{"id":7840,"date":"2023-11-09T06:25:29","date_gmt":"2023-11-09T05:25:29","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7840"},"modified":"2023-11-24T23:59:08","modified_gmt":"2023-11-24T22:59:08","slug":"kahise-kwubakana-ubwoko-burundi-history-amagara","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kahise-kwubakana-ubwoko-burundi-history-amagara\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Gushika kuri Repuburika ya mbere, kwubakana hagati y&rsquo;abadasangiye ubwoko vyarakorwa kandi cane\u2026\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ku kibazo c\u2019uko <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/JimbereMagazine\/posts\/pfbid035grfEee3RcouLaWnvUVKDnMSvEihodBbSPYEymNLZ3PhDx8hAJAZFMupj9Afo3zml\">kwubakana hagati y\u2019abadasangiye ubwoko vyoshobora gutera ingorane<\/a> kubw\u2019ibikomere biri mu mitima bituruka ku bihe bibi vya kahise Uburundi bwahitiyemwo, Umuhinga mu vy\u2019akahise Pascal Niyonizigiye yaragize ico ashikiriza.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>Muri kahise k\u2019Uburundi, wubakana hagati y\u2019abadasangiye ubwoko vyarashika kenshi?<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Aho hambere hahise, abavyeyi b\u2019abana bipfuza kwubakana ni bo baja hamwe, bakabijenama. Kwubakana hagati y&rsquo;abadasangiye ubwoko vyari bigwiriye cane gushika ku muzo wa Republika ya mbere. Imigenderanire yari myinshi mu kibano na cane cane ko hari hasanzwe hariho n\u2019umugirwa wo guhindura ubwoko. Nubwo biri uko, ukwubakana hagati y\u2019imigwi y\u2019abantu itandukanye biratera ibibazo ata kindi bishingiyeko atari ku bwoko bw\u2019ababa bubakanye ufatiye kubw\u2019abavyeyi babavyara.<\/p>\n\n\n\n<p><em>Ukwo gusabana abageni vyashika mu buryo nyabaki ?<\/em><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"900\" height=\"600\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/Pascal-Niyonizigiye.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7883\" style=\"aspect-ratio:1.5;width:575px;height:auto\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/Pascal-Niyonizigiye.jpg 900w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/Pascal-Niyonizigiye-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/11\/Pascal-Niyonizigiye-768x512.jpg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 900px) 100vw, 900px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><strong><em><sub>Umuhinga mu vy\u2019akahise Pascal Niyonizigiye<\/sub><\/em><\/strong><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Mu buryo busanzwe ukwo nyene. Imigenderanire nk&rsquo;iyo yaba ishingiye ahanini ku gusaba. Abo mu karere k\u2019Imbo baragenda mu bundi burere bwa kure nko mu Mugamba bajanye ibidandazwa bakabisha n\u2019ivyo badafise biboneka muri utwo tundi turere. Ni kuri ubwo bucuti mu rudandazwa hari hakunze kuvuka ugusabana abageni hagati y\u2019imiryango itandukanye. Kubera ko imiryango yose isanzwe hari imigenzo yari isangiye, hari imigirwa nk\u2019iyo <a href=\"https:\/\/www.thegusoma.net\/2022\/10\/01\/burundi-kubandwa-imana-debat-gusoma-kuziko-literature\/\" data-type=\"link\" data-id=\"https:\/\/www.thegusoma.net\/2022\/10\/01\/burundi-kubandwa-imana-debat-gusoma-kuziko-literature\/\">kubandwa yasaba<\/a> yuko hategerezwa kuba abaserukira imiryango yose ariho bari. Gutyo rero, nta mututsi yashobora gutegura urubanza urwo ari rwo rwose adatumiye umuhutu canke ngo umuhutu ntatumire umututsi.<\/p>\n\n\n\n<p><em>Kuva ryari kwubakana hagati y\u2019abadasangiye ubwoko vyagabanutse ?<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri Repuburika ya mbere, Uburundi bwarahuye n\u2019ibibazo bitosekaza umubano hagati y\u2019imiryango y\u2019Abahutu n\u2019Abatutsi. Bamwe mu ncabwenge z\u2019Abarundi baragerageje kwigana ivyabaye mu gihugu c\u2019u Rwanda vyiswe \u201cr\u00e9volution sociale\u2019\u2019 (ukwiganzura) bashaka kubikora gutyo no mu Burundi. Ngaha haciye havuka ikibazo co kugenda herekanwa ubwoko bw\u2019umuntu bafatiye kubw\u2019abavyeyi bamuvyara. Kubera ko hari uyu canke uriya yaba yarashinze ugwiwe n\u2019uwo badasangiye ubwoko, ivyo vyaraheza bigatera ukutarabana neza hagati mu miryango abubakanye bakomokamwo, ivyatumye n\u2019abubakanye nyene baca batangura gucanamwo. Twovuga ariko ko Uburundi bwagize ituze gahoro ku bijanye n\u2019ivy\u2019amoko, biturutse ko imiryango y\u2019Abami itigeze iba yegukira ubwoko ubu canke buriya mu bwahavuye bushamirana. <br>Erega hari n\u2019abakorewe amabi atagira izina n\u2019abo mu miryango yabo y\u2019amaraso, abafise ico bapfana ariko atari ica hafi babiyariramwo abandi bakagirirwa nabi n\u2019abitwa ko ari abagenzi babo. Ivyo vyose vyarahungabanya abakundanye bipfuza kwubakana.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku kibazo c\u2019uko kwubakana hagati y\u2019abadasangiye ubwoko vyoshobora gutera ingorane kubw\u2019ibikomere biri mu mitima bituruka ku bihe bibi vya kahise Uburundi bwahitiyemwo, Umuhinga mu vy\u2019akahise Pascal Niyonizigiye yaragize ico ashikiriza. Muri kahise k\u2019Uburundi, wubakana hagati y\u2019abadasangiye ubwoko vyarashika kenshi? Aho hambere hahise, abavyeyi b\u2019abana bipfuza kwubakana ni bo baja hamwe, bakabijenama. Kwubakana hagati y&rsquo;abadasangiye ubwoko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7882,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206,203],"tags":[645],"coauthors":[34],"class_list":["post-7840","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","category-amagara","tag-kwubakana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7840","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7840"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7840\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7941,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7840\/revisions\/7941"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7882"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7840"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7840"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7840"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7840"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}