{"id":7995,"date":"2023-12-18T10:06:44","date_gmt":"2023-12-18T09:06:44","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7995"},"modified":"2023-12-18T10:08:12","modified_gmt":"2023-12-18T09:08:12","slug":"ubushakashatsi-ukuryohora-ubumenyi-inzira-zerekeza-uburundi-iterambere","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ubushakashatsi-ukuryohora-ubumenyi-inzira-zerekeza-uburundi-iterambere\/","title":{"rendered":"Ubushakashatsi n&rsquo;ukuryohora ubumenyi: zimwe mu nzira zerekeza Uburundi kw&rsquo;iterambere"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ishure Nderabigisha ENS ryarateguye kuva kuri uyu wa 14 n&rsquo;uwa 15 Kigarama 2023 mu kigo caryo kiri mu gisagara ca Bujumbura ikiyago gifise intumbero yo kurabira hamwe ubushakashatsi bwakozwe n&rsquo;abahinga b&rsquo;Abarundi hamwe n&rsquo;abavuye mu bihugu bitandukanye vya Afurika (C\u00f4te d&rsquo;Ivoire, Maroc, S\u00e9n\u00e9gal, Afrika y&rsquo;Epfo na RDC) kugira bafashanye kuryohora ubumenyi bafise gutyo basahirize mu gufasha Uburundi gushika kw\u2019ihangiro ry\u2019igihugu cifashe mu 2040 kandi giteye imbere mu 2060<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abashakashatsi 22 bose hamwe, akaba aribo bari bitabiriye iryo sango ryatunganijwe n\u2019ishure nderabigisha ENS. Bumwe mu bushakashatsi bwerekanywe nk\u2019uko bishikirizwa na Nusura Hassan arongoye ENS bwakozwe n&rsquo;abahinga babinonosoye mu bisata vy&rsquo;ubuhinga, nko kwubaka, gutwara imiduga, ubuhinga bwa none, ivy&rsquo;uburimyi n&rsquo;ubworozi, ivy&rsquo;ibidukikije, n&rsquo;ibindi bitandukanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Bimwe mu vyerekanywe bimaze kuva mu bushakashatsi bwakozwe harimwo ifumbire bamwe mu bahinga bakoze mu bidukikije nk&rsquo;imisiba, ibishishwa vy&rsquo;ibikaju, ivy&rsquo;umuceri, ivy&rsquo;ibitoki, n&rsquo;ivy&rsquo;ibindi bifungurwa abantu bata nk&rsquo;imicafu. Bamwe mu bahinga bari aho bemeza ko bisunze umwimbu bakuye ku giterwa c\u2019itomati bayikoreshejeko mu bushakashatsi bwabo, basanze iyo fumbire ituma umwimbu uba mwiza cane ku biterwa iba igiyeko.<\/p>\n\n\n\n<p>Mbere nk\u2019uko bivugwa na Eric Kazitsa umuhinga mu bijanye n\u2019ubuhinga kama (Sciences naturelles) ngo iyo fumbire yonazana n\u2019amafaranga mvamakungu kuko kw&rsquo;isoko mpuzamakungu iri ku gaciro k&rsquo;amadorari y\u2019amanyamerika 1800 ku metero kibe (m\u00e8tre cube).<\/p>\n\n\n\n<p>Muri ubwo bushakashatsi harimwo n&rsquo;iyindi imigambi myinshi ya kazoza nk\u2019uko bivugwa n&rsquo;umuyobozi Nusura Hassan: <em>\u00ab\u00a0Dutegekanya gukora ibikoresho vy\u2019ishure bizokoreshwa mu mashure shingiro, ay&rsquo;inyuma y&rsquo;ishure shingiro n&rsquo;aya kaminuza, gushigikira inganda n&rsquo;abanyeshure bahejeje amashure kwironderera ubuzi no kubuha abandi\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ariko naho biri uko, avuga ko basanze uburyo butuma badashika ku bikorwa vyose bategekanya. Agatera akamo indongozi z&rsquo;igihugu n&rsquo;abarwizatunga gushiramwo imitahe kugira ibikorwa vy\u2019ubushakashatsi bikorwe neza<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kwijukira ubuhinga n\u2019imyuga: urufatiro rw\u2019iterambere rirama<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu bahinga n&rsquo;abanyeshure bariko barakurikirana ico kiyago bavuga ko catumye bahanahana ivyiyumviro n&rsquo;abashakashatsi bari bahari, bibashikana mbere ku kubona ko kuryohora inyigisho mu kujana n&rsquo;ibigezweho, harimwo kuzishingira cane ku vyigwa vy\u2019imyuga, ivy\u2019ubuhinga, kuvyiga no kubikora, ari bimwe mu vyofasha abarundi gushikana Uburundi ku kuba igihugu cifashe mu 2040 kandi giteye imbere mu 2060.<\/p>\n\n\n\n<p>Donate Nininahazwe, umwigisha wa Kaminuza y&rsquo;Uburundi yari muri ico kiyago, yagize ati : <em>\u00ab\u00a0Twabonye ko umunyeshure ari we shingiro ry&rsquo;icigwa. Ko ayaga n&rsquo;umwigisha kugira ngo atahure. Abanyeshure nibashira mu ngiro ubuhinga bagiye kwiga, nk&rsquo;akarorero gukora umwavu w&rsquo;agaciro kandi ukingira amagara y\u2019abantu ntunahumanye ibidukikije, bizohindura imibereho y&rsquo;abanegihugu, babeho batazera inze, kandi n&rsquo;igihugu kironke ifaranga ry&rsquo;agaciro kuko bazowushora mu makungu.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa \u00c9ric Ndayisaba, umwe mu bahinga baronkejwe impamyabushobozi (certificat) ku bushakashatsi amaze gukora akaba n&rsquo;umwigisha muri ENS, avuga ko guhanahana ivyiyumviro n&rsquo;abashakashatsi bavuye mu bihugu bitandukanye vya Afurika nka C\u00f4te d&rsquo;Ivoire, Maroc, S\u00e9n\u00e9gal, Afrika y&rsquo;Epfo na RDC vyabunguye ubumenyi buzobafasha kugira n&rsquo;ibindi bahinyanyura mu bikorwa vyabo.<\/p>\n\n\n\n<p>Nusura Hassan amenyesha ko muri ico kiyago bashimikiye ku gusuzuma uko ubushakashatsi buriko buratera imbere, guhanahana ivyiyumviro no kwungurana ubumenyi ku vyo abashakashatsi barondeye, kwisunga cane ivyigwa n&rsquo;inyigisho zitangwa biciye ku karusho kavuye ku bushakashatsi abahinga bakoze hamwe no kuraba ingene ubushakashatsi bukorwa n\u2019abahinga bwoshikira abenegihugu kugira ngo babwifashishe mu buzima bwa minsi yose.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubuyobozi bwa ENS bukaba bwasozereye ico kiyago butera akamo Abarundi ko kwama bitabira ku bwinshi ivyo biyago kuko bizotuma iterambere riduga. Bwaboneyeho n&rsquo;akaryo ko gutanga impamyabushobozi (certificats) ku bahinga 22 harimwo abanyamahanga 4 (C\u00f4te d&rsquo;Ivoire, Maroc, S\u00e9n\u00e9gal, Afrika y&rsquo;Epfo na RDC)berekanye ubushakashatsi bamaze kugerako.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\"><strong>Kino gisomwa canditswe na Irambona Willy Frid<\/strong>,\u00a0<strong>yize<\/strong>\u00a0<strong>kuri Kaminuza y\u2019Uburundi, mu gisata cigisha ibijanye n\u2019ugutumatumanako amakuru<\/strong>,\u00a0<strong>umwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero<\/strong>\u00a0<strong>yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ishure Nderabigisha ENS ryarateguye kuva kuri uyu wa 14 n&rsquo;uwa 15 Kigarama 2023 mu kigo caryo kiri mu gisagara ca Bujumbura ikiyago gifise intumbero yo kurabira hamwe ubushakashatsi bwakozwe n&rsquo;abahinga b&rsquo;Abarundi hamwe n&rsquo;abavuye mu bihugu bitandukanye vya Afurika (C\u00f4te d&rsquo;Ivoire, Maroc, S\u00e9n\u00e9gal, Afrika y&rsquo;Epfo na RDC) kugira bafashanye kuryohora ubumenyi bafise gutyo basahirize mu gufasha [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7997,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[552,646],"coauthors":[34],"class_list":["post-7995","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-ubuhinga","tag-ubushakashatsi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7995","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7995"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7995\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7998,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7995\/revisions\/7998"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7997"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7995"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7995"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7995"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7995"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}