{"id":7847,"date":"2023-10-31T17:03:46","date_gmt":"2023-10-31T16:03:46","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7847"},"modified":"2023-11-11T20:30:18","modified_gmt":"2023-11-11T19:30:18","slug":"parm-umugambi-ngirakamaro-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/parm-umugambi-ngirakamaro-burundi\/","title":{"rendered":"PARM, umugambi ngirakamaro ku Burundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abitaho ibijanye n\u2019uburumyi n\u2019ubworozi bategerezwa gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo igihugu kironke umwimbu mwiza. Kubera dusanzwe tuzi ko ico gisata gitunze abantu benshi, impande zose zitegerezwa kuvyitaho, gutyo ivyaduka bigabanuke. Biturutse ku mugambi washizweho n\u2019ikigo kijejwe gukinga impanuka zo mu burimyi PARM, hariho ibikorwa vyinshi bizorangugwa mu kugwanya ivyaduka mu burimyi n\u2019ubworozi, canecane kwiga ivyo vyaduka hamwe no kumenya ingaruka ku butunzi bw\u2019igihugu.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Mu nama y\u2019ukungurana ivyiyumviro ku bijanye n\u2019ivyaduka vyibonekeza mu burimyi n\u2019ubworozi yatunganijwe na PARM ifadikanije n\u2019Ubushikiranganji bw\u2019Uburimyi n\u2019Ubworozi mw\u2019ihoteri Kiriri Garden kuri uyu wa 24 Gitugutu 2023, abegwa n\u2019igisata c\u2019uburimyi n\u2019ubworozi barahanye ivyiyumviro k\u2019ukugene ivyaduka bibera mu burimyi n\u2019ubworozi vyokingwa.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Gukorera hamwe n\u2019umushinge w\u2019iterambere ry\u2019umugambi<\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image size-large\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"682\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-1-1024x682.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7848\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-1-1024x682.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-1-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-1-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-1.jpeg 1280w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p>Uwaserukiye Ubushikiranganji bw\u2019Uburimyi n\u2019Ubworozi amenyesha ko ubushikiranganji aserukira bwafashe ico kibazo mu minwe kandi ko buzokorana n\u2019abashaka gukorera muri ico gisata. Noneho ngo biri mu ntumbero ya Reta y\u2019Uburundi&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Umugambi PARM uje umwanya mwiza kuko ushira imbere poritike ya Reta y\u2019ugutezimbere igihugu biciye muri ya mbonakazoza y\u2019Uburundi y\u2019igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abari muri iyo nama bararonse akaryo ko gukurikira ivyigwa vyinshi ndetse barahanahana ivyiyumviro vy\u2019ingene uburimyi n\u2019ubworozi vyoterimbere. Bose bahurira ku ciyumviro c\u2019uko iyo ata makuru akwiye atangwa, bituma umwimbu ugabanuka cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi Ndimanya Patrice ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Hariho intambwe imaze gushikwako mu bijanye n\u2019Uburimyi n\u2019Ubworozi. Abakora mur\u2019ico gisata benshi baravyigiye kandi cane. Abarimyi borozi batobato bakunda kugira ingorane yo kubura ababaha ingurane abandi nabo bakabura inkuru zitomoye.<\/em>&nbsp;\u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Amashirahamwe amwamwe, amaze kubona ko kubura amakuru ari intambamyi ikomeye cane mu gisata c\u2019uburimyi n\u2019ubworozi, yaciye yiyumva ingingo zimwezimwe zokworohereza umurimyi. Nico gituma ishirahamwe AUXFIN, risanzwe rifasha abarimyi batobato mu kuronka amakuru biciye muri bwa buhinga bwa none bwitwa TIC, ryashizeho umugambi witwa G50. Ubwo buhinga bwa none bukoreshwa mu guha amakuru abarimyi borozi mu bijanye n\u2019ivyaduka, bugafasha kandi abanyagihugu mu bijanye n\u2019ukwisununura mu vy\u2019ubutunzi.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"682\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.24-PM-1024x682.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7849\" style=\"aspect-ratio:1.501466275659824;width:558px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.24-PM-1024x682.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.24-PM-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.24-PM-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.24-PM.jpeg 1280w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>L\u00e9onidas Niyongabo ajejwe ibikorwa muri AUXFIN ati&nbsp;: \u00ab&nbsp;<em>Dufise ubuhinga 12 (applications). Mur\u2019ubwo buhinga usangamwo amareresi 565 atanga inkuru ku bijanye n\u2019uburimyi, amagara y\u2019abantu, kwitunganiriza imigambi, ivyo vyose tukabikora kugira ngo abarimyi borozi batobato boroherwe. Iyo bakurikije impanuro ziri muri ayo mareresi, barashobora kugura ifumbire hamwe n\u2019imbuto zirobanuye babicishije mur\u2019ubwo buhinga.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ishirahamwe mpuzamakungu OIM rijejwe abimukira ryaramaze gutunganya icirwa ku rwego rw\u2019igihugu aho berekana ibiza bituruka kw\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe. Basanze canecane ari imyuzurira, imvura y\u2019isegenya, imiyaga y\u2019ibihuhusi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ni ukuzitira tutaronerwa\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kubwa Denis Daniel Bazirutwabo Ngenzi wo muri OIM, \u00ab<em> hamwe atacokorwa mu maguru masha, ibiza birashobora kuzotuma uburimyi busubira inyuma, ivyo navyo bikagira inkurikizi z\u2019uko umwimbu ugabanuka cane. Inyishu z\u2019ugushira imbere ni nk\u2019ugukinga ivyaduka imbere y\u2019uko vyibonekeza, kwerekana neza ubwoko bw\u2019ivyaduka bijanye n\u2019uburimyi bituruka kw\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe, gufasha abahuye n\u2019ivyo vyaduka,\u2026bigafasha gukinga ibindi vyaduka&nbsp;<\/em>\u00bb.<\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignleft size-large is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"818\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-1024x818.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7850\" style=\"aspect-ratio:1.2518337408312958;width:571px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-1024x818.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-300x240.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM-768x614.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/WhatsApp-Image-2023-10-31-at-5.08.21-PM.jpeg 1280w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Francesca Nugnes, umuhinga&nbsp; mu gukinga ivyaduka muri PARM agira ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>ni vyiza kumenya ibikoresho wokoresha mu gukinga ivyaduka n\u2019ingene vyokingirwa muri rusangi na cane cane ku vyaduka bikuru bikuru bivanye n\u2019ibikenewe kwitabwaho cane haba ku ruhande rw\u2019abakorera mu gisata c\u2019uburimyi hamwe no ku gihugu muri rusangi<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Arongera ati&nbsp;:&nbsp;\u00ab&nbsp;<em>Kugire ivyo bikorwe navyo harakenerwa kumenya ubwoko bw\u2019icaduka n\u2019icatumye cibonekeza ,kuraba ibikoresho vyokoreshwa hakabaho gufata ingingo zotuma gikingwa<\/em>&nbsp;\u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Abari mur\u2019urwo ruganda bararabiye hamwe ivyaduka bikunda gushika mu gisata c\u2019uburimyi n\u2019ubworozi kugirango bizoje mu cegeranyo ca PARM ndetse ibikorereko.<\/p>\n\n\n\n<p>Umugambi wa PARM watanguye mu burundi mu kwezi kwa Munyonyo 2022 inyuma yaho reta ibicishije mu bushikiranganji bw\u2019uburimyi n\u2019ubworozi iboneye ubushobozi bafise n\u2019akamaro uzomarira igihugu mu gukinga ivyaduka.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-pale-cyan-blue-background-color has-background\">Ihuriro ry\u2019abishinze gutora umuti w\u2019ingorane z\u2019ivyaduka zishikira abarimyi n\u2019aborozi- PARM (Plateforme pour la Gestion des Risques Agricoles) ryatanguye mu 2013 rikaba ritwarwa na FIDA ishirahamwe mpuzamakungu risanzwe riraba ibijanye n\u2019uburimyi, rikorera cane cane mu bihugu vya Afrika y\u2019ubumanuko bwa Sahara harimwo n\u2019Uburundi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abitaho ibijanye n\u2019uburumyi n\u2019ubworozi bategerezwa gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo igihugu kironke umwimbu mwiza. Kubera dusanzwe tuzi ko ico gisata gitunze abantu benshi, impande zose zitegerezwa kuvyitaho, gutyo ivyaduka bigabanuke. Biturutse ku mugambi washizweho n\u2019ikigo kijejwe gukinga impanuka zo mu burimyi PARM, hariho ibikorwa vyinshi bizorangugwa mu kugwanya ivyaduka mu burimyi n\u2019ubworozi, canecane kwiga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7851,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[354],"coauthors":[34],"class_list":["post-7847","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-ibidukikije"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7847","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7847"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7847\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7888,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7847\/revisions\/7888"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7851"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7847"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7847"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7847"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7847"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}