereranije n\u2019iyindi myaka: \u201cIngwara zo mu mutwe ziri mu zikomeye cane, kandi mu bitaro vyacu ikintu kiduhangayikishije ni uko twakiriye abantu benshi mu mwaka umwe gusa, mu kwisuzumisha twakiriye abantu barenze ibihumbi 90. Mu bitaro twakiriye abantu barenga ibihumbi bitanu.\u2019\u2019<\/p>\n\n\n\n<p>Yongera ati&nbsp;: \u2018\u2018Ikintu ca mbere cateye kwiyongera kw\u2019ivyo biharuro ni ukutumvikana mu rugo. Gutandukana vyariyongereye cane mu gihugu,&nbsp; kutumvikana mu rugo no guhohoterwa kw\u2019abagore n\u2019abagabo babo, cane cane ababa banyoye inzoga. Ikindi ni ibiyovyabwenge ku rwaruka.\u2019\u2019<\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi w\u2019ishami ryokwitaho abafise ibibazo vy\u2019ubuzima bwo mu mutwe mu kigo RBC, Dr. Darius Gishoma, we avuga ko n\u2019ingaruka za Covid-19 ziri mu bihungabanya ubuzima bwo mu mutwe mu bantu ariko na cane cane ku rwaruka.<\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati&nbsp;: \u201cMu bakuze bisa n\u2019aho bigabanuka gato ariko mu rwaruka ukabona ko hari ibitangura kwongerekana bitewe n\u2019impamvu nyinshi, tudashobora no kwibagira ingaruka za Covid-19 n\u2019ibindi bibazo bahura na vyo mu muryango, bisigura ko ari igice c\u2019abantu dukwiye gufata ingingo zidasanzwe zo kubitaho.\u201d<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: umutama w\u2019imyaka 110 yagirizwa kwica umugore wiwe w\u2019imyaka 109 kuko yanse kwurira uburiri<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abatwara igiporisi mu karere ka Rwizi, aho iryo bara ryaguye, bavuga ko nyakwigendera yicishijwe urukero arucumiswe n\u2019uwo bari basanzwe bubakanye, aho babaye ku musozi wa Kahunga. Igiporisi cemeza ko uwo yishwe yari yasabwe n&rsquo;umucance wiwe ko yokwurira uburiri, ariko uyu nawe akaba atavyemeye kuko yumva acitse intege kandi akorora cane. Ivyatumye baca barara mu vyumba bitandukanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019iryo bara, umwe mu buzukuru abonye ibibaye, yaciye yirukanga, atabaza ababanyi, maze bano basanga akaba kabaye, nayo wa mutama basanga yiyugaranye mu cumba, ariko yihereza ikinyobwa gikaze. Amatohoza ya mbere y\u2019igiporisi yerekana ko uwo mutama n\u2019umutamakazi bari basanzwe barara mu vyumba bitandukanye, kandi ko ubwo bubisha bwoba bwavuye ko uyo mutamakazi yanse kurira ku buriri, naho igiporisi kivuga ko amatohoza akibandanya. Tubikesha <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/nstQ4\">Daily Monitor<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya&nbsp;: ishirahamwe ry\u2019ubudandaji Carrefour ryahanijwe ihadabu kubera ukuzimba bidasiguritse<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Amafaranga agera ku miriyoni 7,21 z\u2019amadorari y\u2019Amerika niyo yaciwe nk\u2019ihadabu kw\u2019ishirahamwe ry\u2019abafaransa Carrefour rikora ubudandaji biciye mu mangazini zitandukanye muri Kenya, aho vyagaragaye ko ryazimvye cane abakiriya baryo mu kudandaza ku giciro kiri hejuru cane y\u2019ukurangura (mu mashirahamwe ahingura&nbsp;: Pwani Oil Products Limited na Woodlands Company Limited) ibijanye n\u2019ubuki, amavuta yo kurya no kwisiga ndetse n\u2019amasabuni yo ku mesa.<\/p>\n\n\n\n<p>Ikigo c\u2019igihugu kijejwe ivy\u2019amahiganwa kw\u2019isoko categetse ko iryo shirahamwe Carrefour ryosubiza kandi amafaranga arenga gato imiriyoni 139 z\u2019amadorari y\u2019uburusho ku bidandazwa ryaronkejwe n&rsquo;amashirahamwe abiri ryaranguyeko, kuko vyagaragaye ko Carrefour itubahiriza amategeko mu kudandaza, mu gihe yaronkejwe uburusho. Kuva mu 2016, iryo shirahamwe &nbsp;rikaba ryari rimaze guhanwa bivanye no kutubahiriza amategeko ndetse no kudakorana neza n\u2019ayandi mashirahamwe, nkuko vyandikwa na <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/psvxW\">The EastAfrican<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC&nbsp;: Mu gihe ibiharuro vya mbere vyerekana k\u2019Umukuru w\u2019igihugu F\u00e9lix Tshisekedi ari mbere mu matora, abo batavuga rumwe barayiyamiriza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Amatora y\u2019abashingamateka, abarongoye intara n\u2019uturere ndetse n\u2019Umukuru w\u2019igihugu yarategekanijwe ku wa 20\/12\/2023 muri Reta iharanira Demokarasi ya Kongo, yahavuye abandanya gushika kuri uyu wa 24\/12\/2023, mu bice bimwe bimwe, aho atagiye arakorwa ku gihe. Abatavuga rumwe n\u2019ubutegetsi bwa F\u00e9lix Tshisekedi, babona ko yaranzwe n\u2019utunenge twinshi, ndetse akwiye no gusubirwamwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Abari mu ruhande rw\u2019abitoza mu kibanza c\u2019Umukuru w\u2019igihugu aribo Mo\u00efse Katumbi, Martin Fayulu hamwe na Denis Mukwenge baratera ivyatsi intunganyo n\u2019ingene amatora yagenze, bakavuga ko hari ibibanza vyinshi abanyagihugu batashoboye kuronswa uburenganzira bwo gutora. Abo batatu bakavuga ko batangura kuri uyu wa 27\/12\/2023, imyiyerekano yo kwiyamiriza ayo matora.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku ruhande rwa Reta ya Felix Tshisekedi baremeza ko hari utunenge twigaragaje, ariko ko amatora mu rusangi yagenze neza, kandi igikorwa kihari ari ico guharura amajwi. Aganira n&rsquo;iradiyo y&rsquo;Abafaransa <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/cxEIS\">RFI<\/a>, Patrick Muyaya, umuvugizi wa Reta ya RDC, yibukije ko \u00ab&nbsp;ibijanye no kwiyamiriza amatora biba inyuma y\u2019isohoka ry\u2019ibiharuro vy\u2019ayavuyemwo, kandi ko ata bikorwa na bimwe vyo kuyiyamiriza bizokwihanganirwa n\u2019abajejwe umutekano&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biri uko mu gihe ibiharuro vya mbere vyerekana ingene amatora yagenze vyerekana ko uwuramutswa RDC muri kino gihe, F\u00e9lix Tshisekedi ari mbere ku bice 82,16%, agakurikirwa na Mo\u00efse Katumbi ku bice 14,3%.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzania&nbsp;: Abarimyi b\u2019imboga n\u2019ibiterwa vyo gushariza, bagiye gushorera kw\u2019isoko mpuzamakungu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Imigwi ine yo mu turere twa Arusha na Kilimandjaro, igizwe n\u2019abarimyi bagera hafi ku 1.000 bararonkejwe impanyabushobozi za \u00ab&nbsp;Global GAP&nbsp;\u00bb zerekana ko bubahiriza amategeko mu bijanye n\u2019uburimyi bwabo, aho bazoshobora gushorera umwimbu wabo ku mugabane wa Buraya.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu vyo bazoshobora gushora hakaba harimwo amavoka, ipiripiri, gingembre, imboga bita \u00ab&nbsp;poivrons&nbsp;\u00bb na \u00ab&nbsp;courges&nbsp;\u00bb, n&rsquo;ibindi. Abarimyi bakaba bakiranye urweze izo mpanyabushobozi, bakamenyesha ko bagiye kuronka akunguko kadasanzwe, kuko bazoshorerwa amafaranga atari make.<\/p>\n\n\n\n<p>Bikaba vyitezwe ko n\u2019imiburiburi ku mwaka hazoza harashoka ku mugabane wa Buraya amatoni yababa 10.800 y\u2019amavoka avuye muri Tanzania, n\u2019amatoni 663 y\u2019imboga, azokwinjiza amafaranga arenga imiriyoni 30 z\u2019amadorari y\u2019Amerika. Tubikesha <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/iswJN\">Daily News<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abanyarwanda bivuza ingwara zo mu mutwe birwije na kabiri, mu myaka 5 iheze Abitura amavuriro bashaka kwivuza ingwara zo mu mutwe bagenda barushaho kuba benshi, ahanini biturutse ku ngorane zitandukanye z\u2019ubuzima zirimo ingaruka z\u2019ikiza ca Covid-19 n\u2019ibindi bibazo bifatiye ku buzima bw\u2019abantu. Ibiharuro vy\u2019ikigo c\u2019igihugu kiraba ivy\u2019amagara, RBC, bigaragaza ko mu 1994 aho ihonya bwoko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":8016,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591,258],"tags":[566],"coauthors":[572],"class_list":["post-8015","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8015","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=8015"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8015\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":8019,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/8015\/revisions\/8019"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/8016"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=8015"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=8015"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=8015"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=8015"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}