{"id":7959,"date":"2023-12-06T17:34:23","date_gmt":"2023-12-06T16:34:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7959"},"modified":"2023-12-06T17:36:05","modified_gmt":"2023-12-06T16:36:05","slug":"ingabo-eac-kugarukana-umutekano-buseruko-rdc-zaratanguye-kuvayo-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ingabo-eac-kugarukana-umutekano-buseruko-rdc-zaratanguye-kuvayo-burundi\/","title":{"rendered":"Ingabo za EAC zari kugarukana umutekano mu buseruko bwa RDC zaratanguye kuvayo"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Somalia iriko ihura n\u2019ibibazo vy\u2019ururimi rw\u2019igiswahili inyuma yaho ico yinjiye mu muryango muri EAC, Tanzania havugwa itereni&nbsp; yunguruza abantu hagati y\u2019umuji wa Dar Es Salaam na Morogoro igiye gutangura gukora nayo muri Uganda havugwa umugwi nserukiragihugu waronse uburenganzira bwo gukina igikombe c\u2019Isi yose mu rukino rwa Cricket. Aya hamwe n&rsquo;ayandi, ni mu makuru yaranze akarere ka <a href=\"https:\/\/www.eac.int\/\">EAC<\/a> kuva ku wa 27 Munyonyo gushika ku wa 03 Kigarama 2023<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC<\/strong> : Muri Reta iharanira intwaro rusangi ya Congo havugwa igice ca mbere c\u2019ingabo z\u2019umuryango w\u2019ibihugu vy\u2019akarere k\u2019ubuseruko bw\u2019Africa zatanguye gutahuka &nbsp;zisubira mu bihugu vyazo &nbsp;kuva kuwa 03 Kigarama 2023 . Abatanguye gutaha ni abo muri Kenya bariko bava muri Nord Kivu aho bari bamazeyo umwaka bariko bagerageza gucungera umutekano muri RDC. Aho n\u2019inyuma yaho Reta ya RDC yidogeye ko izo ngabo ata kintu kiboneka ziriko zirafasha mu bijanye no kugarukana umutekano mu mishamirano ihuza Reta ya Kinshasa n\u2019umugwi M23. Muri Munyonyo 2023 Reta ya Congo ikaba yari yanse kwongereza ikiringo c\u2019izo ngabo za EAC.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko vyanditswe n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.rfi.fr\/fr\/afrique\/20231203-rdc-d%C3%A9but-du-retrait-de-la-force-de-eac-avec-premier-groupe-k%C3%A9nyan\">RFI<\/a>, abasirikare ba Kenya nibo batanguye kuva muri Goma, hakaba hitezwe ko n\u2019abandi bo mu bihugu vya Uganda, Burundi na Sudani y\u2019epfo bazoca bakurikira. Aho rero mwomenya ko ikiringo izo ngabo zo mu karere k\u2019ubuseruko kizorangira itariki 8 Kigarama 2023.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Somalia<\/strong> iriko ihura n\u2019ibibazo vy\u2019ururimi rw\u2019igiswahili inyuma yaho ico yinjiye mu muryango muri EAC<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo bibazo vyatewe nuko Daudi Aweis, Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru n\u2019imico wa Somalia aremesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu rurimi rw\u2019igiswahili ivyo abatari bake mu bakurikirana poritike muri ico gihugu batabishimye.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko vyandikwa n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.theeastafrican.co.ke\/tea\/news\/east-africa\/somalia-faces-swahili-question-as-country-joins-eac-4451830\">The East African<\/a>, Ali Hodan, umwe mu bamenyerewe mu vya poritike muri ico gihugu ntiyashimye kubona uyo mushikiranganji atanga inkuru mu giswahili, akavuga ko uwo mushikiranganji yatanze ikiganiro \u00a0\u00bbmu rurimi ata munyagihugu wa Somalia arutahura\u00a0\u00bb. Ali Hodan yibukije uyo mushikiranganji ko indimi zonyene zikoreshwa mu ntwaro muri ico gihugu ari icarabu hamwe n\u2019igisomalia.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzania <\/strong>havugwa itereni&nbsp; yunguruza abantu hagati y\u2019umuji wa Dar Es Salaam na Morogoro igiye gutangura gukora mu mpera za Nzero 2024. Iyo tereni ikaba izoca mu nzira y\u2019indarayi yo mu bwoko bwa SGR (Standar Gauge Railway)<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo vyashikirijwe n\u2019Umushikiranganji wo kwiyunguruza Prof Makame Mbarawa mu gihe hariko haba igeragezwa ry\u2019itereni ica mu nzira y\u2019indarayi ya SGR mu ndwi ya hera. Ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.mwananchi.co.tz\/mw\/habari\/kitaifa\/treni-mwendokasi-dar-moro-sasa-februari-2023-4011988\">Mwanaanchi<\/a> catanze iyo nkuru kikamenyesha ko azoba ari inkuru nziza ku banyagihugu bo muri Tanzania narirya bamye bahabwa amasango ko bigiye gushika ariko ntibije mu ngiro. Akarorero ni Umushikirangaji wa mbere Kassim Majaliwa yari yabemereye ko iyo tereni izotangura muri Ndamukiza 2021.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu <strong>Rwanda<\/strong> hagiye kwubakwa ikigo c\u2019akarorero c\u2019utudege dutoduto bakunze kwita drones. Ivyo vyashikirijwe mu nama yahuje inzego zitandukanye zo mu buhinga bwa none kuwa 29 Munyonyo 2023. Ico kigo kizotwara&nbsp; imirayiridi 12,5 z\u2019amafaranga akoreshwa mu Rwanda kandi kizokwubakwa mu gisagara ca Huye ahahoze ikibuga c\u2019indege. Dr Kabarisa R\u00e9n\u00e9 akora mu kigo c\u2019Urwanda kijejwe &nbsp;ubuhinga bwa none n\u2019ubushakashatsi yamenyesheje ko ico kigo kizorangira kwubakwa mu 2025 maze gifashe mw\u2019iterambere ryo gukoresha utwo tudege dutoduto mu Rwanda no mu karere. Iyo n\u2019inkuru dukesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/fr.igihe.com\/Le-Rwanda-renforce-son-ecosysteme-de-drones-avec-des-initiatives-strategiques.html\">Igihe<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Muri <strong>Kenya<\/strong> havugwa igandagurwa ry\u2019umukenyezi Mercy Chebet yishwe arashwe n\u2019umugabo wiwe. Uyo mugabo wiwe yarasanzwe ari mu nzego zijejwe gukingira umutekano muri Kenya. Imbere yo gukora ico caha uwo mu polisi yari yahawe itegeko ryo guherekeza itereni yarijanye abantu mbere bamuha n\u2019inkoho ntoya yo mu bwoko bwa pistolet. Abajejwe umutekano muri Kenya bagiye kubona ko ariwe yakoze ubwo bubisha basanze hari amasase yari muri iyo nkoho yakoreshejwe kandi igihe aherekeza itereni atampanuka yigeze ihaba. Umwe mu babanyi niwe yatanguye guhamagara inyamiramabi amaze kwumva hari amasase avuze. Vyongeye &nbsp;uyo muryango ntiwari ubanye neza kuko bahora bashwana. Inkuru yose tuyisoma kuri <a href=\"https:\/\/www.the-star.co.ke\/news\/realtime\/2023-11-29-police-officer-arrested-after-shooting-wife-dead-in-eldoret\/\">The star<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Muri <strong>Uganda<\/strong> havugwa umugwi nserukiragihugu waho waronse uburenganzira bwo gukina igikombe c\u2019Isi yose mu rukino rwa Cricket, akaba ari irya mbere ico gihugu gishitse kuri iyo ntambwe muri urwo rukino rutamenyerewe ku mugabane wa Afrika. Ubwo burenganzira Uganda yaburonse inyuma yo gutsinda Zimbabwe n\u2019Urwanda mu muzunguruko wa nyuma. Uganda yandikishije amateka akomeye kuko igiye gukina igikombe c\u2019isi yose gihuriramwo ibihugu 20 vyonyene. Ico gikombe kizokinirwa muri Reta zunze ubumwe z\u2019Amerika muri 2024. Inkuru yatanzwe n\u2019ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.dailymail.co.uk\/sport\/cricket\/article-12809639\/Uganda-qualify-T20-World-Cup-miracle-result.html\">Dailymail.Uk<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Somalia iriko ihura n\u2019ibibazo vy\u2019ururimi rw\u2019igiswahili inyuma yaho ico yinjiye mu muryango muri EAC, Tanzania havugwa itereni&nbsp; yunguruza abantu hagati y\u2019umuji wa Dar Es Salaam na Morogoro igiye gutangura gukora nayo muri Uganda havugwa umugwi nserukiragihugu waronse uburenganzira bwo gukina igikombe c\u2019Isi yose mu rukino rwa Cricket. Aya hamwe n&rsquo;ayandi, ni mu makuru yaranze akarere [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7960,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[434,566],"coauthors":[34],"class_list":["post-7959","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-a-la-une","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7959","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7959"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7959\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7963,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7959\/revisions\/7963"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7960"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7959"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7959"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7959"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7959"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}