{"id":7825,"date":"2023-10-24T11:34:59","date_gmt":"2023-10-24T09:34:59","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7825"},"modified":"2023-10-24T14:12:21","modified_gmt":"2023-10-24T12:12:21","slug":"ibirori-trace-awards-vyabaye-ncuro-mbere-mu-rwanda-vyasize-amateka-gihugu-burundi-eac","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibirori-trace-awards-vyabaye-ncuro-mbere-mu-rwanda-vyasize-amateka-gihugu-burundi-eac\/","title":{"rendered":"Ibirori vya Trace Awards mu Rwanda vyasize amateka muri ico gihugu"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihugu c\u2019Urwanda hariko havurwa ibihe bikurubikuru vyaranze ibirori vya Trace Awards ku ncuro ya mbere, aho ababikurikiranye bavyikugura. &nbsp;Muri Tanzaniya, ibanki nkuru y\u2019igihugu isaba abakora akazi ko kuvunja amafaranga mvamakungu gukora ibishoboka vyose mu gukomeza uburyo bwo gutandukanya inoti nyazo n\u2019iza magendo. Aya hamwe n\u2019ayandi ni mu makuru yaranze akarere ka Afurika y\u2019Ubuseruko mu ndwi yo kuva ku wa 16 gushika ku wa 22 Gitugutu 2023.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibihe bikurubikuru vyaranze ibirori vya Trace Awards vyabereye mu Rwanda<\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibirori vya Trace Awards vyabaye ku ncuro ya mbere bikabera mu Rwanda, vyarasize amateka muri ico gihugu nk\u2019uko vyikugurwa n\u2019abashitsi eka mbere n\u2019Abanyarwanda bakurikiranye ivyariko bibera muri BK Arena bikamara igihe c\u2019amasaha indwi.<\/p>\n\n\n\n<p>Yaba uwabikurikiye ku mbonesha kure canke ku mbuga ngurukanabumenyi, bose batangazwa n\u2019ubwiza bw\u2019ivyo birori, imyambaro, ubushimwe bwatanzwe, n\u2019abaririmvyi n\u2019aho bari bafise iminota mike bitewe n\u2019ubwinshi bwabo. Ibi bikaba vyari ibirori vyaha ubushimwe abanyamuziki b\u2019abanyafurika bigenjeje neza, bakanerekanwa ku mboneshakure zingana 22 z\u2019ikigo ca Trace Group kimaze imyaka 20. Kano gashimwe kakaba gafise ishusho y\u2019igiti citwa Baobab gisanzwe kiba muri bimwe mu bihugu vya Afurika, gasigura vyinshi ku buzima bw\u2019Abanyafurika, kuko ico giti gisigura muri Afurika ubuzima kuri benshi. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/mobile.igihe.com\/imyidagaduro\/article\/ibihe-by-ingenzi-byaranze-ibirori-bya-trace-awards-byabereye-mu-rwanda-bwa\"><\/a><a href=\"https:\/\/www.megazap.fr\/Evenement-Trace-lance-la-premiere-edition-des-Trace-Awards-en-Afrique_a11101.html\">Megazap<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Vyankingiye uguhumbishwa n\u2019abasore bo mu kibano &#8211; agendana ubumuga akaba yize umwuga wo gushona<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Emmanuela Tuyishime avuga ko kubana ubumuga atari impamvu yotuma umuntu atibeshaho. Bamwe mu bagendana ubumuga mu Rwanda bavuga ko kugira ubumuga bw\u2019ingingo bishobora kuba intambamyi ku muntu abufise, ariko ko atari impamvu yo kwumva ko ubuzima buhagaze. Emmanuela Tuyishime, w&rsquo;imyaka 24, afise ubumuga bw\u2019amaguru yose n\u2019ukuboko akongera akagira ijisho rimwe. Yamugaye kuva afise imyaka umunani. Mu kigo Ubumwe Community Center, mu ntara ya Rubavu iherereye mu burengero bw&rsquo;Urwanda, ni ho yigiye umwuga wo gushona, igihe yatahura ko ategerezwa kugira umwuga akora kugira yibesheho. Yabwiye BBC ati: \u00ab <em>Vyankingiye uguhumbishwa n\u2019abasore bo mu kibano<\/em><em>. Vyatumye nkorera amafaranga nkashobora kwigurira birya bari kumpendesha, gurtyo nkirinda gukurikira amaronko. Ndirihira inzu kandi nkashobora no kurihira umwana wanje.<\/em> \u00bb<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019abandi bose bagendana ubumuga butandukanye baciye muri ico kigo bakiga imyuga itandukanye, uno munsi baritunze n\u2019imiryango yabo. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.bbc.com\/gahuza\/articles\/ckrel0xg33vo\">BBC News Gahuza<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibanki nkuru ya Tanzaniya iragabisha abavunjayi ko borikanura kugira ntibahave bakira inoti za magendo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma y\u2019iminsi mike ibanki nkuru ya Tanzaniya itangaje amategeko mashasha mu ntumbero yo gukomeza uburyo bwo kugenzura ibikorwa vyo kuvunja amafaranga biturutse kw\u2019ikena ry\u2019ama dollars y\u2019Abanyamerika, iyo banki yarasohoyeurwandiko kuri uyu wa 10 Gitugutu rwarungikiwe amabanki y\u2019ubudandaji hamwe n\u2019amazu akora akazi ko kuvunja amafaranga mvamakungu, imenyesha ko ifise amakuru ko hamaze gufatwa inoti nyinshi za magendo z\u2019ama dollars y\u2019Abanyamerika hanze y\u2019igihugu agamije kurungikwa ku mugabane wa Afurika. Ibanki nkuru y\u2019igihugu ca Tanzaniya yasavye abakora akazi ko kuvunja kwicungera no gukomeza uburyo bwo gutandukanya inoti nyazo n\u2019iza magendo. &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Itegeko rishasha rigenga ibikorwa vyo kuvunja amafaranga mvamakungu ryashizweho itariki 6 Gitugutu risubiriye iryahahora kuva mu mwaka wa 2019. Amazu yo kuvunja akaba agiye gushirwa mu mice itatu hisunzwe ba nyene imitahe, umutahe n\u2019imiburiburi utegerezwa, hamwe rero n\u2019uko inzu ukoreramwo ingana. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.theeastafrican.co.ke\/tea\/business\/bank-of-tanzania-warns-against-fake-dollars-4408630\">The East African<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibihugu vya Kenya na Angola vyarasinye amasezerano 11 yo gutsimbataza imigenderanire yavyo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umukuru w\u2019igihugu ca Kenya William Ruto na mugenzi we wa Angola Jo\u00e3o Manuel Goncalves Lorenco barashize umukono ku masezerano mu ngoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu i Nairobi kuri uyu wa 21 Gitugutu 2023. Ni amasezerano afatiye ku gutunganya no gukingira amashamba n\u2019ibikoko biyabamwo, ugufashanya biciye mu gisata co kwunguruza ibintu n\u2019abantu biciye mu mazi, iterambere ry\u2019urwaruka hamwe no gufasha mu gisata c\u2019uburimyi.<\/p>\n\n\n\n<p>Ayandi masezerano ari mu gisata co gutumatumanako amakuru, ubuhinga bwa none, ibitoro hamwe na gaze, ubutare n\u2019agataka, ugufashanya mu bijanye n\u2019amagara y\u2019abantu, gutezimbere ubumenyi mu buzi bwa reta hamwe rero n\u2019inyigisho za kaminuza kugira imigenderanire hagati y\u2019ivyo bihugu iterimbere, nk\u2019uko vyashikirijwe na William Ruto mw\u2019ijambo yashikirije inyuma yo gutera umukono kuri ayo masezerano. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru <a href=\"https:\/\/www.citizen.digital\/news\/kenya-angola-ink-11-deals-to-boost%20bilateral-relations-n329743\">Citizen Digital<\/a>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Bukavu havugwa iduga ry\u2019ibiciro vy\u2019igitoro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ibiciro vy\u2019igitoro ntibihengeshanya kuduga uko umunsi utashe mu gisagara ca Bukavu kiri muri Kivu yo mu bumanuko. Cadandazwa ku mafaranga 3 500 vy\u2019amafaranga y\u2019amakongomani gushika ku muhingamo wo ku munsi wa kane uheze, kuri uyu w\u2019imana iritiro ry\u2019igitoro co mu bwoko bwa essence yariko igurwa ibihumbi bitandatu n\u2019ayarenga. Abakidandariza mu mpisho bita abakadafi nibo nyene basigaranye igitoro mu bubiko. Ibituro bidandarizwamwo ibitoro nka vyose birugaye kubera kubura ibitoro, ibituma rero n\u2019igiciro co kwiyunguruza kiduga bivanye n\u2019urugendo uko rungana. Ahatari hake igiciro kikaba kimaze kwigwiza na kabiri.&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ikindi cibonekeza n\u2019uko uruja n\u2019uruza rw\u2019imiduga rwagabanutse bimwe bigaragara mu gisagara, kuko benshi bahitamwo gusiga muhira imiduga yabo bakaja kwipakiza. Abadandaza igitoro mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko bamenyesha ko barindiriye ikiva mu masezerano hagati yabo na Reta ku giciro gishasha imbere yo kuja kurangura mu mahanga, kuko nahone igiciro c\u2019akagunguru bita <em>baril<\/em> caduze. Iyi nkuru tukaba tuyikesha <a href=\"https:\/\/www.radiookapi.net\/2023\/10\/23\/actualite\/economie\/bukavu-hausse-des-prix-des-carburants\">Radio Okapi<\/a>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihugu c\u2019Urwanda hariko havurwa ibihe bikurubikuru vyaranze ibirori vya Trace Awards ku ncuro ya mbere, aho ababikurikiranye bavyikugura. &nbsp;Muri Tanzaniya, ibanki nkuru y\u2019igihugu isaba abakora akazi ko kuvunja amafaranga mvamakungu gukora ibishoboka vyose mu gukomeza uburyo bwo gutandukanya inoti nyazo n\u2019iza magendo. Aya hamwe n\u2019ayandi ni mu makuru yaranze akarere ka Afurika y\u2019Ubuseruko mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7826,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[258],"tags":[566],"coauthors":[34],"class_list":["post-7825","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-itorokanirizo-ryuruganda-rwa-jimbere","tag-amakuru-ya-eac"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7825","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7825"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7825\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7832,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7825\/revisions\/7832"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7826"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7825"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7825"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7825"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7825"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}