{"id":7842,"date":"2023-10-31T15:13:39","date_gmt":"2023-10-31T14:13:39","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7842"},"modified":"2023-11-11T20:30:11","modified_gmt":"2023-11-11T19:30:11","slug":"ayaranze-akarere-eac-ndwi-nyuma-gitugutu-2023-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ayaranze-akarere-eac-ndwi-nyuma-gitugutu-2023-burundi\/","title":{"rendered":"Mu karere, havugwa ubunyonyezi mu gutegura inkino za \u00ab\u00a0Francophonie\u00a0\u00bb zabereye Kinshasa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Muri RDC havugwa ubunyonyezi mu bijanye n\u2019uburyo bwakoreshejwe mu nkino za \u00abFrancophonie&nbsp;\u00bb, Uganda naho uwiyahuye inyuma yo guhomba imiriyoni 6 bivuye mu gutigira, nayo Tanzania hari imiryango yateshejwe izabo n\u2019imvura\u2026 Kaze mu makuru yaranze akarere mu ndwi ya nyuma ya Gitugutu 2023.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kenya nta \u00ab&nbsp;visa&nbsp;\u00bb izosubira gusaba abanyafrica<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umukuru w\u2019igihugu William Ruto yabishikirije mu nama ijanye n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe yariko ibera muri Congo-Brazzaville mu ndwi iheze. Ngo ivyo rero bikazoca mu ngiro guhera mu ntango y\u2019umwaka wa 2024.<\/p>\n\n\n\n<p>William Ruto akavuga ko iyo ngingo ayifashe mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi mu kworosha uruja n\u2019uruza rw\u2019ibintu n&rsquo;abantu. Igihugu ca Kenya kikaba kibaye ica kane muri Africa gifashe iyo ngingo yo kudasaba uburenganzira bwo kuba canke gukorera muri co habanje gusabwa \u00abvisa&nbsp;\u00bb. Kubwa Ruto, ngo harageze ko abanyafrica batahura ko ari nkenerwa cane ko abantu n\u2019ibintu batembera bitagoranye mu ntumbero yo guteza imbere urudandazwa n\u2019ubutunzi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo biruko, mu gihe ishirahamwe ry\u2019Ubumwe bw\u2019Africa rimaze imyaka itari mike ritera akamo indongozi z\u2019ibihugu vy\u2019Africa gukuraho ibijanye no gusaba ama \u00abvisa\u00bb abany\u2019Africa, ariko ibihugu bitari bike bikaba bitarashobora gukurikiza ako kamo. Tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/zDV25\">The Guardian<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>RDC havugwa ubunyonyezi mu bijanye n\u2019uburyo bwakoreshejwe mu nkino za \u00ab&nbsp;Francophonie&nbsp;\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Izo nkino zabaye kuva kuma genekerezo ya 28 Mukakaro gushika kuya 6 Myandagaro zibandanya zitera impari zidasanzwe. Mu gihe vyari bitegekanijwe ko uburyo buzokenerwa gukoreshwa ari ubugera ku miriyoni 48 z\u2019amadorari y\u2019abanyamerika, Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ubutunzi buvuga ko nyabuna uburyo bwakoreshejwe bugera ku miriyoni 324 y\u2019amadorare y\u2019abanyamerika.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubwo bushikiranganji buvuga ko bimwe mu vyatumye uburyo bwongerezwa ku bwari butegekanijwe, ari uko habaye ukwihenda mu bijanye n\u2019integuro no gutunganya uburyo ndetse n&rsquo;umwanya wo gutegura izo nkino, ukaba wabaye muremure (imyaka 3).<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji w\u2019ubutunzi, Nicolas Kazadi, yagiriza kandi ubuyobozi bw\u2019urwego rukuru rwari rujejwe gutunganya izo nkino ko hari ingingo zijanye n\u2019uburyo bwokoreshwa bwafashe mu gihe urwego rukurikirana hafi izo nkino muri RDC rutabimenyeshejwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubuyobozi bw\u2019urwego rukuru rwari rujejwe gutunganya izo nkino za \u00ab&nbsp;Francophonie&nbsp;\u00bb buvuga ko ata ngingo n\u2019imwe bwashobora gufata uyo mushikiranganji, asanzwe ari no mu rwego rukurikirana hafi izo nkino muri RDC atabimenyeshejwe. Ngo uburyo bwari butegekanijwe muri izo nkino bwari buzwi ndetse bwari bwashikirijwe ishirahamwe mpuzamakungu rya \u00ab&nbsp;Francophonie&nbsp;\u00bb. Tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/cdN49\">Actualit\u00e9s CD<\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uganda&nbsp;: umugabo umwe yiriyahuye, inyuma yo guhomba imiriyoni 6 UGX mu bijanye no gutigira<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uyo mugabo azwi nk\u2019uwikorera utwiwe mu gace ka Kayabwe, akarere ka Mpigi, yiyahuye ku mugoroba wo ku musi wa gatanu w\u2019indwi iheze, mu kwita mu ruzi Katonga, araheza asoma nturi. Bamwe mu baryango b\u2019uyo muhisi bavuga ko bamuherutse yurira ipikipiki igihe c\u2019isaha imwe z\u2019ijoro, ariko batasubiye ku mukubita ijisho, gushika aho bumviye inkuru yuko yatowe ari ikiziga mu ruzi rwa Katonga.<\/p>\n\n\n\n<p>Abagereye uyo muryango wabuze bavuga ko inyuma yo guhomba mu bijanye n\u2019ugutigira, ko nyakwigendera yoba yarashwanye n\u2019abaryango biwe, imbere yuko aja kwiyahura. Vyandikwa n&rsquo;ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/bpyU8\">The Monitor <\/a><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Tanzania&nbsp;: inzu 30 zarabomotse nayo abantu 150 bateshwa izabo bivuye ku mvura<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo mvura ivanze n\u2019ibihuhusi ikaba yaguye mu karere kitwa Kalambo, mu kirwati ca hitwa Chitete mu masaha y\u2019icumi z\u2019umugoroba z\u2019igenekerezo rya 26\/10\/2023. Kubwa Lazaro Komba, umuyobozi wako karere, ngo abanyagihugu bo muri ico kigwati, ntaco bashoboye kurokora, muvyo bari batunze mu nzu zabo.<\/p>\n\n\n\n<p>Uyo muyobozi avuga ko bamwe mu bashikiwe n\u2019ayo makuba batse indaro ahasanzwe hari amashure, abandi nabo babaye barakirwa n\u2019incuti zabo. Nayo ngo ibijanye n\u2019ibimaze kwononekara bivuye kuri iyo mvura, ntibaroshora kwegeranywa neza. Tubikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/shorturl.at\/nwR03\">The East African<\/a> <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Muri RDC havugwa ubunyonyezi mu bijanye n\u2019uburyo bwakoreshejwe mu nkino za \u00abFrancophonie&nbsp;\u00bb, Uganda naho uwiyahuye inyuma yo guhomba imiriyoni 6 bivuye mu gutigira, nayo Tanzania hari imiryango yateshejwe izabo n\u2019imvura\u2026 Kaze mu makuru yaranze akarere mu ndwi ya nyuma ya Gitugutu 2023. Kenya nta \u00ab&nbsp;visa&nbsp;\u00bb izosubira gusaba abanyafrica Umukuru w\u2019igihugu William Ruto yabishikirije mu nama [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":43,"featured_media":7844,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[591],"tags":[566],"coauthors":[572],"class_list":["post-7842","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkuru-zo-mu-karere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7842","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/43"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7842"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7842\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7887,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7842\/revisions\/7887"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7844"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7842"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7842"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7842"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7842"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}