{"id":7942,"date":"2023-11-13T10:13:13","date_gmt":"2023-11-13T09:13:13","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7942"},"modified":"2023-11-17T10:14:16","modified_gmt":"2023-11-17T09:14:16","slug":"tanzania-umuhungu-yishe-se-wabo-amuziza-kugendana-nyina-wiwe-eac-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/tanzania-umuhungu-yishe-se-wabo-amuziza-kugendana-nyina-wiwe-eac-burundi\/","title":{"rendered":"Tanzania: Umuhungu yishe Se wabo amuziza kugendana na Nyina wiwe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Erik Mwanga afise imyaka 19, yatemye Se wabo Isawafo Mwanga w&rsquo;imyaka 47, amwagiriza kuba yaramaze igihe agendana na nyina, nyuma yaho yomotse agatandukana na Se w\u2019umuhungu. Aya n\u2019ayandi ni makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi ya 6 gushika 12 Munyonyo 2023<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Aho iryo bara ryabereye ni mu ntara ya Kilimandjaro, nkuko bishikirizwa na Jacob Swai umwe mu barongozi bo mu karere ka Uswa, yemeza ko uyo muyabaga yagiye kumuramutsa afise umupanga ahengera asamaye gato aca amusimbirako aramutema kw&rsquo;izosi. Igiporisi cashitse ibara ryamaze kugwa, uwakoze ubwo bubisha aca ajanwa gupfungwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu bavukana n&rsquo;uyo muhisi Omben Mwanga, ashikiriza ko uyo muyabaga yishe Se wabo yaramaze kubitegura kuko bari bamaze iminsi ari abagenzi imbere yuko akora ubwo bubisha \u00abBiboneka ko yamye ashaka kumwiyegereza kugira aze aronke aho amuhera. Narirya yari yarigeze kuvuga ko azomwiyicira kubera atanezerezwa n&rsquo;imigenderanire ya nyina wiwe na sewabo&nbsp;\u00bb. Inkuru yose muyisanga kuri <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/nvCN2\">Mwananchi<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda: Inyuma y\u2019imyaka 20, umumenyeshamakuru w\u2019imyaka 38 yarakoze ikibazo ca Reta kimuha uburenganzira bwo kwiga kaminuza<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Rumanzi Perez, ni se w\u2019abana batatu, yasubiye gukora ikibazo ca Reta kugira aronke urupapuro rw\u2019umutsindo rumuha uburenganzira bwo kubandanya yiga kaminuza kugira azobe umushingwamanza, nkuko tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/ovAJZ\">Monitor<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Mu 2003, Rumanzi Perez niho yari yakoze ico kibazo ca Reta aronka amanota 13\/25. Inyuma y\u2019imyaka 20, ihangiro ryiwe nuko aronka amanota 20\/25. \u201cIcantumye kwiyumvira gusubira kw\u2019ishure, nuko nipfuza kuba umushingwamanza mu ntumbero yo guhindura isura ubutungane bufise ko buhanzwe n\u2019igiturire\u201d.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Rwanda&nbsp;: Abaporisi 340 nibo barungitswe muri Sudani y\u2019Epfo na Centrafrique&nbsp;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuwa 6 Munyonyo, niho igipolisi co mu Rwanda catangaza ko kigiye kurungika abaporisi 340, bakaba bari mu butumwa bwa ONU bwo gutsimbataza amahoro muri ivyo bihugu. 160 bazoja muri Sudani y\u2019Epfo, abandi 180 baje muri Centrafrique.<\/p>\n\n\n\n<p>Abo baporisi bagiye gusubirira bagenzi babo bari bamaze umwaka muri ivyo bihugu, nabo bakazogaruka inyuma y\u2019uwundi mwaka. Inkuru dukesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/kuvRY\">Igihe<\/a><\/p>\n\n\n\n<p>Iyindi nkuru ivugwa mur\u2019ico gihugu, ni imiriyoni 241 z\u2019amadorare Urwanda rwarinjije avuye mu gucukura amabuye y\u2019agaciro mu mezi atatu aheze nkuko vyashikirijwe n\u2019ubushikiranganji bujejwe ubutare n\u2019agataka, mu nkuru dukesha <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/pzGPR\">Igihe<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya: Sentare ntahinyuzwa yahagaritse kuduza igiciro ca pasiporo, amakarata karangamuntu n&rsquo;izindi nyandiko za nkenerwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuwa 20 Gitugutu, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu ca Kenya &nbsp;bwashinze igiciro gishasha ku mpapuro z\u2019inzira, aho pasiporo yavuye ku 15 000 shillings ya Kenya ija kuri 35 000 vy\u2019ayo mafaranga akoreshwa muri Kenya, ikarata ya karangamuntu yaduze iva ku 1.000 ija ku 2 000 shillings<\/p>\n\n\n\n<p>Sentare ntahinyuzwa ibicishije ku mucamanza Weldon Korir, yashikirije ko ayo mabwirizwa \u00ab\u00a0ateye kubiri n&rsquo;amategeko, bidatahuritse kandi ko ari akarenganyo.\u201d Korir yavuze ko ayo mabwiriza atigeze atangazwa neza mu kinyamakuru bigenewe gutangaza amakuru nk\u2019ayo kandi ko atigeze acishwa mu nama nshingamateka<strong>.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abenegihuhu bo muri Kenya bari mukanyamuneza kubwo ivyo biciro bitadugijwe. Inkuru dukesha <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/kvTU8\">Nation<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Umukuru w\u2019Igihugu ca Sudani Y\u2019Epfo Salva Kiir agiye kurongora EAC mu gihe ico gihugu kiza mu vyambere biheranye uwo muryango kuntererano&nbsp; ibihugu biwugize bitanga<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Sudani &nbsp;y\u2019Epfo iheranye imiriyoni 30 z\u2019amadorari y\u2019abanyamerika. Ivyo biri ukwo mu gihe ico gihugu carishe imiriyoni 7 muri ino ndwi, Repubulika ya demokarasi ya Congo ntarumeya iratanga kuva yinjiriye muri uyo muryango, ikaba iheranye imiriyoni 14,7 z\u2019amadorari y\u2019abanyamerika. Uburundi buheranye imiriyoni 15,5&nbsp;; Urwanda imiriyoni 7,3, Ouganda imiriyoni 6,1&nbsp;; Tanzania 123.694 vy\u2019amadorari y\u2019abanyamerika, nayo Kenya ikaba iheranye amadorari atarenga 20, ibisa nuko yanse kuyatanga kugira ntiboneke ko ariyo idaheranye n\u2019urufaranga na rumwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko abashingamateka ba EAC basavye mu ndwi iheze inama nshikirangani y\u2019ibihugu bigize uwo muryango ko yohagarika ibihugu bitarariha ideni biwufitiye, ibitumvikanyweko na bose. Hategekanijwe ko iyo ngingo isubira kwigwa mu nama yanyuma ya 2023 y\u00a0\u2018iyo nama nshingamateka izokorana mu kwezi kwa Kigarama nk\u2019uko tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/jnoSZ\">Nation<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Erik Mwanga afise imyaka 19, yatemye Se wabo Isawafo Mwanga w&rsquo;imyaka 47, amwagiriza kuba yaramaze igihe agendana na nyina, nyuma yaho yomotse agatandukana na Se w\u2019umuhungu. Aya n\u2019ayandi ni makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi ya 6 gushika 12 Munyonyo 2023 Aho iryo bara ryabereye ni mu ntara ya Kilimandjaro, nkuko bishikirizwa na Jacob [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7943,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591,258],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-7942","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7942","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7942"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7942\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7944,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7942\/revisions\/7944"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7943"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7942"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7942"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7942"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7942"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}