{"id":7762,"date":"2023-10-10T11:40:57","date_gmt":"2023-10-10T09:40:57","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/?p=7762"},"modified":"2023-10-15T18:02:22","modified_gmt":"2023-10-15T16:02:22","slug":"tuyisabe-augustin-yazutse-itaba-twamusanze-ari-kumwe-numuvyeyi-wiwe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/tuyisabe-augustin-yazutse-itaba-twamusanze-ari-kumwe-numuvyeyi-wiwe\/","title":{"rendered":"Tuyisabe Augustin \u00ab\u00a0yazutse\u00a0\u00bb Itaba, twamusanze ari kumwe n&rsquo;umuvyeyi wiwe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong><a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/JimbereMagazine\/posts\/pfbid0241RY6kAop2524NT6LvJnJKYGFnGBuoRb67uYxfXU2m2rPWfGrBUx5M7noLuymVJDl\" data-type=\"link\" data-id=\"https:\/\/www.facebook.com\/JimbereMagazine\/posts\/pfbid0241RY6kAop2524NT6LvJnJKYGFnGBuoRb67uYxfXU2m2rPWfGrBUx5M7noLuymVJDl\">Wa musore aheruka \u00ab\u00a0kuzuka\u00a0\u00bb<\/a> wo muri komine Itaba mu ntara ya Gitega, Jimbere Magazine yaraye imwiboneye amaso mu yandi. Tuyisabe Augustin, afise imyaka 18 uharuriye aho yavukiye, yavutse ari umuhungu umwe mu bakobwa munani <\/strong><\/p>\n\n\n<div class=\"wp-block-image\">\n<figure class=\"alignright size-full is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/Tuyisabe-Augustin-wo-kwItaba.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-7763\" style=\"width:560px;height:437px\" width=\"560\" height=\"437\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/Tuyisabe-Augustin-wo-kwItaba.jpg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/Tuyisabe-Augustin-wo-kwItaba-300x234.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2023\/10\/Tuyisabe-Augustin-wo-kwItaba-768x600.jpg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 560px) 100vw, 560px\" \/><figcaption class=\"wp-element-caption\"><sub><strong><em>Tuyisabe Augustin  arikumwe na nyina wiwe ku rusengero rwa M\u00e9thodiste Libre ku mutumba Gisikara agacimbiri Rusange, aho bariko baramusengera<\/em><\/strong><\/sub><\/figcaption><\/figure>\n<\/div>\n\n\n<p>Tuyisabe yumvise umumenyeshamakuru wa Jimbere ariko araganira n&rsquo;abavyeyi biwe hamwe n&rsquo;abakozi b&rsquo;Imana, ubwo nyene yaciye abaduka aho yarabaye araruhukira , n&rsquo;akanyamuneza kenshi, ararukira kuri nyina aramuhobera yongera arahobera n&rsquo;abandi bashitsi bari baje kumuraba.<\/p>\n\n\n\n<p>Muti none \u00ab\u00a0yarazutse\u00a0\u00bb koko?<br>Bigirimana Angeline, umuvyeyi wiwe ntakekeranya: <em>\u00ab\u00a0Uno musore wanje yandurutse aja guca amafaranga muri sosumo mu ntara ya Rutana mu mwaka wa 2019. Inyuma y&rsquo;umwaka, yaratashe, atubwira twebwe abavyeyi ko umukoresha yakorera yanse kumuhemba\u00a0\u00bb. <\/em>Niko kumuhanura gusubirayo akishuza, vyanse agataha.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Komine niyo yafashije ifubwa ryiwe<br><\/strong><br>Mu mwaka w&rsquo;2020, umuvyeyi ngo yagiye yumva bamuhamagara kuri terefone ko umwana wiwe Augustin yatwawe n&rsquo;uruzi aca acikanira ku mutumba, ko bamurovye. Umuvyeyi yituye komine Itaba kugira imufashe gutahana ikiziga. Komine nayo ngo yaramwitavye, imuha umuduga, yongera imuronsa umuhanuzi ajejwe imibano n&rsquo;akabahasha k&rsquo;50.000 Fbu baragenda batora ikiziga ca Augustin, baramwoza, baramusiga, baramwambika, bashira mw&rsquo;isandugu, barapfunga, bamufubana iteka.<\/p>\n\n\n\n<p>None ngo minsi iheze yumvise abantu bamubwira ko babonye umuhungu wiwe mu Kayogoro mu ntara ya Makamba, muri Rutana hamwe no muri Itaba, ah&rsquo;asanzwe avuka, ariko umuvyeyi arabura umuntu n&rsquo;umwe yoja kumwereka ahari.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab\u00a0Ni ibintu bishika\u00a0\u00bb<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri uyu w&rsquo;Imana 08\/10\/2023, abantu bagiye babona yinjira mu rusengero rwa M\u00e9thodiste Libre mu Rusange ku mutumba wa Gisikara. Abari ngaho niko guca bahamagara abiwabo. Abaravye yarashoboye kumenya mama wiwe na bamwe mu bo bavukana. <br>Gushika ubu, uyo musore aravuga ariko, yishura amajambo makemake. Uriko uramuganiriza bisaba kutamubazagiza ibibazo vyishi.<\/p>\n\n\n\n<p>Bigirimana Angeline ati: <em>\u00ab\u00a0Ndanezerewe caaane kubona Imana yongeye kunyereka agahungu narimfise ari kamwe mu bakobwa 8. Sinumva uko noshima.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Naho hari bamwe batangazwa no kubona \u00ab\u00a0uwapfuye azuka\u00a0\u00bb, hari bamwe mu benegihugu bo kuri uyo mutumba bavuga ko bibaho: <em>\u00ab\u00a0Biva ku mangetengete y&rsquo;abarozi bica umuntu bakamurabura maze bagaca bamuzura bakamukoresha ibikorwa mw&rsquo;ijoro. Iyo rero bahuye n&rsquo;uwo banganya ubuhinga canke bakisanga barihenze mu vyo bahinyanyuye, uwari yapfuye araheza akazuka.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Wa musore aheruka \u00ab\u00a0kuzuka\u00a0\u00bb wo muri komine Itaba mu ntara ya Gitega, Jimbere Magazine yaraye imwiboneye amaso mu yandi. Tuyisabe Augustin, afise imyaka 18 uharuriye aho yavukiye, yavutse ari umuhungu umwe mu bakobwa munani Tuyisabe yumvise umumenyeshamakuru wa Jimbere ariko araganira n&rsquo;abavyeyi biwe hamwe n&rsquo;abakozi b&rsquo;Imana, ubwo nyene yaciye abaduka aho yarabaye araruhukira , n&rsquo;akanyamuneza [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":7763,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[39],"coauthors":[34],"class_list":["post-7762","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-gitega"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7762","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=7762"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7762\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":7774,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/7762\/revisions\/7774"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/7763"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=7762"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=7762"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=7762"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=7762"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}